Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
Yehova yadushinze ibanga adutera n’agateka gahambaye, mu kuvuga ati: “[Ni] mwebge vyabona vyanje, . . . kandi ni jewe Mana.” (Yes. 43:12) Twebwe ntituri abemera vyonyene. Turi ivyabona bashingira intahe icese ukuri guhambaye kwo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. None ubutumwa Yehova yadushinze gushikiriza muri iki gihe ni ubuhe? Bushimikira kuri Yehova Imana, kuri Yezu Kirisitu no ku Bwami bwa kimesiya.
‘TINYA IMANA Y’UKURI, WITONDERE IVYAGEZWE NA YO’
IMBERE cane y’ikiringo c’Ubukirisu, Yehova yarabwiye umwizerwa Aburahamu yuko yotunganije ivy’uko “amahanga yose yo mw isi” yihesha umuhezagiro. (Ita. 22:18) Yaranahumekeye Salomo ngo yandike ku biraba ikintu ngenderwako abantu bose basabwa, ati: “[“Tinya Imana y’ukuri,” NW] witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.” (Umus. 12:13) Ariko none abantu baba mu mahanga yose bokwize ivy’ivyo bintu gute?
Naho hamye hariho abantu bemera ijambo ry’Imana, Bibiliya yerekana yuko intahe nini cane yerekeye ukuri yoshikiriye koko amahanga yose, yabikiwe “umusi w’Umukama.” Uwo musi watanguye mu 1914. (Ivyah. 1:10, UB) Ku vyerekeye ico gihe, mu Vyahishuriwe 14:6, 7 hamenyesheje yuko iyamamaza rihambaye rirongowe n’abamarayika ryogizwe ku “mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” Bohimirijwe ngo: “[“Tinya,” NW] Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.” Imana igomba ko ubwo butumwa bushikirizwa. Turi n’agateka ko kugira uruhara muri ico gikorwa.
‘Imana y’Ukuri.’ Igihe Yehova yamenyesha ati “Ni mwebge vyabona vyanje,” cari ikiringo aho ikibazo c’Ubumana cariko kiraharirirwa. (Yes. 43:10) Ubutumwa butegerezwa gushikirizwa si ubw’uko abantu bakwiye gusa kugira idini rinaka canke kwemera imana kanaka. Ahubwo, bakeneye guhabwa akaryo ko kwiga yuko Umuremyi w’ijuru n’isi ari we Mana yonyene y’ukuri. (Yes. 45:5, 18, 21, 22; Yoh. 17:3) Imana y’ukuri ni yo yonyene ishobora kuvuga ivya kazoza ata kubesha. Twatewe agateka ko kwerekana yuko iranguka ry’ijambo Yehova yavuze kera ritanga ishingiro ryumvikana rituma twizigira yuko ikintu cose yasezeranye ku bwa kazoza kizoranguka.—Yos. 23:14; Yes. 55:10, 11.
Birumvikana, abantu benshi dushingako intahe usanga basenga izindi mana canke bakaba bavuga ko ata mana n’imwe basenga. Kugira badutege ugutwi, dushobora gukenera gutanguza ikintu kidushimisha twempi. Turashobora kwigira ku karorero kanditswe mu Vyakozwe 17:22-31. Urabona yuko naho intumwa Paulo yakoresha ubugenge, yavuze atomora yuko abantu bose hari ico bazobazwa ku Mana, yo yaremye ijuru n’isi.
Kumenyekanisha Izina ry’Imana. Ntubure kuvuga Imana y’ukuri mw’izina ryayo. Yehova arakunda izina ryiwe. (Kuv. 3:15; Yes. 42:8) Ashaka ko abantu bamenya iryo zina. Yatumye izina ryiwe rya rurangiranwa rishirwa muri Bibiliya incuro zirenga 7.000. Tujejwe ibanga ryo kumenyesha abantu iryo zina.—Gus. 4:35.
Ivyizigiro abantu bose bogira vy’ubuzima bwa kazoza bihagaze ku kumenya Yehova no ku kumwambaza mu kwizera. (Yow. 2:32; Mal. 3:16; 2 Tes. 1:8) Yamara, abantu benshi ntibazi Yehova. Aho harimwo n’abantu amasinzi bavuga yuko basenga Imana yo muri Bibiliya. Naho bafise Bibiliya kandi bakaba bayisoma, ntikibuza yuko bashobora kuba batazi izina ry’uruharo ry’Imana, kubera ko ryahanaguwe mu mpinduro nyinshi za Bibiliya zo muri iki gihe. Ikintu conyene abantu bamwebamwe bazi kw’izina Yehova, ni uko indongozi z’amadini zababwiye kutarikoresha.
None twoshobora gute kumenyesha abantu izina ry’Imana? Nta kintu cobikora neza kuruta ukuribereka muri Bibiliya yabo nimba bishoboka. Mu mpinduro zimwezimwe, iryo zina riraboneka incuro ibihumbi. Mu zindi na ho, rishobora kuba riboneka muri Zaburi 83:18 canke muri Yesaya 12:2, canke rigashobora gusangwa mu kajambo k’epfo kavugwa kuri Kuvayo 3:14, 15 canke kuri Kuvayo 6:3. Mu mpinduro zitari nke, hariho izindi mvugo zashizweho zo kurisubirira, nk’“Umukama,” “Uhoraho,” canke “Umwami Imana,” bakavyandika mu ndome zimeze ukwazo igihe igisomwa co mu rurimi rw’intango kiba kirimwo izina ry’uruharo ry’Imana. Aho usanga abahinduzi ba kino gihe bakuyemwo buhere izina ry’uruharo ry’Imana, hari aho wokenera gukoresha Bibiliya yahinduwe kera kugira ngo wereke abantu ivyakozwe. Mu bihugu bimwebimwe, woshobora gutora izina ry’Imana mu ndirimbo z’idini canke ku vyandiko vyo ku nyubakwa abantu bakoresha cane.
Eka no ku basenga izindi mana, muri Yeremiya 10:10-13 muri Bibiliya Traduction du monde nouveau harashobora gukoreshwa bikagira ico bitanze. Ntihavuga izina ry’Imana vyonyene, ahubwo kandi harasigura neza uwo ari we.
Ntunyegeze izina Yehova mu gukoresha amatazirano nk’“Umukama,” “Uhoraho,” canke “Umwami Imana,” nk’uko amadini y’Abiyita Abakirisu babigira. Ivyo ntibisobanura yuko iryo zina ribwirizwa gukoreshwa mu gutangura ikiganiro ico ari co cose. Bivuye ku mwikeko utagira aho uhagaze, abantu bamwebamwe boshobora guca bahagarika ico kiganiro. Mugabo umaze gushiraho ishingiro ry’ikiyago, ntiwitinye gukoresha izina ry’Imana.
Biri n’ico bivuze kubona Bibiliya ikoresha izina ry’uruharo ry’Imana kenshi kuruta incuro zose hamwe ikoresha amazina y’icubahiro “Umukama” canke “Imana.” Naho biri ukwo, abanditsi ba Bibiliya ntibagerageje gushira izina ry’Imana mu mungane yose. Babigize gusa mu buryo busanzwe, nk’uko vyabazamwo, kandi babigirana icubahiro. Ako ni akarorero keza twokurikiza.
Uwo Iryo Zina Rivuga. Naho kuba Imana ifise izina ry’uruharo ubwavyo ari ukuri ntabanduka, iyo ni intango gusa.
Kugira ngo abantu bakunde Yehova kandi bamwambaze mu kwizera, barakeneye kumenya Imana iyo ari yo. Igihe Yehova yamenyesha izina ryiwe Musa ku Musozi Sinayi, ntiyapfuye gusa gusubiramwo ijambo “Yehova.” Yarerekanye zimwezimwe muri kamere ziwe zibonekeje. (Kuv. 34:6, 7) Ako ni akarorero twokurikiza.
Waba uriko ushinga intahe ku bantu baherutse gushimishwa canke ukaba uriko utanga insiguro mw’ishengero, igihe uvuga ivy’imihezagiro izozanwa n’Ubwami, nusigure ico iyo mihezagiro yerekana ku Mana yayisezeranye. Igihe werekeza ku mabwirizwa yayo, nushimike ku bukerebutsi no ku rukundo nya mabwirizwa agaragaza. Tomora yuko ivyo Imana isaba atari ibiduteza amarushwa, ahubwo ko ari ivyo kutugirira ikimazi. (Yes. 48:17, 18; Mika 6:8) Niwerekane ingene uburyo bumwebumwe bwose Yehova agaragazamwo ububasha buri n’ikintu buhishura kuri kamere yiwe, ku ngingo mfatirwako ziwe no ku mugambi wiwe. Niwerekane ingene Yehova ashira uburimbane mu buryo agaragaza kamere ziwe. Reka abantu bakwumve userura inyiyumvo ufise ku vyerekeye Yehova. Urukundo ufitiye Yehova rurashobora gufasha kuvyura mwene urwo rukundo nyene mu bandi.
Ubutumwa bwihutirwa dushikiriza muri iki gihe busaba abantu bose gutinya Imana. Mu vyo tuvuga, dukwiye kurondera kwubaka mwene ukwo gutinya Imana. Ukwo gutinya ni ugutinya kwiza, akoba tugira ku biraba Yehova be n’ukumwibanga. (Zab. 89:7) Harimwo ukumenya yuko Yehova ari we Mucamanza rudasumbwa, be n’uko ivyizigiro vyacu vy’ubuzima bwa kazoza bihagaze ku gushimwa na we. (Luka 12:5; Rom. 14:12) Mwene ukwo gutinya rero, guca kujana n’urukundo rugera ibwina tumukunda, bigatuma kandi tugira icipfuzo gikomeye co kumuhimbara. (Gus. 10:12, 13) Ugutinya Imana kuratuma kandi twanka ikibi, tukagamburuka amabwirizwa yayo, kandi tukayisenga n’umutima wacu wose. (Gus. 5:29; 1 Ngo. 28:9; Imig. 8:13) Ukwo gutinya kuraturinda kugerageza gusukurira Imana twongera dukunda ibintu vyo mw’isi.—1 Yoh. 2:15-17.
Izina ry’Imana ‘Ni Umunara Ukomeye.’ Abantu bahavuye bamenya Yehova barinovora uburinzi buhambaye. Ivyo si ukubera gusa yuko bakoresha izina ryiwe ry’uruharo canke ko bashobora kudondagura kamere zimwezimwe afise. Ni ukubera ko bizigira Yehova ubwiwe. Ku biberekeye, mu Migani 18:10 havuga hati: “Izina [“rya Yehova,” NW] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.”
Ntugishe uturyo uronka two guhimiriza abandi kwizigira Yehova. (Zab. 37:3; Imig. 3:5, 6) Mwene ukwo kwizigira kurerekana ukwizera ufitiye Yehova n’imihango yatanze. (Heb. 11:6) Igihe abantu ‘bambaza izina rya Yehova’ (NW) kubera ko bazi yuko ari we Segaba wa Vyose, bagakunda inzira ziwe vyongeye bakemera badakeka yuko ubukiriro nyakuri bushobora kuva gusa kuri we, nk’uko Ijambo ry’Imana ribitwemeza, rero bazokizwa. (Rom. 10:13, 14) Uko wigisha abandi, nubafashe bubake mwene ukwo kwizera ku bijanye n’umuce uwo ari wo wose w’ubuzima.
Abantu benshi usanga bifitiye ingorane ziremereye cane. Bashobora kuba bazazaniwe. Nubahimirize kwiga inzira za Yehova, kumwizigira no gukurikiza ivyo biga. (Zab. 25:5) Baremeshe gusenga n’ubwira basaba imfashanyo iva ku Mana bongera bayishimira ku bw’imihezagiro itanga. (Flp. 4:6, 7) Iyo bahavuye bamenya Yehova, atari gusa mu gusoma amajambo kanaka yo muri Bibiliya ariko kandi mu kwibonera mu buzima bwabo iranguka ry’imihango yatanze, bazotangura kwinovora umutekano uva ku gutahura vy’ukuri ico izina rya Yehova rigereranya.—Zab. 34:8; Yer. 17:7, 8.
Koresha neza akaryo kose uronse mu gufasha abantu gutahura ubukerebutsi buri mu gutinya ya Mana y’ukuri Yehova, no kugumya amabwirizwa yiwe.
‘GUSHINGIRA YEZU INTAHE’
INYUMA y’aho Yezu Kirisitu azukiye mugabo hakaba imbere y’uko asubira mw’ijuru, yarahaye amabwirizwa abigishwa biwe mu kuvuga ati: “Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyak. 1:8) Abasavyi b’intahemuka b’Imana muri iki gihe bavugwa ko “[ba]shingira Yesu intahe.” (Ivyah. 12:17) None wewe ufise umwete ungana iki mu gushinga iyo ntahe?
Abantu benshi bavuga ata buryarya yuko bizera Yezu, usanga ata kintu na kimwe bazi ku vyerekeye ukubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Ntibatahura yuko igihe yari kw’isi yari umuntu koko. Ntibategera ico ukuba ari Umwana w’Imana bisigura. Bazi bike cane ku vy’uruhara afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ntibazi ico ariko arakora ubu, kandi ntibatahura ingene ivyo azokora muri kazoza bizogira ico bikoze ku buzima bwabo. Hari n’aho biyumvira bihenda yuko Ivyabona vya Yehova batemera Yezu. Turafise agateka ko kwihatira kumenyekanisha ukuri ku vyerekeye ivyo bintu.
Abandi na bo ntibemera yuko umuntu nka Yezu avugwa muri Bibiliya vy’ukuri yoba yarabayeho. Bamwebamwe Yezu bamubona nk’umuntu ahambaye gusa. Benshi baratera akagere iciyumviro c’uko ari Umwana w’Imana. “[Gu]shingira Yesu intahe” mu bantu nk’abo bisaba akigoro gakomeye, ukwihangana be n’ubugenge.
Uko abakwumviriza boba babona ibintu kwose, barakeneye kumenya Yezu Kirisitu nimba bashaka kwungukira ubwabo ku ntunganyo Imana yagize yerekeye ubuzima budahera. (Yoh. 17:3) Ukugomba kw’Imana kwavuzwe bimwe bitomoye ni uko abariho bose bategerezwa “[kwatura] yuko Yezu-Kristu ari Umukama” kandi bakayobokera ubukuru bwiwe. (Flp. 2:9-11, UB) Kubera ivyo, ntitwoca duhunga ico kibazo igihe duhuye n’abantu usanga bafise ivyiyumviro bikabije mugabo bitari vyo, canke batuvuga uko tutari. Naho mu bihe bimwebimwe dushobora kuvuga ivyerekeye Yezu Kirisitu ataco twinona, washaka ari bwo bwa mbere tugendeye umuntu, mu bindi bihe hari aho twokenera kuvuga amajambo arimwo ukwiyubara yofasha abatwumviriza gutangura kwiyumvira ivyerekeye Yezu Kirisitu ata kwihenda. Hari aho kandi twokenera kwiyumvira uburyo twokwinjizamwo iyindi mice y’ico kiganiro igihe tuzoba dusubiye kubagendera. Ariko rero, hari aho bitoshoboka ko tuganira n’umuntu ibintu vyose vyerekeye Yezu Kirisitu imbere y’uko tugirana na we inyigisho ya Bibiliya i muhira iwe.—1 Tim. 2:3-7.
Ikibanza Gihambaye Yezu Afise mu Mugambi w’Imana. Birakenewe ko dufasha abantu gutahura yuko kubera ko Yezu ari we “nzira” kandi akaba ‘ata wushika kuri Se atamujanye,’ bitoshoboka ko umuntu agiranira n’Imana ubucuti bwemewe adafise ukwizera muri Yezu Kirisitu. (Yoh. 14:6) Umuntu ntiyoshobora gutahura Bibiliya igihe adatahura uruhara ruhambaye Yehova yashinze Umwana wiwe w’imfura. Kubera iki? Kubera yuko Yehova yagize uwo Mwana wiwe umuntu nyamukuru mw’iranguka ry’imigambi yiwe yose. (Kol. 1:17-20) Ubuhanuzi bwa Bibiliya bushimikiye kuri ico kintu. (Ivyah. 19:10) Biciye muri Yezu Kirisitu ingorane zose zatewe n’ukugarariza kwa Shetani be n’icaha ca Adamu zizotorerwa umuti.—Heb. 2:5-9, 14, 15.
Kugira ngo umuntu atahure uruhara Kirisitu afise, ategerezwa kwemera icese yuko abantu bamerewe nabi bimwe biteye ikigongwe, bakaba badashobora kwikura muri ako kaga. Twese tuvukira mu caha. Ivyo bishobora kugira ico bidukozeko mu buryo bunyuranye mu buzima bwacu. Ariko rero bitebe bitebuke, biravamwo urupfu. (Rom. 3:23; 5:12) Nufashe abo ushingako intahe kuzirikana kuri ico kintu. Maze niwerekane yuko biciye mu nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, Yehova abigiranye urukundo yatumye ugukira icaha n’urupfu bizoshobokera abazogira ukwizera muri iyo ntunganyo. (Mrk. 10:45; Heb. 2:9) Ivyo birabugururira inzira yo kuzokwironkera ubuzima budahera badafise agasembwa. (Yoh. 3:16, 36) Nta yindi nzira ivyo vyoshobokeramwo. (Ivyak. 4:12) Kubera ko uri umwigisha, waba uri wenyene canke uri mw’ishengero, ntupfe gusa kuvuga ivyo bintu. Ubigiranye ubugwaneza be n’ukwihangana, niwubake mu bakwumviriza inyiyumvo y’ugukenguruka ku bw’uruhara Kirisitu afise bwa Mucunguzi. Ugukenguruka iyo ntunganyo birashobora gukora ikintu gikomeye ku kuntu umuntu yifata, ku kuntu yigenza be no ku ntumbero afise mu buzima.—2 Kor. 5:14, 15.
Birumvikana, Yezu yatanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu rimwe gusa. (Heb. 9:28) Mugabo rero, ubu ariko arakora bwa Muherezi Mukuru ashirutse ubute. Nufashe abandi gutahura ico ivyo bisigura. Boba baremerewe n’ivyiyumviro, imibabaro, ugucumukura canke ingorane zivuye ku mutima mubi w’abantu babakikuje? Igihe Yezu yari umuntu ngaha kw’isi, ivyo vyose vyaramushikiye. Arazi ingene tumererwa. Kubera ko turi abanyagasembwa, twoba twumva dukeneye ko Imana itugirira ikigongwe? Iyo dusavye Imana ngo iduharire twishimikije inkuka ya Yezu, uno arakora bwa “Mwitsa kuri Data wa twese.” Abigiranye imbabazi, “aradusengera.” (1 Yoh. 2:1, 2; Rom. 8:34) Twishimikije inkuka ya Yezu be n’imirimo arangura bwa Muherezi Mukuru, turashobora kwegera “intebe y’ubuntu” ya Yehova kugira ngo turonke imfashanyo mu gihe kibereye. (Heb. 4:15, 16) Naho turi abanyagasembwa, imfashanyo Yezu atanga bwa Muherezi Mukuru iratuma dushobora gukorera Imana dufise ijwi ryo mu mutima ridahumanye.—Heb. 9:13, 14.
Vyongeye, Yezu arakoresha ubukuru buhambaye bwo kuba ari we yatowe n’Imana kugira ngo abe Umutwe w’ishengero rya gikirisu. (Mat. 28:18; Ef. 1:22, 23) Kuba ari ukwo ari, aratanga ubuyobozi bukenewe bujanye n’ivyo Imana igomba. Igihe wigisha abandi, nubafashe gutahura yuko ata wundi muntu ari we Mutwe w’ishengero, kiretse Yezu Kirisitu. (Mat. 23:10) Ku ncuro ya mbere uyaga n’abashimishijwe, nubatumire ku makoraniro y’ishengero ryanyu, aho twigira Bibiliya dufashijwe n’ibikoresho turonswa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” Ntubasigurire gusa “umushumba” uwo ari we, mugabo kandi ubasigurire Shebuja uwo ari we kugira ngo batahure ukuba Yezu ari umutwe. (Mat. 24:45-47, NW) Nubashikane ku bakurambere, kandi ubasigurire ibisabwa vyo mu Vyanditswe abo bakurambere bategerezwa gushitsa kugira bahabwe iryo banga. (1 Tim. 3:1-7; Tito 1:5-9) Nubasigurire yuko ishengero atari iry’abakurambere, mugabo ko badufasha kugera ikirenge mu ca Yezu Kirisitu. (Ivyak. 20:28; Ef. 4:16; 1 Pet. 5:2, 3) Nufashe abo bantu bashimishijwe kubona ko hariho ikibano gitunganijwe co kw’isi gikora kiyobowe na Kirisitu.
Mu Njili dusangamwo yuko igihe Yezu yinjira mu gisagara c’i Yeruzalemu imbere gatoyi y’urupfu rwiwe, abigishwa biwe bamushemagije bwa “Mwami, aje mw izina ry’Uhoraho”! (Luka 19:38) Uko abantu barushiriza gutohoza Bibiliya, baramenya yuko ubu Yehova yahaye Yezu ubukuru bwo gutwara bugira ico bukoze ku bantu bo mu mahanga yose. (Dan. 7:13, 14) Igihe utanga insiguro mw’ishengero canke urongora inyigisho, nufashe abantu kunyurwa n’ico ubutegetsi bwa Yezu bukwiye gusobanura kuri twebwe twese.
Nushimike ku vy’uko ukuntu tubaho kwerekana nimba twemera vy’ukuri ko Yezu Kirisitu ari Umwami be n’uko tuyobokera ubutegetsi bwiwe n’umutima ukunze. Niwerekane igikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe igihe yari amaze gusigwa ngo abe Umwami. (Mat. 24:14; 28:18-20) Nimuganire ivyo Yezu wa Muhanuzi Adasanzwe yavuze ku vyerekeye ivyo twoshira imbere y’ibindi mu buzima bwacu (Yes. 9:6, 7; Mat. 6:19-34) Niwerekeze ivyiyumviro vyabo ku gatima wa Mwami w’Amahoro yavuze ko abayoboke biwe bogize. (Mat. 20:25-27; Yoh. 13:35) Uriyubara ntiwihe kuraba ko abandi bariko barakora ivyo bari bakwiye gukora, mugabo ubaremeshe kurimbura ico ibikorwa vyabo vyerekana ku vyerekeye ukuntu bayobokera ubutegetsi bwa Kirisitu. Igihe ubaremesha kubigira, uramenya ko na wewe nyene ukeneye kubigira.
Nusase Kirisitu bwa Mushinge. Bibiliya isanisha igikorwa co guhindura umuntu umwigishwa w’Umukirisu no kwubakira kuri Yezu Kirisitu bwa mushinge. (1 Kor. 3:10-15) Kugira ngo ivyo ubishikeko, nufashe abantu kumenya Yezu nk’uko adondorwa muri Bibiliya. Uriyubara kugira ngo ntibakubone nk’aho ari wewe bariko barakurikira. (1 Kor. 3:4-7) Erekeza ivyiyumviro vyabo kuri Yezu Kirisitu.
Umushinge niwasaswa neza, abatohoji bazotahura yuko Kirisitu yadusigiye icitegererezo “kugira ngo [t]ugere ikirenge mu ciwe.” (1 Pet. 2:21) Kugira ngo wubakire kuri ivyo, nuremeshe abatohoji kudasoma gusa Injili bwa nkuru zivuga ukuri, mugabo bazibone bwa karorero bategerezwa gukurikiza. Nubafashe gushira ku mutima inyifato be na kamere vyaranga Yezu. Nubaremeshe gushira ku mutima ingene Yezu yiyumva ku vyerekeye Se, ingene yihanganira inyosha mbi be n’ibigeragezo, ingene yayobokera Imana be n’ingene yafata abantu igihe ibintu vyaba vyifashe ugutandukanye. Nushimike ku gikorwa Yezu yakoze mu buzima bwiwe. Hanyuma, umutohoji niyahangana no gufata ingingo be n’ibigeragezo vyo mu buzima, azokwibaza ati: ‘Yezu yari gukora iki mu gihe nk’iki? Ingendo yanje yoba yerekana ko nkenguruka mu buryo bubereye ivyo yankoreye?’
Igihe uvugira imbere y’ishengero, ntuce wiyumvira yuko kubera ko abavukanyi bawe bamaze kwizera Yezu, bidakenewe ko ukwegera ivyiyumviro vyabo kuri we mu buryo budasanzwe. Ivyo uvuga bizorushiriza kugira ico bisiguye niwubakira kuri ukwo kwizera. Igihe uvuga ivy’amakoraniro, nushire isano hagati yayo be n’uruhara Yezu afise bwa Mutwe w’ishengero. Igihe uvuga ivy’ubusuku bwo mu ndimiro, nukwegere ivyiyumviro ku gatima Yezu yerekana igihe yaba ariko ararangura ubusuku bwiwe, maze uvuge ivy’ubusuku wifashishije ugutahura ivyo Kirisitu ariko arakora ari Umwami mu gukorakoranya abantu kugira ngo bazorokoke binjire mw’isi nshasha.
Biragaragara yuko hakenewe vyinshi kuruta kwiga gusa ibintu vy’ishimikiro vyerekeye Yezu. Kugira ngo abantu bacike Abakirisu nyakuri, barakeneye kumwizera be no kumukunda vy’ukuri. Mwene urwo rukundo rutuma umuntu agamburuka ata guhemuka. (Yoh. 14:15, 21) Ruratuma abantu bahagarara bashikamye mu kwizera igihe bari mu bihe bigoye, bakabandanya kugera ikirenge mu ca Kirisitu imisi yose y’ukubaho kwabo, bakagaragaza ko ubwabo ari Abakirisu bahumuye ‘bashinze imizi kandi bubatswe ku mushinge’ mu buryo bukomeye. (Ef. 3:17) Mwene iyo ngendo irazanira icubahiro Yehova we Mana ya Yezu Kirisitu akongera akaba na Se.
“UBU BUTUMWA BGIZA BG’UBGAMI”
IGIHE Yezu yasigura ido n’ido ivyerekeye ikimenyetso coranze ukuhaba kwiwe be n’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu, yabuye ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.”—Mat. 24:14.
None neza na neza ubwo butumwa bukwiye kuvugwa cane gutyo ni ubuhe? Ni ubwerekeye bwa Bwami Yezu yatwigisha gusaba Imana, igihe yavuga ati: “ubgami bgawe buze.” (Mat. 6:10) Mu Vyahishuriwe 11:15 havuga ko ari “ubg’Umwami wacu [Yehova] n’ubga Kristo wiwe,” kubera ko ububasha bwo kuganza bukomoka kuri Yehova hanyuma bugashikirizwa Kirisitu ngo abe Umwami. Ariko rero, urabona yuko ubutumwa Yezu yavuze ko bwomenyekanishijwe muri iki gihe turimwo burenze ubwo abayoboke biwe bamamaje mu kinjana ca mbere. Babwira abantu bati: “Ubgami bg’Imana burabēgereye.” (Luka 10:9) Yezu, uwasizwe ngo abe Umwami, ico gihe yari hagati yabo. Mugabo nk’uko vyanditswe muri Matayo 24:14, Yezu yabuye ko hari ikindi kintu comenyekanishijwe kw’isi yose, cobaye mw’iranguka ry’umugambi w’Imana.
Umumenyeshakazoza Daniyeli yareretswe ico kintu. Yabonye “uwusa n’Umwana w’umuntu,” ari we Yezu Kirisitu, ahabwa na “wa Wundi wa mbere na mbere,” ni we Yehova Imana, “inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe.” (Dan. 7:13, 14) Ico kintu cobaye gihambaye mu vyaremwe vyose cabaye mw’ijuru mu mwaka w’1914. Inyuma yaho, Shetani n’amadayimoni yiwe barajugunyiwe kw’isi. (Ivyah. 12:7-10) Urunkwekwe rw’ibintu rwa kera rwari rwinjiye mu misi yarwo ya nyuma. Mugabo imbere y’uko rukurwaho ubutakigaruka, kw’isi yose hariko haramenyekanishwa yuko Umwami wa kimesiya yagenywe na Yehova ubu aganza avyagiye ku ntebe yiwe mw’ijuru. Abantu aho bari hose ubu bariko barabimenyeshwa. Uko bavyakira kurerekana inyifato bafise kuri Rudasumbwa, we Nyeninganji mu ‘bwami bw’abantu.’—Dan. 4:32.
Ego ni ko, haracariho ibintu vyinshi tukirindiriye, vyinshi rwose! N’ubu dusaba tuti “ubgami bgawe buze,” mugabo si ukuvuga yuko ishingwa ry’Ubwami bw’Imana rikiri iryo muri kazoza. Ahubwo, tubigirana iciyumviro c’uko Ubwami bwo mw’ijuru buzokora mu buryo bwa ruhasha kugira ngo bushitse ubuhanuzi nka bumwe bwo muri Daniyeli 2:44 no mu Vyahishuriwe 21:2-4. Ubwo Bwami buzohindura isi ibe iparadizo yuzuye abantu bakunda Imana na bagenzi babo. Igihe twamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami,” tudoma urutoke kuri ivyo vyizigiro vya kazoza. Mugabo kandi turamenyekanisha tudakekeranya yuko Yehova yamaze gushikiriza Umwana wiwe ubutware bwose. Wewe woba uhora ushimika kuri ubu butumwa bwiza igihe ushinga intahe yerekeye Ubwami?
Gusigura Ubwami. Dushobora gute gushitsa igikorwa tujejwe co kumenyekanisha Ubwami bw’Imana? Twoshobora kuvyura ugushimishwa mu gutanguza ibiyago bishingiye ku bintu bitandukanye, mugabo bikwiye kugaragara bidatevye yuko ubutumwa dushikiriza bwerekeye Ubwami bw’Imana.
Umuce uhambaye w’ico gikorwa urimwo ugusoma n’ugusubiramwo mu majambo ivyanditswe bivuga Ubwami. Igihe werekeje ku Bwami, raba neza ko abo ubwira batahura ico ari co. Hari aho bitosaba gusa ko uvuga yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro. Abantu bamwebamwe bashobora gusanga bigoye kwiyumvira ikintu kitaboneka, nk’intwaro. Woshobora kuzirikana hamwe na bo mu buryo bunyuranye. Nk’akarorero, za nguvu zituma ibintu bigwa hasi ntibigume mu kirere ntiziboneka, mugabo zirafise ububasha ku buzima bwacu. Ntidushobora kubona uwashinze itegeko rigenga izo nguvu, mugabo biragaragara yuko afise ububasha bukomeye. Bibiliya ivuga ko uwo ari “Umwami ahoraho.” (1 Tim. 1:17) Canke kumbure woshobora kuvuga yuko mu gihugu kinini abantu benshi bashobora kuba batarigera babona umugwa mukuru canke umutegetsi amaso mu yandi. Ivyo bintu bavyumva mu makuru. Muri ubwo buryo, Bibiliya, iyasohowe mu ndimi 2.200, iratubwira ivy’Ubwami bw’Imana; iratumenyesha uwahawe ububasha hamwe n’ico ubwo Bwami buriko burakora. Umunara w’Inderetsi, uwusohorwa mu ndimi nyinshi kuruta ikindi kinyamakuru ico ari co cose, wagenewe “U[gu]tangaza Ubwami bwa Yehova,” nk’uko bivugwa ku gipfukisho cawo.
Kugira ngo ufashe abantu gutahura Ubwami ico ari co, woshobora kuvuga bimwebimwe mu bintu abantu bashaka ko intwaro zibaronsa: nk’ugutekanirwa mu vy’ubutunzi, amahoro, ugukira ubukozi bw’ikibi, ukutagirirwa nkunzi kw’amoko amwamwe y’abantu, ukuronka ubumenyi, n’amagara meza. Niwerekane yuko biciye ku Bwami bw’Imana ari ho gusa ivyo hamwe n’ibindi bintu vyiza abantu bipfuza bazobihazwa neza.—Zab. 145:16.
Niwihatire kuvyurira abantu icipfuzo co kuba abatwarwa b’ubwo Bwami, aho Yezu Kirisitu azoba ari we Mwami aganza. Erekana ibitangaro yakoze vyo kuba arahonja abantu ibintu azokora ari Umwami aganziriza mw’ijuru. Nuze uracishamwo ivya kamere zikwegera yagaragaje. (Mat. 8:2, 3; 11:28-30) Sigura yuko yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu, be n’uko mu nyuma yazuriwe ubuzima budahwera mw’ijuru. Aho ni ho aganziriza ari Umwami.—Ivyak. 2:29-35.
Nushimike ku vy’uko Ubwami bw’Imana ubu buganziriza mw’ijuru. Ariko rero, uramenya yuko abantu benshi batabona ibintu bo bitega ko ari vyo vyoba ikimenyamenya ca mwene iyo ntwaro. Ivyo nubimenye, hanyuma ubabaze nimba bazi ico Yezu Kirisitu yavuze ko cobaye ikimenyamenya cayo. Shira ahabona imice imwimwe ya ca kimenyetso kirimwo ibintu vyinshi dusanga muri Matayo ikigabane ca 24, muri Mariko ikigabane ca 13 canke muri Luka ikigabane ca 21. Ca ubabaza igituma ukwimikwa kwa Kirisitu mw’ijuru kwotumye kw’isi haba ibintu nk’ibi twibonera. Bereke Ivyahishuriwe 12:7-10, 12.
Nk’ikintu kimwe kiranga ivyo Ubwami bw’Imana buriko burakora, soma Matayo 24:14, hanyuma udondore ya porogarama y’ukwigisha Bibiliya iriko iragirwa ubu kw’isi yose. (Yes. 54:13) Bwira abantu ivy’amashure anyuranye Ivyabona vya Yehova bungukirako, yose akaba ashingiye kuri Bibiliya, kandi yose akaba agirwa ata co umuntu arihishijwe. Sigura yuko turetse ubusuku burangurwa inzu ku nzu, dusaba abantu kubagirira inyigisho za Bibiliya i muhira, tukaba tuzirongorera abantu umwumwe ukwiwe, be n’abagize ingo, mu bihugu birenga 230. Ni intwaro y’abantu iyihe ishoboye kugira iyo porogarama nini y’ukwigisha, ntiyigirire abo itwara gusa, ariko ikayigirira abantu bose bo kw’isi? Nutumire abantu kuza ku Ngoro y’Ubwami, kwitaba amateraniro n’amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova, kugira ngo bibonere ikimenyamenya c’ukuntu mwene iyo nyigisho iriko irakora mu buzima bw’abantu.—Yes. 2:2-4; 32:1, 17; Yoh. 13:35.
Mugabo none uwo muntu dusanze ku muhana yoba azotahura ukuntu biraba ubuzima bwiwe? Ukoresheje ubugenge woshobora kumwereka yuko icatumye umugendera ari ukugira ngo muganire ivyerekeye akaryo abantu bose bafise ubu ko guhitamwo ubuzima bakazoba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Vyobashobokera gute? Mu kwiga ivyo Imana isaba hanyuma bakabaho bavyisunga ubu.—Gus. 30:19, 20; Ivyah. 22:17.
Gufasha Abandi ngo Bashire Ubwami mu Kibanza ca Mbere. N’iyo umuntu amaze kwemera ubutumwa bw’Ubwami, hariho ingingo ategerezwa gufata. Mbega Ubwami bw’Imana azobuha ikibanza ca kangahe mu buzima bwiwe? Yezu yahimirije abigishwa biwe ‘kuguma babanza kurondera ubwami.’ (Mat. 6:33) Dushobora gute gufasha Abakirisu bagenzi bacu gukora ivyo? Mu gutanga ubwacu akarorero keza be no mu kuganira na bo uturyo tuhari. Rimwe na rimwe, tubigira mu kubaza umuntu nimba amaze kurimbura uburyo bumwebumwe bushoboka, ukanamubwira ivyabonywe kugira ngo umwereke ivyo abandi bariko barakora. Dushobora kumufasha mu kuganira na we inkuru zo muri Bibiliya, ku buryo zimutsimbatazamwo rwose urukundo afitiye Yehova. Dushobora kumufasha mu gushimika ku vy’uko Ubwami atari umugani. Turamufasha kandi mu gushimika ku kuntu igikorwa co kumenyekanisha Ubwami gihambaye koko. Kenshi ingaruka nziza ntizishikwako mu kubwira abantu ivyo bokora, ahubwo ni mu kubavyurira icipfuzo co kubikora.
Ata gukeka, ubutumwa buhambaye twese dutegerezwa kumenyekanisha, bushimikiye canecane kuri Yehova Imana, Yezu Kirisitu n’Ubwami. Ukuri guhambaye kwerekeye ivyo turakwiye kugushimikako igihe dushinga intahe mu bantu, mu mashengero yacu no mu buzima bwacu bwite. Igihe tugira ivyo, tuba twerekanye yuko vy’ukuri twungukira ku nyigisho duhabwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.