Niwigishe abana bawe
Yezu yarize kugamburuka
VYOBA rimwe na rimwe bikugora kugamburuka?—a Nimba ari ukwo bimeze, si ikintu gitangaje. Abantu bose ntivyama vyaboroheye kugamburuka. Woba wari uzi ko na Yezu vyabaye ngombwa ko yiga kugamburuka?—
Woba uzi abo abakiri bato bose bakwiye kugamburukira?— Ni vyo, ni abavyeyi bacu. Bibiliya ivuga iti: “Mugamburukire abavyeyi banyu mu bumwe n’Umukama.” (Abanyefeso 6:1) None se wa Yezu ni nde?— Ni Yehova Imana, kandi ni na we Data wa twese. (Matayo 6:9, 10) Ariko rero, uvuze ko Yozefu yari se, Mariya na we akaba nyina, na ho nyene ntiwoba wihenze. Woba uzi ingene bacitse abavyeyi biwe?—
Umumarayika Gaburiyeli yarabwiye Mariya ingene yokwibarutse naho nyene atari bwarangurane n’umugabo amabanga y’abubatse. Yehova yaratumye bishoboka ko asama inda mu gukora igitangaro gikomeye. Gaburiyeli yasiguriye Mariya ati: “Ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.”—Luka 1:30-35.
Imana yarafashe ubuzima bw’Umwana wiwe ari mw’ijuru ibwimurira mu nda ya Mariya. Ubwo buzima rero bwarakuriye mu nda yiwe nk’uko n’izindi nzoya zikurira mu nda za ba nyina. Inyuma y’amezi nk’icenda, Yezu yaravutse. Muri ico gihe nyene Yozefu yarubakanye na Mariya, abantu nka bose bakaba biyumvira yuko Yozefu ari we yari se w’ukuri wa Yezu. Mu vy’ukuri, Yozefu yari se wiwe w’umurezi. Ku bw’ivyo, twoshobora kuvuga yuko Yezu yari afise ba se babiri!
Igihe Yezu yari agifise imyaka 12 gusa, yarakoze ikintu cerekanye ukuntu yakunda cane Se wiwe wo mw’ijuru, Yehova. Ico gihe, umuryango wa Yezu waragize urugendo rurerure uja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika nk’uko wari usanzwe umenyereye kubigira. Mu nyuma, igihe Yozefu na Mariya bariko barataha i Nazareti, ntibabonye ko Yezu atari kumwe na bo. Wibaza ko ari igiki coba caratumye bamwibagira?—
Urumva, ico gihe Yozefu na Mariya bari bafise abandi bana. (Matayo 13:55, 56) Vyongeye, bashobora kuba bari bafatanije urugendo n’incuti zabo, nka Yakobo na Yohani kumwe na se Zebedayo be na nyina wabo Salome, uwushobora kuba yari mwene wabo na Mariya. Ni co gituma Mariya ashobora kuba yibwiye ko Yezu ari kumwe n’izindi ncuti zari mu bo bari bafatanije urugendo.—Matayo 27:56; Mariko 15:40; Yohani 19:25.
Aho Yozefu na Mariya baboneye ko Yezu atari kumwe na bo, baciye basubira i Yeruzalemu bihuta. Bararondeye umwana wabo bataye umutwe. Ku musi ugira gatatu, bamusanze mu rusengero. Mariya yamubajije ati: “Kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so wawe twahagaritse umutima tukurondera.” Ariko Yezu yishuye ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Data?”—Luka 2:45-50.
Woba wiyumvira ko Yezu yagize nabi kwishura nyina gutyo?— Mu bisanzwe, abavyeyi biwe bari bazi ko yahimbarwa no gusengera ku nzu y’Imana. (Zaburi 122:1) Ubona none bitari bibereye ko Yezu abona ko urusengero rw’Imana ari ho hantu ha mbere bari kumuronderera?— Mu nyuma, Mariya yagumye yiyumvira ivyo Yezu yari yavuze.
None Yezu yigenza gute imbere ya Yozefu na Mariya?— Bibiliya igira iti: “[Yezu] amanukana na bo ashika i Nazareti, aguma abayobokera.” (Luka 2:51, 52) Akarorero Yezu yatanze katwigisha iki?— Ni vyo, na twebwe turakwiye kugamburukira abavyeyi bacu.
Ariko rero, Yezu ntivyama bimworohera kugamburuka, n’igihe mbere kwaba ari ukugamburukira Se wiwe wo mw’ijuru.
Mw’ijoro buca Yezu apfa, yarabajije Yehova nimba yohindura iciyumviro ku bijanye n’ico Yehova yashaka ko akora. (Luka 22:42) Ariko rero, Yezu yaragamburukiye Imana naho bitari vyoroshe. Bibiliya ivuga ko “[yize] kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye.” (Abaheburayo 5:8) Woba wibaza ko na twebwe nyene dushobora kwiga kugamburuka?—
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.