ICIGWA CA 41
Dawidi na Sawuli
Dawidi amaze kwica Goliyati, umwami Sawuli yaciye amugira umukuru w’abasoda biwe. Dawidi yaratsinze intambara nyinshi, bituma abantu bamukunda cane. Igihe cose Dawidi yaba avuye kurwana, abagore baca baza kumutegera bariko baratamba bongera baririmba ngo ‘Sawuli yishe ibihumbi, Dawidi we yishe ibihumbi mirongo!’ Sawuli yaciye ashavurira Dawidi, aca arondera kumwica.
Dawidi yari azi kuvuza inanga neza. Umusi umwe ariko aravugiriza inanga umwami Sawuli, uwo mwami yaramuteye icumu. Dawidi yaciye akwepa, iryo cumu rica ryinjira mu ruhome. Inyuma y’aho, Sawuli yaragerageje kenshi kwica Dawidi. Dawidi yahavuye ahunga aja kwinyegeza mu bugaragwa.
Sawuli yaciye atora abasoda 3.000 baja guhiga Dawidi. Vyarashitse yinjira mw’isenga ry’ibuye Dawidi n’abasoda biwe bari binyegejemwo. Abasoda ba Dawidi baciye bamwongorera bati: ‘Uraronse akaryo ko kwica Sawuli.’ Dawidi yarasobotse maze acacura impuzu Sawuli yari yambaye. Sawuli ntiyabimenye. Mu nyuma Dawidi yarabonye ko yari yagize nabi kubera atubashe umwami yatowe na Yehova. Yaranse ko abasoda biwe bica Sawuli. Mbere yarahamagaye Sawuli, amubwira ko yari yaronse akaryo ko kumwica ariko ntiyamwica. None Sawuli yoba yaciye areka guhiga Dawidi?
Oya, yagumye amuhiga. Umusi umwe mw’ijoro, Dawidi n’umwishwa wiwe Abishayi barasobotse barinjira aho Sawuli n’abasoda biwe bari. Mbere na Abuneri yari asinziriye kandi ari we yari ajejwe gucungera ubuzima bwa Sawuli. Abishayi yaciye abwira Dawidi ati: ‘Aha turamuronse! Reka ndamwice.’ Dawidi yamwishuye ati: ‘Yehova azomwihanira. Reka dutore icumu ryiwe n’agakuza kiwe k’amazi twigire.’
Dawidi yaciye yurira umusozi wari hafi y’aho Sawuli n’abasoda biwe bari. Yarasemereye ati: ‘Abuneri, kubera iki utakingiye umwami wawe? Icumu ryiwe n’agakuza kiwe k’amazi biri hehe?’ Sawuli yarumvise ko ari ijwi rya Dawidi, aca avuga ati: ‘Iyo ushaka wari kunyica. Ndazi ko ari wewe uzoba umwami wa Isirayeli agira kabiri.’ Sawuli yaciye asubira muhira. Ariko rero, mu muryango wa Sawuli si bose banka Dawidi.
«Nimba bishoboka, nimukore ivyo mushoboye ku giti canyu kugira mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore.»—Abaroma 12:18, 19