ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 6 rup. 50-59
  • Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Kahise Kagaragaje
  • Kurokoka Tukinjira mw’Isi Nshasha y’Imana
  • Ukuntu Bamwe Ico Kibazo Bacifashemwo
  • Inyishu Tweho Dutanga Ni Iyihe?
  • Ikibazo Cerekeye Ibiremwa Vyose
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Yehova ni Umukama Segaba wacu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 6 rup. 50-59

Ikigabane ca Gatandatu

Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana

1, 2. (a) Ni ikibazo ikihe Shetani yavyuye muri Edeni? (b) Ico kibazo giseruka gute mu vyo yavuze?

HARIHO ikibazo kikwerekeye gihambaye kuruta ibindi vyose abantu bigeze guhangana. Impagararo ugira kuri nya kibazo ni yo izokwerekana ukuntu kazoza kawe k’ibihe bidahera kazomera. Ico kibazo cavyuwe igihe ubugarariji bwaduka muri Edeni. Ico gihe Shetani yabajije Eva ati: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?” Yishuye yuko ku vyerekeye ivyama ku giti kimwe, Imana yari yavuze ngo: “Nti[mu]biryeko, . . . kugira ngo [mw]oye gupfa.” Ni ho Shetani yaca adodobereza Yehova imbonankubone, avuga yuko bwaba ubuzima bwa Eva canke ubwa Adamu, butari buhagaze ku kugamburukira Imana. Shetani yivugishije ngo Imana yarimye ibiremwa vyayo ikintu ciza, ni ukuvuga ububasha bwo kwishingira ingingo mfatirwako zabo bwite mu buzima. Shetani yaciye avuga ashimitse ati: “Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.”—Itanguriro 3:1-5.

2 Mu vy’ukuri, Shetani yariko avuga yuko abantu borushirije kumererwa neza igihe boza barifatira ingingo zabo bwite aho kwumvira amategeko y’Imana. Gutyo, yari ahigishije uburyo Imana itwara. Ivyo vyavyuye ikibazo gihambaye kuruta vyose cerekeye ukugaba n’ukuganza kw’Imana mu vyaremwe vyose, ni ukuvuga uburenganzira ifise bwo gutwara. Ikibazo cavyuwe cari iki: Icobera ciza abantu ni igiki? Bwoba ari uburyo Yehova atwara canke ubutware butamwisunga? Buno, Yehova yari gushobora guca akuraho Adamu na Eva, mugabo ivyo ntivyari kuba bitoreye neza inyishu ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza. Mu kureka ngo ikibano c’abantu gisagarare mu gihe kitari gito, Imana yoshoboye kwerekana neza ico ukutamwisunga n’ukutisunga amategeko yiwe vyozanye.

3. Ni ikindi kibazo c’inyongera ikihe Shetani yavyuye?

3 Igitero Shetani yateye ku burenganzira Yehova afise bwo gutwara nticagarukiye ku vyabaye muri Edeni gusa. Yahaririye ngo abandi bantu ntiboguma ari intahemuka kuri Yehova. Ico cacitse ikindi kibazo c’inyongera kijanye cane na ca kindi ca mbere. Ukwo guhiga kwiwe kwahavuye gushika no ku bakomoka bose kuri Adamu na Eva be no ku bana b’Imana bose bo mu buryo bw’impwemu, gushiramwo mbere na wa Mwana mukundwa cane w’imfura wa Yehova. Nk’akarorero, mu misi ya Yobu, Shetani yahaririye avuga ngo abakorera Yehova ntibabigira bivuye ku rukundo bafitiye Imana n’uburyo itwara, ngo ahubwo babitumwa n’ubwikunzi. We yemeza yuko hamwe boshikirwa n’amagume, bose bogondozwa n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi.—Yobu 2:1-6; Ivyahishuriwe 12:10.

Ico Kahise Kagaragaje

4, 5. Kahise kagaragaje iki ku vy’ukwitunganiriza intambuko?

4 Ikintu gihambaye muri ico kibazo cerekeye ukugaba n’ukuganza ni iki: Imana ntiyaremeye abantu kubaho batisunga ubutware bwayo ngo baheze baroranirwe. Ku bw’ineza yabo, yabaremye ngo babeho bisunga amategeko yayo agororotse. Umumenyeshakazoza Yeremiya yariyemereye icese ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe. Uhoraho, umpane.” (Yeremiya 10:23, 24) Ijambo ry’Imana riduhimiriza rero riti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” (Imigani 3:5) Nk’uko nyene Imana yaremye abantu ngo baze barisunga amategeko agenga ibidukikije kugira ngo bagume babaho, ni na ko kandi yashinze amategeko agenga uko umuntu yokwigenza, kandi igihe ano akurikijwe bikaba vyotumye ikibano kimera neza.

5 Birumvikana, Imana yari izi yuko umuryango w’abantu utokwigeze uroranirwa mu vyo kwiyobora hatarimwo ubutware bwayo. Mu kwiyamvya ngo barabe ko bobaho batisunga ubutware bw’Imana, abantu barashinze inzego zitandukanye z’ivy’intwaro, z’ivy’ubutunzi n’iz’ivy’idini. Ukudahuza kw’izo nzego kwatumye abantu bama mu ndyane, bivamwo ubukozi bw’ikibi, intambara n’urupfu. “Umuntu umwe [asigaye] agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Uko ni kwo nyene vyagenze muri kahise k’umuntu kose. Nk’uko vyari vyaravuzwe mw’Ijambo ry’Imana, abantu b’ababisha be n’abangushi barabandanije ‘kurushiriza kuba babi.’ (2 Timoteyo 3:13) Kandi ikinjana ca 20, ico abantu bagizemwo iterambere rikomeye cane mu vya siyansi no mu vy’ubuhinga, ni co cabayemwo amahano mabi atari bwigere abaho. Amajambo ari muri Yeremiya 10:23 yaragaragaye bimwe biboneka ko ari ay’ukuri: abantu ntibaremwe ngo bitunganirize intambuko zabo.

6. Ikibazo c’ukutisunga Imana kw’abantu, vuba Imana igiye kugitorera umuti gute?

6 Inkurikizi zibabaje kandi z’igihe kirekire zituruka ku kutisunga Imana, zarashize ahabona rimwe rizima yuko ubutware bw’abantu budashobora kwigera buroranirwa. Ubutware bw’Imana ni yo nzira yonyene igana ku buhirwe, ku bumwe, ku magara meza no ku buzima. Kandi Ijambo ry’Imana rirerekana ko igihe Yehova yaretse abantu ngo batware batamwisunga cegereje kurangira. (Matayo 24:3-14; 2 Timoteyo 3:1-5) Vuba cane, agiye guhaguruka mu vyo abantu bagira kugira ngo ashinge ubutware bwiwe kw’isi. Ubuhanuzi bwa Bibiliya buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [ubutware bw’abantu buriho ubu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [mw’ijuru] butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga [abantu ntibazokwigera basubira gutwara isi]; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [bo muri iki gihe]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”—Daniyeli 2:44.

Kurokoka Tukinjira mw’Isi Nshasha y’Imana

7. Ubutware bw’Imana nibwakuraho ubutware bw’umuntu, ni nde azorokoka?

7 None ubutware bw’Imana nibwakuraho ubutware bw’umuntu, ni nde azorokoka? Bibiliya yishura iti: “Abagororotsi [abashigikira uburenganzira Imana ifise bwo gutwara] bazokwibēra m[w’isi], kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha [abadashigikira uburenganzira Imana ifise bwo gutwara] bazokomborwa m[w’isi], kand’abaguranyi bazorandurwa muri [y]o.” (Imigani 2:21, 22) Umwanditsi wa Zaburi na we nyene yavuze ati: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. . . . Abagororotsi bazoragwa [isi], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:10, 29.

8. Imana izokwemeza gute ukugaba n’ukuganza kwayo bimwe bidasubirwamwo?

8 Isi ya Shetani niyamara gusangangurwa, Imana izoca itanguza isi nshasha, ivyo bikazoca bikuraho amazimayongo ubukozi bw’ikibi, intambara, ubukene, ugucumukura, indwara be n’urupfu bibica bigacika, bikaba bimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi vyifatiye abantu. Bibiliya iradondora mu buryo buteye igomwe imihezagiro irindiriye abantu bagamburuka, iti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:3, 4) Biciye ku ntwaro y’Ubwami bwayo buzoba bushinzwe mw’ijuru burongowe na Kirisitu, Imana izokwemeza (izogaragaza) bimwe bidasubirwamwo uburenganzira ifise bwo kuba Segaba wacu, ni ukuvuga Umutware wacu.—Abaroma 16:20; 2 Petero 3:10-13; Ivyahishuriwe 20:1-6.

Ukuntu Bamwe Ico Kibazo Bacifashemwo

9. (a) Abagumye batadohoka kuri Yehova babonye gute ijambo yavuze? (b) Nowa yagaragaje gute ko atadohoka, kandi dushobora gute kwungukira ku karorero kiwe?

9 Muri kahise hose, harabayeho abagabo n’abagore b’abizigirwa bagaragaje ko ari intahemuka kuri Yehova kandi bakemera ko ari we Segaba. Bari bazi yuko ubuzima bwabo buhagaze ku kumutega ugutwi no ku kumugamburukira. Nowa yari mwene uyo muntu. Nuko Imana ibwira Nowa iti: “Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, . . . Wibāzire ubgato.” Nowa yarakurikije ubuyobozi Yehova yamuhaye. Abandi bantu bo muri ico gihe, naho bari baburiwe, babandanije kwiberaho ataco binona nk’aho wamengo nta kintu kidasanzwe cari kigiye gushika. Mugabo Nowa yarubatse ubwato amahanga hanyuma aguma akora cane mu kubwira abandi ivyerekeye inzira zigororotse za Yehova. Iyo nkuru irabandanya iti: “Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.”—Itanguriro 6:13-22; Abaheburayo 11:7; 2 Petero 2:5.

10. (a) Aburahamu na Sara bashigikiye gute ukugaba n’ukuganza kwa Yehova? (b) Ni mu buryo ki dushobora kwungukira ku karorero ka Aburahamu na Sara?

10 Aburahamu na Sara na bo nyene bari akarorero keza k’ugushigikira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, bagakora ivyo abategetse vyose. Baba i Uri h’Abakaludaya, kikaba cari igisagara gisagamvye. Mugabo igihe Yehova yabwira Aburahamu kuja mu kindi gihugu, kikaba cari igihugu atazi, Aburahamu “[yaragiye], nk’uk’Uhoraho [y]amubariye.” Sara nta nkeka yari abayeho neza: yari afise uburaro, abagenzi n’incuti. Yamara, yarayobokeye Yehova n’umugabo wiwe, hanyuma aragenda mu gihugu c’i Kanani, naho nyene atari azi uko vyomugendeye mu nyuma.—Itanguriro 11:31–12:4; Ivyakozwe 7:2-4.

11. (a) Musa yashigikiye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova ibintu vyifashe gute? (b) Akarorero ka Musa koshobora gute kugira ico katwunguye?

11 Musa yari uwundi muntu yashigikira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Kandi ivyo yabigize ahanzwe n’ibintu bigoye rwose: yari ahanganye na Farawo wo mu Misiri amaso mu yandi. Si uko Musa yari umuntu yiyemera. Ahubwo nyabuna yiyumvira ko adashoboye kuvuga neza uko bikwiye. Mugabo yaragamburukiye Yehova. Ashigikiwe na Yehova akongera agafashwa na mukuruwe Aroni, Musa yarashikirije kenshi iyo ntagondwa Farawo ijambo rya Yehova. Eka mbere na bamwebamwe mu bana ba Isirayeli barahinyuye Musa bimwe bibi. Yamara, Musa yarakora adahemuka ikintu cose Yehova yaba yamutegetse, kandi biciye kuri we Isirayeli yarahabujwe irava mu Misiri.—Kuvayo 7:6; 12:50, 51; Abaheburayo 11:24-27.

12. (a) Ni igiki cerekana yuko kudahemuka kuri Yehova kudasaba gusa ugukora ivyo Imana yatomoye mu nyandiko? (b) Ugutahura ubwo bwoko bw’ukudahemuka bidufasha gute gushira mu ngiro ibiri muri 1 Yohana 2:15?

12 Abari intahemuka kuri Yehova ntibiyumviriye yuko icasabwa kwari gusa ukugamburuka ivyo Imana yari yaranditse. Igihe muka Potifari yagerageza gukwegakwega Yozefu ngo basambane, nta bwirizwa ryanditswe Imana yari yaratanze ryabuza ubusambanyi. Ariko rero, Yozefu yari azi ivyerekeye indinganizo y’umubano w’ababiranye yashizweho na Yehova muri Edeni. Yari azi yuko guhuza ibitsina n’umugore w’uwundi mugabo vyobaye ari igisesema ku Mana. Yozefu ntiyashatse ivyo kugeza, ngo arabe urugero Imana yomuretse ngo ashikeko mu vyo kumera nk’Abanyamisiri. Yarashigikiye inzira za Yehova mu kuzirikana ku vyo Imana yagiranye n’abantu, maze arakurikiza n’umutima wiwe wose ivyo yabona ko ari vyo Imana igomba.—Itanguriro 39:7-12; Zaburi 77:11, 12.

13. Shetani yagaragajwe gute ko ari umwangushi ku biraba (a) Yobu? (b) ba Baheburayo batatu?

13 N’igihe abakunda vy’ukuri Yehova baba bari mu bigeragezo bikomeye gute, ntibamuheba. Shetani yagirije Yobu ngo hamwe yobura amatungo yiwe menshi canke amagara yiwe, n’ubwo Yehova yamushima cane ngo na we nyene yohevye Imana. Mugabo Yobu yaragaragaje ko Shetani ari umwangushi, naho nyene Yobu ubwiwe atari azi igituma ivyago vyari bimurembeje. (Yobu 2:9, 10) Inyuma y’ibinjana, Shetani mu kuguma agerageza kwemeza ivyo yari yaravuze, yaratumye umwami yashangashiwe wa Babiloni atera ubwoba abasore batatu b’Abaheburayo, abakangisha ukubica abatereye mw’itanure rihinda umuriro baramutse batunamiye igishushanyo nya mwami yashinze ngo bagisenge. Kubera ko bategerezwa guhitamwo hagati y’ukugamburuka ibwirizwa ry’umwami n’ukugamburuka itegeko rya Yehova ryiyamiriza ugusenga ibigirwamana, bamenyesheje bashimitse ko ari abasavyi ba Yehova be n’uko Yehova ari we Segaba Kaminuza wabo. Ukudahemuka ku Mana ni co kintu cari gifise agaciro kuri bo kuruta ubuzima bari bafise!—Daniyeli 3:14-18.

14. Bishoboka gute ko twebwe abantu b’abanyagasembwa tugaragaza ko turi intahemuka vy’ukuri kuri Yehova?

14 None dufatiye kuri mwene ubwo burorero, twoca tuvuga yuko kugira ngo umuntu abe intahemuka kuri Yehova, abwirizwa kuba atagira agasembwa, canke ko iyo umuntu akoze ikosa aba yananiwe buhere? Ishwi da! Bibiliya itubwira yuko rimwe na rimwe vyashika Musa agakora amakosa. Naho Yehova vyamubabaza, ntiyaciye ashibura Musa. Intumwa za Yezu Kirisitu na zo nyene zari zifitiye intege nke zazo. Kubera Yehova azi ko twarazwe agasembwa, arahimbarwa igihe tutirengagiza mu buryo na bumwe n’ibigirankana ivyo agomba. Nimba kubera intege nke tugiye koko mu vy’ugukora ikibi, birahambaye ko twigaya bimwe bivuye ku mutima kandi ntitugire akamenyero ko gukora nya kosa. Muri ubwo buryo, tuba twerekanye yuko dukunda vy’ukuri ivyo Yehova avuga ko ari vyiza, be n’uko twanka ivyo yerekana ko ari bibi. Hishimikijwe ukwizera dufise mu gaciro mpongeravyaha k’inkuka ya Yezu, turashobora kurabwa ryiza n’Imana.—Amosi 5:15; Ivyakozwe 3:19; Abaheburayo 9:14.

15. (a) Ni nde mu bantu bose yagumye atadohoka ku Mana bimwe bitagira agahaze, kandi ivyo vyagaragaje iki? (b) Dufashwa gute n’ivyo Yezu yakoze?

15 Naho ari ukwo, mbega twovuga yuko kugamburukira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova mu buryo butagira agahaze ari ibidashoboka ku bantu? Inyishu kuri ivyo imaze imyaka nk’4.000 ari nk’ “ibanga ryeranda.” (1 Timoteyo 3:16, NW) Adamu, naho yari yaremwe atagira agasembwa, ntiyatanze akarorero keza k’ukuyobokera Imana. Ni nde none yari kubishobora? Ata gukeka, nta n’umwe mu bomukomotseko b’ abanyagasembwa. Umuntu wenyene yabishoboye ni Yezu Kirisitu. (Abaheburayo 4:15) Ivyo Yezu yaranguye vyaragaragaje ko Adamu, uwari yorohewe kuruta, yari gushobora kugumana ukutadohoka kutagira agahaze iyo abishaka. Ikosa ntiryari mu gikorwa c’irema Imana yari yakoze. Yezu Kirisitu rero ni akarorero turondera kwigana, atari mu vyo kwerekana ukugamburuka itegeko ry’Imana gusa, mugabo kandi no mu kuntu ubwiwe yayobokera Yehova, we Segaba w’Ijuru n’Isi.—Gusubira mu Vyagezwe 32:4, 5.

Inyishu Tweho Dutanga Ni Iyihe?

16. Ni kuki dutegerezwa na ntaryo kuguma turi maso ku nyifato tugira ku kugaba n’ukuganza kwa Yehova?

16 Umwe wese muri twebwe abwirizwa guhangana n’ikibazo c’uwukwiye kugaba akaganza kw’isi no mw’ijuru. Nimba tumaze kuvuga icese ko turi ku ruhande rwa Yehova, Shetani aca aduhagurukira. Arateza umukazo udusugereza mu mpande zose, kandi azobandanya kubigira gushika ku muhero w’uru runkwekwe rw’ibintu. Dutegerezwa kuguma turi maso. (1 Petero 5:8) Uburyo twigenza burerekana aho duhagaze kuri ca kibazo kaminuza c’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, be no kuri ca kibazo c’inyongera c’ukutadohoka ku Mana igihe turi mu bigeragezo. Kwoba ari ukwikwegera ikara mu gashambara tubonye uguhemuka nk’aho ari ikintu kidahambaye, ngo ni uko gusa kwiraye mw’isi. Kuguma tutadohoka bisaba ko twihatira gukurikiza inzira za Yehova zigororotse, mu kantu kose ko mu buzima.

17. Ukubesha n’ukwiba bifise inkomoko iyihe yotuma tuvyamirira kure?

17 Nk’akarorero, ntidushobora kwigana Shetani, umwe ‘se w’ibinyoma.’ (Yohana 8:44) Dutegerezwa kuba imvugakuri mu vyo tugira vyose. Mu runkwekwe rw’ivya Shetani, abakiri bato kenshi usanga batabwiza ukuri abavyeyi babo. Mugabo urwaruka rukirisu ivyo ruravyirinda, gutyo bakerekana yuko ibirego vya Shetani, bimwe vy’uko ngo abantu b’Imana bota ukutadohoka kwabo igihe bari mu bigeragezo ari ibinyoma. (Yobu 1:9-11; Imigani 6:16-19) Maze hariho imigenzo ijanye n’ubudandaji yoshobora kwerekana ko umuntu ari ku ruhande rw’umwe ‘se w’ibinyoma,’ aho kwerekana ko ari ku ruhande rwa ya Mana y’ukuri. Iyo migenzo tuyamirira kure. (Mika 6:11, 12) Vyongeye, kwiba nta ho vyigera biba ivyumvikana, no mu gihe umuntu yoba akenye canke nyene kwibwa akaba ari umutunzi. (Imigani 6:30, 31; 1 Petero 4:15) No mu gihe woba ari umugenzo wiraye aho tuba canke icibwe kikaba ari gitoyi, kwiba kuguma ari ikintu giteye kubiri n’amategeko y’Imana.—Luka 16:10; Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:28.

18. (a) Mu mpera ya ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, ni ikigeragezo ikihe kizoza ku bantu bose iyo bava bakagera? (b) Ni akamenyero akahe dukwiye gutsimbataza ubu?

18 Mu gihe c’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bari mu gisumanyenzi, badashobora kwosha abantu. Ese ukuntu kuzoba ari ugutabarwa! Mugabo inyuma y’iyo myaka igihumbi, bazorekurwa mu gihe gitoyi. Shetani n’abamukurikira bazoshira umukazo kuri abo bantu basubijwe umutamana bazoba bagumye batadohoka ku Mana. (Ivyahishuriwe 20:7-10) Nimba tuzoterwa agateka ko kuba ari ho turi, tuzokwifata gute ku vyerekeye ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza? Kubera ko abantu bose ico gihe bazoba batagira agasembwa, igikorwa cose kiranga uguhemuka kizoba gikozwe n’ibigirankana, kandi kizotuma nyene kugikora asangangurwa ubutagisubira kubaho. Ese ukuntu bihambaye ko dutsimbataza akamenyero ko kugamburuka ubuyobozi bwose Yehova aduha, vyaba biciye kw’Ijambo ryiwe canke kw’ishirahamwe ryiwe! Tubigize gutyo, tuzoba twerekanye yuko tumuyobokera nka we Segaba w’Ijuru n’Isi.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ikibazo gihambaye twese dutegerezwa guhangana ni ikihe? Kitwerekeye gute?

• Ni igiki cibonekeje ku vyerekeye uburyo abagabo n’abagore bo mu bihe vya kera bagaragaje ko batadohoka kuri Yehova?

• Ni kuki bihambaye gutera iteka Yehova biciye mu kuntu twigenza ku musi ku musi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika