Ikigabane ca 9
Inkomezi Duhabwa n’Icizigiro c’Izuka
1. Icizigiro c’agatangaza kizanwa n’izuka ni ikihe?
IZUKA ritariho, nta cizigiro cohaba c’uko abapfuye bazosubira kubaho. Ariko Yehova yarahaye isinzi ry’abapfuye akaryo katagira uko kavugwa ko kuronka ubuzima budashira, abitumwe n’ubuntu atugirira tutabibereye. Bituma rero na twebwe tugira icizigiro c’akezamutima, c’ukuzosubira kubonana n’abakunzi basinziriye itiro ry’urupfu.—Gereranya no muri Mariko 5:35, 41, 42; mu Vyakozwe n’intumwa 9:36-41.
2. (a) Ni mu buryo ki izuka riba iry’ingirakamaro mu vyerekeye ugushitsa umugambi wa Yehova? (b) Ni ryari cane cane icizigiro c’izuka kituremesha koko?
2 Kubera izuka, Yehova arashobora kureka Shetani, ariko atababaje abantu ubutagikira, ngo igerageze gushigikira uko ishoboye kwose ikirego cayo kibi, ngo “ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Kubera ko Yezu yazuwe mu bapfuye, yarashoboye gushikana imbere y’intebe y’Ubwami ya Se iri mw ijuru, igiciro c’inkuka yatanze ari umuntu, inkuka ituma dushobora kurokora ubuzima bwacu. Kubera izuka, basamuragwa nka Kirisitu barifatanya na we mu Bwami bw’ijuru. Kandi kubera ko twese dufise ukwizera, izuka riraturemesha mu buryo budasanzwe igihe dushikiwe n’ivyago bituma duhangana n’urupfu.
Igituma Ari Ishimikiro ry’Ukwizera kw’Abakirisu
3. (a) Ni mu buryo ki izuka ari ‘inyigisho y’intango’? (b) Abantu b’iyi si nka bose ivy’izuka bivuze iki kuri bo?
3 Nk’uko mu Baheburayo 6:1, 2 habivuga, izuka ni ‘inyigisho y’intango,’ imwe mu bigize ishimikiro ry’ukwizera, ribuze ntitwokwigera dukura mu vy’ubukirisu. Ariko ab’iyi si nka bose, ivy’iryo zuka ntibiri mu vyiyumviro vyabo. Igitigiri c’abironderera ibibahimbara gusa kiguma congerekana. Bo babona ko ata bundi buzima buriho atari ubu nyene, kubera ko batagira kamere y’ivy’umutima. (1 Ab’i Korinto 15:32) Abari mu madini kama, mu y’abiyita abakirisu n’ay’abapagani, bazi ko bafise ubugingo (âme) budashobora gupfa, butuma ivy’izuka bitaba nkenerwa. Abagerageza gufatanya izo nyigisho uko ari zibiri basanga bibavuruze ubwenge, aho kubazanira icizigiro. Abashaka kwumviriza twobafasha dute?—Ivyakozwe n’intumwa 17:32.
4. (a) Imbere y’uko umuntu atahura ivy’izuka, ni ibiki wosanga dukwiye kumwiganira? (b) Ni Ivyanditswe ibihe wokoresha mu gusigura ubugingo (âme) ico ari co? Ukuntu abapfuye bameze? (c) Bite none nk’igihe umuntu akoresha Bibiliya isa n’iyituma ukuri kwo muri ivyo Vyanditswe kutumvikana neza?
4 Imbere y’uko abo bantu batahura ukuntu ivy’izuka ari agatangaza, bategerezwa kubanza gutegera ubugingo ico ari co, hamwe n’ukuntu abapfuye bameze. Kenshi na kenshi Ivyanditswe bikeyi gusa usanga bihagije kugira ngo umuntu anyotewe ukuri ivyo bimworohere kubitahura. (Itanguriro 2:7; Ezekiyeli 18:4; Zaburi 146:3, 4) Ariko Bibiliya zimwe zimwe zihindurwa muri iki gihe hamwe na zimwe zitanga insiguro gusa, zituma ukwo kuri kutumvikana neza. Hari aho rero biba nkenerwa kwihweza amajambo yakoreshejwe mu ndimi Bibiliya yanditswemwo ubwa mbere na mbere.
5. Abantu ben’abo wobafasha gute gutegera ubugingo ico ari co?
5 Bibiliya yitwa Traduction du monde nouveau iri n’akamaro kanini rwose muri ivyo, kubera ko aho hose hari ijambo ry’igiheburayo neʹphesh (nefesh) hamwe n’iry’ikigiriki psy·kheʹ (psiké) rifise insobanuro imwe na nefesh, bagiye barahahindura ngo “ubugingo”; kandi ku nyongera iri ku mpera yayo, hari urutonde rw’Ivyanditswe vyose usangamwo ayo majambo. Mu zindi Bibiliya zihindurwa ubu ushobora gusanga ayo majambo ya kera atāhinduwe ngo “ubugingo” vyonyene, ariko yahinduwe kandi ngo “ikiremwa,” “ikibaho,” “umuntu” canke “ubuzima”; “neʹphesh yanje” birashobora guhindurwa ngo “jewe,” canke “neʹphesh yawe” ngo “wewe.” Uwiga Bibiliya n’ubwira bwinshi agereranije izo Bibiliya n’izahinduwe kera canke n’imwe yitwa Traduction du monde nouveau, vyomufasha gutahura ko amajambo yo muri za ndimi za mbere na mbere yahinduwe ngo “ubugingo” (âme), yerekeye (1) abantu, (2) ibikōko hamwe na (3) ubuzima ivyo biremwa bifise. Ariko ayo majambo ntarimwo iciyumviro na gitoyi c’uko ubugingo ari ikintu kitaboneka, kidafadika, gishobora kuva mu mubiri umuntu apfuye kikabandanya kubaho kiri ahandi hantu.
6. (a) Ni kuki Bibiliya zimwe zimwe zihindurwa muri iki gihe zivuruga ubwenge abasomyi bazo ku vyerekeye insobanuro ya Sheol, Hades na Gehinomu? (b) Wosigura gute ukoresheje Bibiliya ukuntu abari muri Sheol canke Hades bameze? Muri Gehinomu ho?
6 Ni uko nyene, muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, ahimuriwe ijambo ry’igiheburayo sheōlʹ, haguma ari Sheol, iry’ikigiriki haʹdes haguma ari Hades, na geʹen·na haguma ari Gehinomu. Ariko mu zindi Bibiliya zihindurwa muri iki gihe hamwe no muri za zindi zitanga insiguro gusa, haravuruga ubwenge bw’umusomyi kubera ko ayo majambo uko ari ABIRI, haʹdes na geʹen·na bayahinduye ngo “i kuzimu,” iyo batavuze ko “imva” canke ko “aho abapfuye baja” ari ubundi buryo bw’uguhindura sheōlʹ na haʹdes. Igihe bikenewe, wogereranya Bibiliya zitari zimwe kugira ngo werekane ko Sheol ari co kimwe na Hades. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe n’intumwa 2:27) Bibiliya ivuga itomoye rwose ko Sheol canke Hades, ya mva abantu iyo bava bakagera bajamwo, bifitaniye isano n’urupfu bidafitaniye isano n’ubuzima. (Zaburi 89:48; Ivyahishuriwe Yohani 20:13) Irerekana kandi ko hariho icizigiro c’ukuvayo kubera izuka. (Yobu 14:13; Ivyakozwe n’intumwa 2:31) Ariko muri Gehinomu ho, nta cizigiro c’uko abagiyeyo bazovayo, kandi nta na hamwe havuga ko ubugingo (âme) bubandanya kubaho iyo bugiyeyo.—Matayo 18:9; 10:28.
7. Igihe ivy’izuka vyumvikanye neza, bishobora bite kurongōra umuntu mu buryo abona ibintu canke mu vyo akora?
7 Kubera ko ivyo bisiguwe neza, urupfu hamwe n’izuka vya Kirisitu biciye bigira ico bivuze koko. Ubu umuntu woshobora kumufasha gutegera ico ivy’izuka bimumariye, agatangura gushimishwa n’urukundo Yehova yerekanye mu kubitunganya. Intuntu ababuze abakunzi bāgize irashobora gusubirirwa n’icizigiro gitera akamwemwe c’ukuzosubira kubabona mw isi nshasha y’Imana. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratahuye ko izuka rya Yezu Kirisitu ari ishimikiro koko ry’ukwizera kwa zina mukirisu. Iryo zuka hamwe n’icizigiro rizana, bārabishingiye intahe mu bantu n’ubwira bwinshi. Nuko rero no muri iki gihe nyene, abo ivyo bihimbaye baragira umwete w’ukumenyesha abandi ukwo kuri kw’agakura.—Ivyakozwe n’intumwa 5:30-32; 10:40-43; 13:32-39; 17:31.
Ugukoresha ‘Impfunguzo za Hades’
8. Ko Yezu akoresha “impfunguzo z’urupfu n’[iza Hades],” bivuze iki ku bagendanyi biwe basīzwe impwemu yera?
8 Abo bose bazofashanya na Kirisitu kuganza mu Bwami bw’ijuru, amaherezo bategerezwa gupfa. Ariko barazi neza ivyo Yezu yemeje abwira intumwa Yohani, ati: “Nari narapfuye, [ariko raba ndi] muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’[iza Hades].” (Ivyahishuriwe Yohani 1:18) Ivyo bishaka kuvuga iki? Yariko arerekeza ivyiyumviro vy’abantu ku vyamushikiye we nyene ubwiwe. Na we nyene yarapfuye, ariko Imana ntiyamurekeye muri Hades. Ku musi ugira gatatu Yehova ubwiwe yaramuzuye aba ikiremwa c’impwemu, amuronsa n’ukudapfa. Si ivyo gusa, Imana yaramuhaye n’“impfunguzo z’urupfu n’[iza Hades],” kugira ngo azikoreshe mu kurekura n’abandi ngo bave mu mva abantu iyo bava bakagera bajamwo, bateko bakire ingaruka y’icaha ca Adamu. Kubera ko Yezu afise izo mpfunguzo, arashobora kuzura mu bapfuye abagendanyi biwe b’intahemuka. Igihe azuye abo bagize Ishengero ryiwe basīzwe impwemu yera, aca abaronsa ingabire y’agahore y’ukubaho bidashoboka ko bapfa, bakayironkera mw ijuru nk’uko na we nyene Se yayimuronkeje.—Abaroma 6:5; Ab’i Filipi 3:20, 21.
9. Izuka ry’abakirisu b’intahemuka basīzwe riba ryari?
9 Abo bakirisu basīzwe b’intahemuka bozuwe ryari? Izuka ryabo ryaramaze gutangura. Intumwa Paulo isigura ko bozuwe ‘Kirisitu amaze kubaho,’ na we akaba yatanguye kubaho mu 1914 G.C. (1 Ab’i Korinto 15:23) Ubu iyo barangije urugendo rwabo rwo kw isi, ntibirirwa bararindira ari abapfu ko Umukama wabo agaruka. Bagiheza gupfa ubwo nyene, baca bazurwa bakaba ibiremwa vy’impwemu, ‘bagahindurwa mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita urugohe.’ Ese agahimbare bafise kubera ko “ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye”!—1 Ab’i Korinto 15:51, 52; Ivyahishuriwe Yohani 14:13.
10. Ni izuka rindi irihe rizobaho, kandi rizotangura ryari?
10 Ariko iryo zuka ryabo si ryo zuka ryonyene ribaho. Kubera ko ryitwa “kuzuka kwa mbere,” vyerekana ko irindi ritegerezwa gukurikira. (Ivyahishuriwe Yohani 20:6) Abazozurwa muri iryo zuka rikurikira, bazogira icizigiro gihimbaye c’ukuzobaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi. Ivyo bizoba ryari? Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohani cerekana ko ivyo bizoba igihe “isi n’ijuru” vyo muri iki gihe bizoba vyakuweho. Uwo muhero w’iyi si n’ijuru bishaje uri hafi. Ivyo biheze, igihe Imana yashinze kigeze, izuka ryo ngaha kw isi rizotangura.—Ivyahishuriwe Yohani 20:11, 12.
11. Mu ntahemuka zizozukira kuba kw isi hazoba harimwo na bande, kandi ni kuki ukwizigira iryo zuka bishwangamura umutima?
11 Ni abantu ki bazozurwa? Abasavyi ba Yehova b’intahemuka uhereye mu gihe ca kera. Muri bo hazoba harimwo abantu ‘batemeye uwubabohoza incungu iyo ari yo yose’—batēmeye kudohoka kw ibanga ry’ugusenga Imana kugira ngo ntibicwe nabi. (Abaheburayo 11:35) Ese agahimbare kazohaba k’ukwimenyanira na bo no kubiyumvira twebwe ubwacu bidaciye ku wundi muntu, bakatwiganira ido n’ido ry’inkuru y’ibintu vyabaye Bibiliya ica ku mayange gusa! Muri abo, hazoba harimwo Abeli Icabona ca Yehova ca mbere, Henoki na Nowa ba bamamaji badatinya b’ubutumwa bw’Imana bw’ukubūrira abantu imbere y’uko umwuzure uza; Aburahamu uwakiriye abamarayika; Musa uwakoreshejwe mu gushikiriza Ivyagezwe ku musozi Sinayi; abamenyeshakazoza b’umutima rugabo nka Yeremiya we yiboneye isangangurwa ry’i Yeruzalemu mu 607 B.G.C., hamwe na Yohani umubatizi we yiyumviye Imana ubwayo imenyekanisha Yezu ko ari Umwana wayo. Hazoba harimwo n’abagumyabanga bapfuye mu misi y’iherezo ry’ivy’iyi si.—Abaheburayo 11:4-38; Matayo 11:11.
12. (a) Mu bapfuye bari muri Hades abazozurwa ni bangahe? (b) Ni bande none bari muri urwo rutonde, kubera iki?
12 Mu nyuma, abandi na bo bazozurwa. Ivyo intumwa Yohani yeretswe nko mu ndoto vyerekeye ‘Hades hatererwa mu kiyaga caka umuriro,’ birerekana aho Yezu azogeza mu gukoresha ‘urupfunguzo rwa Hades’ kubera abantu. Ivyo bishaka kuvuga iki? Bishaka kuvuga ko hakomvomvorwa; ko hatabandanya kubaho kubera ko ata muntu n’umwe akiri yo. Turetse rero izurwa ry’intahemuka zisenga Yehova, n’abagabitanya Yezu azobakura muri Hades canke Sheol kubera imbabazi. Nta n’umwe muri abo azoba azuwe kugira ngo ace acirwa urw’uko akwiye gusubira gupfa. Bamaze gushika mu karere gasagwa ubutungane kaganzwa n’Ubwami bw’Imana, bazofashwa kugira ngo ubuzima bwabo ntibutere kubiri n’inzira za Yehova. Yohani yareretswe nko mu ndoto ‘umuzingo w’igitabu c’ubuzima’ uzinguruye, bazoca rero baronka akaryo k’uko amazina yabo yandikwa muri wo. ‘Umwe umwe wese azocirwa urubanza rukwiranye n’ibikorwa vyiwe’ yakoze amaze kuzurwa. (Ivyahishuriwe Yohani 20:12-14; Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Turavye rero ukuntu amaherezo bizogenda, izuka ryabo rirashobora kuba iry’‘ukuronka ubuzima,’ si ngombwa ngo ribe ‘izuka ry’ugucirwako iteka.’—Yohani 5:28, 29.
13. (a) Ni abantu ki batazozurwa? (b) Kumenya ukuri ku vyerekeye izuka bikwiye gutuma tugira iki mu buzima?
13 Birumvikana ko atari umuntu wese yigeze kubaho azozurwa. Hari bamwe bakoze ivyaha bituma badashobora kubabarirwa. Abazokwicwa ku musi w’“amarushwa ahambaye” yimirije, bazoshirwa mu rutonde rwa bamwe batikizwa ibihe bidashira. (Matayo 12:31, 32; 23:33; 24:21, 22; 25:41, 46; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-9) Nuko rero naho imbabazi zidasanzwe zerekanwa mu kubohora abari muri Hades bose, izuka ntiriduha urwitwazo rw’ukutitaho ukuntu tubayeho ubu. Rikwiye nyabuna gutuma twerekana ko dukengurutse rwose ubwo buntu Imana itugirira tutabibereye na gato.
Abaremeshejwe n’Icizigiro c’Izuka
14. Izuka rishobora gukomeza gute uwo ubuzima bwiwe bwo muri iki gihe bushitse kw iherezo?
14 Abashize rwose agatima ku cizigiro c’izuka, kirashobora kubaremesha koko. Iyo ubuzima bwabo bwegereje guhera, baramenya ko badashobora kuguma basibiza urupfu naho bovūrwa mu buryo bumeze gute. (Umusiguzi 8:8) Niba barashirutse umwete rwose ku gikorwa c’Umukama kandi bakaguma kw ibanga mw Ishirahamwe ryiwe, barashobora kurindira kazoza ata bwoba na gato. Barazi ko bazosubira kuronka ubuzima igihe cashinzwe kigeze, babikesheje izuka. Ese ukuntu ubwo buzima buzoba ari igitangaza! Nk’uko intumwa Paulo ibwita, buzoba ari “ubuzima nyakuri.”—1 Timoteyo 6:19; 1 Ab’i Korinto 15:58; Abaheburayo 6:10-12.
15. Igihe tugeramiwe n’abantu b’inkazi baduhama, ni igiki codufasha kutadohoka kw ibanga ry’ugusenga Yehova?
15 Kumenya gusa ko hariho izuka si vyo bituma dukomera, ahubwo dukomezwa no kumenya uwabitunganije uwo ari we. Biradukomeza tukagumya ibanga mu vy’ugusenga Imana naho twogeramirwa n’urupfu turi mu minwe y’abantu b’inkazi baduhama. Kuva kera Shetani ikoresha ubwoba bw’ugupfa hataragera, kugira ngo igumize abantu mu buja. Ariko ivyo Yezu ntiyigeze abitinya; yagumye ari intahemuka imbere ya Yehova gushika arapfa. Kubera ivyarangūtse bivuye kuri urwo rupfu rwiwe, hariho uburyo bw’uko abandi bantu bakurwa muri ubwo bwoba. (Abaheburayo 2:14, 15) Abayobōke biwe nyakuri barabaye rurangiranwa rwose mu vy’ukutadohoka kw ibanga, kubera ko bizera iryo zuka. Igihe bageragejwe, barerekana ko ‘badakunda ubugingo bwabo’ kuruta ukuntu bakunda Yehova. (Ivyahishuriwe Yohani 12:11) Barerekana ubukerebutsi ntibagerageze kurokora ubuzima bwabo bwo muri iki gihe mu kurenga ku ngingo zashingiwe zina mukirisu, bikaba vyobabuza kuguma bizigiye kuronka ubuzima budashira. (Luka 9:24, 25) Woba ufise ukwizera ben’ukwo? Wokuronka niwaba ukunda Yehova vy’ukuri kandi ukagumiza ku muzirikanyi akamaro icizigiro c’izuka kigufitiye.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki umuntu akeneye gutegera ubugingo (âme) ico ari co hamwe n’ukuntu abapfuye bameze imbere y’uko atahura ivy’izuka?
● Ni bande bazogaruka bavuye mu bapfuye? Uko kumenya ivyabo kwotuma tugira iki?
● Icizigiro c’izuka kituremesha gute?
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki umuntu akeneye gutegera ubugingo (âme) ico ari co hamwe n’ukuntu abapfuye bameze imbere y’uko atahura ivy’izuka?
● Ni bande bazogaruka bavuye mu bapfuye? Uko kumenya ivyabo kwotuma tugira iki?
● Icizigiro c’izuka kituremesha gute?