URURIRIMBO RWA 57
Twigishe abantu b’uburyo bwose
1. Dushaka kwigan’Imana yacu,
Twigisha bose tudacagura.
Igomba ko ab’uburyo bwose
Bab’abayo bakayitahura.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
2. Bashake babe baboneka he,
Canke mbere babe basa gute.
Mu mutima ni ho hahambaye,
Kand’ivyo ntibiduter’ubute.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
3. Yehova yakir’abahitamwo
Guheb’iyi si be n’ivy’izana.
Dushaka ko bose babimenya
Ningog’imis’itarabajana.
(ICITABIRIZO)
Umutima wizera
Ni w’Iman’irondera.
Nta we tutabwir’ukuri kwayo.
Ko tuvyitwararika,
Hose turahashika:
“Nta wutocik’umukunzi wayo.”
(Raba kandi Yoh. 12:32; Ivyak. 10:34; 1 Tim. 4:10; Tito 2:11.)