ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/13 rup. 10-11
  • Amashusho y’ubushegabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amashusho y’ubushegabo
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yoba yiyamiriza amashusho y’ubushegabo?
  • Kuraba amashusho y’ubushegabo ariko ntukore ubusambanyi vyoba ari bibi?
  • Ni ibiki vyogufasha kwirinda amashusho y’ubushegabo?
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Be maso!—2013
g 3/13 rup. 10-11

TWISUNZE BIBILIYA

Amashusho y’ubushegabo

Bibiliya yoba yiyamiriza amashusho y’ubushegabo?

“Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.”—Matayo 5:28.

KUBERA IKI BIHAMBAYE?

Muri iki gihe abantu benshi barakunda cane kuraba amashusho y’ubushegabo kandi biraborohera kuyaronka kuruta uko vyahora. Nimba wipfuza guhimbara Imana no kurushiriza kugira agahimbare mu buzima, urakwiye kumenya ingene Imana ibona ivyo kuraba amashusho y’ubushegabo.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya nta ho ivuga idomako ivyerekeye amashusho y’ubushegabo. Naho ari ukwo, kuraba mwene ayo mashusho birateye kubiri n’ingingo ngenderwako nyinshi zo muri Bibiliya.

Nk’akarorero, Bibiliya iravuga idakikiriza yuko umugabo yubatse “aguma araba umugore” batubakanye, akitsimbatazamwo icipfuzo co kuryamana na we, bishobora kumushikana ku kurenga ibigo. Ingingo ngenderwako dusanga muri ayo majambo Bibiliya ivuga irakora ku muntu wese, yaba yubatse canke atubatse, “aguma araba” amashusho y’ubushegabo afise icipfuzo co gukora ubusambanyi. Nta gukeka ko iyo nyifato ibabaza Imana.

Kuraba amashusho y’ubushegabo ariko ntukore ubusambanyi vyoba ari bibi?

“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu . . . ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina.”—Abakolosayi 3:5.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abashakashatsi bamwebamwe ntibemera yuko hariho isano hagati yo kuraba amashusho y’ubushegabo no gukora ivy’ubusambanyi. None kuraba mwene ayo mashusho ubwavyo vyoba ari bibi?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya yerekana yuko “ibijajuro biteye isoni” bitabereye kandi ko Imana itabishima. (Abanyefeso 5:3, 4) Wumva none kuraba amashusho y’ubushegabo vyobura kuyibabaza? Muri iki gihe amashusho y’ubushegabo usanga kenshi ari amashusho y’ukuri yerekana abantu bariko bararenga ibigo, baryamana n’abo basangiye igitsina, canke bakora ubundi bwoko bw’ubusambanyi. Nta woharira yuko kurabana inambu amashusho yerekana abakora ubwo busambanyi bibabaza Imana kuruta ukuvuga ibiteye isoni.

Abashakashatsi ntibarahuza ku bijanye n’uko abantu boshobora gushira mu ngiro ivyiyumviro n’ivyipfuzo bagira bivuye ku mashusho y’ubushegabo baraba. Mugabo Bibiliya irashigikira neza iciyumviro c’uko kuraba amashusho y’ubushegabo ubwavyo bibabaza Imana cane, bikonona ubucuti umuntu afitaniye na yo. Bibiliya iduhimiriza iti: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu . . . ku bijanye n’ubusambanyi, [n’]inambu y’umubiri.” (Abakolosayi 3:5) Abaraba amashusho y’ubushegabo bakora neza na neza igihushane c’ivyo; aho kwica mwene ivyo vyipfuzo, baravyitsimbatazamwo, bikarushiriza kururumba.

Ni ibiki vyogufasha kwirinda amashusho y’ubushegabo?

“Nimurondere iciza, ntimurondere ikibi . . . Nimwanke ikibi, mukunde iciza.”—Amosi 5:14, 15.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iravuga abantu b’ibihumbu, imborerwa n’ibisuma, bashoboye guheba ingeso mbi bahozemwo. (1 Abakorinto 6:9-11) None babigenjeje gute? Barize kwanka ikibi mu gushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi zo mw’Ijambo ry’Imana.

Birashoboka ko umuntu yiga kwanka kuraba amashusho y’ubushegabo, mu kuzirikana yitonze ku ngaruka z’iyo ngeso mbi. Icegeranyo kimwe giherutse gusohorwa na kaminuza y’i Utah muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, cerekanye yuko bamwe mu bantu baraba amashusho y’ubushegabo “barwara akabonge, bakikumira, ubucuti bafitaniye n’abandi bukononekara,” bakongera bagashikirwa n’izindi ngaruka zibabaje. Vyongeye, kubera ko kuraba mwene ayo mashusho bibabaza Imana nk’uko twamaze kubivuga, biragira ingaruka ibabaje kuruta izo. Bituma abantu batandukana n’Umuremyi wabo.

Bibiliya irashobora kudufasha kwiga gukunda iciza. Uko turushiriza gusoma Bibiliya, ni ko turushiriza gukunda ingingo ngenderwako ziri muri yo zigenga inyifato runtu. Nitwazikunda bizotuma duca kure amashusho y’ubushegabo, bitume kandi tugira umwiyemezo nk’uwo umwanditsi w’amazaburi yari afise, uwanditse ati: “Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.”—Zaburi 101:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika