Ururirimbo rwa 142
Tubwire inkuru nziza abantu b’uburyo bwose
Dushaka kwigan’Imana yacu,
Twigish’abantu bose nantaryo.
Igomba ko ab’uburyo bwose
Bakira bakab’abantu bayo.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
Bashake babe baboneka he,
Canke mbere babe basa gute.
Mu mutima ni ho hahambaye,
Kand’ivyo ntibiduter’ubute.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
Yehova yakir’abahitamwo
Guheb’isi bagakund’Imana.
Dushaka ko bose babimenya
Ningog’imis’itarabajana.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
(Raba kandi 1 Sam. 16:7; Yoh. 12:32; Ivyak. 10:34; 1 Tim. 4:10; Tito 2:11.)