ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 1 ibibazo 1-3
  • Iyo nkuru nziza ni iyihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo nkuru nziza ni iyihe?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki twokwigishwa n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 1 ibibazo 1-3

ICIGWA CA 1

Iyo nkuru nziza ni iyihe?

1. Iyo nkuru nziza iva ku Mana ni iyihe?

Abantu babayeho bahimbawe kw’isi

Imana ishaka yuko abantu baba kw’isi bamerewe neza. Yaremye isi be n’ibiyiriko vyose kubera ko ikunda abantu. Vuba igiye kugira ico ikoze kugira ngo itume abantu bo mu bihugu vyose babaho neza. Abantu izobakurako ibintu vyose bibatera imibabaro.—Soma Yeremiya 29:11.

Nta ntwaro n’imwe irashobora gukuraho ubukazi, indwara canke urupfu. Ariko hariho inkuru nziza womenya. Imana igiye gukuraho intwaro z’abantu, izisubirize intwaro yayo. Abazoba batwarwa n’iyo ntwaro bazobaho mu mahoro kandi bafise amagara meza.—Soma Yesaya 25:8; 33:24; Daniyeli 2:44.

2. Kubera iki vyihutirwa ko abantu bumva iyo nkuru nziza?

Imibabaro izohera igihe gusa Imana izokura kw’isi abantu babi. (Zefaniya 2:3) None ivyo bizoba ryari? Ibintu tubona ubu bitera ubwoba abantu, Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko vyobayeho. Ibiba muri iki gihe birerekana ko igihe c’uko Imana igira ico ikoze cegereje.—Soma 2 Timoteyo 3:1-5.

3. None dukwiye gukora iki?

Turakwiye kwiga ivyerekeye Imana biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya. Bibiliya imeze nk’ikete twarungikiwe n’umuvyeyi adukunda. Iratubwira ukuntu twogira ubuzima bwiza ubu be n’ukuntu twoshobora kuzobaho ibihe bidahera hano kw’isi. Ego ni ko, hari abatohimbarwa n’uko uriko urafashwa gutahura Bibiliya. Ariko ntureke ngo hagire uwugutesha ako karyo gatuma uzobaho umerewe neza.—Soma Imigani 29:25; Ivyahishuwe 14:6, 7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika