Ikigabane ca 21
“Si Ab’Isi”
1. (a) Ni igiki Yezu yasavye asabira abayoboke biwe mw ijoro buca apfa? (b) Ni kuki ivy’‘ukutaba ab’isi’ biri n’akamaro koko?
MW IJORO buca Yezu amanikwa ku giti, yarasabiye abayoboke biwe akobeje. Kubera ko yari azi yuko Shetani yobakajije bikomeye, yabariye Se ati: “Singusavye ngo ubakūre mw isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:15, 16) Ni kuki ukwitandukanya n’isi bifise akamaro koko? Ni uko Shetani ari yo mutware wayo. Ab’iyi si ni yo ibaganza. (Yohani 14:30; 1 Yohani 5:19) Kubera ico, birakenewe rwose ko umukirisu wese amenya neza ico ‘ukutaba uw’iyi si’ bisobanura. Ni mu buryo ki Yezu atari uw’iyi si?
2. Ni mu buryo ki Yezu ‘atari uw’isi’?
2 Birumvikana ko Yezu atitaramuye mu bantu ngo aje kuba ukwa wenyene. ‘Ukutaba uw’iyi si’ kwiwe ntivyērekana ko adakunda abandi bantu. Yarava nyabuna mu gisagara akaja mu kindi, akabamenyesha inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Yarakijije abarwaye, yarahumūye impumyi, yarazuye abapfuye, mbere yaratanze n’ubuzima bwiwe kubera abantu iyo bava bakagera. Ariko ntiyakunda inyifato iranga ukutitaho ivy’Imana, canke ibikorwa bibi vy’abantu bafise agatima k’iyi si. Yaragabishije abantu ngo birinde ivyipfuzo vy’ubushakanyi, ubuzima burimwo uguhahamira amaronko no gukiranira ubukuru kubera ukwikunda. (Matayo 5:27, 28; 6:19-21; Luka 12:15-21; 20:46, 47) Yezu yagendera mu nzira za Yehova, ntiyigana uburyo abantu bahabiye kure y’Imana bigenza. (Yohani 8:28, 29) Ku vyerekeye amatati y’Abaroma n’Abayahudi bapfa ivy’intwaro, naho Yezu yari umuyahudi nta ruhande na rumwe yari yegamiye.
“Ubwami Bwanje Si Ubwo Muri Iyi Si”
3. (a) Abakuru b’idini y’Abayahudi bareze Yezu imbere ya Pilato ngw iki, kubera iki? (b) Ni igiki cerekana ko Yezu atāshima ivy’ukuba umwami-muntu?
3 Nticabujije ko abakuru b’idini y’Abayahudi, bitwarira Yezu ngo aratera umudurumbanyo mu gihugu. Baratumye abamufata bamutwara kwa Ponsiyo Pilato Buramatari w’umuroma. Icabababaza koko, ni uko inyigisho za Yezu zahishura uburyarya bwabo. Mugabo kugira ngo bakaze uyo Buramatari afate ingingo, bamurega ngo: “Uyu twamubonye agomesha ubwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kirisitu Umwami.” (Luka 23:2) Ikizwi co ni uko mu mwaka wakurikiwe n’uwo, abantu bari bashatse kwimika Yezu ngo abe umwami akiyankira. (Yohani 6:15) Yari azi ko ategerezwa kuba umwami mw ijuru kandi ko igihe c’uko yimikwa kitari bwagere, kandi ko atokwimitswe mu buryo bwa demokarasi canke mu gushimwa n’abantu, ahubwo ko yokwimitswe n’Imana Yehova.
4. Ni ibintu nyabaki vyabaye vyerekana ukuntu Yezu yabona ivy’“ugutanga ikori rya Kayisari”?
4 Ku vyerekeye ugutanga ikori, igihe hari hasigaye imisi itatu gusa ngo Yezu afatwe, abafarisayo bari bashatse kumudaha amajambo ngo barabe ko yovuga ivyotuma yagirizwa ikosa muri ivyo. Ariko mu gusubiza ico kibazo cabo kirimwo umutego, Yezu yari yabishuye ati: “Ni munyereke idenariyo (ihera ry’ikiroma); igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo ni ivya nde?” Bamaze kwishura ngo “ni ivya Kayisari,” asubizayo ati: “Nuko rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.”—Luka 20:20-25.
5. (a) Yezu yigishije iki abayoboke biwe igihe yafatwa? (b) Yezu yasiguriye Pilato gute icari catumye agira ivyo yari yagize?
5 Ivyabaye muri ico gihe nyene Yezu yafatwa, vyarerekanye ko atāgomesha abantu ngo bagararize Abaroma, kandi ko atashaka ko n’abayoboke biwe bobigira. Abasoda b’abaroma hamwe n’abayahudi bitwaje inkota n’amahiri baraje gufata Yezu. (Yohani 18:3, 12; Mariko 14:43) Intumwa Petero abibonye asokorora inkota, ayikubita umwe muri abo bantu, amuca ugutwi kw’iburyo. Yezu yaciye akankamira Petero, ati: “Subiza inkota yawe ahayo, kuko [abafata] inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:51, 52) Bukeye mu gitondo aho Yezu ashikiye imbere ya Pilato, yarasiguye igituma yabigenjeje gutyo, ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si, iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye ngo simpabwe [Abayahudi]. Ariko noneho ubwami bwanje si ubw’ino.”—Yohani 18:36.
6. Urwo rubanza rwarangiye gute?
6 Pilato amaze kwumviriza amasura, aca avuga ko ‘ata caha abona kuri we ku vyo bamureze.’ Ariko yarumvirije ivyo abantu bamusavye, ategeka ko amanikwa ku giti.—Luka 23:13-15; Yohani 19:12-16.
Abayoboke Bakurikiza Uko Shebuja Yaberetse
7. Abakirisu ba mbere berekanye gute ko birinda agatima k’iyi si ariko bakaguma bakunda abantu?
7 Inkuru yo muri Bibiliya no mu bindi bitabu bimenyesha kahise yerekeye ivy’igihe ubukirisu bwari bugitangura, irerekana ko abayoboke ba Yezu bari batahuye ico ‘ukutaba uw’iyi si’ kubasaba. Barikajije kugira ngo birinde agatima k’iyi si. Kubera ko bītaramura mu vy’inkino z’ukwinezereza ziranga ubukazi n’ubushakanyi zagirirwa mu bibanza vy’ugukiniramwo vy’Abaroma, bāratwengwa ngo ni inyankabandi. Ariko ah’ukwanka abandi bantu, bāritanga kugira ngo babafashe kuronkera akunguko ku vyo Imana yatunganije biranga urukundo rwayo birimwo agakiza.
8. (a) Kubera ko abo bayoboke ba mbere ‘batari ab’isi,’ n’ibiki vyabashikiye? (b) Ariko babona gute abategeka mu vy’intwaro be n’ivy’ugutanga ikori, kubera iki?
8 Na bo nyene bārahamwa bimwe bikaze nka shebuja wabo, kenshi na kenshi bagahamwa n’abakuru b’intwaro babariwe ibitari vyo. (Yohani 15:18-20) Naho ari uko, intumwa Paulo yarandikiye abakirisu bagenziwe bari i Roma nko mu 56 G.C., arashimika rwose ku mpanuro Yezu yari yabahaye. Paulo yabasavye ‘kworohera abategetsi bakuru’ ari bo bategetsi mu vy’intwaro, ‘kuko ata butegetsi butava ku Mana.’ Ivyo si ukuvuga ko Yehova ari we ashinga izi ntwaro zo mw isi, ahubwo arazireka zigahangama. Paulo yarasiguye ko ‘zifise ubukuru burutana bivuye ku Mana,’ kubera ko Imana yazibonye zitarabaho itako iramenyesha n’ukuntu zogiye zirakurikirana mu kuganza. Nuko rero “abategetsi bakuru,” ni “[icatunganijwe] n’Imana” muri iki gihe turimwo, gushika Ubwami bw’Imana yo nyene bumwe buhagarikiwe na Yezu Kirisitu bubaye intwaro imwe gusa iganza isi. Ni co gituma Paulo yahanuye abakirisu ngo bahe abakuru mu vy’intwaro icubahiro babereye, batange n’ikori babasaba.—Abaroma 13:1-7; Tito 3:1, 2.
9. (a) Mu vy’ukworohera “abategetsi bakuru,” ni igiki kidakwiye kwibagirwa? (b) Inkuru menyeshakahise yerekana gute ko abakirisu ba mbere bākurikiye rwose akarorero ka Yezu?
9 Ariko Paulo ntiyavuze ko baborohera birenze urugero ntibibaze Imana, Ijambo ryayo canke ijwi ryo mu mutima rya zina mukirisu. Bari bazi ko Yezu yasenga Yehova gusa, ko yari yanse ko abantu bamwimika, kandi ko yari yabariye Petero gushira inkota kure. Bārakurikiza uko shebuja yaberetse, bivuye ku mutima. Hariho igitabu On the Road to Civilization—A World History (ca Heckel na Sigman, urupapuro rwa 237, 238) kivuga ngo: “Abakirisu bāranka gukora ibintu bimwe bimwe zina muroma ategerezwa kugira. Abakirisu . . . bābona yuko kwinjira mu busoda ari ukurenga ku vy’ukwizera kwabo. Ntibēmera guhabwa igiti mu vy’intwaro. Ntibāsenga umwami.”
10. (a) Ivyo abakirisu b’i Yeruzalemu bagize mu mwaka wa 66 G.C., babitumwe n’iki? (b) Ivyo ni akarorero keza rwose gute?
10 Ku vyerekeye amatati yariho muri ico gihe mu vy’intwaro no mu vy’intwaramiheto, abo bayoboke ba Yezu ntibayisukamwo na buhoro buhoro. Mu mwaka wa 66 G.C., abayahudi b’i Yudaya, intara yagabwa n’Abaroma, baragararije Kayisari. Igitero c’Abaroma caciye gikikuza Yeruzalemu ubwo nyene. Abakirisu bari muri ico gisagara bagize iki? Baciye bibuka impanuro Yezu yari yabahaye y’ukwitaramura bakava hagati y’ivyo bitero vy’abasoda batanye mu mitwe. Aho ico gitero c’Abaroma gihagurukiye kikagenda mu gihe gito, abakirisu baciye baboneraho akaryo ko kujabuka uruzi Yorodani bahungira mu ntara y’imisozi Pella. (Luka 21:20-24) Kubera ukwo kwitaramura kwabo, baratanze akarorero k’ukudahemuka abakirisu bo mu nyuma bokurikiye.
Abakirisu Bitaramuye Muri Iki Gihe c’Iherezo
11. (a) Ni igikorwa ikihe Ivyabona vya Yehova bijukiye, kubera iki? (b) Bitaramura mu biki?
11 Inkuru menyeshakahise yoba yerekana ko hoba hariho umugwi muri iki “gihe c’iherezo” kuva mu 1914 G.C., werekanye ukwitaramura kwa zina mukirisu urigana abo bakirisu ba mbere? Egome, Ivyabona vya Yehova ivyo barabikurikije. Kw isi yose baguma bamamaza inkuru y’uko Ubwami bw’Imana ari bwo buryo bwonyene amahoro, ugutunganirwa hamwe n’agahimbare kadahera, bishobora kuboneka mu bakunda ivy’ugutungana bo kw isi iyo iva ikagera. (Matayo 24:14) Ariko ivyerekeye amatati y’ibihugu, ntibavyisukamwo na buhoro buhoro.
12. (a) Ukwitaramura kw’Ivyabona vya Yehova guhushanye gute n’ukuntu abakuru b’abiyita abakirisu bigenza? (b) Ku Vyabona vya Yehova ukwitaramura mu vya politike kurimwo n’ivy’ukugira iki?
12 Ariko abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bo, barisuka rwose mu vy’intwaro z’iyi si. Mu bihugu bimwe bimwe, baravira hasi ivy’ugushigikira canke kurwanya abiyandikishije ngo batorwe. Abakuru b’idini bamwe bamwe barafise n’igiti mu vy’intwaro. Hariho abandi bakaza rwose abakuru mu vy’intwaro ngo bunganire imigambi ibahimbara. Hari n’ahandi abakuru b’idini bamwe ‘batava ku vya kera’ usanga basenyera ku mugozi umwe n’abategetsi, ariko abapadiri n’abandi bakozi bo mu vy’idini ‘bipfuza ko zohindura imirisho,’ ugasanga kumbure bariko bashigikira imihari ya bagatekuza ishaka gutembagaza abo bari ku butegetsi. Ariko Ivyabona vya Yehova baririnda kwisuka mu vya politike, naho boba baba mu gihugu kimeze gute. Nta muntu babuza kwinjira mu mugambwe munaka, guharanira igiti canke guha ijwi uwitoje. Ariko kubera ko Yezu yavuze yuko abayoboke biwe badakwiye kuba “ab’isi,” Ivyabona vya Yehova ntibinjira na buhoro buhoro mu vyerekeye politike.
13. Ibintu vyabaye vyerekana ko ukwinjira mu vy’intambara Ivyabona vya Yehova bavyifashemwo gute?
13 Nk’uko Yezu yari yarabivuze, muri iki “gihe c’iherezo” ibihugu vyararwanye akatari gake, eka mbere n’abasangiye igihugu bariciyemwo imice bafata ibirwanisho basubiranamwo. (Matayo 24:3, 6, 7) Ariko igihe ivyo vyose biba, Ivyabona vya Yehova bagira iki? Ukwitaramura kwabo muri iyo ntureka kurazwi hose kw isi. Dukurikije ukuntu Yezu Kirisitu yavyifashemwo n’ukuntu abayoboke biwe babigaragaje mu nyuma, inomero y’Umunara w’Inderetsi (mu congereza) yasohotse ku wa 1 Munyonyo 1939, yavuze ngo: “Abari ku ruhande rw’Umukama ntibazokwinjira mu vy’amahanga ariko ararwana, bazokwegukira wa Mutware ahambaye, Imana [Yehova], hamwe n’Umwami [Yezu Kirisitu].” Ivyagiye biraba vyerekana ko Ivyabona vya Yehova baba mu mahanga yose naho boba bamerewe gute mu vy’uburyo babayeho, baguma babigenza gutyo. Amapolitike n’indwano vy’iyi si ari vyo bizana amacakubiri, ntibareka ngo vyice umuvukano wabo ushimikiye ku vy’ugusenga Yehova.—Yesaya 2:3, 4; gereranya no mw ikete rya 2 ku b’i Korinto 10:3, 4.
14. (a) Ni igiki kandi Ivyabona banka kugira kubera ukwitaramura kwabo? (b) Ikibibatuma bagisigura gute?
14 Wihweje ibintu vyabaye bivugwa mu nkuru menyeshakahise, usanga Ivyabona vya Yehova batanka gusa kwambara impuzu z’ubusoda ngo bafate ibirwanisho, ariko muri iyi myaka iheze irenga igice c’ikinjana, baranse no kurangūra amabanga aterekeye ivy’ukurwana, baranka no gukora ibindi bikorwa vyoja mu gishingo c’ivy’ubusoda. Kubera iki? Kubera ko bazi ivyo Imana ibasaba kugira, hanyuma umwe umwe wese agafata ingingo ihuje n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Nta n’umwe abosha ngo mukwiye kubigenza uku n’uku. Kandi ntibabuza abandi bantu gukora ivyo bishakiye. Ariko igihe ivyo Vyabona vya Yehova babasavye gusigura ukuntu babona ibintu, bahora berekana ko babwirizwa gukoresha imibiri yabo mu gikorwa c’Imana kuko bituye iyo Mana barayīhebera, ko iyo mibiri badashobora kuyiha abakuru b’iyi si bagira ibiteye kubiri n’umugambi w’Imana.—Abaroma 6:12-14; 12:1, 2; Mika 4:3.
15. (a) Kubera ko Ivyabona vya Yehova baguma bitandukanije n’ivy’iyi si, bashikirwa n’iki? (b) Mbere n’iyo batawe mw ibohero, ingingo zigenga ivy’ubukirisu zibarongōra gute?
15 Ivyo vyatumye ibintu bimera nk’uko Yezu yabivuze, ngo: “Ko mutari ab’isi . . . ni co gituma isi ibanka.” (Yohani 15:19) Ivyabona vya Yehova batari bake bāratawe mw ibohero kubera ko batarenze ku vy’ukwitaramura kwa zina mukirisu. Bamwe bamwe bārakorewe amabi gushika n’aho bapfa. Hari n’abandi babandanije kwerekana ivy’ukwitaramura mu myaka bamaze bafunzwe. Hariho igitabu Values and Violence in Auschwitz (ca Anna Pawelczynska, urupapuro rwa 89) kivuga ngo: “Ntawari ayobewe ko ata Cabona ca Yehova [mu makambi y’ihaniro] yokwumviye itegeko rihushanye n’ukwizera kwo mw idini arimwo hamwe n’ivyo yemera, canke ngo agirire uwundi muntu ikibi na kimwe, naho uyo muntu yoba yahora ari umwicanyi canke akaba ari umukuru bita SS. Ariko yokwemeye gukora ikindi gikorwa cose naho cobaye kidahimbaye ukungana iki, akakirangūra neza nk’uko abishoboye, kigapfa gusa kuba kidatuma arenga ku vy’ukwitaramura kwiwe.”
16. (a) Amahanga yose ariko agenda agana he, kandi rero Ivyabona vya Yehova baguma bagavye kugira ngo birinde iki? (b) Ni kuki none ivy’ukwitandukanya n’iyi isi atari ivy’ugufyina?
16 Ivyabona vya Yehova barazi ko amahanga yose ariko agana ku “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” kuri Haru-Magedoni. Abasavyi ba Yehova ari bo ca gisata gihurikiye hamwe, bahisemwo gushigikira Ubwami bwiwe bwashikirijwe Mesiya. Bama rero bagavye kugira ngo birinde kwiha abobinjiza ku rwenge mu vy’ukurwanya ubwo Bwami. (Ivyahishuriwe Yohani 16:14, 16; 19:11-21) Baratahura ko igihe Yezu yavuga ngo abagendanyi biwe “si ab’isi,” bitāri ivy’ugufyina. Barazi ko iyi si ishaje yegereje rwose guhera, ko uwukora ivy’Imana igomba vy’ukuri ari we azogumaho ibihe bidashira.—1 Yohani 2:15-17.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Yezu yerekanye gute ‘ukutaba ab’isi’ ico bisobanura?
● Ni igiki cerekana ukuntu abakirisu ba mbere bābona (1) agatima k’iyi si? (2) abakuru mu vy’intwaro be n’ivy’ugutanga ikori? (3) gukora akazi k’ubusoda?
● Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none berekanye gute ukwitaramura kwa zina mukirisu?