ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 59
  • Igituma Dawidi Yahunze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Dawidi Yahunze
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Dawidi na Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Dawidi Agirwa Umwami
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • 1 Samweli: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 59

INKURU YA 59

Igituma Dawidi Yahunze

DAWIDI amaze kwica Goliyati, Abuneri intwazangabo y’Abisirayeli imujana kwa Sauli. Sauli aramushima cane, amugira umukuru w’ingabo ziwe, kandi amubwira ko aba mu ngoro ibwami.

Munyuma ingabo zivuye kurwanya Abafilisiti, abagore bararirimba bati: ‘Sauli yishe igihumbi, ariko Dawidi yishe ibihumbi cumi.’ Sauli aca agira ishari, kubera ko Dawidi ashimagijwe kumurusha. Yonatani umuhungu wa Sauli we ntiyashavuye. Dawidi na Yonatani bārakundana rwose. Baca barasezerana ko bazokwama bakundanye.

Dawidi yari azi kuvuza inanga neza, na Sauli yarashima cane ko ayimuvugiriza. Umusi umwe, ishari rituma akora ikintu kibi. Igihe Dawidi yariko amuvugiriza inanga, afata icumu ararimutera, ati ‘Reka ndamutungīre ku rukuta! Dawidi ararizibukīra riramuhusha. Munyuma Sauli asubira kumuhusha kandi, Dawidi aca aramenya ko akwiye kwama agavye.

Uribuka indagano Sauli yari yatanze? Yari yavuze ko uwuzokwica Goliyati, azomuha umukobwa wiwe. Munyuma Sauli abwira Dawidi ngo abanze yice abafilisiti 100, abone kumuha Mikali umukobwa wiwe. Umve nawe! Sauli yībaza ko Abafilisiti baza kwica Dawidi, ariko ntibamushoboye. Sauli aca aramumuha aramwabīra.

Umusi umwe Sauli abwira Yonatani hamwe n’abasuku biwe ko ashaka kwica Dawidi. Yonatani abwira se ati: ‘Ntihagire ico umugira. Nta kibi na kimwe aragukorera, ahubwo yaragufashije muri vyinshi. Igihe yica Goliyati yari yahevye amagara yiwe, kandi nawe warabishimye.’

Sauli aramwumviriza, avuga ko ataco azogira Dawidi. Dawidi agaruka ibwami, atangura gukorera Sauli nk’uko yahora. Ariko umusi umwe Dawidi yariko aravuza inanga, asubira kandi kumutera icumu. Ararizibukīra rifata uruhome, Ubwo buba ubugira gatatu! Dawidi aca abona ko ategerezwa guhunga!

Muri iryo joro nyene arataha, Sauli aca atuma abantu bo kumwica. Mikali aramenya ico se ashaka kugira. Abwira umugabo wiwe ati: ‘N’utahunga ejo uzoba wapfuye.’ Muri iryo joro nyene, Mikali aramuhungisha amucisha mw idirisha. Dawidi amara imyaka indwi ava aha aja harya, kugira ngo Sauli ntamubone.

1 Samweli 18:1-30; 19:1-18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika