ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 14 rup. 77-81
  • Igituma dukwiye kubabarira abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma dukwiye kubabarira abandi
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Turakwiye kubabarira abandi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Icigwa mu vy’Uguharira Abandi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 14 rup. 77-81

Ikigabane ca 14

Igituma dukwiye kubabarira abandi

HOBA hari umuntu arakugirira nabi?— Yoba yaragize ikintu canke akavuga ikintu kikubabaza?— Woba ukwiye kumugirira nabi nk’uko na we yakugiriye nabi?—

Abantu benshi, igihe hari uwubagiriye nabi, na bo baca bamubabaza ngo bamwihore. Mugabo Yezu yigishije yuko dukwiye kubabarira abatugirira nabi (Matayo 6:12). None twokora iki hamwe umuntu yotugirira nabi incuro nyinshi? Dukwiye kumubabarira incuro zingahe?—

Ivyo ni vyo Petero yashatse kumenya. Ni co catumye umusi umwe abaza Yezu ati: ‘Noba mbwirizwa kumubabarira gushika ku ncuro indwi?’. Incuro indwi ntizikwiye. Yezu yavuze ati: ‘Ubwirizwa kumubabarira incuro mirongwirindwi n’indwi’ nimba agucumuyeko izo ncuro nyinshi.

Petero yashaka kumenya iki ku vyerekeye kubabarira abandi?

Izo ni incuro nyinshi! Eka mbere, n’ukwibuka ntitwokwibuka inabi canke ibibi bingana gutyo umuntu yadukoreye, si ko? Yezu na we ngibi ivyo yariko aratubwira: Ntidukwiye kugerageza kwibuka igitigiri c’ibibi abandi boshobora kudukorera. Mu gihe badusavye kubababarira, dukwiye kubababarira.

Yezu yashaka kwereka abigishwa biwe ukuntu bihambaye cane ko baba abanyembabazi. Hanyuma rero amaze kwishura ikibazo Petero amubajije, yaciye yiganira abigishwa biwe inkuru imwe. Woba ushaka kwumva iyo nkuru?—

Harabaye umwami umwe mwiza. Yari n’umutima mwiza cane. Yaranagurana amahera abashumba biwe igihe baba bakeneye gufashwa. Mugabo umusi uri izina, nya mwami ashaka ko abashumba biwe bari bamufitiye amahera bayamwishura. Urazi, umushumba umwe baramurengukije, akaba yari afitiye umwami amahera imiliyoni 60. Ayo ni amahera menshi!

Vyagenze gute igihe wa mushumba yatakambira umwami ngo amurindire azomurihe hanyuma?

Mugabo uwo mushumba yari yarakoresheje ayo mahera yose umwami yari yamuhaye, bituma adashobora kuyamwishura. Umwami yaciye ategeka ko uwo mushumba agurishwa. Umwami yavuze kandi ko bagurisha umugore n’abana ba nya mushumba, hamwe n’ibintu vyose yari atunze. Maze, amahera avuyemwo, agakoreshwa mu kuriha ay’umwami. Wibaza ko ivyo vyatumye nya mushumba amererwa gute?—

Yarapfukamye imbere y’umwami, aramutakambira ati: ‘Ndakwinginze, umpe uwundi mwanya, nzokuriha vyose’. Iyo uba wari uwo mwami, wari kugirira iki uwo mushumba?— Umwami yarumviye ikigongwe uwo mushumba wiwe. Yaciye amubabarira. Yabwiye uwo mushumba yuko atokwirirwa arariha amahera na makeyi, habe n’ihera rimwe muri za miliyoni 60. Ese ukuntu uwo mushumba ategerezwa kuba yaranezerewe!

Mugabo none uwo mushumba yaciye agira iki? Yaciye agenda kurondera uwundi mushumba yari amufitiye amahera ijana gusa. Agwa mu kanigo uwo mushumba mugenziwe, hanyuma atangura kumunigura avuga ati: ‘Ndiha amahera ijana umfitiye!’. Woshobora kwiyumvira umuntu agira ikintu nk’ico, canecane inyuma y’aho umwami amariye kumubabarira cane gutyo?—

Nya mushumba yafashe gute umushumba mugenziwe atashoboye kumuriha ivyo amufitiye?

Uwo mushumba yari aheranye amahera ijana gusa yari umukene. Ntiyari ashoboye guca ariha ayo mahera buno nyene. Ni kwo guca yikubita hasi ku birenge vya nya mushumba mugenziwe, amutakambira ati: ‘Ndakwinginze, umpe uwundi mwanya, nzokuriha vyose’. None uwo mugabo yari akwiye guha uwundi mwanya uwo mushumba mugenziwe?— Wewe wari kugira iki?—

Uwo mugabo nta mutima mwiza yagize, nka kumwe kwa wa mwami. Yashaka ko bamuriha amahera yiwe buno nyene. Kandi kubera ko umushumba mugenzi we atari ashoboye kuyariha, yaciye amupfungisha. Abandi bashumba barabonye ivyabaye vyose, ntivyabashimisha. Bumvise bagiriye impuhwe uwo mushumba yari mw’ibohero. Ni kwo guca baja kubibwira umwami.

Umwami na we nyene ntiyashimye ivyari vyabaye. Yarashavuriye cane uwo mushumba w’imburakigongwe. Ni kwo kumutumako akamubwira ati: ‘Wa mushumba mubi we, sinaguhebeye ivyo wari umfitiye? None nawe ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe?’.

Umwami yagiriye iki wa mushumba w’imburakigongwe?

Nya mushumba w’imburakigongwe yari akwiye gukura icigwa kuri uwo mwami mwiza. Mugabo nta cigwa yamukuyeko. Umwami rero aca ategeka ko uwo mushumba atabwa mw’ibohero gushika arishe ya mahera imiliyoni 60. Kandi, birumvikana yuko mw’ibohero atari kwigera aca amahera yo kuriha uwo mwami. Yogumyeyo gushika aho apfa.

Yezu ahejeje kwigana iyo nkuru, abwira abayoboke biwe ati: “Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima”.—Matayo 18:21-35.

Urabona, twese Imana turayifitiye ibintu vyinshi cane. Kukaba nkako, n’ubuzima dufise buva ku Mana! Iyo rero tugereranije ivyo abandi bantu badufitiye n’ivyo dufitiye Imana, dusanga ari bikeyi. Ivyo badufitiye bimeze nka ya mahera ijana wa mushumba umwe yari afitiye uwundi. Mugabo ivyo dufitiye Imana kubera ibintu bibi dukora, bimeze nka ya mahera imiliyoni 60 wa mushumba yari afitiye umwami.

Imana irafise umutima mwiza cane. Naho tuba twakoze ibibi, iratubabarira. Ntiturihisha mu kutwima ubuzima budahera. Mugabo ngiki icigwa dukeneye kwibuka: Imana itubabarira igihe gusa tubabarira abandi bantu batugirira nabi. Ico ni ikintu dukwiye kwiyumvira, si ko?—

Wewe uzobigenza gute nihagira uwugusaba ngo umubabarire?

None nihagira umuntu akugirira ikintu kikubabaza mugabo akagusaba imbabazi, uzogira iki? None uzomubabarira?— Uzokora iki ivyo nivyashika incuro nyinshi? Mbega no muri ico gihe nyene uzomubabarira?—

Hamwe twoba ari twebwe dusaba ko batubabarira, twokwipfuza ko uwundi muntu atubabarira, si ko?— Natwe rero dukwiye kumugirira gutyo nyene. Ntidukwiye gupfa kuvuga yuko tumubabariye, mugabo dukwiye kumubabarira koko bivuye ku mutima. Igihe tugize gutyo, tuba twerekanye ko dushaka vy’ukuri kuba abayoboke ba wa Mwigisha Ahambaye.

Kugira ngo dutahure ukuntu bihambaye kuba abanyembabazi, reka dusome Imigani 19:11; Matayo 6:14, 15; na Luka 17:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika