ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 28 rup. 147-151
  • Ukuntu womenya uwo ukwiye kugamburukira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu womenya uwo ukwiye kugamburukira
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Woba “witeguriye kugamburuka”?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Woba utegerezwa kuriha amakori?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ico Wokora kugira ngo Ube mu Ntwaro y’Imana
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ukugamburuka kuragukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 28 rup. 147-151

Ikigabane ca 28

Ukuntu womenya uwo ukwiye kugamburukira

RIMWE na rimwe biragora kumenya uwo dukwiye kugamburukira. Nyoko wawe canke so wawe arashobora kukubwira gukora ikintu. Mugabo umwigisha wawe wo kw’ishure canke umupolisi akakubwira gukora ikintu gihushanye n’ico abo bavyeyi bakubwiye. Mu gihe ivyo vyoshika, muri abo ni nde wogamburukira?—

Amaja mu ntango y’iki gitabu, mu Kigabane c’7, twarasomye muri Bibiliya mu Banyefeso 6:1-3. Aho havuga yuko abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo. Ico canditswe kivuga giti: ‘Mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu’. Woba uzi ico bisobanura kuba “mu Mwami wacu”?— Abavyeyi bari mu Mwami wacu barigisha abana babo kugamburuka amategeko y’Imana.—Ni twe tubihiritse.

Mugabo abantu bamwebamwe bakuze usanga batizera Yehova. None, wokora iki igihe umwe muri bo avuze yuko atari bibi kurabira ku wundi mu gihe c’ikibazo kw’ishure, canke ko atari bibi gutwara ikintu co kw’iduka utarishe? None vyoba ari vyiza ko umwana arabira ku bandi mw’ishure canke ko yiba?—

Niwibuke ko igihe kimwe umwami Nebukadinezari yahaye umuntu wese itegeko ryo kwikubita imbere y’igishushanyo c’inzahabu yari yakoze. Mugabo, Shaduraka, Meshaki na Abedunego baranse kwikubita imbere y’ico gishushanyo. Woba uzi igituma?— Ni kubera yuko Bibiliya ivuga ko Yehova wenyene ari we abantu bakwiye gusenga.—Kuvayo 20:3; Matayo 4:10.

[Ifoto ku rup. 148]

Petero ariko abwira iki Kayafa?

Yezu amaze gupfa, intumwa zararengukijwe imbere y’Ikombe, ni ukuvuga sentare nkuru y’ivy’idini y’Abayuda. Umuherezi Mukuru Kayafa yavuze ati: “Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha m[w’izina rya Yezu]? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu”. Ni kubera iki intumwa zitagamburukiye iyo sentare?— Igihe Petero yafata ijambo aserukiye intumwa zose, yishuye Kayafa ati: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu”.—Ivyakozwe 5:27-29.

Muri ico gihe, indongozi z’idini ry’Abayuda zari zifise ububasha bukomeye. Ariko rero, igihugu cabo catwarwa n’intwaro y’Abaroma. Umukuru w’iyo ntwaro yitwa Kayisari. Naho Abayuda batashaka ko Kayisari abatwara, intwaro y’Abaroma yarakorera ibintu vyiza vyinshi abanyagihugu. N’intwaro zo muri iki gihe zirakorera ibintu vyiza abanyagihugu bazo. Woba uzi ivyo bintu vyiza bimwebimwe zikora ivyo ari vyo?—

Intwaro zirubaka amabarabara kugira ngo abantu bayagenderemwo, zikongera zikariha abapolisi n’abajejwe kuzimya imiriro kugira ngo badukingire. Zirashobora kandi kurangura imigambi ijanye no kwigisha abana mu mashure be no kubungabunga amagara y’abantu. Kugira ngo Leta irangure iyo migambi, biyitwara amahera menshi. Woba uzi aho Leta ikura ayo mahera?— Iyakura mu banyagihugu. Amahera abanyagihugu baha Leta, yitwa amakori.

Igihe wa Mwigisha Ahambaye yari kw’isi, Abayuda benshi ntibashaka kuriha amakori Leta y’Abaroma. Ni co gituma umusi umwe abaherezi bahereye abagabo bamwe ngo baze kubaza Yezu ikibazo co kumugerageza, barondera kumuta mu mutego. Ico kibazo cari iki: ‘Twoba dukwiye kuriha Kayisari ikori, canke ntidukwiye kuririha?’. Ico cari ikibazo kirimwo uruyeri. Iyo Yezu yishura ngo: ‘Egome murakwiye kuyariha’, Abayuda benshi ntibari gushima ivyo avuze. Yamara kandi, Yezu ntiyari gushobora kuvuga ngo: ‘Ntimukwiye kuriha amakori’. Vyobaye ari bibi kuvuga gutyo.

None Yezu yakoze iki? Urumva, yavuze ati: ‘Nimunyereke ikingorongoro’. Bamuzaniye ikingorongoro, Yezu yaciye abaza ati: ‘Iki gishushanyo kiriko be n’iri zina ririko ni ivya nde?’. Abo bagabo bishura bati: “N’ivya Kayisari”. Yezu aca ababwira ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana”.—Luka 20:19-26.

[Ifoto ku rup. 149]

Yezu yishuye gute ikibazo c’uruyeri cabajijwe n’aba bagabo?

Nta n’umwe yashoboye kuronka aho yohera ngo anegure iyo nyishu. Niba Kayisari hari ibintu akorera abanyaguhugu, birabereye ko dukoresha amahera Kayisari yakoze kugira ngo tumurihe kubera ivyo bikorwa adukorera. Muri ubwo buryo rero, Yezu yarerekanye yuko ari vyiza kuriha amakori Leta, kubera ibintu turonka.

Mugabo, ushobora kuba utaragera mu rugero rwo kuriha amakori. Mugabo, hariho ikintu ukwiye guha Leta. Woba uzi ico ari co?— Ni ukugamburuka amategeko ya Leta. Bibiliya ivuga iti: ‘Nugamburukire abakuru baganza’. Abo bakuru ni abajejwe intwaro. Rero, Imana ni yo ivuga yuko dukwiye kugamburukira intwaro.—Abaroma 13:1, 2.

Hashobora kuba hari itegeko ribuza gutagaguza inkaratasi canke ibindi bintu mw’ibarabara. Woba ukwiye kugamburuka iryo tegeko?— Egome, Imana ishaka ko urigamburuka. Woba kandi ukwiye kugamburukira abapolisi?— Leta iriha abapolisi kugira ngo bakingire abanyagihugu. Ubagamburukiye uba ugamburukiye Leta.

Ku bw’ivyo, mu gihe woba ugira ujabuke ibarabara, maze umupolisi akavuga ngo: “Rindira!” ukwiye guca ukora iki?— Mu gihe abandi baciye bapfa kujabuka, woba na wewe woca upfa kujabuka?— Urakwiye kurindira, naho nyene abandi bose boba bajabutse. Imana ikubwira kugamburuka.

[Ifoto ku rup. 151]

Kubera iki dukwiye kugamburukira umupolisi?

Harashobora kwaduka uruhagarara aho muba, maze umupolisi akavuga ati: “Mugume mu ngo zanyu. Ntihagire uwusohoka”. Mugabo ushobora kwumva uruyogoyogo, maze ugashaka kumenya ibiriko biraba. Woba ukwiye gusohoka kugira ngo urabe?— Ukwo kwoba ari ukugamburukira ‘abakuru batuganza’?—

Mu mihingo myinshi, Leta kandi irubaka amashure ikongera igahemba abigisha. None, woba wibaza ko Imana ishaka yuko ugamburukira umwigisha?— Niwiyumvira gatoyi. Leta iriha umwigisha kugira ngo yigishe, nka kurya nyene iriha umupolisi kugira ngo akingire abanyagihugu. Ni co gituma kugamburukira umupolisi canke umwigisha aba ari nko kugamburukira Leta.

Mugabo, wokora iki mu gihe umwigisha avuze yuko utegerezwa gusenga igishushanyo kanaka?— Ba Baheburayo batatu ntibikubise imbere ya ca gishushanyo, eka n’igihe mbere Umwami Nebukadinezari yababwira kubigira. Woba wibuka igituma batabigize?— Ni kubera yuko batashatse kugambararira Imana.

Umwanditsi w’inkuru zo muri kahise yitwa Will Durant yaranditse ivyerekeye Abakirisu bo mu ntango, avuga yuko ‘Kayisari atari we yari hejuru ya bose mu bantu Abakirisu batari bakwiye guhemukira’. Ekaye, Yehova ni we yari hejuru ya bose! Ni co gituma ukwiye kwibuka ko Imana ari yo iza mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.

Tugamburukira intwaro kubera yuko ivyo ari vyo Imana ishaka ko dukora. Mugabo, mu gihe batubwiye gukora ikintu Imana ivuga ko tudakwiye gukora, dukwiye guca dukora iki?— Dutegerezwa kuvuga ivyo intumwa zabwiye umuherezi mukuru ziti: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu”.—Ivyakozwe 5:29.

Bibiliya iratwigisha kwubaha amategeko. Soma ivyanditswe muri Matayo 5:41; muri Tito 3:1; no muri 1 Petero 2:12-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika