Niwige Ijambo ry’Imana
Ibiremwa vy’impwemu bikorera iki abantu?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Abamarayika ni bande?
Abamarayika ni ibiremwa vy’impwemu biba mw’ijuru. Ni ibinyabuzima birengeye abantu. Imana y’ukuri, na yo nyene ikaba ari impwemu, yaremye abamarayika imbere y’uko irema isi. (Yobu 38:4, 7; Matayo 18:10) Yehova akikujwe n’abamarayika b’intahemuka amamiliyoni.—Soma Zaburi 103:20, 21; Daniyeli 7:9, 10.
2. Abamarayika boba bafasha abantu?
Abamarayika barafashije umugabo w’umugororotsi yitwa Loti. Yaba mu gisagara Imana yari yiyemeje kurandura kubera ububi bw’abantu baho. Abamarayika babiri baraburiye Loti n’umuryango wiwe ngo bahunge. Hari abafashe iyo mburi nk’ibijajuro barayirengagiza. Mugabo Loti n’abakobwa biwe bararokotse kubera ko bumviye iyo mburi Imana yari yarungitse biciye ku bamarayika.—Soma Itanguriro 19:1, 13-17, 26.
Bibiliya yerekana ko abamarayika bafasha abantu muri iki gihe mu kuyobora igikorwa c’abamamaza badahemuka inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Iyo nkuru nziza irimwo imburi. Iyo mburi, cokimwe n’imwe yahabwa Loti, si ibijajuro. Ni iyo Imana itanga biciye ku bamarayika.—Soma Ivyahishuwe 1:1; 14:6, 7.
Imana irashobora gukoresha abamarayika kugira idukomeze igihe dushikiwe n’ibigeragezo. Yarakoresheje umumarayika kugira akomeze Yezu.—Soma Luka 22:41-43.
Vuba Imana igiye gukoresha abamarayika mu bundi buryo, ni ukuvuga mu gukuraho abantu babi bateza imibabaro. Emwe, ivyo bizotuma umuryango w’abantu wiruhutsa.—Soma 2 Abatesalonika 1:6-8.
3. Ni ibiki amadayimoni akora ku bantu?
Nk’uko nyene abantu benshi bo kw’isi bakoze ibibi mu kugambararira Imana, no mw’ijuru hari abamarayika benshi bagararije Imana. (2 Petero 2:4) Abamarayika b’abagambarazi bitwa amadayimoni. Umukuru wayo ni Shetani wa Mubesheranyi. Shetani n’amadayimoni yiwe bariko barazimiza abantu.—Soma Ivyahishuwe 12:9.
Shetani yarakoresheje urudandaza rwononekaye, intwaro z’abantu be n’idini ry’ikinyoma mu kugira akosho ku bantu no mu kubonkora ku Mana. Shetani rero ni we atuma haba akarenganyo, ubukazi n’imibabaro bisinzikaje abantu.—Soma 1 Yohani 5:19.
4. Amadayimoni azimiza gute abantu?
Shetani yarahenze abantu benshi mu kwigisha yuko abapfuye bacika imizimu ishobora kuvugana n’abantu. Ariko Bibiliya ivuga ko abapfuye ata kintu na kimwe bashobora gukora. (Umusiguzi 9:5) Ariko amadayimoni akenshi arahenda abantu mu kwigana ijwi ry’abacu bapfuye. (Yesaya 8:19) Arazimiza kandi abantu biciye ku bapfumu, ku bavuga ibizoba no ku baragura. Ijambo ry’Imana ritubwira ko dukwiye kwirinda ivyo bintu vyose. Dukwiye rero kwikurako ikintu cose twoba dufise gifitaniye isano n’amadayimoni be n’ubupfumu.—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11; Ivyakozwe 19:19.
Nimba dukunda Yehova, ntidukwiye kubaho dutinya amadayimoni. Twize Ijambo ry’Imana kandi tugakora ivyo rivuga, turarwanya Shetani tukiyegereza Imana. Yehova arakomeye kurusha amadayimoni. Abamarayika biwe b’abizigirwa barashobora kudukomeza igihe tubikeneye.—Soma Zaburi 34:7; Yakobo 4:7, 8.
Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 10 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.