Ikigabane ca 10
Ubwami “Butazosenyurwa”
1, 2. (a) Uko bukeye uko bwije ibiba muri iyi si biguma vyemeza ibiki, kandi bivyemeza gute? (b) Ni igiki ari co conyene coshobora kubishira mu buryo?
UKO bukeye uko bwije, ibiba muri iyi si biguma vyemeza ko abantu batāronse ubuhirwe mu kwanka inganji ya Yehova bakagerageza kwitegeka bo nyene ubwabo. Nta ntwaro n’imwe y’abantu yagiriye bose akunguko itarobanura. Naho abantu bāteye imbere birengereje rwose mu vy’ukumenya ubuhinga, ntibashoboye kurandura icaha, gutsinda indwara canke gukuraho urupfu, naho hoba ku muntu n’umwe gusa mu bo batwara. Ahubwo amahanga arabandanya guhingura ibirwanisho bishasha kandi bibi gusumba. Ibibi bigirwa n’inkazi vyarenze urugero. Uguhingura ibintu, umwina hamwe n’ubujuju, vyose hamwe bituma iyi si, amazi hamwe n’ikirere biba ikuburiro. Kubera ko amahera aguma arushiriza guta agaciro hakaba hari n’ubushomeri, benshi ntiboroherwa mu vy’ukurondera ikibatunga. Abantu baramaze kwihebura ko izo ngorane zitazohera.—Umusiguzi 8:9.
2 Ni igiki cozitorera umuti? Ni Ubwami bw’Imana, bumwe Yezu yigisha abagendanyi biwe gusaba. (Matayo 6:9, 10) Ese ingene dukwiye gukenguruka kubera ko buri hafi rwose kutuzanira akoyoko!
3. (a) Ku vyerekeye ubwo Bwami, ni igiki cabaye mw ijuru mu 1914 G.C.? (b) Ni kuki ivyo bidufitiye akamaro koko?
3 Mu 1914 G.C., Ubwami bw’Imana bwashikirijwe Yezu Kirisitu bwaratanguye kuganza.a Muri uyo mwaka, ivyo Daniyeli yari yaraboneye nko mu ndoto menyeshakazoza, vyararangutse koko mw ijuru. “Wa Wundi wa mbere na mbere” ari we Mana Yehova, yarashikirije Umwana w’umuntu Yezu Kirisitu “inganji n’icubahiro n’ubwami, kugira ngo amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe.” Daniyeli yaramenyekanishije ivyo bintu yeretswe nko mu ndoto, yandika ibi bikurikira: “Ingoma yiwe ni ingoma itazovaho, kandi ubwami bwiwe ni ubwami [butazosenyurwa].” (Daniyeli 7:13, 14) Imana izotuma abakunda ubutungane binovora ivyiza bitagira igitigiri yari yategekanije igihe yashira abavyeyi bacu ba mbere mw iparadizo, biciye kuri ubwo Bwami.
4. Ni ibiki vyerekeye ubwo Bwami bidushimisha rwose, kubera iki?
4 Abagize ingabo z’ubwo Bwami b’abagumyabanga, barashimishwa rwose n’ukuntu iyo ntwaro imeze hamwe n’ukuntu ikora. Barashaka kumenya ico ikora ubu, ico izorangūra muri kazoza hamwe n’ivyo ibasaba gushitsa. Baravyitondera bakabitohoza, ukuyikunda kugaca kwongerekana kandi bagaca baba abantu bagabirije kumenyesha abandi ivya yo.—Zaburi 48:12, 13.
Ugutohoza Ibintu Gushwangamura Umutima
5. (a) Ivyanditswe vyerekana gute uwo Ubwami bwa Mesiya bwabaye ikigereranyo c’inganji yiwe? (b) Ivyo twiga vyerekeye ubwo Bwami bica rero bigira iki kuri twebwe?
5 Kimwe mu bintu vya mbere na mbere kimenyekana kubera uko gutohoza ibintu, ni uko ubwo Bwami bwa Mesiya ari ikigereranyo c’inganji ya Yehova ubwiwe. Nkako ni we yatanze “inganji n’icubahiro n’ubwami,” abiha Umwana wiwe. Ubwo Bwami rero igihe bwari butanguye kuganza, amajwi yarasamiranye mw ijuru, kandi vyari bibereye, ati: “Ubwami bw’isi buhindutse ubw’[Umukama] wacu (Imana Yehova) n’ubwa Kirisitu wiwe, kandi azohora ahangamye (Yehova) ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuriwe Yohani 11:15) Nuko rero ivyo tubonye vyose vyerekeye ubwo Bwami hamwe n’ivyo burangūra, bituma ducudika rwose na Yehova ubwiwe. Biradushiramwo gushaka kwicisha bugufi imbere y’inganji yiwe ibihe bidashira.
6. Ni kuki dushimishwa cane cane n’uko Yezu Kirisitu ari we cariho ca Yehova mu vy’ugutwara?
6 Ese ingene ari vyiza rwose kubona Yehova yashize Yezu Kirisitu ku ngoma ngo amubere icariho mu vy’ugutwara! Kubera ko Yezu ari umukozi w’umuhanga Imana yakoresheje mu kurema isi n’umuntu, arazi neza ivyo dukeneye kurusha uwo ari we wese muri twebwe. Bitayeko, kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu, yarerekanye ko ‘afitiye igishika abana b’abantu.’ (Imigani 8:30, 31; Ab’i Kolosayi 1:15-17) Urwo rukundo rwari rwinshi rwose gushika aho we nyene ubwiwe aza kw isi, atanga ubuzima bwiwe buba incungu kubera bo. Yatumye rero turonka uburyo bw’ukubohorwa mu caha n’urupfu, ivy’ukuronka ubuzima budashira bica birashoboka.—Matayo 20:28.
7. (a) Ni kuki iyo ntwaro izoramba ntimere nk’intwaro z’abantu? (b) Ni isano ki iyo ntwaro yo mw ijuru ifitaniye na wa “mushumba w’intahemuka kandi w’incabwenge”?
7 Iyo ni intwaro ishinze imizi kandi iramba. Ivy’ukuramba kwayo vyemezwa n’uko Yehova we nyene adashobora gupfa. (Habakuki 1:12; Zaburi 146:3-5, 10) Yezu Kirisitu uwo Imana yashikirije ingoma, aratandukanye n’abami-bantu, na we nyene ntashobora gupfa. (Abaroma 6:9; 1 Timoteyo 6:15, 16) Abandi bazofadikanya na Kirisitu kuvyagira ku ntebe z’Ubwami mw ijuru bazoba ari 144 000, abasavyi b’Imana b’abagumyabanga barobanuwe “mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose.” Na bo nyene barahabwa ukudapfa. (Ivyahishuriwe Yohani 5:9, 10; 1 Ab’i Korinto 15:42-44, 53) Benshi muri bo baramaze gushika mw ijuru, amasigarira yabo akiri kw isi ni yo agize umugwi bita wa “mushumba w’intahemuka kandi w’incabwenge,” umugwi uteza imbere ivy’ubwo Bwami ngaha kw isi ukabishitsa nk’uko bitegerejwe.—Matayo 24:45-47.
8, 9. (a) Ni ibiki bikwega amacakubiri kandi vyonona imitima y’abantu ubwo Bwami buzokuraho? (b) Nimba rero dushaka kwirinda kuba abansi b’Ubwami bw’Imana, ni amashirahamwe hamwe n’ibikorwa ibihe tudakwiye kwivangamwo?
8 Ubu bwa vuba, igihe Yehova yashinze kigeze, azotuma inteko ziwe gukora akazi, zityorore iyi si. Zizohonya abatamenya Imana ari bo bavyishakiye, bakanka n’ukwemera inganji yayo bagatako bagakengera ivyo yatunganije biciye kuri Yezu Kirisitu, ibitumwe n’urukundo, bagende akagirīre. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-9) Uzoba ari umusi wa Yehova, ca gihe c’ukugaragaza uburenganzira afise bwo kugaba akaganza isi n’ijuru cari kirindiriwe kuva kera.
9 Amadini yose y’ikinyoma, intwaro z’abantu zose hamwe n’inteko zazo vyahora birongōwe na wa mutware mubi w’iyi si ataboneka, bizozimanganywa imyaka yose. Abo bose berekana ko ari ab’iyi si mu kubaho bironderera ivyabo gusa, mu gukora ivy’ubugunge, mu kutigenza runtu, bazotikizwa. Shetani n’abamarayika bayo bazoshirwa kure y’ababa kw isi, bamare imyaka igihumbi badadiwe koko. Ese ingene abo bose bakunda ivy’ugutungana bazokwiruhutsa!—Ivyahishuriwe Yohani 18:21, 24; 19:11-16, 19-21; 20:1, 2.
Imigambi Bwishinze—Ukuntu Buyishikīra
10. (a) Ubwami bwashikirijwe Mesiya buzorangūra gute umugambi wa Yehova ku vyerekeye iyi si ubwayo? (b) Ivyo bishaka kuvuga iki ku bazoba kw isi muri ico gihe?
10 Ubwo Bwami bwa Mesiya buzorangūra bimwe bishitse umugambi Imana yari ifitiye iyi si kuva mu ntango. (Itanguriro 2:8, 9, 15; 1:28) Gushika ubu abantu bārananiwe gushitsa uwo mugambi. Ariko ‘isi igiye kuzobaho,’ yashikirijwe Umwana w’umuntu Yezu Kirisitu ngo ayiganze. Abazorokoka urubanza Yehova azocira iyi si ya kera bose, bazokora bahurikiye hamwe barongōwe na Kirisitu we Mwami, bagire ico cose abategetse banezerewe kugira ngo isi iyo iva ikagera ihinduke iparadizo. (Abaheburayo 2:5-9) Abantu bose bazokwinovora ivyiza bivuye mu gikorwa c’amaboko yabo, kandi ivyimburwa umurengera vy’iyi si bizoba ari ivyabo.—Zaburi 72:1, 7, 8, 16-19; gereranya no muri Yesaya 65:21, 22.
11. (a) Ukutagira agasembwa mu bwenge no ku mubiri abatwarwa n’ubwo Bwami bazobishikīra gute? (b) Ni ibiki bindi bizotunganywa?
11 Igihe Adamu na Eva baremwa ntibagira agasembwa, kandi Imana yari yagabiye ko iyi si yuzuramwo abo bibarutse, bose batagira agasembwa mu bwenge no ku mubiri. Igihe ubwo Bwami buzoba bwashikiriye intahe, uwo mugambi uzoranguka mu buryo buhambaye. Ivyo bisaba ko ingaruka y’icaha yo mu buryo bwose ikurwaho, kandi ico nyene ni co gituma Kirisitu adakora nk’Umwami vyonyene, ariko kandi nk’Umuherezi Mukuru. Abo atwara bagamburuka azobafasha kuronkera akunguko ku giciro c’inkuka yatanze izimanganya ivyaha, ari yo buzima bwiwe bw’umuntu. Amaso yahumye azohumuka. Amatwi yazivye azozibuka. Umubiri wononywe n’ubusaza canke indwara, uzoremba kurusha uw’umwana. Indwara z’intakira zizosubirirwa n’amagara agira umuntu imāshi. Hazoza igihe ata muntu n’umwe azoronka imvo y’ukuvuga ngo “ndarwaye,” kuko abatinya Imana bazoba baremuruwe umutwaro w’icaha n’ingaruka yaco itera umubabaro.—Gereranya no muri Yesaya 33:22, 24; 35:5, 6; muri Yobu 33:25; muri Luka 13:11-13.
12. (a) Ivy’ukutagira agasembwa bisaba kandi ko umuntu amera gute? (b) Ivyo bizoshikīrwa gute, kandi mu nyuma bizogenda gute?
12 Ariko kwitwa umuntu atagira agasembwa, si ukugira umubiri n’ubwenge bimeze neza vyonyene. Harimwo n’ivy’ukuba icirore cerekana neza kamere zigaragaza ukuntu Yehova ameze, kubera ko umuntu yaremwe ‘mw ishusho y’Imana, nk’uko yo nyene ubwayo imeze.’ (Itanguriro 1:26) Kugira ngo ivyo bishoboke, ukwigishwa gukomeye kuzoba ari nkenerwa. Iyo ni ya si n’ijuru bisha “ivyo [ugutungana gutegerezwa kubamwo],” kandi nk’uko umumenyeshakazoza Yesaya yabivuze, “abari kw isi imera nta kabuza bazokwiga ivy’ugutungana.” (2 Petero 3:13; Yesaya 26:9, NW) Iyo kamere nziza irazana amahoro—mu bantu baturuka mu mahanga yose, mu bagenzi batagenzanya, mu bo mu rugo, na cane cane mu vy’ubucuti abantu bafitaniye n’Imana ubwayo. (Yesaya 32:17; Zaburi 85:10-13) Abiga ivy’ugutungana bazotahura buhoro buhoro ivyo Imana igomba ko bakora. Ivy’ugukunda inzira za Yehova bimaze gushinga imizi rwose mu mitima yabo, bazozigenderamwo mu vyo bakora vyose mu kubaho kwabo. Yezu wa muntu atāgira agasembwa ntiyatinye kuvuga ko ‘nantaryo yama akora ibihimbara Se.’ (Yohani 8:29) Ese umunezero uzobaho mu buzima aho abantu bose bazoshikirira ivyo vyiza!
Ivyarangūwe Biramaze Kwibonekeza
13. Koresha ivyo bibazo biri aho haruguru, werekane ivyarangūwe n’Ubwami, hamwe n’ico duca dutegerezwa gukora.
13 Ibintu bihambaye vyarangūwe n’Ubwami, biramaze kwibonekeza ku bafise amaso y’ukwizera. Ivyo bibazo bikurikira hamwe n’ivyo Vyanditswe, biraja kukwibutsa bimwe bimwe mu vyarangūwe hamwe n’ivyo abatwarwa n’ubwo Bwami bashobora kandi bategerezwa kuba bariko bakora ubu:
Ni nde umwami yafatiye ingingo ubwa mbere, kandi mu nyuma vyagenze gute? (Ivyahishuriwe Yohani 12:7-10, 12)
Ni itororokanywa ry’abanyuma mu bagize umugwi uwuhe ryitwararitswe ubwo nyene Kirisitu agiheza kwimikwa? (Matayo 24:31; Ivyahishuriwe Yohani 7:1-4)
Ni igikorwa kindi ikihe dusoma muri Matayo 25:31-33 Yezu yavuze mu kumenyesha kazoza ko yorangūye amaze kwicara ku ntebe y’Ubwami, imbere y’uko atikiza abanyakibi?
Ico gikorwa kirangūrwa gute? Ni bande bagikora? (Matayo 24:14; Zaburi 110:3; Ivyahishuriwe Yohani 14:6, 7)
Ni kuki abo mu vya politike n’abo mu vy’idini barwanya ico gikorwa badashobora kugihagarika? (Ivyakozwe n’intumwa 5:38, 39; Zekariya 4:6)
Ni ihinduka irihe rimaze kuboneka mu buzima bw’aborohera iyo ntwaro y’Ubwami, bivuye kw irangūrwa ry’ico gikorwa cerekeye ivy’ukwigisha? (Yesaya 2:4; 1 Ab’i Korinto 6:9-11)
Ukwamaho kw’Ubwo Bwami
14. (a) Kirisitu azotwara igihe kingana iki? (b) Ni igiki kizorangūrwa muri ico gihe?
14 Igihe Shetani n’abamarayika bayo bazoba bamaze gutabwa mu rusumanyenzi, Yezu Kirisitu azotwara imyaka igihumbi ari kumwe na basamuragwa bagenzi biwe 144 000. (Ivyahishuriwe Yohani 20:6) Ico gihe abantu bazotunganywa gushika aho batakigira agasembwa. Intwaro zose, abategetsi hamwe n’abanyabushobozi barwanya Yehova bazoba bakuweho. Ivyo Yezu amaze kubirangūra azosubiza Se Ubwami, ngo “Imana ibe vyose [kuri bose].”—1 Ab’i Korinto 15:24, 28.
15. Ni mu buryo ki ivy’uko ubwo Bwami ‘butazokwigera busenyurwa’ ari ivy’ukuri?
15 Icubahiro ca Yezu ku vyerekeye iyi si kizoca gihinduka. Naho ari uko, ingoma yiwe ‘ntizovaho,’ kandi Ubwami bwiwe ‘ntibuzosenyurwa.’ (Daniyeli 7:14) Ivyo bishaka kuvuga iki? Ko ubwo butegetsi butazoshikirizwa abandi bantu bafise iyindi migambi. Ivyarangūwe n’ubwo Bwami ‘ntibizokwigera bisenyurwa.’ Ivyo ubwo Bwami bugira ngo bukure iceyi kw izina rya Yehova buteko bugaragaze ko imigambi afitiye iyi si itunganye, bizokwamaho imyaka yose.
[Akajambo k’epfo]
a Raba mu gitabu “Ufalme Wako Uje,” urupapuro rwa 127-139.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bushobora gutorera umuti ingorane z’abantu? Bwatanguye kuganza ryari?
● Ni ibiki vyerekeye ubwo Bwami bigushika ku nyota koko, kandi ni ibiki buzorangūra? Kubera iki?
● Ni ibiki tumaze kubona vyarangūwe n’ubwo Bwami? Ni uruhara ki tubifisemwo?
[Ifoto ku rup. 84, 85]
Abantu bazokwiga ivy’ugutungana