Ikigabane ca 5
‘Uyu ni Umwana wanje’
IYO abana bakoze ibintu vyiza, ababareze barahimbarwa. Igihe umwana w’umwigeme akora ikintu neza, se aranezerwa no kubwira abandi ati: “Uyu ni umwigeme wanje”. Canke igihe umwana w’umuhungu akora ibintu vyiza, se aranezerwa no kuvuga ati: “Uyu ni umuhungu wanje”.
Yezu akora ibinezereza Se wiwe imisi yose. Urumva rero ko Se wiwe amushima. Woba wibuka ico Se wiwe yakoze igihe Yezu yari kumwe n’abigishwa biwe batatu?— Imana yaravuze iri mw’ijuru, ibabwira iti: ‘Uyu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara’.—Matayo 17:5.
Imisi yose Yezu arahimbarwa no gukora ibintu bihimbara Se wiwe. Urazi igituma? Ni kubera ko akunda Se wiwe vy’ukuri. Mu gihe umuntu akora ibintu kubera gusa ko ategerezwa kubikora, bisa n’ibigora. Mugabo iyo abikora n’umutima ukunze, biroroha. Woba uzi ico bisobanura gukora ikintu n’umutima ukunze?— Bisobanura kuba ushaka vy’ukuri gukora ikintu.
N’imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yari n’umutima ukunze wo gukora ikintu cose Se wiwe yamusaba gukora. Ivyo ni kubera ko yakunda Se wiwe, Yehova Imana. Yezu yari afise ikibanza gihambaye cane mw’ijuru ari kumwe na Se. Mugabo hariho igikorwa kidasanzwe Imana yashaka ko Yezu akora. Kugira ngo Yezu akore ico gikorwa, yategerezwa kuva mw’ijuru. Yategerezwa kuvukira kw’isi ari uruyoya. Yezu yaravyemeye, kubera ko Yehova yashaka ko biba gutyo.
Umumarayika Gaburiyeli yabwiye iki Mariya?
Kugira ngo Yezu avukire kw’isi ari uruyoya, yabwirizwa kugira nyina. Urazi uwabaye nyina wiwe?— Yitwa Mariya. Yehova yarungitse umumarayika Gaburiyeli yari mw’ijuru ngo aze kubibarira Mariya. Gaburiyeli yabwiye Mariya yuko yari agiye kuronka umwana w’umuhungu. Uwo mwana yokwiswe Yezu. None ni nde yari kuba se wa nya mwana?— Nya mumarayika yavuze ko Se wa nya mwana yobaye Yehova Imana. Ni co gituma Yezu yari kwitwa Umwana w’Imana.
Wibaza ko Mariya yumvise amerewe gute kuri ivyo?— Yoba yaciye avuga ati: “Sinshaka kuba nyina wa Yezu”? Oya, Mariya yaremeye gukora ivyo Imana ishaka vyose. Mugabo none vyari gushoboka gute ko Umwana w’Imana ari mw’ijuru avuka ari uruyoya ngaha kw’isi? Ivuka rya Yezu ryari ritandukaniye hehe n’ivuka ry’abandi bana bose? Woba ubizi?—
Urumva, Imana yaremye abavyeyi bacu ba mbere ari bo Adamu na Eva ku buryo bashobora kunywana mu buryo butangaje. Mu nyuma, umwana yari gutangura gukurira mu nda kwa nyina. Abantu bavuga yuko ico ari igitangaro! Ndazi neza ko na we wemera ko ari igitangaro!
Imana rero yarakoze ikintu cari gitangaje kuruta n’ibindi. Yakuye ubuzima bw’Umwana wayo mw’ijuru ibushira mu nda ya Mariya. Imana ivyo nta vyo yari bwigere igira, kandi kuva ubwo nta vyo yigeze yongera kugira. Bivuye kuri ico gitangaro, Yezu yaratanguye gukurira mu nda ya Mariya, nka kurya nyene abandi bana bakurira mu nda ya ba nyina. Inyuma y’aho, Mariya yarabiriwe na Yozefu.
Igihe gishitse c’uko Yezu avuka, Mariya na Yozefu bari bagendeye igisagara ca Betelehemu. Mugabo ico gisagara cari cuzuye abantu. Nta hantu na hatoyi hariho Mariya na Yozefu bari kuguma, ari co catumye babwirizwa kuguma aho ibitungwa vyaba. Aho ni ho Mariya yavyariye, Yezu aca ashirwa mu bwato bw’ibitungwa, nk’uko ushobora kubibona ngaha. Ubwato bw’ibitungwa ni ubwo bashiramwo ivyo kurya vyavyo kugira ngo inka be n’ibindi bitungwa bibirye.
Ni kubera iki Yezu bariko baramushira mu bwato bw’ibitungwa?
Mw’ijoro Yezu yavukiyemwo harabaye ibintu bitangaje. Hafi y’i Betelehemu, umumarayika yarabonekeye abungere bakeyi. Yababwiye yuko Yezu yari umuntu ahambaye. Nya mumarayika yavuze ati: ‘Umve ndababwire inkuru nziza izotera abantu akanyamuneza. Uyu musi havutse umuntu azokiza abantu’.—Luka 2:10, 11.
Ni inkuru nziza iyihe umwe muri abo bamarayika yabwiye abungere?
Nya mumarayika yabwiye abo bungere yuko basanga Yezu i Betelehemu, aryamye mu bwato bw’ibitungwa. Maze buno nyene, abandi bamarayika mw’ijuru bafadikanya n’umwe wa mbere mu gushemeza Imana. Nya bamarayika baririmba bati: ‘Imana ininahazwe, mw’isi amahoro abe mu bo inezererwa’.—Luka 2:12-14.
Abo bamarayika bagiye, nya bungere baca bagenda i Betelehemu kuraba Yezu. Bahashitse, babwira Yozefu na Mariya ibintu vyiza vyose bumvise. Woba ushobora kwiyumvira ingene Mariya yanezerewe kuba yaragize umutima ukunze wo kuba nyina wa Yezu?
Mu nyuma, Yozefu na Mariya bajanye Yezu mu gisagara c’i Nazareti. Aho ni ho Yezu yakuriye. Amaze gukura, yaciye atangura igikorwa ciwe gihambaye co kwigisha. Ico cari mu bikorwa Yehova Imana yashaka ko Umwana wiwe akora kw’isi. Yezu yaragize umutima ukunze wo gukora ico gikorwa, kubera ko Yezu yakunda cane Se wo mw’ijuru.
Imbere y’uko Yezu atangura igikorwa ciwe co kuba Umwigisha Ahambaye, yarabatijwe na Yohani Umubatizi mu Ruzi Yorodani. Maze hari ikintu gitangaje cabaye! Igihe Yezu yariko arava mu mazi, Yehova yaravuze ari mw’ijuru, ati: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara” (Matayo 3:17). None wewe ntuhora wumva umerewe neza iyo abavyeyi bawe bakubwiye ko bagukunda?— Na Yezu ategerezwa kuba yarumvise amerewe neza.
Yezu imisi yose yaguma akora ivyiza. Ntiyifata uko atari. Ntiyabwira abantu yuko ari Imana. Umumarayika Gaburiyeli yari yabwiye Mariya yuko Yezu azokwitwa Umwana w’Imana. Yezu ubwiwe yavuze yuko yari Umwana w’Imana. Kandi ntiyabwiye abantu yuko azi vyinshi kuruta Se. Yavuze ati: ‘Data aranduta’.—Yohana 14:28.
No mw’ijuru nyene, igihe Se wa Yezu yamuha igikorwa akora, Yezu yaragikora. Ntiyavuga yuko agikora hanyuma ngo ace yikorera ikindi kintu. Yarakunda Se. Ni co gituma yakora ivyo Se avuga. Igihe rero Yezu yaza kw’isi, yakoze ivyo Se wiwe wo mw’ijuru yamutumye gukora. Ntiyamaze umwanya wiwe akora ibindi bintu. Ntibitangaje rero kuba Yehova ahimbarwa n’Umwana wiwe!
Natwe dushaka guhimbara Yehova. Si ko none?— Dutegerezwa rero kwerekana yuko twumvira Imana vy’ukuri, nk’uko na Yezu yayumvira. Imana iratuganiriza biciye kuri Bibiliya. Wumva none vyoba vyiza tuvuze ko twumvira Imana mugabo tukemera ibintu binyuranye na Bibiliya tukongera tukabikora?— Kandi niwibuke, tuzohimbarwa no kunezereza Yehova nimba tumukunda vy’ukuri.
Ubu na ho soma ibi bindi bisomwa vya Bibiliya vyerekana ivyo dukeneye kumenya no kwemera ku vyerekeye Yezu: Matayo 7:21-23; Yohana 4:25, 26; na 1 Timoteyo 2:5, 6.