Ikigabane ca 10
Ububasha Yezu afise ku madayimoni
WOBA wibuka icatumye umwe mu bamarayika b’Imana acika Shetani Mucokoranyi?— Icamuteye guhinduka akarwanya Imana, ni kubera yagize icipfuzo kirimwo ubwikunzi co gusengwa. Hoba hari abandi bamarayika bakurikiye Shetani?— Ego cane, bariho. Bibiliya ibita ‘abamarayika ba Shetani’, canke amadayimoni.—Ivyahishuriwe 12:9.
Mbega abo bamarayika babi, ari yo madayimoni, boba bemera yuko Imana iriho?— Bibiliya ivuga yuko ‘amadayimoni yemera ko Imana iriho’ (Yakobo 2:19). Mugabo muri iki gihe arafise ubwoba. Afise ubwoba kubera yuko azi ko Imana izoyahana kubera ibintu bibi yakoze. Ni ibibi ibihe yakoze?—
Bibiliya ivuga yuko abo bamarayika bataye ikibanza babamwo mw’ijuru, maze baza kuba kw’isi nk’abantu. Ivyo babigize kubera yuko bashaka guhuza ibitsina n’abagore bezabeza bo kw’isi (Itanguriro 6:1, 2; Yuda 6). Ni ibiki woba uzi ku biraba uguhuza ibitsina?—
Guhuza ibitsina, ni igihe umugabo n’umugore banywanye mu buryo budasanzwe. Mu nyuma, umwana aca ashobora gukurira mu nda ya nyina. Mugabo, ni bibi ko abamarayika baja mu vyo guhuza ibitsina. Imana ishaka ko umugabo n’umugore babiranye, baba ari bo gusa bahuza ibitsina. Muri ubwo buryo, umwana aramutse avutse, umugabo n’umugore barashobora kumubungabunga.
Ni ibintu bibi ibihe aba bamarayika bakoze?
Igihe abamarayika biyambika imibiri y’abantu maze bagahuza ibitsina n’abagore kw’isi, abana babo bamaze gukura bacitse ibigatanya. Bari ababisha ruhebwa, ivyo bigatuma bagirira nabi abantu. Ni co gituma Imana yazanye umwuzure ukomeye kugira ngo isangangure ivyo bigatanya hamwe n’abantu babi bose. Mugabo yari yasavye Nowa kwubaka ubwato bunini, kugira ngo akize abantu bake bakora ibigororotse. Wa Mwigisha Ahambaye yavuze yuko ivyabaye igihe c’Umwuzure bihambaye cane, ku buryo dukwiye kuvyibuka.—Itanguriro 6:3, 4, 13, 14; Luka 17:26, 27.
Woba uzi ivyashikiye ba bamarayika babi aho Umwuzure utereye?— Baciye bareka gukoresha imibiri y’abantu bari biyambitse, baca basubira mw’ijuru. Mugabo, ntibari bagishobora kuba abamarayika b’Imana. Ni co gituma bacitse abamarayika ba Shetani, ni ukuvuga amadayimoni. Ba bana babo b’ibigatanya bobo vyabagendeye gute?— Barahitanywe n’uwo Mwuzure. Abandi bantu batagamburukira Imana na bo nyene barapfuye.
Ni kubera iki muri iki gihe kw’isi hari imidurumbanyo kuruta ikindi gihe ico ari co cose?
Kuva mu gihe c’Umwuzure, Imana ntiyasubiriye kwemerera amadayimoni kumera nk’abantu. Mugabo, naho amadayimoni tudashobora kuyabona, aracabandanya kugerageza guhenda abantu kugira ngo bakore ibintu bibi cane. Amadayimoni ariko aratera umudurumbanyo kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Ivyo abigira kubera yuko yakuwe mw’ijuru atabwa ngaha kw’isi.
Woba uzi igituma tudashobora kubona amadayimoni?— Ni kubera yuko ataboneka. Mugabo, nta nkeka turazi yuko abaho. Bibiliya ivuga yuko Shetani ariko ‘azimiza abantu bo mw’isi yose’, kandi amadayimoni yiwe ariko arabimufashamwo.—Ivyahishuriwe 12:9, 12.
Mbega, Shetani n’amadayimoni yiwe, boba bashobora kutuzimiza natwe canke kuduhenda?— Egome, tutabaye maso barashobora kubigira. Mugabo, ntidukwiye gutinya. Wa Mwigisha Ahambaye yavuze ati: ‘Shetani nta co ashobora kungira’. Nitwaguma twiyegereje Imana, izodukingira iturinde Shetani n’amadayimoni yiwe.—Yohani 14:30, UB.
Birahambaye ko tumenya ibintu bibi amadayimoni azogerageza gutuma dukora. Iyumvire gato. Ni ibintu bibi ibihe amadayimoni yakoze igihe yaza kw’isi?— Imbere y’Umwuzure, yarahuje ibitsina n’abagore, kikaba ari ikintu abamarayika batari bemerewe gukora. Muri iki gihe, amadayimoni aranezerwa igihe abantu bagambararira Imana ku vyerekeye guhuza ibitsina. Reka ndakubaze, ni bande gusa bemerewe guhuza ibitsina?— Wishuye neza, ni abantu babiranye gusa.
Muri iki gihe, hari uduhungu tukiri duto duhuza ibitsina n’udukobwa tukiri duto, yamara tuba turiko dukora ikintu kibi. Bibiliya iravuga ivyerekeye “igihimba c’irondoka” c’umugabo, ari co citwa imvyarabibondo (Abalewi 15:1-3). Ibihimba vy’irondoka vy’umugore vyitwa igisabo. Yehova yaremye ivyo bihimba vy’umubiri kugira ngo bikoreshwe ikintu kidasanzwe, igikwiye kugirwa n’abantu babiranye gusa. Biranezereza amadayimoni igihe abantu bakora ibintu Yehova abuza. Nk’akarorero, amadayimoni aranezerwa igihe umuhungu aza arakinisha igitsina c’umukobwa, umukobwa na we akaza arakinisha ic’umuhungu. Ntidushaka kunezereza amadayimoni, si ko?—
Hariho ikindi kintu amadayimoni akunda, mugabo Yehova akaba acanka. Woba ukizi?— Ni ubukazi (Zaburi 11:5). Umuntu akora ivy’ubukazi igihe akora ibintu ashaka kubabaza abandi. Ibuka yuko ico ari co cakorwa na vya bigatanya, ni ukuvuga ba bana bavyarwa n’abamarayika.
Amadayimoni arakunda kandi gutera ubwoba abantu. Rimwe na rimwe yigira nk’aho ari abantu bapfuye. Arashobora mbere no kwigana amajwi y’abantu bapfuye. Muri ubwo buryo, amadayimoni arahenda abantu benshi bakibaza yuko abantu bapfuye bagifise ubuzima, be n’uko bashobora kuvugana n’abantu bakiriho. Emwe, amadayimoni atuma abantu benshi bemera ko imizimu ibaho.
Ni co gituma dutegerezwa kuba maso kugira ngo Shetani n’amadayimoni yiwe ntibaduhende. Bibiliya ituburira iti: ‘Shetani agerageza kwigira nk’umumarayika mwiza, kandi n’abamukorera ni ko babigira’ (2 Ab’i Korinto 11:14, 15). Mugabo, vy’ukuri amadayimoni ni mabi. Reka turabe ingene yogerageza gutuma tumera nka yo.
Ni hehe abantu bamenyera vyinshi ku vyerekeye ubukazi n’ubushegabo be n’ivyerekeye imizimu n’ibihume?— None ntibabimenya mu kuraba ibiganiro bimwebimwe n’amasinema amwamwe bica kuri televiziyo, mu kuja mu mazu berekaniramwo amasinema, no ku bagenzi babi bo kw’ishure? Gukora ivyo bintu, vyoba bituma turushiriza kwiyegereza Imana, canke bituma turushiriza kwiyegereza Shetani n’amadayimoni yiwe? Ivyo uvyibazako iki?—
Bishobora kugenda gute mu gihe twoza turaraba ibintu vy’ubukazi?
Wibaza ko ari bande ashaka ko twumviriza ibintu bibi kandi tukabiraba?— Emwe, ni Shetani n’amadayimoni yiwe. None rero, yaba wewe canke jewe dukeneye gukora iki?— Dukeneye gusoma, kwumviriza, no kuraba ibintu vyiza kandi bizodufasha gukorera Yehova. Woba uzi bimwebimwe muri ivyo bintu vyiza dukeneye gukora?—
Vyoba vyiza dukoze iki?
Niba dukora ibintu vyiza, nta cotuma dutinya amadayimoni. Yezu arayarusha inkomezi, kandi aramutinya. Umusi umwe, amadayimoni yarasemereye abwira Yezu ati: ‘Uje kuduhonya?’ (Mariko 1:24). None ntituzonezerwa igihe nicashika c’uko Yezu asangangura Shetani n’amadayimoni yiwe?— Mu kurindira ico gihe, tuguma tuzi neza yuko Yezu azodukingira amadayimoni nitwabandanya kwiyegereza Yezu no kwiyegereza Se wiwe wo mw’ijuru.
Reka dusome ivyerekeye ivyo dukeneye gukora, muri 1 Petero 5:8, 9 no muri Yakobo 4:7, 8.