ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 6 rup. 46-54
  • Ikibazo Cerekeye Ibiremwa Vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo Cerekeye Ibiremwa Vyose
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Bishuye Ico Kibazo
  • Tweho Ubwacu Twocishura Dute?
  • Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • “Izina ryawe niryezwe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 6 rup. 46-54

Ikigabane ca 6

Ikibazo Cerekeye Ibiremwa Vyose

1. (a) Ni ikibazo ikihe Shetani yavyuye muri Edeni? (b) Ni mu buryo nyabaki ico kibazo kibonekera mu vyo yavuze?

IGIHE ubugarariji bwaduka muri Edeni, ikibazo gihambaye cerekeye ibiremwa vyose caravyutse. Shetani yaregereye Eva, ivuga ko bo n’umugabo wiwe hari ico bīmwe. Yarabajije iti: “Ni ivy’ukuri koko yuko Imana yavuze ngo ntimurye ku giti na kimwe co muri iri tongo?” Eva yishuye ko ivyo vyerekeye ivyama ku giti kimwe gusa, ko ari vyo Imana yavuze ngo “ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa.” Ubwo nyene Shetani ica itora Imana ububeshi, ivuga ko yaba Eva, yaba Adamu, yoshobora kubaho atisunze Imana mu kuyumvira. Yarangushe ivuga ko Imana yari yimye ivyo biremwa vyayo ikintu ciza—ubushobozi bw’ukwishingira ingingo zokurikizwa mu buzima. “Haba n’intete ntimuzopfa,” uko ni ko Shetani yavuze. Ngo “kuko Imana izi yuko umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.” (Itanguriro 3:1-5) Shetani yatumye Eva yiyumvīra yuko yoshobora kumererwa neza gusumba igihe yokwifatira ingingo. Naho itabifoboye, aho yari ihaririye mu vy’uburenganzira bw’ukuganza Imana ifise, no mu vy’uburyo iganza. Mu vy’ukuri ikibazo cavyutse cari cerekeye inganji y’isi n’ijuru.

2. Ni igiki cari gukingira umugabo n’umugore ba mbere?

2 Urukundo Eva yakunda Yehova rwari gushobora kumukingira. Ukwubaha ubukuru bw’umugabo wiwe kwari kumugarura ngo ntakore nabi. Ariko we yiyumviriye gusa icasa n’icomuzanira akarusho ubwo nyene. Icari carabujijwe gica kiryohera ijisho. Yarahenzwe vy’ukuri n’ivyiyumviro vya Shetani aca arenga kw itegeko ry’Imana. Mu nyuma yavyinjijemwo na Adamu. Naho Adamu atahenzwe n’ico kinyoma ca Shetani, vyaragaragaye ko na we nyene aterekanye na gato ko akenguruka urukundo rw’Imana. Yarakengereye ubukuru bwa Yehova, ahitamwo kwifatanya n’umugore wiwe w’umugarariji.—Itanguriro 3:6; 1 Timoteyo 2:13, 14.

3. (a) Ni ikibazo kindi ikihe gifitaniye isano rwose n’ivy’uko Shetani yateye inganji ya Yehova? (b) Ico kibazo cerekeye bande?

3 Ivy’uko gutera Yehova ku nganji yiwe Shetani yagize, ntivyagarukiye ku vyabaye muri Edeni. Igihe yabona ko isa n’uko itsinze, yarabandanije guharīra ko no mu bindi biremwa ata woba umugumyabanga imbere ya Yehova. Ico rero caciye kiba ikibazo kigira kabiri gifitaniye isano rwose n’ica mbere. Ivyo bihāri vyarabandanije gushika aho uruvyaro rwa Adamu hamwe n’abana b’impwemu b’Imana bose bavyinjizwamwo, mbere n’Umwana w’imfura mukundwa rwose wa Yehova ntiyasigaye. Mu gihe ca Yobu, Shetani yarahāririye ngo abakorera Yehova ntibamukorera kubera ko bakunda iyo Mana n’uburyo iganza, ariko ngo kubera ko baharonkera inyungu. Yavuze ko igihe bogeragezwa n’amakuba, bose boca bakurikirana ivyobazanira inyungu bahahamiye. Yoba yavuze ukuri?—Yobu 1:6-12; 2:1-6; Ivyahishuriwe Yohani 12:10.

Ukuntu Bishuye Ico Kibazo

4. Ni kuki abantu benshi batāshigikiye inganji ya Yehova?

4 Yehova ntiyahakanye ko bidashoboka yuko hagira abunganira Shetani mu bugarariji. Kukaba nkako, igihe Imana yaca imanza muri Edeni, yaravuze ivy’abobaye ‘uruvyaro rw’inzoka.’ (Itanguriro 3:15) Abafarisayo bagiye inama y’ukwica Yezu hamwe na Yuda Isikariyote uwaguze Kirisitu, bari abo muri urwo ruvyaro. Ntibateye intambwe itari yo batabizi. Bari bazi iciza ico ari co, bahitamwo n’ibigirankana kurwanya Yehova hamwe n’abasavyi biwe. Ariko hariho abantu isinzi batakurikije ivyo Imana ibashakako, kubera ubujuju.—Ivyakozwe n’intumwa 17:29, 30.

5. (a) Abāgumye kw ibanga imbere ya Yehova Ijambo ryiwe bāribona gute, ivyo Eva atashoboye kugira? (b) Nowa yerekanye gute ko ari umugumyabanga, kandi akarorero yatanze kadufitiye akamaro gaki?

5 Hariho abagabo n’abagore bafise ukwizera batābaye nka bo, bātohoje ivyerekeye Umuremyi wabo, baragaragaza ko ari intahemuka imbere y’uyo Segaba. Bari bizeye Imana. Bari bazi ko badashobora kubaho batisunze Imana mu kuyumviriza hamwe no mu kuyigamburukira. Nowa yari umwe muri abo. N’igihe Imana yamubwira, iti “[iherezo ry’igifise umubiri cose riri imbere y’inyonga zanje] . . . wibazire ubwato,” Nowa yaroroheye ubuyobozi bwa Yehova. Abandi bantu bo muri ico gihe naho bagabishijwe, babandanije gukora ivyo basanzwe bakora mu buzima nk’uko umengo nta kintu na kimwe kidasanzwe cari cimirije kuba. Nowa we yarubatse ubwato bw’amahēro atako arakovya mu kwigisha abandi ivyerekeye inzira zitunganye za Yehova. Nk’uko iyo nkuru ibivuga, “Nowa abigenza atyo: uko Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.”—Itanguriro 6:13-22; raba kandi mu Baheburayo 11:7 no muri 2 Petero 2:5.

6. (a) Ni ingeso nziza zindi izihe zagaragajwe n’abāgumye ari intadohoka kw ibanga? (b) Izo ngeso Sara yazigaragaje gute, kandi akarorero yatanze twokungukirako gute?

6 Ukwubaha rwose ivy’ubukuru uko burutarutana ari na vyo bijana n’ugukunda Yehova, na vyo nyene vyari vyibonekeje rwose mu bantu b’intadohoka kw ibanga. Ntibabaye nka Eva yarenze akarimbi akarengēra ubukuru bw’umugabo wiwe. Ntibabaye kandi nka Adamu, uwirengagije itegeko rya Yehova. Sara umukenyezi wa Aburahamu, we yarerekanye izo kamere nziza. Yaremeza ko Aburahamu ari “umwami” wiwe, si mu mvugo gusa, ariko no ku mutima. Bitayeko, yarakunda Yehova kandi yari umukenyezi afise ukwizera. Yari ‘arorereye bo na Aburahamu ca gisagara (Ubwami bw’Imana) cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco ari Imana.’—1 Petero 3:5, 6; Abaheburayo 11:10-16.

7. (a) Musa yashigikiye inganji ya Yehova ari ahantu hameze gute? (b) Akarorero yatanze twokungukirako gute?

7 Hāheze imyaka 430 Aburahamu avuye mu ntara y’iwabo, Musa ashigikira inganji ya Yehova mu guhangana na Farawo wo mu Misiri. Si ukuvuga ko Musa yari yishimiye inkomezi ziwe. Ahubwo mbere yiyumvīra ko atavuga neza bihagije. Ariko yaragamburukiye Yehova. Uyo Musa yarashikirije Farawo akatari gake Ijambo rya Yehova, ashigikiwe n’iyo Mana Yehova kandi afashijwe na mwenewabo Aroni. Farawo yari intagondwa. Mbere bamwe bamwe mu Bisirayeli baravuze nabi rwose Musa. Ariko Musa yarakoze ivyo Yehova amutegetse vyose nk’uko bitegerejwe, hanyuma Abisirayeli barabohorwa bava mu Misiri biciye kuri we.—Kuvayo 7:6; 12:50, 51.

8. (a) Ni igiki cerekana ko ivy’ukuba umugumyabanga imbere ya Yehova atari ugukora ivyo Imana yandikishije vyonyene? (b) Gutahura neza ivy’ukuba umugumyabanga ben’ukwo vyodufasha gute kurangūra ibiri muri 1 Yohani 2:15?

8 Aberekanye ko ari abagumyabanga imbere ya Yehova, ntibīyumvīra ko ivyo basabwa ari ugukurikiza gusa ibivugwa mu mategeko, canke kugamburuka mu vyo Imana yandikishije vyonyene. Igihe umugore wa Potifari yagerageza kwosha Yozefu ngo basambane, nta tegeko ry’Imana ryariho ribuza gusambana. Ariko kubera ivyo Yozefu yari azi vyerekeye ukwabirana kwatunganijwe na Yehova muri Edeni, ntiyari ayobewe ko kuryamana n’umugore w’uwundi bitohimbara Imana. Yozefu ntiyashaka kugerageza ngo abone aho Imana yogejeje mu kumurekura ngo amere nk’Abanyamisiri. Yarashigikiye inzira za Yehova mu kuzirikana ukuntu Imana ikorera abantu ivyiza, aca akurikiza ivyo abona ko ari vyo Imana igomba.—Itanguriro 39:7-12; gereranya no muri Zaburi 77:11, 12.

9. Wa Mucokoranyi yabaye umunyakinyoma gute akatari gake mu vyo yabeshe mu gihe ca Yobu?

9 Abazi Yehova vy’ukuri naho bogeragezwa bikomeye ntibamuheba. Shetani yaremeje ko Yobu uwo Yehova yari yashimagije rwose, ngo nk’igihe yonyagwa itunga canke ngo ababazwe ku mubiri yoca aheba Imana. Ariko Yobu yaragaragaje ko uyo Mucokoranyi ari umubeshi, kandi ivyo abigira atazi ikiriko gituma ivyago bimugwako ico ari co. (Yobu 2:3, 9, 10) Mu nyuma kugira ngo Shetani igume ibandanya gushigikira ico ciyumviro cayo, yatumye umwami w’i Babiloni ashangashirwa akangisha kwicira mw itanure imisore itatu y’abaheburayo, igihe yokwanka kwunama ngo isenge igishusho uwo mwami yari yahagaritse. Kubera ko bātegerezwa guhitamwo itegeko ry’umwami canke itegeko rya Yehova ribuza gusenga ibigirwamana, barahagaze rugabo barimenyekanisha ko bambaza Yehova, ko ari we Segaba Umwami wabo. Ivy’ukuba intahemuka imbere y’Imana vyari bifise agaciro kuruta ubuzima.—Daniyeli 3:14-18.

10. Bishoboka bite ko twebwe abantu ben’agasembwa twerekana ko turi abagumyabanga vy’ukuri imbere ya Yehova?

10 Ivyo vyotuma tuvuga yuko kuba umugumyabanga imbere ya Yehova bisaba ukutagira agasembwa, yuko uwugize ikosa aba ananiwe rwose? Haba n’intete! Bibiliya ivuga itomoye rwose ko hari igihe Musa yahora agira amakosa. Yehova vyaramushavuza ariko ntiyigeze amuheba. Intumwa naho zari akarorero keza muri vyinshi, zari zifise inenge. Ivy’ukwitwa umugumyabanga bisaba kuguma umuntu agamburuka bivuye ku mutima. Ariko kubera ko Yehova azi yuko twanduye agasembwa, arahimbarwa igihe tutirengagiza n’ibigirankana ivyo agomba, ivyo ari vyo vyose. Niba kubera intege nke zacu tugize ikosa, vyoba vyiza rwose twihanye koko iryo kosa ntiturigire akamenyero. Tuba rero twerekanye ko dukunda rwose ivyo Yehova avuze ko ari vyiza, kandi ko twanka ivyo yerekanye ko ari bibi. Turashobora kuba abantu batagira agatosi mu nyonga z’Imana, tukabikesha ukwemera igiciro c’inkuka Yezu yatanzeko impongano y’ivyaha.—Amosi 5:15; Ivyakozwe n’intumwa 3:19; Abaheburayo 9:14.

11. (a) Mu bantu, ni nde yagumije ukwihebera ivy’ugusenga Imana bimwe bishitse, kandi ivyo vyerekanye iki? (b) Ivyo yarangūye vyodufasha mu biki?

11 Naho ari uko, twovuga yuko ukwihebera ivy’ugusenga Imana bimwe bishitse bidashoboka ku bana b’abantu? Mu myaka ishika nka 4 000, inyishu y’ico kibazo ryari “ibanga [ryeranda].” (1 Timoteyo 3:16) Naho Adamu yaremwe ari umuntu atagira agasembwa, ntiyatanze akarorero keza mu vyerekeye ukwihebera ivy’ugusenga Imana. Ni nde yogatanze? Birumvikana ko ata n’umwe wo mu ruvyaro rwiwe. Yezu Kirisitu ni we yari umuntu wenyene yobishoboye. Ivyo Yezu yarangūye vyerekana ko Adamu, uwari atunganiwe gusumba, yari gushobora gukomera ntadohoke kw ibanga na gato, iyo abishaka. Ivyaremwe n’Imana nta kanenge vyari bifise. Yezu Kirisitu rero ni we karorero dushaka gukurikira, si mu kwerekana ko twubaha amategeko y’Imana gusa, ariko no mu gusaba Yehova Segaba w’ijuru n’isi.

Tweho Ubwacu Twocishura Dute?

12. Ni kuki dukwiye kwama tugavye ku vyerekeye ukuntu tubona inganji ya Yehova?

12 Ubu umwe umwe wese muri twebwe, ategerezwa kwishura ico kibazo cabajijwe kw isi no mw ijuru. Ntidushobora kwinyusha. Niba twārāturiye ahibonekeje ko turi mu ruhande rwa Yehova, Shetani ica ija iradutera. Iradukaza mu buryo yiyumvīra bwose, kandi izobandanya gushika ivy’iyi si mbi birangiye. Dukwiye kwama tugavye. (1 Petero 5:8) Ukuntu twigenza birerekana aho duhagaze ku vyerekeye ico kibazo gihambaye rwose.

13. (a) Ni ikintu ki cerekeye inkomoko y’ikinyoma n’ubusuma cotuma tuvyirinda? (b) Ishura ikibazo kimwe kimwe muri ivyo biri ku mpera y’ico gifungo, vyerekeye impamvu zituma abantu bamwe bamwe bakora nabi.

13 Ntidukwiye kureka ngo ivy’ukutaba umugumyabanga tubone ko ata co bitwaye, ngo ni uko ab’iyi si bose bameze gutyo. Kuguma turi intadohoka kw ibanga bisaba ko mu kubaho kwacu dukurikira muri vyose inzira za Yehova zitunganye. Raba ibi bikurikira dutanzeko akarorero:

(1) Shetani yakoresheje ikinyoma, kugira ngo abavyeyi bacu ba mbere ibakwegere mu caha. Yaciye iba ‘se w’ikinyoma.’ (Yohani 8:44)

Ni ryari uruvyiruko rimwe rimwe bananirwa kuba imvugakuri imbere y’abavyeyi? Ni kuki ivyo kuvyirinda bifise akamaro koko ku bakirisu bakiri bato? (Imigani 6:16-19)

Ni ubudandaji ubuhe bwoshobora gutuma umuntu asa na ‘se w’ikinyoma’ mu gishingo c’ugusa n’Imana y’inyakuri? (Mika 6:11, 12)

Igihe tuvuze amajambo atuma tubonwa neza kandi atari ko turi, vyoba ari bibi igihe ayo majambo ata we ababaje? (Zaburi 119:163; gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 5:1-11.)

Igihe umuntu agize ikosa rihambaye, ni kuki ari vyiza kutagerageza kurihisha mu kubesha? (Imigani 28:13)

(2) Igihe Eva na Adamu bakurikira akosho ka Shetani mu vy’ukwifatira bo nyene ingingo y’iciza n’ikibi, ikintu ca mbere bagize cari ic’ugutwara ibitari ivyabo. Baciye baba ibisuma.

Ukwiba kwoba kubereye igihe umuntu akenye canke igihe uwibwa ari umutunzi? (Imigani 6:30, 31; 1 Petero 4:15)

Ntaco vyoba bitwaye igihe aho tuba abantu bose biba, canke igihe icibwe ari ikintu gitoyi? (Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:28; Luka 16:10)

14, 15. (a) Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi irangiye, abantu bazogeragezwa gute? (b) Ivyo dukora ubu bizotuma tumererwa gute ico gihe?

14 Mu ntwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi, Shetani n’abamarayika bayo bazoba bari mu rusumanyenzi, badashobora kwosha abantu. Ni ivy’ukuri tuzokwiruhutsa! Ariko imyaka igihumbi iheze, bazofungurwa mu kanya gato. Shetani bo n’abazoyumvira bazokaza rwose “[aberanda],” ni ukuvuga intadohoka kw ibanga ziharūrwa mu bantu bazoba basubiye kutagira agasembwa. Izotambuka nk’ūrongōye ingabo ziri mu ndwano itere ca “gisagara gikundwa,” Yeruzalemu musha wo mw ijuru, igerageze kuzimanganya ivy’ugutungana uwo murwa uzoba washinze kw isi.—Ivyahishuriwe Yohani 20:7-10.

15 Nk’uko Shetani yabigenjeje kera, bisa n’uko izokoresha ubuhumvyi, ubwikunzi hamwe n’amanyama, kugira ngo yoshe abantu gukora ibituma biyonkora kuri Yehova. Niba tuzoterwa iteka ry’ukubaho ico gihe, ivyo tuzobibona gute? Imitima yacu izoba iri he ku vyerekeye ca kibazo co kw isi no mw ijuru? Kubera ko abantu bose bazoba batagira agasembwa, ikizokwonkora umuntu ku Mana cose kizoba gikozwe n’ibigirankana, gitume rero umuntu yicwa akagirīre. Nuko rero kugira ngo tuzobe abagumyabanga ico gihe, ese ingene bifise akamaro koko kwimenyereza kwama dukurikira uburyo Yehova atuyobora bwose biciye kw ijambo canke kw Ishirahamwe ryiwe! Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko tumusaba vy’ukuri we Segaba w’ijuru n’isi.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ni ikibazo ikihe gihambaye ibiremwa vyose bitegerezwa kwishura? Twebwe kitwerekeye gute?

● Ni igiki cibonekeje rwose ku vyerekeye ukuntu umwe umwe wese mu bagabo n’abagore berekanywe ku rupapuro rwa 49 yagaragaje ukutadohoka kw ibanga imbere ya Yehova?

● Ni kuki ivy’uko imisi yose twokwama twitwararitse gutera iteka Yehova mu buryo twigenza bifise akamaro koko?

[Amafoto ku rup. 49]

Barashigikiye Inganji ya Yehova

Nowa

Sara

Musa

Yozefu

Yobu

Dushobora Dute Kwungukira ku Karorero Batanze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika