ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/8 rup. 3-7
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuraba amashusho y’ubushegabo bigira ingaruka izihe ku bantu?
  • Kuraba amashusho y’ubushegabo bigira ingaruka izihe ku miryango?
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kuraba amashusho y’ubushegabo?
  • Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Amashusho y’ubushegabo
    Be maso!—2013
  • Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/8 rup. 3-7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?

Muri iki gihe, ivyerekana ubushegabo biriraye mw’isi: uri amashusho, ibitabu be n’ibintu vyafashwe amajwi.a Umuntu ashobora kubisanga mu bihayanishwa, mu vyo kurata imideri, mu masenema, mu miziki, mu binyamakuru, kuri televiziyo, mu dukino twa videwo, mu matelefone no mu tundi dukoresho ngendanwa, kuri Internet no ku mihora abantu bahanahanirako amafoto. Bisa n’uko ivyerekana ubushegabo bisigaye bikundwa na benshi. Mu mihingo myinshi, abantu benshi bararaba amashusho y’ubushegabo cane kuruta ikindi gihe.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Arabwa ku rugero rungana iki?”

Ivyerekana ubushegabo bigenda birahinduka. Umuhinga umwe yitwa Gail Dines yanditse ati: “Amashusho y’ubushegabo asigaye ari mabi cane ku buryo n’ayahoze abonwa ko ari agahomerabunwa asigaye abonwa ko asanzwe.”

Ubona gute ukwo kuntu ivyerekana ubushegabo vyagwiriye be n’ingene abantu basigaye babibona? Kuraba amashusho y’ubushegabo, kwoba ari ukwisamaza ata co gutwaye? Ryoba ari ishano, canke coba ari ikintu kiri hagati y’ivyo bibiri? Yezu yavuze ati: “Igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti cose kibi cama ivyamwa ata co bimaze.” (Matayo 7:17) None kuraba amashusho y’ubushegabo vyama iki? Kugira ngo turonke inyishu, reka turimbure ibibazo bimwebimwe bihambaye bijanye no kuraba ayo mashusho.

Kuraba amashusho y’ubushegabo bigira ingaruka izihe ku bantu?

ICO ABAHINGA BAVUGA: Amashusho y’ubushegabo arizizira umuntu rwose, ku buryo mbere hari abaganga b’amagara yo mu mutwe n’abashakashatsi bayagereranya n’ikiyayuramutwe citwa kokayine.

Uwitwa Brian,b uno akaba yari yariziziwe no kuraba amashusho y’ubushegabo kuri Internet, avuga ati: “Nta na kimwe campagarika. Vyarantwara ubwenge nkamera nk’uwajanywe. Vyarashika nkajugumira kandi nkababara mu mutwe. Naho nagerageje kubiheba, imyaka itari mike yarahaciye nkibiraba.”

Abantu baraba amashusho y’ubushegabo, kenshi barabihisha. Usanga babigira ibanga kandi bakabesha. Ntibitangaje kubona benshi muri bo bumva ko bakumiriwe, bakiyagiriza, bagahagarika umutima, bakihebura, kandi bagashavura. Hari n’abagira ivyiyumviro vyo kwiyahura. Uwitwa Serge, uwahora avoma kuri Internet amashusho y’ubushegabo hafi imisi yose ayashira muri telefone yiwe, avuga ati: “Naguma niyumvira ivyanje gusa kandi nkihebura. Numva ata co maze, nkiyagiriza, nkagira irungu, nkumva meze nk’uwafashwe n’umutego. Gusaba imfashanyo vyarantera isoni cane n’ubwoba.”

N’igihe umuntu yobigwako giturumbuka canke akabiraba igihe gito birashobora kugira ingaruka mbi. Uwitwa Judith Reisman, akaba ari umwe mu bahinga bakomakomeye bagira ubushakashatsi ku bijanye n’amashusho y’ubushegabo, yaravyemeje imbere ya komite y’abakenguzamateka bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kuvuga ati: “Amashusho y’ubushegabo ariyandika mu bwonko kandi akabwonona, ku buryo aza ariyadukiza akagaruka mu bwenge utanabishaka kandi ivyo bikamara igihe kirekire, [bikaba] bigoye canke mbere bidashoboka ko uyafuta mu bwonko.” Umwigeme yitwa Susan w’imyaka 19, uwaguye ku mihora yo kuri Internet yerekana amashusho y’ubushegabo, avuga ati: “Ayo mashusho ntamvamwo. Nza mbona agarutse mu bwenge. Umenga ntazopfa yaramvuyemwo.”

MURI MAKE: Kuraba amashusho y’ubushegabo biratuma umuntu aba umuja wayo, bikamwonona.—2 Petero 2:19.

Kuraba amashusho y’ubushegabo bigira ingaruka izihe ku miryango?

ICO ABAHINGA BAVUGA: “Kuraba amashusho y’ubushegabo biratuma ingo n’imiryango bisambuka.”—Igitabu The Porn Trap, canditswe na Larry Maltz n’umukenyezi wiwe Wendy.

Kuraba amashusho y’ubushegabo vyonona ingo n’imiryango muri ubu buryo:

  • Biratuma abubakanye batizigirana, bikonona ubucuti n’urukundo bafitaniye.—Imigani 2:12-17.

  • Biratuma umuntu agira ubwikunzi, ntiyiyumvemwo abiwe, ntabe akinezererwa uwo bubakanye.—Abanyefeso 5:28, 29.

  • Biratuma umuntu agira ivyiyumviro n’ivyipfuzo bibi ku bijanye n’igitsina.—2 Petero 2:14.

  • Birashobora gutuma umuntu ahata uwo bubakanye ngo barangure amabanga mu buryo bw’agahomerabunwa.—Abanyefeso 5:3, 4.

  • Biratuma umuntu ahemukira mu mutima uwo bubakanye, akabishira no mu ngiro.—Matayo 5:28.

Bibiliya isaba abubakanye ‘kudahemukiranira.’ (Malaki 2:16) Kurenga ibigo ni ubuhemu bushobora kwonona umubano, bukanatuma abubakanye batandukana canke bakahukana. Ukwo gusambuka kw’ingo kuratuma abana bamererwa nabi.

Kuraba amashusho y’ubushegabo birashobora kandi kugirira nabi abana bishitse bakabiraba. Umwe Brian twavuga, asigura ati: “Igihe nari mfise imyaka nka cumi, naraguye ku binyamakuru vya dawe birimwo amashusho y’ubushegabo ndiko ndakina agakino ko kwinyegeza. Naciye ntangura kuyaraba mu mpisho, naho ntatahura neza igituma numva nshaka kuyaraba. Narinze nkura ngifise iyo ngeso mbi.” Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko kuraba amashusho y’ubushegabo bishobora gutuma imiyabaga ija mu vyo guhuza ibitsina hakiri kare, ikanabigira ingeso, ikaba inkazi mu vy’igitsina, kandi ikumva idatekanye mu mutima no mu bwenge.

MURI MAKE: Kuraba amashusho y’ubushegabo bironona ubucuti burangwa urukundo abantu bafitaniye, amaherezo bigatera intuntu n’umubabaro.—Imigani 6:27.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kuraba amashusho y’ubushegabo?

IJAMBO RY’IMANA RIVUGA RITI: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu . . . ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”—Abakolosayi 3:5.

Muri make, Yehovac Imana aranka ivyerekana ubushegabo. Ntavyanka ngo ni uko ivy’igitsina bimutera isoni. Nakare, ni we yaturemanye ubushobozi bwo guhuza ibitsina kugira ngo ababiranye babiryohererwe, barushirize kwiyumvanamwo, bongere baronke ibibondo.—Yakobo 1:17.

Ni kubera iki none twovuga yuko Yehova yanka urunuka ivyerekana ubushegabo? Ng’izi impamvu zimwezimwe:

  • Arazi yuko kuraba amashusho y’ubushegabo vyonona ubuzima.—Abanyefeso 4:17-19.

  • Aradukunda kandi yipfuza kudukingira ivyotugirira nabi.—Yesaya 48:17, 18.

  • Yehova yipfuza gukingira ingo n’imiryango.—Matayo 19:4-6.

  • Yipfuza ko tuba abantu badahumanye mu nyifato runtu kandi bubahiriza uburenganzira bw’abandi.—1 Abatesalonika 4:3-6.

  • Yipfuza ko twubaha ubushobozi yaturemanye bwo kurondoka, tukabukoresha mu buryo buteye iteka.—Abaheburayo 13:4.

  • Yehova arazi yuko amashusho y’ubushegabo ahuza n’ingene Shetani abona igitsina mu buryo bugoramye kandi buranga ubwikunzi.—Itanguriro 6:2; Yuda 6, 7.

MURI MAKE: Kuraba amashusho y’ubushegabo bironona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana.—Abaroma 1:24.

Yehova rero, arafitiye impuhwe nyinshi abipfuza kuva mu mutego wo kuraba amashusho y’ubushegabo. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ni umunyembabazi n’umunyempuhwe, ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” (Zaburi 103:8, 14) Abicisha bugufi abasaba kumwitura ngo ‘bahabwe imbabazi bongere baronke ubuntu ata wari abukwiriye kugira batabarwe ku gihe nyaco.’—Abaheburayo 4:16; raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyofasha umuntu kuvavanura n’amashusho y’ubushegabo.”

Abantu benshi baremeye gufashwa n’Imana. None iyo mfashanyo yoba ari ngirakamaro? Raba ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye abashoboye gutsinda ingeso mbi. Ivuga iti: “Mwarogejwe, . . . mwarejejwe, . . . mwariswe abagororotsi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu no ku mpwemu y’Imana yacu.” (1 Abakorinto 6:11) Cokimwe na Paulo, abo bantu barashobora kuvuga bati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”—Abafilipi 4:13.

Umwe Susan twavuga, uwari yariziziwe no kuraba amashusho y’ubushegabo ariko akabitsinda, avuga ati: “Yehova ni we wenyene ashobora kugufasha guheba iyo ngeso. Umusavye imfashanyo n’ubuyobozi, urashobora kuba uwutyoroye imbere yiwe. Ntazoguheba.”

Ivyofasha umuntu kuvavanura n’amashusho y’ubushegabo

Hari uwo woba uzi ariko ararwana urugamba rwo guheba kuraba amashusho y’ubushegabo? Raba ivyafashije benshi kuvavanura na yo.

1. Gusenga Imana.

“Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose gifasha umuntu kuva mu mutego wo kuraba amashusho y’ubushegabo ni ugusaba Yehova imfashanyo mw’isengesho.”—Vyavuzwe na Franz.

Yehova arashobora guha umuntu impwemu nyeranda bigatuma agira ‘ugushaka akongera agakora’ ikibereye. (Abafilipi 2:13) Yemeye iyo mpwemu ikamuyobora, iramufasha gutsinda “inambu . . . n’ivyipfuzo” bibi.—Abagalatiya 5:16, 24.

2. Kurondera imfashanyo ku bandi.

“Kwizizirwa n’amashusho y’ubushegabo ni ikintu kiguma ari ibanga kandi giteye isoni ku buryo wumva yuko udashobora gusaba imfashanyo. Uriyumvira ko ushobora kurwana urwo rugamba wenyene, ariko ni ukwihenda. Ntiwovyishoboza. Nararetse rero kwiyemera ndabihishurira umukenyezi wanje. Nararondeye kandi gufashwa n’umugenzi w’umwizigirwa. Ivyo vyarangoye kurusha ibindi bintu vyose nigeze gukora, ariko nararonse imfashanyo nari nkeneye.”—Vyavuzwe na Yoshi.

Kwitura abandi bisaba umutima rugabo no kurya umutima amenyo. Yamara, ni ikintu gihambaye gifasha guheba kuraba amashusho y’ubushegabo no kugarukana ubucuti ufitaniye n’abawe. Umwe Susan twavuga kare, avuga ati: “Maze kugira uwo nituye, narumvise nduhuriwe rwose. Naragize umubabaro igihe nabivuga, ariko vyatumye ngira amahoro n’ijwi ryo mutima ritanyagiriza ikibi.”—Yakobo 5:16.

3. Kumenya no kwirinda ivyotuma umuntu agwa mu mutego.

Ni ibintu ibihe, canke ivyiyumviro nyabaki canke inyiyumvo izihe bituma umuntu agira ivyipfuzo bibi? Kwoba ari ukuja kuri Internet? Kwoba ari ukuraba televiziyo bwije cane? Kwoba ari ugusoma ibinyamakuru? Kwoba ari ukuja gusama akayaga ku kiyaga? Kwoba ari ugusonza? Kwoba ari ugushavura? Ryoba ari irungu canke uburuhe? Uwitwa Sven avuga ati: “Nurondere kumenya ibituma ugwa mu mutego, wongere uvyirinde wivuye inyuma.” Yezu yavuze ati: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.”—Matayo 5:29.

Franz avuga ati: “Iyo bishitse nkumva nshaka kuraba umugore mu buryo butuma ndamwipfuza, ubwo nyene nca nsenga Yehova, ngahata amaso yanje ngo arabe hirya.” Umwe sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa Yobu avugwa muri Bibiliya, yavuze ati: “Nasezeranye kutigera ndaba umwigeme mu buryo butuma ndamwipfuza.”—Yobu 31:1, Today’s English Version.

4. Kwitaho cane ivy’Imana.

“Franz yongerako ati: “Niwuzuze umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vyiza, witeho cane ivy’Imana mu buzima bwawe.”

Bibiliya ivuga iti: “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira . . . , ya Mana y’amahoro na yo izobana namwe.”—Abafilipi 4:8, 9.

a Ivyo bintu vyerekana ubushegabo ni ivyerekana ivy’igitsina mu buryo bweruye mu ntumbero yo kuvyurira inambu y’umubiri uwubiraba, uwubisoma canke uwuvyumviriza. Naho muri iki kiganiro tuvuga canecane amashusho y’ubushegabo, ivyiyumviro bivugwamwo birerekeye n’ivyo gusoma canke kwumviriza ivy’ubushegabo.

b Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

c Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

ARABWA KU RUGERO RUNGANA IKI?

KU MUSEGONDA: Abantu hafi 30.000 bararaba amashusho y’ubushegabo kuri Internet.

KU MUNUTA: Abakoresha Internet bararungika ubutumwa burenga 1.700.000 burimwo ivy’ubushegabo.

KW’ISAHA: Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika harasohorwa amavidewo y’ubushegabo bw’agahomerabunwa hafi ABIRI.

KU MUSI: Tugize incahagati, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene hakoteshwa amavidewo y’ubushegabo arenga IMILIYONI ZIBIRI.

KU KWEZI: Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imisore hafi 9 kuri 10 be n’abigeme 3 kuri 10 bararaba amashusho y’ubushegabo.

KU MWAKA: Abahingura ibintu vyerekana ubushegabo kw’isi yose binjiza nk’amadolari y’Abanyamerika IMILIYARIDI 100.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika