ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/11 rup. 26-30
  • Mubabarirane ata gahigihigi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mubabarirane ata gahigihigi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA DUKENEYE KUBABARIRA ABANDI
  • NUSUZUME INYIYUMVO ZAWE
  • WOBA UKWIYE GUFATA KO IBINTU BIHAMBAYE CANE?
  • ‘AMAHORO YANYU AGARUKE KURI MWEBWE’
  • NUVYIFATEMWO MU BURYO BUHIMBARA YEHOVA
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Kubabarira abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Wokwigana gute imbabazi za Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/11 rup. 26-30

Mubabarirane ata gahigihigi

“Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”​—KOL. 3:13.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni kubera iki dutegerezwa kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi?

  • Yezu yerekanye gute ko bikenewe yuko tubabarira abandi?

  • Ni ivyiza ibihe twironkera kubera ko tubabarirana ata gahigihigi?

1, 2. Ni kubera iki bibereye yuko usuzuma ko ufise umutima ukunze wo kubabarira abandi?

IJAMBO rya Yehova ryanditse riratuma dushobora kumenya ingene abona igicumuro n’ingene avyakira igihe ducumuye. Ijambo ryiwe rirahishura vyinshi ku bijanye no kubabarira. Mu kiganiro giheruka, twarashimitse ku kuntu agatima ka Dawidi n’aka Manase katumye Yehova abababarira. Intuntu ivuye ku mutima bagize kubera bicuza ku vyo bari bakoze, yatumye batura ibicumuro vyabo, baraheba ibikorwa vyabo bibi maze barigaya vy’ukuri. Yehova na we yarasubiye kubatonesha.

2 Nimuze twihweze ukuntu natwe twogira umutima ukunze wo kubabarira abandi. Wibaza yuko wari kubona gute Manase iyo mu bantu b’intungane yagiriye nabi haza kuba harimwo n’incuti yawe? Woba wari gushobora kumubabarira? Ico ni ikibazo c’inkoramutima kubera yuko tuba mw’isi irangwa n’ubugarariji, ubugizi bwa nabi n’ubwikunzi. None ni kubera iki umukirisu akwiye gutsimbataza agatima ko kubabarira abandi? Kandi mu gihe wewe ututswe canke urenganijwe, ni igiki cogufasha gucungera inyiyumvo zawe, ukavyifatamwo nk’uko Yehova ashaka, kandi ukagira umutima ukunze wo kubabarira abandi?

IGITUMA DUKENEYE KUBABARIRA ABANDI

3-5. (a) Ni ikigereranyo ikihe Yezu yakoresheje kugira ngo afashe abariko baramwumviriza kuzirikana ku vy’uko bakeneye kubabarira abandi? (b) Ikigereranyo ca Yezu dusanga muri Matayo 18:21-35 kitwigisha iki?

3 Kugira umutima ukunze wo kubabarira abatubabaza, baba abari mw’ishengero rya gikirisu canke abataririmwo, ni ntahara kugira ngo tugume dufitaniye imigenderanire irangwa amahoro n’abo mu muryango, abagenzi, abantu nkatwe be na Yehova. Ivyanditswe vyerekana yuko kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi tutaravye incuro batubabaje ari ikintu abakirisu basabwa. Kugira ngo Yezu yerekane ko ico kintu gisabwa cumvikana, yarakoresheje ikigereranyo cerekeye umushumba yari afise umwenda.

4 Uwo mushumba yari afitiye shebuja amahera angana n’umushahara umukozi wo mu murima yokorera mu misi 60.000.000; yamara shebuja yarahanaguye uwo mwenda. Inyuma y’aho, uwo mushumba yarasohotse maze abona umushumba mugenziwe yari amufitiye amahera angana n’umushahara w’imisi 100 gusa. Uwo mushumba yari amufitiye umwenda yaramwinginze ngo amwihanganire, mugabo wa mushumba yari yahebewe umwenda munini aca atesha mw’ibohero uwo mushumba mugenziwe. Iyo nyifato yarashavuje shebuja wabo. Uno yabajije ati: “None . . . ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nakugiriye imbabazi?” “N’ishavu n’akantu, shebuja aca amuhereza [ni ukuvuga uwo mushumba atababarirana] abarinzi b’ibohero, gushika yishuye ivyo yari amufitiye vyose.”​—Mat. 18:21-34.

5 Ni icigwa ikihe Yezu yashikirije muri ico kigereranyo? Yasozereye ati: “Ukwo nyene ni ko na Dawe wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira mwene wabo bivuye ku mutima.” (Mat. 18:35) Icigwa Yezu yatanze kiratomoye. Ibicumuro dukora turi abanyagasembwa biratanga ikimenyamenya c’uko tudashobora guhuza n’ingingo mfatirwako za Yehova mu buryo butagira agahaze. Yamara, arafise umutima ukunze wo kutubabarira no kwibagira ibicumuro vyacu. Ku bw’ivyo, uwo wese yipfuza kugiranira ubugenzi na Yehova ategerezwa kubabarira amakosa abandi bamukorera. Ivyo ni vyo Yezu yashaka kuvuga igihe yavuga muri ya Nsiguro yo ku Musozi ati: “Nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira; ariko nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.”​—Mat. 6:14, 15.

6. Kubera iki bitama vyoroshe kubabarira abandi?

6 Woshobora kuvuga uti: ‘Emwe, biroroshe kuvuga, ntivyoroshe gukora.’ Ni kubera yuko ukuntu abantu bavyifatamwo igihe hari uwubababaje akenshi usanga gushingiye ku nyiyumvo. Umuntu yoshobora gushavura, kwumva ko yahemukiwe, kwipfuza ko yorenganurwa canke mbere akumva ashatse kwihora. Nkako, hari abumva ko batokwigera bashobora kubabarira uwabababaje. Nimba wiyumva gutyo nyene, wotsimbataza gute agatima ko kubabarira abandi nk’uko Yehova abisaba?

NUSUZUME INYIYUMVO ZAWE

7, 8. Ni igiki cogufasha kuvyifatamwo mu buryo buranga ko ubabarira abandi mu gihe wababajwe n’inyifato itaranga ubuntu yabo?

7 Igihe abantu bababajwe, vyaba ari ivy’ukuri canke ari ivyo bishizemwo, barashobora kugira inyiyumvo zikomeye. Rimbura uku kuntu umusore umwe yavyakiriye, nk’uko bivugwa mu cigwa kimwe cagizwe ku bijanye n’ishavu. Avuga ati: “Igihe . . . nari nashangashiwe, naravuye mu nzu ndahira yuko ntazopfa ndayigarutsemwo. Kuri uwo musi w’akaroruhore wo mu ci, naragize urugendo rurerure mu tuyira twiza igitangaza, vyongeye ukuba hari hatekanye kandi habereye ijisho, buhorobuhoro vyaranduhuye; inyuma y’amasaha nk’angahe naragarutse nigaye kandi naturuye.” Nk’uko ico kintu cabaye kivyerekana, kwiha umwanya wo guturura maze ukabona ibintu nk’uko biri koko, vyoshobora kugufasha kwirinda kuvyifatamwo mu buryo bwerekana ko utababarira abandi ku buryo wohava wicuza.​—Zab. 4:4; Imig. 14:29; Yak. 1:19, 20.

8 Bite ho ubandanije kugira inyiyumvo mbi? Nugerageze kumenya igituma ubabaye. Kwoba ari kubera ko bakurenganije, kumbure bakabigira mu buryo buranga agasuzuguro? Canke kwoba ari kubera ko hari uwagerageje kukubabaza n’ibigirankana? Ivyo yakoze vyoba vy’ukuri vyari bibi nk’uko ubibona? Gusuzuma no gutahura icatumye uvyakira gutyo bizotuma urimbura ukuntu wovyifatamwo mu buryo bwiza kuruta kandi bushingiye ku Vyanditswe. (Soma Imigani 15:28; 17:27.) Ukuzirikana nk’ukwo kwoshobora kugufasha kurushiriza kubona ibintu nk’uko biri koko no kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi. Uvyifashemwo gutyo, naho vyoshobora kutakworohera, uba uretse Ijambo ry’Imana rigasuzuma “ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima” wawe maze rikagufasha kwigana agatima Yehova afise ko kubabarira.​—Heb. 4:12.

WOBA UKWIYE GUFATA KO IBINTU BIHAMBAYE CANE?

9, 10. (a) Wohava usanga uvyifashemwo gute igihe ubabajwe? (b) Kugira agatima k’ukubona ibintu mu buryo bwiza n’ukubabarira abandi bishobora gute guhindura ukuntu ubona ibintu mu buzima?

9 Ibintu vyinshi bishika mu buzima biratuma abantu bashavura. Nk’akarorero, igihe uriko uratwara umuduga wawe, dufate yuko uwundi muduga ugukwabuye. Wovyifatamwo gute? Uramaze kwumva inkuru nyinshi zivuga ibijanye no gushangashirwa mw’ibarabara, aho umushoferi arakara ku buryo asumira uwundi mushoferi. Ariko rero, kubera uri umukirisu, nta gukeka ko utokwipfuza gukora ikintu nk’ico.

10 Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza ufashe akanya ko gusuzuma ukuntu ibintu vyifashe! Na wewe ushobora kuba hari ukuntu wagize uruhara mu vyabaye kubera ko kumbure wari wasamaye. Canke uwo mushoferi wundi na we, umuduga wiwe ushobora kuba wari wapfuye akantu. Icigwa kiri muri ako karorero ni uko tugerageje gutahura abandi, kwitwararika ivyiyumviro vyabo kandi tukagira umutima ukunze wo kubababarira, dushobora kutavunika umutima cane, gutururuza ishavu n’izindi nyiyumvo mbi. Mu Musiguzi 7:9 hagira hati: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.” Ntufate ibintu ko bihambaye cane. Akatari gake, ivyo umuntu yobona ko ari ibintu bibabaje bamukoreye n’ibigirankana usanga atari ko biri, vyavuye gusa ku gasembwa canke ku gutahura ibintu ukutari kwo. Nugerageze gutahura abandi mu gihe ubona ko bakoze canke bavuze ibintu bitaranga ubuntu, maze ugire umutima ukunze wo kubababarira ubitumwe n’urukundo. Uzorushiriza guhimbarwa niwabishikako.​—Soma 1 Petero 4:8.

‘AMAHORO YANYU AGARUKE KURI MWEBWE’

11. Twebwe abamamaji b’Ubwami dukwiye kuvyifatamwo gute uko botwakira kwose mu busuku?

11 Ushobora gute kwigumya mu gihe hari uwukuburiye urupfasoni uri mu murimo wo mu ndimiro? Igihe Yezu yarungika abamamaji 70, yababwiye kwipfuriza amahoro inzu yose bagendeye. Yavuze ati: “Nimba ng’aho hariho umukunzi w’amahoro, amahoro yanyu azoba kuri we. Mugabo nimba ata wuhari, azogaruka kuri mwebwe.” (Luka 10:1, 5, 6) Turahimbarwa igihe abantu bakiriye neza ubusuku turangura, kubera ko ico gihe boshobora kwungukira ku butumwa twamamaza. Ariko rero, birashika ntibatwakirane amahoro. None twoca tugira iki? Yezu yavuze ko amahoro tuba twipfurije urwo rugo akwiye kuguma kuri twebwe. Uko vyoba vyifashe kwose, turakwiye kuba abashoboye kuva kuri buri rugo dufise amahoro mu mutima, naho abantu boba batwakiriye gute. Mu gihe twoba dusomborokejwe tugaca dushavura, ntitwoshobora kugumana amahoro yacu.

12. Twisunze amajambo ya Paulo ari mu Banyefeso 4:31, 32, dukwiye kuvyifatamwo gute?

12 Niwihatire kugumana amahoro yawe mu bihe vyose, atari gusa mu busuku bwa gikirisu. Mu bisanzwe, kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi ntibisobanura yuko ubwirizwa kwemera inyifato yabo itabereye canke gufatira mu rwara ingaruka iteza. Ariko rero, kubabarira abandi bisobanura kwikuramwo ishavu iryo ari ryo ryose watewe n’ivyo bintu bibi maze ukagumana amahoro yawe. Abantu bamwebamwe barareka inyifato y’abandi ikabatwara agahimbare, mu kugumiza umutima ku vyiyumviro bica intege no mu kuguma biyumvira ukuntu bafashwe nabi. Ntureke ngo ivyiyumviro nk’ivyo bikuganze. Uribuka yuko udashobora kugira agahimbare igihe ubika inzika. Ku bw’ivyo rero, nubabarire abandi!​—Soma Abanyefeso 4:31, 32.

NUVYIFATEMWO MU BURYO BUHIMBARA YEHOVA

13. (a) Ni mu buryo ubuhe umukirisu ‘arunda amakara yaka ku mutwe’ w’umwansi wiwe? (b) Kuvyifatamwo mu buryo buranga ubwitonzi igihe dusomborokejwe vyoshobora kuvamwo iki?

13 Vyoshika ukabona ko ushobora gufasha uwakugiriye nabi guha agaciro ingingo mfatirwako za gikirisu. Intumwa Paulo yanditse ati: “‘Nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe.’ Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza.” (Rom. 12:20, 21) Mu kugaragaza ubuntu igihe usomborokejwe, woshobora mbere gutururuza inyifato zigoye cane maze ugatuma iciza kiri mu bantu kija ahabona. Mu gutahura uwakubabaje, ukamugirira impuhwe, eka mbere n’ikibabarwe, woshobora kumufasha kwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Uko vyoba vyifashe kwose, kuvyifatamwo mu buryo buranga ubwitonzi biraha uwo muntu akaryo ko kuzirikana ku nyifato yawe nziza.​—1 Pet. 2:12; 3:16.

14. Naho umuntu yoba yagufashe nabi gute, ni kubera iki ukwiye kwirinda kubika inzika?

14 Mu bihe bimwebimwe, ntivyoba bibereye kwifatanya n’abantu bamwebamwe. Muri abo harimwo abigeze kuba bari mw’ishengero mugabo bagacumura, ntibigaye maze bagacibwa. Nimba umuntu nk’uwo yarakubabaje, vyoshobora kukugora cane kumubabarira, n’igihe nyene yigaye, kubera ko inkovu zo mu mutima zifata igihe kirekire kugira ngo zihere. Igihe ibintu vyifashe gutyo, woshobora kuguma usaba Yehova ngo agufashe gutsimbataza agatima ko kubabarira uwo muntu yakugiriye nabi mugabo akaba yigaye. Nakare, womenya gute ibiri mu mutima w’uwundi? Yehova we arabizi. Arasuzuma impengamiro ziri ibwina mu muntu kandi arihanganira abacumuzi. (Zab. 7:9; Imig. 17:3) Ni co gituma Ivyanditswe bivuga biti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose. Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Rom. 12:17-19) Woba ushobora gucira urubanza uwundi muntu mu buryo bubereye? Oya. (Mat. 7:1, 2) Mugabo urashobora kwizigira ko Imana ifise ubutungane.

15. Ni ibiki twotahura ku bijanye n’abatubabaza bikagira ico bikoze ku kuntu tubabona?

15 Nimba ubona ko warenganijwe kandi ukaba ubona ko bikugora kubabarira uwakugiriye nabi yigaye, vyoba vyiza utahuye ko nyene kukubabaza na we nyene ashikirwa n’ibintu bibabaza. Na we nyene arashikirwa n’ingaruka z’agasembwa twarazwe. (Rom. 3:23) Yehova arumvira impuhwe abantu bose b’abanyagasembwa. Birabereye rero ko usabira uwakubabaje. Birashoboka rwose ko tutobandanya gushavurira umuntu turiko turasabira. Kandi kuba dukwiye kwirinda kubikira inzika mbere n’abadufata nabi biragaragarira mu majambo ya Yezu agira ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.”​—Mat. 5:44.

16, 17. Ukwiye kuvyakira gute igihe abakurambere bakirisu babonye ko umucumuzi yigaye, kandi kubera iki?

16 Mu buryo buhuye n’ukugomba kwa Yehova, abakurambere bakirisu bǎjejwe ibanga ryo gucira imanza abakora ibibi mw’ishengero. Abo bavukanyi ntibafise ugutahura kwimbitse nk’ukw’Imana, mugabo bariyemeza gufata ingingo zihuye n’ubuyobozi butangwa mw’Ijambo ry’Imana bayobowe n’impwemu nyeranda. Ku bw’ivyo, ingingo bafata muri ivyo bamaze kurondera gufashwa na Yehova biciye kw’isengesho, ziba zihuye n’ukuntu abona ibintu.​—Mat. 18:18.

17 Aho ni ho ukudahemuka kuba gukenewe. Woba uzobabarira ababonetse ko bigaye kandi ukabereka ko ubakunda? (2 Kor. 2:5-8) Ivyo vyoshobora kutakworohera, na canecane igihe woba ari wewe wakorewe ikibi canke ukaba ufitaniye ubucuti n’uwagikorewe. Ariko rero, wizigiye Yehova be n’ukuntu atunganya ingorane biciye kw’ishengero, uzokorana ubukerebutsi. Uzokwerekana yuko ubabarira abandi vy’ukuri ata gahigihigi.​—Imig. 3:5, 6.

18. Ni ivyiza ibihe wokwironkera kubera ko ubabarira abandi ata gahigihigi?

18 Abahinga mu bijanye n’ingorane zo mu mutwe barazi ivyiza biva ku kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi. Biratuma umuntu atabika inzika, eka mbere ntagire inyiyumvo zica intege zitera indwara, bikongera bigatuma arushiriza kugiranira n’abandi imigenderanire imeze neza kandi irangwa agahimbare. Kutagira umutima ukunze wo guharira abandi vyovyo bituma umuntu agira amagara mabi, imigenderanire afitaniye n’abandi ikononekara, agahagarika umutima kandi bikamugora kuyaga n’abandi. Iciza gihambaye kuruta ibindi vyose kiva ku kuba umuntu afise umutima ukunze wo kubabarira abandi ni uko agiranira ubucuti bwiza na Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.​—Soma Abakolosayi 3:12-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika