Twemere ubukuru bwa Yehova
“Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko dukurikiza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”—1 YOH. 5:3.
1, 2. (a) Ni kubera iki iciyumviro c’ukugamburuka ubukuru kigamira abantu benshi muri iki gihe? (b) Mbega abiyita ngo ni abigenga boba vy’ukuri bigenga? Sigura.
“UBUKURU” ni ijambo ridakundwa n’abantu benshi muri iki gihe. Abatari bake boba babona ko iciyumviro co kugamburuka ivyo uwundi muntu yipfuza ari ikintu kigamye. Amajambo nk’aya ngo “Nta n’umwe akwiye kumbwira ico nkwiye gukora” araserura agatima abiyita ngo ni abigenga bafise. Ariko none, abo bantu boba vy’ukuri bigenga? Uwokubesha! Benshi muri bo usanga bapfa gukurikira ivyiyumviro vy’abandi bantu indiri ‘bashushanijwe n’iyi si.’ (Rom. 12:2) Abo bantu nta kwigenga namba bafise, ahubwo riho dukoresheje amajambo yavuzwe n’umukirisu akaba n’intumwa Petero ni “abaja b’ukubora.” (2 Pet. 2:19) Bagenda “[b]isunga ibintu vy’iyi si, [b]isunga umutware w’ubukuru bw’ikirere,” ari we Shetani wa Mubesheranyi.—Ef. 2:2.
2 Umwanditsi umwe yavuganye ukwigamba ati: “Jewe sindota nemera ko abavyeyi banje canke umupatiri canke umukuru w’idini kibure Bibiliya bamfatira ingingo y’ico nkwiye kubona ko kibereye.” Ego ni ko, bamwebamwe boshobora gukoresha nabi ubukuru bafise bigatuma batoba bakibereye ko tubagamburukira. Ariko none, kuvuga twivuye inyuma yuko ata buyobozi na bumwe dukeneye vyoba ari wo muti? Utereje akajisho gusa mu binyamakuru, uca uronka inyishu itaremesha. Birateye agahinda kubona mu gihe abantu baba bakeneye cane ubuyobozi, usanga abenshi baca barushiriza kugira agatima ko kutabwemera.
Ukuntu tubona ubukuru
3. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere berekanye gute ko batapfa kuyoboka ubukuru bw’abantu nk’impumyi?
3 Twebwe abakirisu dufise impagararo itandukanye n’iy’iyi si. Ntidupfa kwemera nk’impumyi ico ari co cose tubwiwe. Ahubwo riho, rimwe na rimwe usanga dutegerezwa kwanka kuyoboka ivyo abandi bipfuza, naho nyene boba ari abadufiseko ubukuru. Ukwo ni na ko vyagendeye abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Nk’akarorero, igihe intumwa zategekwa guhagarika kwamamaza, ntizaciye zisha coba imbere y’umuherezi mukuru be n’abandi bategetsi bari bagize Inama Nkuru. Ntizaciye zitana n’akabando inyifato igororotse ngo zishire aho ubukuru bw’abantu bushize.—Soma Ibikorwa 5:27-29.
4. Ni uburorero ubuhe bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bwerekana ko abasavyi b’Imana batari bake bakurikiranye ingendo idashimwa na benshi?
4 Abasavyi b’Imana batari bake b’imbere y’ubukirisu barakorana mwene uwo mwiyemezo nyene. Nk’akarorero, Musa “yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana,” naho kubigenza gutyo vyatumye ‘umwami ashavura.’ (Heb. 11:24, 25, 27) Yozefu yarananiye ukuryosharyoshwa na muka Potifari, uno akaba yari afise ububasha bwo kumwihora no kumugirira nabi. (Ita. 39:7-9) Daniyeli ‘yaragize imigabo mu mutima y’ukutihumanisha ivyo kurya vy’umwami,’ naho bitari vyoroshe ko umusuku mukuru wo ku kirimba i Babiloni yemera ingingo Daniyeli yari yafashe ku bijanye n’ico kibazo. (Dan. 1:8-14) Uburorero mwene ubwo burerekana ko abasavyi b’Imana bamye bumira ku bigororotse, naho boshikiwe n’ingaruka zimeze gute. Ntiboroheye abantu kugira ngo gusa bironderere gutoneshwa na bo, kandi na twebwe dukwiye kubigenza gutyo.
5. Ukuntu tubona ubukuru bitandukaniye he n’ingene isi ibubona?
5 Impagararo yacu irangwa n’uburindutsi ntikwiye kwitiranywa n’ukudakurwa kw’ijambo tumenyereye. Vyongeye, ntitumeze nka bamwebamwe bagarariza kugira ngo gusa berekane ko badashigikiye ukuntu ivy’intwaro biriko biragenda. Ahubwo riho, twiyemeje kwemera ko ubukuru bwa Yehova ari bwo buri hejuru y’ubw’abantu abo ari bo bose. Igihe itegeko ry’abantu riba riteye kubiri n’iry’Imana, ingingo y’ico twokora usanga yoroshe gufata. Cokimwe n’intumwa zo mu kinjana ca mbere, duca tugamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu.
6. Ni kubera iki vyama ari ngirakamaro kugamburuka amabwirizwa ya Yehova?
6 Ni ibiki vyadufashije kwemera ubukuru bw’Imana? Turisunga impagararo iserurwa mu Migani 3:5, 6, ahagira hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Turemera ko ibintu vyose Imana idusaba impera n’imperuka bizotugirira akamaro. (Soma Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13.) Nkako, Yehova yaridondoye Abisirayeli ati: ‘Ni jewe nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo.’ Yaciye yongerako ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yes. 48:17, 18) Turizigira ayo majambo. Turazi neza ko kugamburuka amabwirizwa y’Imana vyama ari twebwe bigirira akamaro.
7. Dukwiye gukora iki niba tudatahura neza ibwirizwa rinaka rivugwa mw’Ijambo ry’Imana?
7 Turemera ubukuru bwa Yehova tukongera tukamugamburukira naho nyene tutoba dutahura neza igituma hariho ibintu bimwebimwe dusabwa mw’Ijambo ryiwe. Ukwo si ukwemera nk’impumyi, ahubwo ni ukwizigira. Biragaragaza ko twizigira tubikuye ku mutima yuko Yehova azi icotubera ciza ico ari co. Kuba tugamburukira Imana biragaragaza kandi ko tuyikunda, kubera ko intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko dukurikiza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yoh. 5:3) Ariko hariho uwundi muce ujanye n’ukugamburuka kwacu tudakwiye kwirengagiza.
Tumenyereze ububasha bwacu bwo gutegera
8. Kuba dufise ‘ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe’ neza bifitaniye isano gute n’ukwemera ubukuru bwa Yehova?
8 Bibiliya itubwira ko dukwiye kuba dufise ‘ububasha bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.’ (Heb. 5:14) Ku bw’ivyo, intumbero yacu si iy’ugupfa kugamburuka amategeko y’Imana nk’ibimashini; ahubwo riho, twipfuza kuba abashoboye “gutandukanya iciza n’ikibi” twishimikije ingingo mfatirwako za Yehova. Twipfuza kubona ubukerebutsi buranga inzira za Yehova, ku buryo dushobora kuvuga nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, uwagize ati: “Ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.”—Zab. 40:8.
9. Dushobora gute guhuza ijwi ryacu ryo mu mutima n’ingingo mfatirwako za Yehova, kandi ni kubera iki bihambaye ko tubigenza gutyo?
9 Kugira ngo dutegere akamaro k’amategeko y’Imana nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, turakeneye kuzirikana ku vyo dusoma muri Bibiliya. Nk’akarorero, igihe twize ibijanye n’ikintu kinaka Yehova adusaba, twoshobora kwibaza duti: ‘Ni kubera iki iri bwirizwa canke iyi ngingo ngenderwako iranga ubukerebutsi? Ni kubera iki kuyigamburuka ari jewe bigirira akamaro? Ni ingaruka mbi izihe zashikiye abirengagije impanuro Imana itanga ku bijanye n’ico kintu?’ Igihe rero ijwi ryacu ryo mu mutima rihuza n’inzira za Yehova, biba bishoboka rwose ko dufata ingingo zihuza n’ivyo agomba. Turashobora ‘kubandanya dutahura ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo’, gutyo tukabandanya ingendo y’ukugamburuka. (Ef. 5:17) Ivyo ntivyama vyoroshe.
Shetani arondera gusenyura ubukuru bw’Imana
10. Ni mu muce umwe uwuhe Shetani yarondeye gusenyura ubukuru bw’Imana?
10 Shetani amaze igihe kirekire arondera gusenyura ubukuru bw’Imana. Impwemu yiwe iranga ukwigenga irigaragaza mu buryo bwinshi. Fata nk’akarorero ibijanye n’ukutubaha indinganizo Imana yashizeho yerekeye umubano w’abubatse. Bamwe usanga bahitamwo gupfa kwibanira ukwo nyene, magingo abandi na bo bagira amayeri yo kwikurako abo bubakanye. Abari muri iyo migwi yompi boshobora gushigikira iciyumviro c’umugore umwe azwi cane mu vyo gukina amasenema yemeje ati: “Kugira umugore umwe canke umugabo umwe ni ikintu kidashoboka.” Yongeyeko ati: “Umuntu adahemukira uwo bubakanye canke yoba anafise ico ciyumviro, nta n’uw’umuti jewe nzi.” Igihe uwundi mukinyi w’amasenema akundwa cane yazirikana ku kuntu umubano wiwe wamunaniye, na we nyene yavuze ati: “Sinumva neza ko vyoba vy’ukuri biri muri kameremere kacu kubana n’umuntu umwe ubuzima bwacu bwose.” Vyoba vyiza umwumwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nemera ubukuru bwa Yehova mu bijanye n’umubano w’abubatse, canke agatima k’isi ko kurambirwa n’umubano koba kamaze kwosha ivyiyumviro vyanje?’
11, 12. (a) Ni kubera iki kwemera ubukuru bwa Yehova vyoshobora kubera urugamba abakiri bato? (b) Igana ikintu cabaye cerekana ko bitaranga ubukerebutsi namba kwirengagiza amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe.
11 Woba uri uwukiri muto ari mw’ishirahamwe rya Yehova? Niba ari ukwo biri, Shetani yoshobora kuba ari wewe canecane arondera kugira asenyure ubukuru bwa Yehova. “Ivyipfuzo bijana n’ubuto” bifatanije n’imikazo y’urunganwe rwawe vyoshobora gutuma ugira impengamiro y’ukwibwira ko amategeko y’Imana ari umuzigo. (2 Tim. 2:22) Ntureke ngo ivyo bigushikire. Niwihatire kubona ubukerebutsi bugaragarira mu ngingo mfatirwako za Yehova. Nk’akarorero, Bibiliya irakubwira ngo “[u]hunge ubusambanyi.” (1 Kor. 6:18) N’ubu nyene, niwibaze ibi bibazo: ‘Ni kubera iki iri tegeko riranga ubukerebutsi? Nzokwungukira gute ku kugamburuka mu bijanye n’ico kintu?’ Hari aho woba uzi bamwebamwe birengagije impanuro Imana itanga, maze iryo kosa rikaba ryarabakwegeye ingaruka zibabaje cane. None ubu boba vy’ukuri bahimbawe? Boba bafise ubuzima bwiza kuruta ubwo bari bafise bacifatanya n’ishirahamwe rya Yehova? Boba vy’ukuri barubuye akandi kabanga ko kuronka agahimbare abandi basavyi ba Yehova badafise?—Soma Yesaya 65:14.
12 Rimbura ivyo umuvukanyikazi umwe yitwa Sharon haciye igihe avuze. Yigana ati: “Kubera nirengagije amategeko ya Yehova, naranduye ca kiza ruhonyanganda SIDA. Akenshi ndibuka imyaka myinshi y’agahimbare namaze nsukurira Yehova.” Yariyemereye ko bitaranga ubukerebutsi namba kubona yararenze amategeko ya Yehova, ko nyabuna yari akwiye kuyubahiriza cane. Amategeko ya Yehova ariho kugira ngo adukingire. Sharon yapfuye haciye amayinga indwi gusa yanditse ayo majambo duhejeje kuvuga. Nk’uko ico kintu giteye agahinda cabaye kivyerekana, Shetani nta ciza na kimwe afise yoha abahinduka bakaba abagize ivy’iyi si mbi. Kubera yuko ari “se w’ikinyoma,” aremerera abantu ibintu vyinshi, ariko abemerera ubuki ategeka, nk’uko yabigiriye Eva. (Yoh. 8:44) Mu vy’ukuri, kwemera ubukuru bwa Yehova vyama nantaryo ari ngirakamaro.
Twirinde agatima k’ukwigenga
13. Ni mu muce umwe uwuhe dukeneye kwirinda agatima k’ukwigenga?
13 Mu bijanye no kwemera ubukuru bwa Yehova, turakeneye kwirinda agatima k’ukwigenga. Agatima k’ubwibone karashobora gutuma tubona ko tudakeneye ubuyobozi twohabwa n’umuntu n’umwe. Nk’akarorero, twoshobora kunana ku mpanuro zitangwa n’abaja imbere abandi mu basavyi b’Imana. Imana yarashizeho intunganyo y’uko umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge utanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. (Mat. 24:45-47) Turakwiye kwemera icese twicishije bugufi ko ubwo ari bwo buryo Yehova akoresha mu kwitwararika abasavyi biwe muri iki gihe. Turakwiye kuba nka za ntumwa z’intahemuka. Aho abigishwa bamwebamwe bahebeye gukurikira Yezu, na we yaciye abaza intumwa ziwe ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?” Petero yaciye yishura ati “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.”—Yoh. 6:66-68.
14, 15. Ni kubera iki dukwiye kuyoboka twicishije bugufi impanuro Bibiliya itanga?
14 Kwemera ubukuru bwa Yehova birimwo no kwakira neza impanuro zishingiye kw’Ijambo ryiwe. Nk’akarorero, umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge wagumye utugabisha ngo “tugume turi maso kandi tuzigame ubwenge bwacu.” (1 Tes. 5:6) Impanuro mwene iyo irabereye muri ino misi ya nyuma aho benshi usanga ari “abikunzi [n’]inkunzi z’amahera.” (2 Tim. 3:1, 2) Twoba none dushobora kwandukirwa na mwene utwo dutima twabaye ndanse? Egome. Imigambi itari iyo mu vy’impwemu yoshobora gutuma dusinzira mu buryo bw’impwemu, canke tugashobora kugira agatima ko guhahamira amaronko. (Luka 12:16-21) Ku bw’ivyo, ese ukuntu biranga ubukerebutsi kwemera impanuro Bibiliya itanga maze tukirinda ubuzima buranga ubwikunzi bweze muri iyi si ya Shetani!—1 Yoh. 2:16.
15 Abakurambere bagenywe bo mu mashengero ni bo bashikiriza ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa n’umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Bibiliya iduhimiriza iti: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazogira ico babazwa; kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe.” (Heb. 13:17) Ivyo vyoba bisobanura ko abakurambere bo mu mashengero boba batihenda? Habe namba! Ariko rero, Imana irabona neza utunenge twabo kuruta umuntu uwo ari we wese. Yamara, yiteze ko tubayobokera. Gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere, naho nyene ari abantu badatunganye, ni ikimenyamenya c’uko twemera ubukuru bwa Yehova.
Akamaro ko kwicisha bugufi
16. Dushobora gute kwerekana ko twubaha Yezu, we Mutwe w’ishengero rya gikirisu?
16 Dutegerezwa kwama twibuka ko Yezu ari we Mutwe nyakuri w’ishengero. (Kol. 1:18) Iyo ni imvo imwe ituma tuyoboka twicishije bugufi ubuyobozi duhabwa n’abakurambere bagenywe, tukabiyumvira “mu buryo burengeye ubudasanzwe.” (1 Tes. 5:12, 13) Ariko ntiwumve, abakurambere bo mw’ishengero barashobora kwerekana ko na bo nyene bayoboka mu kuba abiyubara kugira ngo bashikirize ishengero ubutumwa bw’Imana, aho gushikiriza ivyiyumviro vyabo bwite. ‘Ntibarenga ibintu vyanditswe’ kugira ngo ntibahave baremesha iciyumviro kinaka bikuriye mu mutwe.—1 Kor. 4:6.
17. Ni kubera iki agatima k’uguhahamira ubukuru gateye akaga?
17 Abagize ishengero bose barakwiye kwirinda kurondera icubahiro cabo bwite. (Imig. 25:27) Biragaragara ko ivyo vyabereye umutego umwigishwa umwe yigeze kubonana n’intumwa Yohani. Iyo ntumwa yanditse iti: “Diyotirefe, umwe akunda ivyo kugira ikibanza ca mbere muri bo, nta kintu na kimwe kivuye kuri twebwe yakirana icubahiro. Ni co gituma, ninaza, nzokwibukiriza ibikorwa vyiwe abandanya gukora, avugavuga ivyacu mu majambo mabi.” (3 Yoh. 9, 10) Na twebwe nyene muri kino gihe, hariho icigwa twigira kuri ico kintu. Turi n’imvo yumvikana yo kurandurana n’imizi iciyumviro ico ari co cose c’uguhahamira ubukuru cokwaduka muri twebwe. Bibiliya itubwira iti: “Ubwibone bwitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.” Abemera ubukuru bw’Imana bategerezwa kwirinda kugwa mu mutego wo kwishira imbere, kuko kutabigenza gutyo vyobashikana ku guteterwa.—Imig. 11:2; 16:18.
18. Ni ibiki bizodufasha kwemera ubukuru bwa Yehova?
18 Niwishingire umugambi wo kunanira agatima k’ukwigenga karanga isi no kwemera ubukuru bwa Yehova. Rimwe na rimwe ubigiranye ugukenguruka, nuze urazirikana ku gateka gahambaye watewe ko gusukurira Yehova. Kuba uri umusavyi w’Imana ni ikimenyamenya c’uko yagukwegereye biciye ku mpwemu yayo nyeranda. (Yoh. 6:44) Ntiwigere ufata minenegwe ukuba ushimwa n’Imana. Niwihatire kwerekana mu mice yose y’ubuzima yuko wamirira kure agatima k’ukwigenga be n’uko wemera ubukuru bwa Yehova.
Woba uvyibuka?
• Kwemera ubukuru bwa Yehova birimwo n’iki?
• Kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera bifitaniye isano gute n’ukwemera ubukuru bwa Yehova?
• Ni mu mice iyihe Shetani agerageza gusenyura ubukuru bw’Imana?
• Ni kubera iki kwicisha bugufi bihambaye mu bijanye n’ukwemera ubukuru bwa Yehova?
[Ifoto ku rup. 18]
“Dutegerezwa kugamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu”
[Ifoto ku rup. 20]
Vyama nantaryo biranga ubukerebutsi gukurikiza ingingo mfatirwako z’Imana