ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rq icig. 4 rup. 8-9
  • Shetani Ni Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shetani Ni Nde?
  • Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ivyo bijanye
  • Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Shetani
    Be maso!—2013
  • Nitumenye umwansi wacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Ni Ibiki Imana Idusaba?
rq icig. 4 rup. 8-9

Icigwa ca 4

Shetani Ni Nde?

Shetani ari we Diyabule​—⁠yaturutse hehe? (1, 2)

Shetani ayovya abantu gute? (3-7)

Ni kuki ukwiye kunanira Diyabule? (7)

1. Ijambo “diyabule” risobanura umuntu avuga ibinyoma bibi ku wundi muntu. “Shetani” risobanura umwansi canke umurwanizi. Ayo ni amazina yahawe umwansi mukuru w’Imana. Ubwa mbere na mbere, yari umumarayika atagira agasembwa yari mw ijuru hamwe n’Imana. Ariko rero mu nyuma yagize ubwibone hanyuma ashaka ugusengwa gukwiriye Imana yonyene.​—⁠Matayo 4:8-10.

2. Uwo mumarayika Shetani yavuganye na Eva akoresheje inzoka. Yarabeshe Eva, atuma agambararira Imana. Shetani rero yararwanije icitwa “ukugaba n’ukuganza” kw’Imana, ari co kibanza Imana ifise co kuba Uwusumba Vyose. Shetani yarahaririye avuga ko Imana itaganza mu buryo bukwiriye no ku neza y’abantu bayo. Shetani kandi yaravyuye amazinda yuko hatazoboneka umuntu aguma ari intahemuka ku Mana. Aho Shetani agiriye ivyo, yigize umwansi w’Imana. Ni co catumye yitwa Shetani Diyabule.​—⁠Itanguriro 3:1-5; Yobu 1:8-11; Ivyahishuriwe 12:9.

3. Shetani aragerageza gukwega abantu ku rwenge ngo bamusenge. (2 Ab’i Korinto 11:3, 14) Uburyo bumwe akoresha mu kuyovya, akoresha idini y’ikinyoma. Iyo idini yigishije ikinyoma ku vyerekeye Imana, iba vy’ukuri ikorera umugambi wa Shetani. (Yohana 8:44) Abantu bari mu madini y’ikinyoma barashobora kuba bibwira ata buryarya yuko bariko basenga Imana y’ukuri. Ariko mu vy’ukuri bariko bakorera Shetani. Ni we ‘mana y’iyi si.’​—⁠2 Ab’i Korinto 4:4.

4. Ubupfumu ni ubundi buryo Shetani akoresha mu kwifatira abantu. Barashobora kwambaza imizimu ngo ibakingire, ngo igirire nabi abandi, ngo ibaragurire ivya kazoza, canke ngo ikore ibitangaro. Shetani ni we nguvu mbi yihishije inyuma y’iyo migenzo yose. Kugira ngo duhimbare Imana, dutegerezwa kutagira ikintu na kimwe gifitaniye isano n’ubupfumu.​—⁠Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12; Ivyakozwe 19:18, 19.

5. Shetani kandi arayovya abantu akoresheje ivy’ukwishimira ubwoko birenze urugero hamwe n’ugusenga amashirahamwe y’ivya politike. Hari abiyumvira yuko igihugu cabo canke ubwoko bwabo ari vyo vyiza kuruta ibindi. Ariko ivyo si ivy’ukuri. (Ivyakozwe 10:34, 35) Hari abandi bahanga amaso amashirahamwe y’ivya politike ngo atorere umuti ingorane z’abantu. Iyo bakoze ivyo, baba bariko baratera akagere Ubwami bw’Imana. Ni bwo muti rudende w’ingorane dufise.​—⁠Daniyeli 2:44.

6. Ubundi buryo Shetani akoresha mu kuyovya abantu ni mu kubosha akoresheje ivyipfuzo bibi. Yehova atubwira kwirinda imigenzo irimwo icaha kubera azi yuko izotugirira nabi. (Ab’i Galatiya 6:7, 8) Hariho abantu boshaka ko wifatanya na bo mu migenzo mwen’iyo. Mugabo uribuka yuko mu vy’ukuri aba ari Shetani ashaka ko ukora ivyo bintu.​—⁠1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 15:33.

7. Shetani yoshobora gukoresha uruhamo canke akakurwanya kugira ngo atume uheba Yehova. Bamwe mu bo ukunda boshobora kugushavurira kubera ko uriko uriga Bibiliya. Abandi boshobora kugutwenga. Ariko ubuzima bwawe ubukesha nde? Shetani ashaka kugutera ubwoba kugira ngo uhagarike kwiga ivyerekeye Yehova. Ntureke ngo Shetani atsinde. (Matayo 10:34-39; 1 Petero 5:8, 9) Mu gihe unaniye Diyabule, urashobora gutuma Yehova anezerwa, ukaba kandi werekanye ko ushigikiye ukugaba n’ukuganza kwiwe.​—Imigani 27:11.

[Amafoto ku rup. 9]

Idini y’ikinyoma, ubupfumu hamwe no kwishimira igihugu birenze, birayovya abantu

[Ifoto ku rup. 9]

Nunanire Shetani mu kubandanya kwiga ivyerekeye Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika