Ururirimbo rwa 150
Wa mutsima uva mw’ijuru
1. Dawe uri mw’ijuru
Nta ho wiger’uhinduka.
Turakuninahaza
’Zina ryawe tukibuka.
’Bantu warayoboye
Uba nk’Umwungere,
Ubah’umutsima wa
Manu bafungure.
Wabazimij’inyota
N’amaz’avuye mw’ibuye.
Ubajan’i Kanani
Ari w’ubagaburiye.
2. Nya manu wabahaye
Yagererany’Umwana we
Yahevy’ivyo mw’ijuru
Ngw’afash’abantu bagowe.
Uwo ni we mutsima;
Kuko yaritanze
Bwa nkuka ku bwa bose
Kugir’abakize.
Mu kwizera twe turye
Ku mutsim’Iman’itanga.
Tuwurye tudasiba,
Ni h’ubwiza bwoturanga.
3. Abipfuz’iyo nkuru
Tuyibahe bayihonje.
Iyo turons’akaryo
Tuyih’“intama” zishonje.
Fasha barya bihata
Ngo bagororoke.
Bafashe na bo nyene
Baze barokoke.
’Nyuma ya ya ntambara
Imwe ya Har’magedoni,
Tuzoshemez’Imana;
’Vyo yakoze s’umugani.