Ikigabane ca 2
Umwansi w’Ubuzima Budashira
1. Kubera ko amahoro n’ubuhirwe bikenye, ni ibibazo ibihe umuntu yokwibaza?
UBUHIRWE ngaha kw isi — nka bose barabwipfuza. None ni kuki benshi bāmana amaganya? Hari agahaze? Ko umuntu wese ashaka amahoro, ni kuki none ibihugu birwana, abantu na bo bakankana? Hoba hariho ikintu cosha abantu gukora ibibi? Hoba hariho ububasha butaboneka burōngōye ibihugu?
2. Ni ubwicanyi ubuhe butuma abantu bibaza ko hariho ikintu kitaboneka kirōngōye abantu?
2 Benshi baribaza ivyo bibazo igihe bibutse ubwicanyi buri muri iyi si — nka wa mwuka uniga abantu kandi ukabaturira ukoreshwa mu ndwano; nka ya bombe ikorwa mu risansi yo kuyogeza inganda; hamwe na ya yindi bita atomiki. Ntusige inyuma vya birwanisho bicīra umuriro, ya makambi baboheramwo abantu; abantu ibihumbi n’ibihumbi batagira gitabara bicwa, akarorero nko muri Kambodiya muri iyi myaka ya nyuma. Wibaza none ko ivyo bibi vyose bipfa kwizana gusa? Ego ni ko umuntu arashobora wenyene gukora ikibi. Ariko witegereje agatima ko kwicana karangwa n’ibikorwa akora, ntibisa n’uko yoshwa n’ububasha bukora ikibi butaboneka?
3. Ivyerekeye uburyo iyi si itwarwa Bibiliya ibivugako iki?
3 Ntitwirigwe turarandīra. Bibiliya iratōmōra neza ko hariho ikiremwa gifise ubwenge kitaboneka, kiganza ibihugu n’abantu. Yezu yacise “umwami w’iyi si.” (Yohani 12:31; 14:30; 16:11) Ico kiremwa ni nde?
4. Ni ibiki Shetani yeretse Yezu, kandi yamwemereye iki?
4 Kugira ngo dutore uwo ari we, twibuke ivyashikiye Yezu igihe atanguriye kurāngūra ibanga ryiwe ngaha kw isi. Bibiliya ivuga ko Yezu amaze kubatizwa, yaciye aja mu bugaragwa, ni ho yageragerejwe n’ikiremwa kitaboneka citwa Shetani, irindi ni Mureganyi. Bimwe mu vyo yamugerageresheje ngibi: “Shetani yongera kumujana ku musozi muremure bitangaje, imwereka ubwami bwose bwo mw isi n’ubwiza bwabwo, hanyuma imubwira iti: ‘ibi vyose ndabiguha ni wampfukamira ukansenga.’” — Matayo 4:8, 9, NW.
5. (a) Ni igiki cerekana ko intwaro zose z’iyi si ari iza Shetani? (b) Dukurikije Bibiliya, imana y’ivy’iyi si ni nde?
5 Raba ivyo Shetani yashaka guha Yezu. Bwari “ubwami bwose bwo mw isi.” Izi ntwaro zose ziri kw isi ni iza Shetani none? Egome, kubera ko iyo zitaba izayo, ntiyari gushobora kuzitanga. Na Yezu nyene yaremeye ko ari izayo, ahandi ho aba yarayihinyuje. Shetani mu vy’ukuri, ni umwami ataboneka w’amahanga yose yo kw isi. Bibiliya iratomora ko “isi yose iri muri wa mubi.” (1 Yohani 5:19) Na none ijambo ry’Imana ryita Shetani “imana y’ivy’iyi si.” — 2 Ab’i Korinto 4:4, NW.
6. (a) Ivyo twumvise vyerekeye ubukuru bwa Shetani bidufasha gutahura iki? (b) Shetani yipfuza ko twokora iki, natwe dutegerezwa kugira iki?
6 Ivyo bidufasha gutegera igituma Yezu yavuze ngo: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Bidufasha kandi gutegera igituma ibihugu vyankana, bikagerageza kumarana; kandi umuntu wese yiyumvīra yipfuza kugira amahoro. Egome! Shetani “izimiza abari kw isi bose.” (Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Iripfuza kutuzimiza natwe kugira ngo ntituronke ubuzima budahera. Dutegerezwa rero kuyirwanya kugira ngo ntishobore kutwosha gukora nabi. (Abanyefeso 6:12) Turakeneye gutahura kamere yayo n’uburyo ikoresha, kugira ngo twirinde ntītuzimize.
SHETANI NI NDE?
7. Ni kuki tudashobora kubona uyo Mureganyi?
7 Shetani wa Murwanizi ni ikiremwa kiriho, si ububi gusa buri mu bantu nk’uko bamwe bavyiyumvīra. Ego ni ko uyo mubisha ntabonwa n’amaso nk’uko Imana na yo nyene idashobora kuboneka. Imana na Shetani, bose ni impwemu; ni ubugingo burengeye ubwo abantu, kandi budashobora kubonwa n’amaso yacu. — Yohani 4:24.
8. Ni kuki abantu benshi bavuga ko Imana ari yo yaremye Shetani?
8 Hari aho wokwibaza uti: ‘niba Imana ari urukundo, ni kuki none yaremye uyo mubisha?’ (1 Yohani 4:8) Mu vy’ukuri, Imana ntiyaremye Shetani. Hari aho wosubizayo uti: ‘nimba ari yo yaremye vyose, itegerezwa kuba yarayemye n’iyo shetani. Ni nde yoba yarayiremye? Yakomotse he?’
9. (a) Abamarayika ni ibiremwa bimeze bite? (b) Shetani bisobanurwa ngo iki?
9 Bibiliya yerekana neza ko Imana yaremye isinzi ry’ibiremwa vy’impwemu bisa na yo. Muri Bibiliya, ivyo biremwa vyitwa abamarayika. Vyitwa kandi “abana b’Imana.” (Yobu 38:7; Zaburi 104:4; Abaheburayo 1:7, 13, 14) Imana yabaremye bose batagira agasembwa. Nta n’umwe muri bo yari Mureganyi canke Shetani. Shetani bisobanurwa ngo umurwanizi.
10. (a) Shetani ari yo Mureganyi yaremwe na nde? (b) Umuntu w’intungane ashobora ate kwihindura inkozi y’ikibi?
10 Umusi uri izina, umwe muri abo bana b’impwemu b’Imana yigira Mureganyi, ni ukuvuga umubeshi mubi abeshera abandi. Yigize kandi Shetani, ni ukuvuga urwanya Imana. Ntiyari yaremwe ameze atyo, ahubwo yabaye atyo munyuma. Twomugereranya n’igisuma: ntikivuka ari igisuma, ariko arashobora kuba avuka ku bavyeyi b’intungane, canke afise abavukanyi bagororotse, ariko umwina w’amahera n’ivyo ashobora kuyagura, ugatuma aba igisuma. Umwana umwe w’impwemu w’Imana yigize ate none Shetani Mureganyi?
11. (a) Ni imigambi y’Imana iyihe wa mumarayika yagarariza yari azi? (b) Ni icipfuzo ikihe cari muri uyo mumarayika, na co camushikanye he?
11 Igihe Imana yarema umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva, uyo mumarayika yahindutse akaba Shetani ni ho yari ari. (Yobu 38:4, 7) Yarīyumviye rero ko Imana yababwiye kurondoka. (Itanguriro 1:27, 28) Yari azi ko isi yohavuye yuzura abantu b’intungane bambaza Imana. Uwo ni wo wari umugambi w’Imana. Ariko uyo mumarayika yitegereje ubwiza n’ubukerebutsi bwiwe, yumva ashaka gusengwa kandi Imana yonyene ari yo ibikwiye. (Ezekiyeli 28:13-15; Matayo 4:10) Aho yokwikuyemwo ico ciyumviro kibi, abandanya kucishiramwo, na co kimushikana kurāngūra icotumye aronka ubukuru n’icubahiro yīpfuza. Yakirāngūye ate? — Yakobo 1:14, 15.
12. (a) Uyo mumarayika yavuganye na Eva ate, amubwira iki? (b) Yigize ate Mureganyi ari we Murwanizi? (c) Abantu biyumvīra Shetani ukutari ko bate?
12 Uyo mugarariji yakoresheje inzoka buyoka mu kuvugana na Eva umugore wa mbere, nk’uko abakora maji bashobora kuvuga, ariko ukabona ko igikōko kiri iruhande yabo ari co kiriko kiravuga. Mu vy’ukuri, ni uyo mumarayika yagararije; umwe Bibiliya yita “ya nzoka ya mbere” yavuganye na Eva. (Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Yavuze ko Imana yabeshe Eva, kandi ko yabahishije ibintu bari bakwiye kumenya. (Itanguriro 3:1-5) Ico kinyoma c’agacamutwe ni co catumye yitwa Mureganyi, irindi ni Murwanizi kubera ko arwanya Imana. Urabonye rero ko kwiyumvīra ko Shetani imeze nk’umuntu afise amahembe, afise n’ikiyozo mu minwe, acungēra abariko barababarizwa mu muriro udahera ari ukubesha. Mu vy’ukuri, ni umumarayika afise ububasha bwinshi, ariko w’umubisha.
INYANDURUKO Y’IVYAGO BIRI MW ISI
13. (a) Murwanizi amaze kubesha Eva, Eva yagize iki? (b) Mureganyi yirarīye avuga ngo iki?
13 Ico kinyoma cashikirije Shetani ico yari yipfujije. Eva yarayumviye aca agarariza Imana, hanyuma yosha n’umugabo wiwe, na we nyene arenga amategeko y’Imana. (Itanguriro 3:6) Shetani yirārīye ivuga ko abantu bashobora kwumvikana batisunze Imana, kandi ko bashobora kuganza bonyene badafashijwe n’Imana bagatunganirwa. Uyo Mureganyi yarabandanije, ngo yoshobora kwonkora ku Mana uruvyaro rwa Adamu na Eva rwose.
14. Ni kuki Imana itāciye irandura Shetani ubwo nyene?
14 Imana ntiyari kunanirwa kwica Shetani ubwo nyene; ariko ivyo ntivyari kwishura ibibazo uwo mubeshi yari yavyuye, ahubwo vyogumye ku muzirikanyi w’abandi bamarayika bāri barorēye. Ni co gituma Imana yayihaye umwanya wo kwemeza icese yuko ivyo yavuze ari ivy’ukuri, canke ko atari vyo. Vyagenze gute munyuma?
15, 16. (a) Umwanya Mureganyi yahawe wagaragaje iki? (b) Ni igiki cegereje?
15 Uwo mwanya waragaragaje ko abantu badashobora kwitwara ngo batunganirwe badafashijwe n’Imana. Bāragerageje, ariko vyarananiranye. Abantu bāraruhijwe rwose n’intwaro zo muri iyi si Bibiliya ivuga ko zihagarikiwe na wa Murwanizi mu mpisho. Bitayeko, uwo mwanya Imana yawuretse kugira ngo ugaragaze neza ko Shetani idashobora guhindura imitima y’abantu bose ngo bareke kwambaza Imana. Ushobora gusoma muri Bibiliya, ugasanga Shetani yaragerageje kwonkora Yobu ku Mana, ariko biba ivy’ubusa. — Yobu 1:6-12.
16 Kubera ko ivyo Mureganyi yirarīye vyahinyutse; akwiye rero kurandurwa kubera ko ari we ubugarariji bwose ku Mana bwakomotseko. Turahimbawe kubera ko hageze igihe c’uko Imana irandura inganji y’uwo Murwanizi. Intambwe ya mbere y’iryo randurwa, ni intambara ihambaye yabaye mw ijuru. N’aho abantu bari kw isi batayibonye canke ngo bayumve, urashobora kuyīsomera muri iyi nkuru ya Bibiliya:
17. (a) Bibiliya yigāna ite intambara yadutse mw ijuru? (b) Yagize inkurikizi nki ku bari mw ijuru no ku bari kw isi?
17 “Mw ijuru havyuka intambara, Mikayeli (Yezu Kirisitu kuva aho azukiye) n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco. Ntibatsinda kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahero kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere yitwa [Mureganyi] irindi ni [Shetani,] ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa mw isi, abamarayika baco bakororanwa na co. ‘Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuko umurwanizi yabamanukiye ari n’inzigo nyinshi azi ko afise igihe gito.’” — Ivyahishuriwe Yohani 12:7-9, 12.
18. (a) Iyo ndwano mw ijuru yabaye ryari? (b) Ni ibiki biba kw isi kubera ko Murwanizi yahakororewe?
18 Iyo ndwano mw ijuru yabaye ryari? Hari vyinshi vyerekana ko yabaye igihe hāduka indwano ya mbere y’isi yose, yateye mu 1914. Nk’uko Ivyahishuriwe Yohani bivyerekana, Murwanizi ni ho yirukanwa mw ijuru, ni ukuvuga ko ubu turi mu “gihe gito ashigaje” co mu “misi ya nyuma” y’iyi si yiwe. Ubugarariji bwongerekana, ubwoba, indwano, amapfa, indwara n’ibindi bibi tumaze kwibonera, ni vyo bikiranga. — Matayo 24:3-12; Luka 21:26; 2 Timoteyo 3:1-5.
19. (a) Ni igiki Murwanizi ubu agerageza gukora yivuye inyuma? (b) Twebwe twogira iki none?
19 Kubera ko Murwanizi azi ko igihe gito ashigaje kiri hafi guhera, akora yivuye inyuma kurusha uko yahora kugira ngo yonkore abantu ku Mana. Ico ashaka ni ugukumakuma abantu benshi nk’uko abishobora hanyuma atembane na bo. Ni co gituma Bibiliya imugereranya n’intambwe yivuga irondera uwo irotsa. (1 Petero 5:8, 9) Ni twaba tudashaka kugwa mu vyara vyiwe, dukeneye kumenya ingene atega, n’uburyo akoresha mu kuzimiza abantu. — 2 Ab’i Korinto 2:11.
INGENE MURWANIZI AZIMIZA ABANTU
20. (a) Hari abo Murwanizi yamaze guhenda? (b) Ni kuki twokwitega yuko ivyo azimirisha abantu vyose kenshi vyosa n’uko ata nabi birimwo; mbere ko ari n’ingirakamaro?
20 Ntugire ngo imisi yose biroroshe kumenya uburyo Murwanizi akoresha kugira ngo aronke abamukurikira. Mu guhenda abantu ntagereranywa. Amaze kubahenda imyaka ibihumbi bitari bike, ariko abigirana ubukerebutsi gushika aho benshi batemera n’uko abaho. Kuri bo, ububi n’ububisha ni ibintu bisanzwe bizokwamaho ibihe vyose. Murwanizi asa rwose n’inkozi z’ikibi zifise ubukuru zo muri iki gihe turimwo, zikora ikibi zipfutse icubahiro cazo. Bibiliya ivuga iti: “Murwanizi we nyene aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (NW) (2 Ab’i Korinto 11:14) Gutyo rero duca tubona ko ivyo azimirisha abantu bitegerezwa gusa n’uko ata nabi birimwo, mbere ko ari n’ingirakamaro.
21. Shetani ikoresha uburyo ubuhe?
21 Ntiwibagire ko Murwanizi yiyerekanye kuri Eva ko ari umukunzi, amwosha gukora ibisa n’ivyomugirira akamaro. (Itanguriro 3:4-6) N’ubu ni ko biri. Akarorero: akoresheje abakozi biwe, atuma abantu bijukira cane ivy’intwaro kurusha uko bitwararika ivy’Imana. Ivyo vyavyaye agatima ko kwiratira igihugu; na ko gatuma haba indwano ziteye ubwoba. Muri iyi misi ya nyuma, Shetani yaragerageje kurōngōra abantu gufata imigambi no gushinga amashirahamwe yo kurondera amahoro n’umutekano; nka rimwe Mpuzamakungu. Ubu none kw isi hose hayagwa amahoro? Haba n’intete! Ahubwo, ryaje gusamaza abantu ngo uburyo Imana yategekanije bwo kubasasagazamwo amahoro; ni ukuvuga Ubwami bwayo bwashikirijwe Yezu Kirisitu “Umukama w’amahoro,” ntibabuteho n’iryahumye. — Yesaya 9:6; Matayo 6:9, 10.
22. Ni ibiki Murwanizi adashaka ko dutōhōza?
22 Kugira ngo turonke ubuzima budahera dutegerezwa gutōhoza ivyerekeye Imana, Umwana wayo Samuragwa n’ubwami bwiwe. (Yohani 17:3) N’uvyemere, Murwanizi ntashaka kubona uriko urabitōhōza, ni co gituma azokorera hasi kubura hejuru kugira ngo akuvune umutima. Azobigenza ate? Azokuronderera abakurwanya, akarorero mu kugutwenga. Bibiliya itubwira ngo: “Mbere abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kirisitu Yezu bazohamwa.” — 2 Timoteyo 3:12.
23. (a) Shetani ishobora ite gukoresha abaryango n’abagenzi ngo batuvune intege? (b) Ni kuki tutohirahira n’intete ngo duteshwe dute?
23 Hari aho mbere abo mukundana cane canke abo mu muryango wawe bokuburabuza ngo ntubandanye gutōhōza Ivyanditswe. Yezu Kirisitu ni we yivugiye ati: “Kandi abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe. Ukunze se canke nyina akabandutisha ntaba ankwiye; kandi ukunze umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.” (Matayo 10:36, 37) Abo mu muryango wawe barashobora kugerageza kuguca intege, kandi bakabigira bīvuye inyuma kubera ko batazi ukuri kw’agatangaza kuri muri Bibiliya. Ni waca uteshwa ugata ntusubire gutōhōza Ijambo ry’Imana, yokubona ite none? Bitayeko, abo baryango n’abo bagenzi wobumvisha ute ko kwiga canke kutiga Bibiliya birimwo ubuzima canke urupfu? Ni wafata nka nkama ivyo uzoba wize mw Ijambo ry’Imana, hari aho na bo nyene boreshwa, bagatangura kuritōhōza.
24. (a) Mureganyi akoresha uburyo ubuhe bundi kugira ngo akubuze ntubandanye kwiga Bibiliya? (b) Wewe ubona kwiga Ijambo ry’Imana bikurutira vyose?
24 Ahandi na ho, Shetani irashobora kukwosha ngo ukore ibibi bisesema Imana. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Bisubiye, irashobora kugutera ubunebwe, ukwumva ko urambiwe n’ukwiga Bibiliya. Ariko uvyiyumviriye, ni igiki coza kiruta gutōhōza Ijambo ry’Imana? Ntiwemere ko hagira ikintu na kimwe kikubuza kurahura ubwo bwenge bushobora gutuma uronka ubuzima budahera mw iparadizo ngaha kw isi.
25. Dukenyeye tukarwanya Murwanizi ntiyoba agishobora kutugira iki?
25 Bibiliya ivuga ngo: “Turwanye wa Murwanizi.” Umurwanije “azoguhunga.” (Yakobo 4:7) Ni ukuvuga none ko ni wamwihanga ukamurwanya azoca ata akomoka ntaze asubire kukugerageza? namba! Azoguma agerageza kukwosha kugira ngo utinde ukore ivyo agomba; ariko ukomeye ku muheto, uzoteba ushike aho ataba agishobora kugukura ku Mana. Ntutebagane rero gutōhōza Bibiliya no kugendera mu vyo umaze gutahura. Ivyo ni ngombwa kugira ngo ntufatwe n’umwe mu mitego Shetani yateze kugira ngo ayovye abantu, ari yo dini y’ikinyoma.
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Shetani yari kugerageza guha Kirisitu izi ntwaro zose zo kw isi iyo zitaba izayo?
[Ifoto ku rup. 19]
Iki gisuma nticavutse ari igisuma nk’uko Shetani itaremwe ari “ishetani”
[Ifoto ku rup. 20, 21]
Indwano mw ijuru yarangiye igihe amashetani yakororerwa mw isi. Ibibi ubona ubu ni ingaruka y’uko gukororwa kwayo
[Ifoto ku rup. 24]
Birashoboka ko haba abakuburabuza ngo ntubandanye kwiga Bibiliya