ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lv ikig. 4 rup. 36-49
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
  • “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA ARI URUGAMBA
  • NI KUBERA IKI TWOKWUBAHA UBUKURU?
  • KWUBAHA UBUKURU MU RUGO
  • KWUBAHA UBUKURU MW’ISHENGERO
  • KWUBAHA UBUKURU BWO MW’ISI
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Mutere Iteka Abahawe Ubukuru Kuri Mwebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Twemere ubukuru bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ukwubaha Ubukuru—Ni Kuki Ari Ntahara?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
lv ikig. 4 rup. 36-49
Serugo ariko arigisha umuryango wiwe

IKIGABANE CA 4

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

“Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.”​—1 PETERO 2:17.

1, 2. (a) Ni urugamba uruhe turwana iyo dusabwe kugamburuka ubukuru? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?

WOBA umaze kwihweza ingene umwana mutoyi yifata iyo bamusavye gukora ikintu adashaka? Umuravye mu maso woshobora guca ubona ko hari urugamba ruriko ruraba mu mutima wiwe. Arumva ivyo abavyeyi biwe bamubwira, kandi arazi ko akwiye kwubaha ubukuru bwabo. Ariko rero, ntashaka na gato kugamburuka. Urwo rugamba arimwo rurerekana ikintu gikunze kudushikira twese.

2 Kwubaha ubukuru ntivyama bitworohera. Vyoba rimwe na rimwe bikugora kwubaha abagufiseko ubukuru? Niba bigushikira, si we wenyene uriko urwana urwo rugamba. Tubayeho mu gihe aho ivyo kwubaha ubukuru biriko biratituka. Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko dukeneye kwubaha abadufiseko ubukuru. (Imigani 24:21) Nkako, kubigenza gutyo ni ntahara nimba dushaka kwigumiza mu rukundo rw’Imana. Hari ibibazo rero bica bivyuka: Ni kubera iki hari igihe bitugora cane kwubaha ubukuru? Kubera iki Yehova adusaba kugamburuka, kandi ni igiki codufasha kubigira? Ubwa nyuma, twokwerekana gute ko twubaha ubukuru?

IGITUMA ARI URUGAMBA

3, 4. Icaha n’agasembwa vyatanguye gute, kandi ni kubera iki icaha gituma bitugora kwubaha ubukuru?

3 Reka twihweze muri make imvo zibiri zituma rimwe na rimwe bitugora cane kwubaha abadufiseko ubukuru. Ubwa mbere: turi abanyagasembwa. Ubwa kabiri: abadufiseko ubukuru na bo nyene ni abanyagasembwa. Icaha n’agasembwa vyatwandukiye kuva kera cane muri rya tongo ry’i Edeni, igihe Adamu na Eva bagarariza ubukuru bw’Imana. Icaha rero cazanywe n’ubugarariji. Kugeza n’ubu tuvukana agatima ko kugarariza.—Itanguriro 2:15-17; 3:1-7; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12.

4 Kubera yuko turi abanyavyaha, benshi muri twebwe usanga vyoroshe ko tugira ubwibone n’ukwishira hejuru. Ukwicisha bugufi kwokwo ni kamere y’imbonekarimwe isaba akigoro gakomeye kugira tuyironke twongere tuyigumane. Naho twoba tumaze imyaka dukorera Imana tudahemuka, twoshobora gutwarwa n’ubwibone be n’ukudakurwa kw’ijambo. Rimbura nk’akarorero ivyerekeye Kora, uwihanganiye ingorane nyinshi ari kumwe n’abasavyi ba Yehova. Yamara rero yahavuye anohokera ubukuru burengeye ubwo yari afise, bituma yubahuka kugarariza Musa, uno akaba ari we muntu yatekereza kuruta abandi bose bariho ico gihe. (Guharūra 12:3; 16:1-3) Zirikana kandi ivyerekeye Umwami Uziya. Ubwibone bwatumye yinjira mu rusengero rwa Yehova maze akora igikorwa ceranda cari kigenewe gusa abaherezi. (2 Ngoma 26:16-21) Ubugarariji bw’abo bagabo bwarabakwegeye akarambaraye. Ivyabashikiye birakwiye kutubera imburi twese. Turakeneye kurwanya ubwibone kuko butuma bitugora kwubaha ubukuru.

5. Ni gute abantu b’abanyagasembwa bakoresheje nabi ubukuru bwabo?

5 Ku rundi ruhande, abantu b’abanyagasembwa bafise ububasha baratumye ivyo kwubaha ubukuru bitituka cane. Benshi barabaye ba ruburakigongwe, barahahaza abandi canke baratwaza igikenye. Nkako, kahise ahanini karangwa n’abantu bagiye barakoresha nabi ububasha. (Soma Umusiguzi 8:9.) Nk’akarorero, Sauli yari umuntu mwiza kandi yicisha bugufi igihe Yehova yamucagura ngo abe umwami. Ariko rero, ubwibone n’ishari vyahavuye bimwizizira, aca atangura guhama Dawidi wa mugabo w’umwizigirwa. (1 Samweli 9:20, 21; 10:20-22; 18:7-11) Dawidi yahavuye aba mu bami beza cane bigeze gutwara Isirayeli. Ariko yarakoresheje nabi ububasha yari afise igihe yigarurira muka Uriya Umuheti, maze agategeka ko uwo mugabo ata co azira bamushira imbere ku rugamba kugira yicwe. (2 Samweli 11:1-17) Emwe, agasembwa karatuma abantu bibagora gukoresha neza ububasha. Igihe abafise ububasha batubaha Yehova hoho, ibintu bica bidabuka. Umutegetsi umwe w’Umwongereza, ahejeje kudondora ukuntu abapapa bamwebamwe bahamye abantu ku rugero runini, yanditse ko ububasha bwonona be n’uko ububasha ntayegayezwa bwonona gusumba. Dufise ivyo vyose ku muzirikanyi, nimuze turimbure iki kibazo: Ni kubera iki twokwubaha ubukuru?

NI KUBERA IKI TWOKWUBAHA UBUKURU?

6, 7. (a) Urukundo dukunda Yehova rutuma dukora iki, kandi kubera iki? (b) Ukuyoboka ni iki?

6 Imvo nyamukuru zituma twubaha ubukuru zishingiye ku rukundo: urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda abantu nkatwe be n’urwo mbere twikunda. Kubera yuko dukunda Yehova kuruta ibindi vyose, dushaka kunezereza umutima wiwe. (Soma Imigani 27:11; Mariko 12:29, 30.) Turazi ko uburenganzira afise bwo gutegeka ijuru n’isi bwaharirijwe kw’isi kuva habaye ubugarariji bwo muri Edeni. Abantu benshi barashigikiye Shetani, gutyo baba bateye akagere ubutegetsi bwa Yehova. Tweho turahimbarwa cane no gushigikira ubutegetsi bwa Yehova. Amajambo akomeye dusanga mu Vyahishuwe 4:11 aradukora ku mutima cane. Emwe, turatahura neza ko Yehova akwiriye kuganza ijuru n’isi! Turashigikira ubusegaba bwiwe, tukemera ko adutegeka mu buzima bwacu bwa misi yose.

7 Ico cubahiro tumufitiye ntikigarukira ku kugamburuka vyonyene. Turagamburukira Yehova tubikunze kubera yuko tumukunda. Ariko rero, hari igihe kugamburuka usanga bitoroshe. Mu gihe nk’ico, nka kumwe kwa wa mwana twavuga mu ntango, bizokenerwa ko twiga kuyoboka. Turibuka ko Yezu yayobotse ivyo Se wiwe agomba mbere n’igihe kubigenza gutyo vyasa n’ibigoye cane. Yabwiye Se wiwe ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.”—Luka 22:42.

8. (a) Kuyoboka ubukuru bwa Yehova muri iki gihe akenshi bisaba iki? Yehova abona gute ico kintu? (b) Ni igiki codufasha kwumvira impanuro no kwemera indero? (Raba uruzitiro “Umviriza impanuro kandi wemere indero.”)

8 Yehova ntavugana natwe imbonankubone muri iki gihe. Akoresha Ijambo ryiwe n’abantu bamuserukira aha kw’isi. Akenshi rero, twerekana ko tuyoboka ubukuru bwa Yehova mu kwubaha abantu yahaye ubukuru canke abo abaye araretse ngo batugireko ubukuru. Hamwe twogarariza abo bantu, nk’akarorero mu kwanka impanuro n’ugukosorwa bishingiye ku Vyanditswe batanga, ivyo vyobabaza Yehova. Igihe Abisirayeli bidogera Musa bakamugarariza, Yehova yabonye ko ari we ubwiwe bari babikoreye.—Guharūra 14:26, 27.

9. Kubera iki urukundo dukunda abandi rutuma twubaha ubukuru? Tanga akarorero.

9 Turubaha ubukuru kandi kubera yuko dukunda abantu nkatwe. Uti gute? Dufate ko uri umwe mu basoda bagize igisirikare. Kugira ngo ico gisirikare cererwe canke mbere kibe kiramaze kabiri, ahanini bivana n’uko umusoda wese asenyera ku mugozi umwe n’abatwara inzego zaco, akabagamburukira kandi akabubaha. Bishitse ukagarariza, vyoshobora gutuma abasoda bagenzawe bose baja mu kaga. Ego ni ko, igisirikare c’abantu carakoze amabi menshi mw’isi. Ariko rero, ingabo za Yehova zozo zikora ivyiza gusa. Bibiliya iravuga incuro amajana ko Imana ari “Yehova nyen’ingabo.” (1 Samweli 1:3) Agaba isinzi rinini cane ry’abamarayika b’inkomezi. Rimwe na rimwe, Yehova agereranya abasavyi biwe bo kw’isi n’ingabo. (Zaburi 68:11; Ezekiyeli 37:1-10) Hamwe twogarariza abantu Yehova yahaye ubukuru, none ntitwoba dushize mu kaga abasoda bagenzi bacu bo mu buryo bw’impwemu? Igihe umukirisu agararije abakurambere bagenywe, abandi mw’ishengero boshobora kuhabonera. (1 Abakorinto 12:14, 25, 26) Igihe umwana agararije, abagize umuryango bose boshobora kuhabonera. Ku bw’ivyo rero, turerekana ko dukunda abantu nkatwe mu gutsimbataza agatima ko kwubaha no gusenyera ku mugozi umwe n’abafise ubukuru.

10, 11. Ni mu buryo ki icipfuzo kibereye dufise co kwironkera ivyiza gituma tugamburuka ubukuru?

10 Turubaha ubukuru kandi kubera yuko kubugamburuka ari twebwe bigirira neza. Igihe Yehova adusavye kwubaha ubukuru, akenshi aratubwira ivyiza tuzoronka tubigenjeje gutyo. Nk’akarorero, arasaba abana kugamburukira abavyeyi kugira ngo bazorambe bongere bagire ubuzima bwiza. (Gusubira mu vyagezwe 5:16; Abanyefeso 6:2, 3) Aradusaba kwubaha abakurambere b’ishengero kubera yuko tutabigize vyotuma ubucuti dufitaniye na we bwononekara. (Abaheburayo 13:7, 17) Vyongeye, aradusaba kugamburukira abatware kubera yuko ivyo bidukingira.—Abaroma 13:4.

11 Ntiwemera none yuko kumenya igituma Yehova adusaba kugamburuka bidufasha kwubaha ubukuru? Reka rero turabe ingene twokwerekana ko twubaha ubukuru mu mice itatu nyamukuru y’ubuzima bwacu.

KWUBAHA UBUKURU MU RUGO

12. Ni ibanga irihe Yehova yajeje umunega, kandi yorishitsa gute?

12 Yehova ubwiwe ni we yatanguje urugo. Kubera ko yama ari Imana y’urutonde, yaratunganije ivyo mu rugo kugira rushobore gukora neza. (1 Abakorinto 14:33) Yarahaye umunega ububasha bwo kuba umutwe w’urugo. Uwo munega arerekana ko yubaha Umutwe wiwe ari we Kristu Yezu, mu kwigana uburyo akoresha ubukuru bwiwe kw’ishengero. (Abanyefeso 5:23) Ku bw’ivyo, umunega ntakwiye kudohoka kw’ibanga ajejwe, ahubwo ategerezwa kuribangira ingata. Vyongeye, ntakwiye gutwaza igikenye canke ngo abe ruburakigongwe, ahubwo akwiye kurangwa n’urukundo, ukugira ibitegereka hamwe n’ubuntu. Aguma yibuka ko ubukuru bwiwe buri n’aho bugarukira, ko butigera busumba ubwa Yehova.

Serugo mukirisu arigana uburyo Kristu akoresha ubukuru

13. Umukenyezi yoshitsa gute uruhara ajejwe mu rugo mu buryo buhimbara Yehova?

13 Umukenyezi ni umufasha w’umunega wiwe. Na we nyene arafise ubukuru mu rugo, kubera ko Bibiliya ivuga ibijanye n’“itegeko rya nyoko wawe.” (Imigani 1:8) Ariko ntiwumve, ubukuru bwiwe buri munsi y’ubw’umunega wiwe. Umukenyezi mukirisu arerekana ko yubaha ubukuru bw’umunega wiwe mu kumufasha gushitsa uruhara ajejwe rwo kuba umutwe w’umuryango. Ntamusuzugura, ntamwifatira canke ngo arondere kumuganza. Ahubwo nyabuna, aramushigikira kandi agasenyera ku mugozi umwe na we. Igihe umukenyezi adashimye ingingo umunega yafashe, yoshobora guserura iciyumviro ciwe abigiranye ukwubaha, ariko akaguma ayoboka. Niba umunega wiwe atari Icabona, yoshobora gushikirwa n’ibintu bigoye cane, yamara agumye ayoboka vyoshobora gutuma umunega wiwe yipfuza kumenya Yehova.—Soma 1 Petero 3:1.

Umuvyeyi ariko arakosora agahungu kiwe kazanye ivyondo mu nzu abigiranye umutima mwiza

14. Abana boshobora gute kunezereza abavyeyi babo be na Yehova?

14 Abana baranezereza umutima wa Yehova igihe bagamburukira abavyeyi babo. N’ikindi kandi, baratera iteka abavyeyi babo bakongera bakabanezereza. (Imigani 10:1) Abana barezwe n’umuvyeyi umwe barakurikiza iyo ngingo ngenderwako nyene y’ukugamburuka, bazi neza ko uwo muvyeyi ashobora kuba akeneye cane ko bamushigikira kandi bagasenyera ku mugozi umwe na we. Igihe abagize urugo bose bashitsa uruhara Imana yabajeje, usanga amahoro ari yose, umunezero na wo ari mwinshi. Ivyo biratera iteka Umwe imiryango yose ikomokako, ari we Yehova Imana.—Abanyefeso 3:14, 15.

KWUBAHA UBUKURU MW’ISHENGERO

15. (a) Mw’ishengero, twokwerekana gute ko twubaha ubukuru bwa Yehova? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha kugamburukira abatuja imbere? (Raba uruzitiro “Mugamburukire ababaja imbere.”)

15 Yehova yaragenye Umwana wiwe ngo abe Umukuru w’ishengero rya gikirisu. (Abakolosayi 1:13) Yezu na we yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ngo yitwararike ivyo abasavyi b’Imana bo kw’isi bakenera. (Matayo 24:45-47) Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni yo igize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Nk’uko vyari bimeze mu mashengero yo mu kinjana ca mbere, no muri iki gihe Inama Nyobozi iraha abakurambere ubuyobozi n’impanuro biciye ku makete canke ku bayiserukira, nk’abacungezi b’ingenzi. Igihe umwe wese muri twebwe yubashe ubukuru bw’abo bakurambere, aba agamburukiye Yehova.—Soma 1 Abatesalonika 5:12; Abaheburayo 13:17.

16. Ni mu buryo ki abakurambere bagenwa n’impwemu nyeranda?

16 Abakurambere n’abakozi b’ishengero ntibatunganye. Barakora amakosa cokimwe natwe. Yamara, abo bakurambere ni “ingabirano z’abagabo” zatanzwe kugira ngo zifashe ishengero kuguma rifitaniye ubucuti bwiza na Yehova. (Abanyefeso 4:8) Abakurambere bagenwa n’impwemu nyeranda. (Ivyakozwe 20:28) Uti gute? Abo bagabo bategerezwa kubanza gukwiza kamere zisabwa zanditswe mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe n’impwemu yayo. (1 Timoteyo 3:1-7, 12; Tito 1:5-9) N’ikindi kandi, igihe abakurambere bihweza niba umuvukanyi akwije ibisabwa, barasenga babigiranye ubwira ngo impwemu nyeranda ya Yehova ibayobore.

17. Mu bikorwa bashiki bacu barangura mw’ishengero, ni kubera iki bishika bakitwikira umutwe?

17 Mw’ishengero, vyoshika ntihaboneke abakurambere canke abakozi b’ishengero barangura ibikorwa basanzwe bitwararika, nk’ukuyobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Muri ico gihe, abandi bavukanyi babatijwe boshobora kubikora. Mu gihe ata muvukanyi n’umwe ahari, bashiki bacu babishoboye boshobora kurangura ivyo bikorwa. Ariko rero, igihe mushiki wacu arangura ibanga ryari rigenewe umuvukanyi yabatijwe, aritwikira umutwe.a (1 Abakorinto 11:3-10) Ico kintu ntigishira hasi abakenyezi. Ahubwo kirabaha akaryo ko kwerekana ko bubaha indinganizo ya Yehova ijanye n’ubukuru, haba mu rugo canke mw’ishengero.

KWUBAHA UBUKURU BWO MW’ISI

18. Wosigura gute ingingo ngenderwako ziri mu Baroma 13:1-7?

18 Abakirisu b’ukuri barakurikiza neza ingingo ngenderwako ziri mu Baroma 13:1-7. (Soma.) Usomye ico canditswe, urashobora kubona ko “abakuru bari hejuru” bavugwa ari intwaro zo mw’isi. Mu gihe Yehova akiretse ubwo butegetsi bw’abantu, burarangura uruhara rukomeye mu gutuma habaho urutonde ku rugero runaka kandi bukaronsa abanyagihugu ibintu bimwebimwe bakenera. Twerekana ko twubaha abo bategetsi mu kugamburuka amategeko bashinga. Turitwararika kuriha amakori yose dusabwa, kwuzuza neza inkaratasi zose leta isaba no gukurikiza amategeko yose aturaba, ayaraba umuryango wacu, urudandaza rwacu canke ivyo dutunze. Ariko rero, ntituyobokera abategetsi b’isi igihe badusavye kugambararira Imana. Ahubwo riho, tubishura nka kumwe kw’intumwa za kera, duti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:28, 29; raba uruzitiro ruvuga ngo “Nkwiye kugamburuka ubukuru bwa nde?”.

NKWIYE KUGAMBURUKA UBUKURU BWA NDE?

Ingingo ngenderwako: “Yehova [ni] we Mucamanza wacu, Yehova ni we adushingira ivyagezwe, Yehova ni we Mwami wacu.”—Yesaya 33:22.

Ibibazo bimwebimwe wokwibaza

  • Nokora iki nka hamwe nosabwa guhonyanga ingingo ngenderwako za Yehova?—Matayo 22:37-39; 26:52; Yohani 18:36.

  • Nokora iki nka hamwe notegekwa kurenga ku mategeko ya Yehova?—Ivyakozwe 5:27-29; Abaheburayo 10:24, 25.

  • Ni ibiki vyomfasha kugamburukira abafise ubukuru ata kugonanwa?—Abaroma 13:1-4; 1 Abakorinto 11:3; Abanyefeso 6:1-3.

19. Ni ubundi buryo ubuhe twerekana ko twubaha abakuru bo mw’isi?

19 Turerekana kandi ko twubaha abakuru bo mw’isi mu kuntu twigenza. Rimwe na rimwe, twoshobora kwitura abajejwe intwaro. Intumwa Paulo yararengutse imbere y’abatware nk’Umwami Herodi Agiripa na Buramatari Fesito. Abo bagabo barakoze amakosa akomeye, ariko Paulo yarabubashe igihe yavugana na bo. (Ivyakozwe 26:2, 25) Turigana akarorero ka Paulo naho umutegetsi tuba turiko turavugana yoba ari umukuru w’igihugu canke nyumbakumi. Kw’ishure, urwaruka rukirisu rurihatira kwubaha muri ubwo buryo nyene abigisha, abarongoye ishure n’abandi bahakorera. Ariko ntiwumve, ntitwubaha gusa abashima ivyo twemera; turerekana icubahiro n’igihe tuvugana n’abaterekwa Ivyabona vya Yehova. Mu vy’ukuri, abo tudasangiye ukwemera barakwiye kwibonera yuko twubaha abandi.—Soma Abaroma 12:17, 18; 1 Petero 3:15.

20, 21. Ni ivyiza ibihe twironkera igihe twubaha ubukuru mu buryo bubereye?

20 Nimuze twame twubaha abandi. Intumwa Petero yanditse ati: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.” (1 Petero 2:17) Igihe abantu bibonera yuko tububaha vy’ukuri, boshobora gukorwa ku mutima cane. Uribuka ko iyo kamere ari imbonekarimwe muri iki gihe. Kuyigaragaza rero ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko twumvira itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.”—Matayo 5:16.

21 Muri iki gihe, abantu bicisha bugufi barahimbarwa n’ukuri kwerekeye Imana. Ku bw’ivyo, iyo twubashe ubukuru bwo mu rugo, ubwo mw’ishengero be n’ubwo mw’isi, vyoshobora gutuma bamwebamwe bifatanya natwe mu gusenga Imana. Mbega icizigiro ntangere! Ariko rero, naho ivyo bitoba, hari ikintu kimwe tuzi neza: kwubaha abantu birahimbara Yehova Imana kandi bikadufasha kwigumiza mu rukundo rwiwe. Hari iyindi mpera none yoza iruta iyo?

a Amakuru y’inyongera “Kwitwikira umutwe vyogirwa ryari kandi kubera iki?”arihweza uburyo ngirakamaro bwo gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako.

“UMVIRIZA IMPANURO KANDI WEMERE INDERO”

Impwemu ya Shetani, ni ukuvuga agatima kiwe k’ubugarariji n’amahane, iruzuye mw’isi muri iki gihe. Ni co gituma Bibiliya yita Shetani “umutware w’ububasha bw’ikirere,” akosho kiwe na ko ikavuga ko ari “impwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.” (Abanyefeso 2:2) Abantu benshi muri iki gihe ntibashaka kugamburuka ubukuru abandi babafiseko. Birababaje kubona bamwebamwe mw’ishengero rya gikirisu bamaze kwandukirwa n’ako gatima. Nk’akarorero, umukurambere yoshobora gutanga impanuro n’umutima mwiza ku bijanye n’akaga kari mu kwisamaza kurimwo ubuhumbu canke ubukazi, ariko ugasanga bamwe barazirengagiza canke mbere zikabababaza. Twese turakeneye gukurikiza amajambo yo mu Migani 19:20, agira ati: “Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.”

Ni igiki none codufasha kugamburuka iyo mpanuro? Reka twihweze imvo zitatu zikunze gutuma abantu banka impanuro canke ugutozwa indero, duce turaba ico Bibiliya ibivugako.

  • “Iyo mpanuro mbona ko itari ibereye.” Birashika tukiyumvira ko impanuro duhawe idahuye vy’ukuri n’uko ivyacu vyifashe canke ko uwayiduhaye atazi neza ivyabaye. Hari aho mbere twoca twihutira gusuzugura iyo mpanuro. (Abaheburayo 12:5) Ko twese turi abanyagasembwa, none ntiwosanga ari twebwe dukeneye kubogora ukuntu tubona ico kibazo? (Imigani 19:3) Hoba hari imvo kanaka yumvikana yatumye iyo mpanuro itangwa? Ico rero ni co kintu dukwiye guca tuzirikanako cane. Ijambo ry’Imana riduhanura riti: “Fata indero ugumye; nturekure. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe.”—Imigani 4:13.

  • “Sinshima ukuntu iyo mpanuro yatanzwe.” Ni ivy’ukuri ko Ijambo ry’Imana ryerekana ko impanuro zikwiye gutangwa mu buryo bwiza. (Abagalatiya 6:1) Ariko rero, Bibiliya iravuga kandi ko “bose bacumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Abaroma 3:23) Uburyo bumwe rudende bwo kuronka impanuro itunganye kandi itanzwe mu buryo butagira amahinyu kwoba ari ukuyihabwa n’umuntu atunganye. (Yakobo 3:2) Ko Yehova akoresha abantu b’abanyagasembwa kugira baduhanure, ntivyoba vyiza twibanze gusa ku kuntu impanuro itanzwe. Ahubwo riho, nurabe ico iyo mpanuro itekeye, hanyuma urimbure ubijanishije n’isengesho ukuntu woyikurikiza.

  • “Ntabereye kumpa impanuro!” Niba twibaza ko udukosa tw’uwuriko araduhanura dutuma impanuro aduha ita agaciro, turakwiye kwibuka ivyiyumviro tumaze kurimbura. Vyongeye, niba twibaza ko imyaka dufise, ivyo twaciyemwo canke amabanga dufise mw’ishengero hari ukuntu bituma tuba abarengeye guhanurwa, twoba dukeneye kubogora ivyiyumviro. Muri Isirayeli ya kera, umwami yari afise amabanga ahambaye, yamara yabwirizwa kwemera impanuro yahabwa n’abahanuzi b’Imana, abaherezi be n’abandi bantu yatwara. (2 Samweli 12:1-13; 2 Ngoma 26:16-20) Muri iki gihe, ishirahamwe rya Yehova riragena abagabo b’abanyagasembwa kugira batange impanuro, kandi abakirisu bahumuye baremera banezerewe impanuro bahabwa bakongera bakazikurikiza. Niba dufise amabanga akomeye canke tukaba tuzi utuntu n’utundi kuruta abandi, turakwiye kurushiriza gutahura ko dukeneye kuba intangakarorero mu gukora ibitegereka no mu kwicisha bugufi, tukemera impanuro kandi tukazikurikiza.—1 Timoteyo 3:2, 3; Tito 3:2.

Biragaragara rero ko ata n’umwe muri twebwe arengeye impanuro. Nimuze rero tugire umwiyemezo wo kwemera impanuro tubikunze, tuzikurikize maze dukurire ubwatsi Yehova bivuye ku mutima ku bw’iyo ngabirano irokora ubuzima. Mu vy’ukuri, impanuro ni uburyo Yehova atugaragarizamwo ko adukunda, kandi turipfuza kwigumiza mu rukundo rw’Imana.—Abaheburayo 12:6-11.

“MUGAMBURUKIRE ABABAJA IMBERE”

Muri Isirayeli ya kera, vyarigeze gukenerwa cane ko ibintu bitunganywa neza. Musa wenyene ntiyari ashoboye guhagarikira abantu amamiliyoni bari ku rugendo mu bugaragwa buteye akaga. None Musa yakoze iki? Bibiliya ivuga iti: “Musa atangura gutora muri Isirayeli yose abagabo babishoboye, abashinga amabanga yo kuba abakuru b’abantu, abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi.”—Kuvayo 18:25.

Muri iki gihe, indinganizo mwene izo zirakenerwa mw’ishengero rya gikirisu. Ni co gituma umugwi wo gusohoka mu ndimiro ufise umucungezi, ishengero rikagira abakurambere, amashengero nk’angahe akagira umucungezi w’umuzunguruko, igihugu na co kikagira Komite y’igihugu canke Komite y’ishami. Urwo rutonde ruratuma umwungere wese ashobora kwitwararika neza intama Yehova yamujeje. Abo bungere bari n’ico bazobazwa na Yehova be na Kristu.—Ivyakozwe 20:28.

Urwo rutonde rurasaba ko umwe wese muri twebwe agamburuka kandi akayoboka. Ntitwokwigera twipfuza kumera nka Diyotirefe, umwe atubaha abavukanyi baja imbere abandi mu gihe ciwe. (3 Yohani 9, 10) Ahubwo riho, turakurikiza amajambo intumwa Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.” (Abaheburayo 13:17) Bamwe usanga bagamburuka igihe baba bemera ubuyobozi bwatanzwe n’ababaja imbere, mugabo bakanka kuyoboka igihe bataba bemera ubwo buyobozi canke igihe badatahura igituma bwatanzwe. Ariko rero, urama wibuka yuko kuyoboka birimwo n’iciyumviro co kugamburuka naho tutaba tubishaka. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Noba ngamburukira abanja imbere kandi nkabayobokera?’

Ego ni ko, Ijambo ry’Imana ntirivuga ido n’ido ingingo zose canke indinganizo zose zikenewe kugira ngo ibintu bitunganywe neza mw’ishengero. Ariko rero Bibiliya ivuga iti: “Vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.” (1 Abakorinto 14:40) Inama Nyobozi iragamburuka ubwo buyobozi mu gushiraho uburyo bwo gukora be n’inyobozo zitandukanye bifasha ishengero gukora neza kandi ku rutonde. Abagabo bajejwe amabanga baratanga akarorero keza mu vy’ukugamburuka igihe bashira mu ngiro izo ndinganizo. Baragaragaza kandi ko ‘bagira ibitegereka, bagabirije kugamburukira’ abagenywe kuba abacungezi. (Yakobo 3:17) Ni co gituma buri mugwi, buri shengero, buri muzunguruko canke buri gihugu, kimwe cose muri ivyo kigizwe n’abavukanyi bunze ubumwe kandi batunganijwe mu rutonde, batera iteka ya Mana ihimbawe.—1 Abakorinto 14:33; 1 Timoteyo 1:11.

Ariko rero, ayo majambo Paulo avuga mu Baheburayo 13:17 arerekana kandi igituma agatima ko kugambarara ari kabi. Koshobora gutuma abafise amabanga bakora igikorwa cabo ‘baniha.’ Igikorwa bari bakwiye kubona nk’agateka k’umurimo mweranda boshobora kukibona nk’umuzigo igihe bamwe mu busho boba bagambarara canke bagarariza. Ivyo vyogirira nabi “mwebwe,” ni ukuvuga abagize ishengero bose. Ariko kandi, hariho n’izindi ngaruka zishikira umuntu yanse kuyoboka urutonde rwa gitewokarasi. Igihe ubwibone butumye uwo muntu yanka kuyoboka, bironona ubucuti afitaniye na Yehova, akaba yitandukanije na Se wiwe wo mw’ijuru. (Zaburi 138:6) Nimuze rero twese twiyemeze kuguma tugamburuka kandi tuyoboka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika