IKIGABANE CA 4
Ukuntu ishengero ritunganijwe
MW’IKETE rya mbere intumwa Paulo yandikiye Abakorinto, yaravuze ukuri guhambaye kwerekeye Imana. Yanditse ati: “Imana [si] Imana y’umuvurungano, ahubwo ni iy’amahoro.” Mu nyuma ku bijanye n’amakoraniro, yavuze ati: “Vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.”—1 Kor. 14:33, 40.
2 Mu ntango y’iryo kete, iyo ntumwa yarakebuye ishengero ry’i Korinto kubera ryariko riricamwo imice. Paulo yahimirije abavukanyi baho ‘kuvuga rumwe’ no ‘kwunga ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe.’ (1 Kor. 1:10, 11) Yaciye abaha impanuro ku bijanye n’ibintu vyariko birabangamira ubumwe mw’ishengero. Akoresheje akarorero k’umubiri w’umuntu, yaraberetse akamaro ko kwunga ubumwe no gusenyera ku mugozi umwe. Atarinze kuraba ico umwe wese ajejwe, yahimirije abagize ishengero rya gikirisu bose kwitwararikana. (1 Kor. 12:12-26) Kugira ishengero risenyere ku mugozi umwe muri ubwo buryo, ryotegerejwe kuba ritunganijwe neza.
3 None ishengero rya gikirisu ryobaye ritunganijwe gute? Ni nde yoritunganije? Ni bande bojejwe amabanga? Bibiliya iraduha inyishu zitomoye kuri ivyo bibazo.—1 Kor. 4:6.
RITUNGANIJWE GITEWOKRASI
4 Ishengero rya gikirisu ryashinzwe kuri Pentekoti yo mu 33. None ryari ritunganijwe gute? Ryari ritunganijwe gitewokrasi, ni ukuvuga ko ryayoborwa n’ubutegetsi (kraʹtos) bw’Imana (the·osʹ). Ayo majambo abiri araboneka muri 1 Petero 5:10, 11, akaba yahinduwe ngo “Imana” na “ubushobozi.” Inkuru yahumetswe yigana ibintu haciye nk’imyaka 2.000 bibaye i Yeruzalemu, irerekana neza ko ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryashinzwe n’Imana. (Ivyak. 2:1-47) Ryari inyubakwa yayo, urugo rwayo. (1 Kor. 3:9; Ef. 2:19) Ukuntu ishengero rya gikirisu ritunganijwe n’ukuntu rikora muri iki gihe bimeze nk’uko vyari mu kinjana ca mbere.
Ukuntu ishengero rya gikirisu ritunganijwe n’ukuntu rikora muri iki gihe bimeze nk’uko vyari mu kinjana ca mbere
5 Ishengero ryo mu ntango ryatanguye ririmwo abigishwa nka 120. Abo ni bo babanje kuronka impwemu nyeranda, biba bishikije ibivugwa muri Yoweli 2:28, 29. (Ivyak. 2:16-18) Mugabo kuri uwo musi nyene, abandi bantu nka 3.000 barabatijwe mu mazi, maze barinjira mw’ishengero ry’abavyawe n’impwemu. Baremeye ijambo ryerekeye Kristu kandi ‘babandanije kwihebera inyigisho y’intumwa.’ Inyuma y’ivyo, “Yehova yaguma abongerako abaza barakizwa.”—Ivyak. 2:41, 42, 47.
6 Ishengero ry’i Yeruzalemu ryarongerekanye cane ku buryo umuherezi mukuru w’Abayuda yidoze avuga ko abigishwa bari bujuje i Yeruzalemu inyigisho zabo. Mu bigishwa bashasha b’i Yeruzalemu harimwo n’abaherezi benshi b’Abayuda bari bacitse abizera.—Ivyak. 5:27, 28; 6:7.
7 Yezu yavuze ati: “Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Ukwo nyene ni ko vyagenze. Igihe i Yeruzalemu haduka uruhamo rukomeye inyuma y’urupfu rwa Sitefano, abigishwa baho baciye basabagira i Yudaya n’i Samariya. Ariko aho baja hose, babandanya kuvuga inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa, ushizemwo Abasamariya bamwebamwe. (Ivyak. 8:1-13) Inyuma y’aho, inkuru nziza yaramamajwe mu batagenyerewe, ni ukuvuga abanyamahanga batari Abayuda. (Ivyak. 10:1-48) Ico gikorwa co kwamamaza catumye abigishwa bongerekana, mbere n’amashengero mashasha arashingwa n’ahandi uretse i Yeruzalemu.—Ivyak. 11:19-21; 14:21-23.
8 Ni ibiki vyakozwe kugira amashengero yari aherutse gushingwa atunganywe nk’uko Imana igomba, ni ukuvuga mu buryo bwa gitewokrasi? Biciye ku mpwemu y’Imana, harashizweho abungere batobato kugira bitwararike ubusho. Paulo na Barunaba baragenye abakurambere mu mashengero bagendeye mu rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari. (Ivyak. 14:23) Umwanditsi wa Bibiliya Luka yaranditse ibijanye n’inama Paulo yagiranye n’abakurambere b’ishengero ry’i Efeso. Paulo yababwiye ati: “Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi, ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo bwite.” (Ivyak. 20:17, 28) Abo bakurambere bari bakwije ibisabwa n’Ivyanditswe. (1 Tim. 3:1-7) Tito, uno akaba yakorana na Paulo, yarahawe ububasha bwo kugena abakurambere mu mashengero y’i Kirete.—Tito 1:5.
9 Uko amashengero yaguma ashingwa, intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu babandanije guhagarikira iryo shengero ryo mu kinjana ca mbere ryari mu mihingo itandukanye. Ni bo bari bagize inama nyobozi.
10 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’i Efeso, yasiguye ko ishengero rya gikirisu rishobora kuguma ryunze ubumwe mu gukora rihuza n’impwemu y’Imana no mu kwemera ubukuru bwa Yezu Kristu. Iyo ntumwa yahimirije abakirisu baho gutsimbataza ukwicisha bugufi no kugumana “ubumwe bw’impwemu” mu kubana amahoro n’abagize ishengero bose. (Ef. 4:1-6) Yaciye asubiramwo ibivugwa muri Zaburi 68:18 maze avyerekeza ku ndinganizo Yehova yashizeho yuko abagabo bakwije ibisabwa bitwararika ishengero. Bamwe bobaye ari intumwa, abandi abahanuzi, abamamaji, abungere canke abigisha. Abo bagabo, ari bo ngabirano Yehova yaduhaye, bofashije abagize ishengero gutera imbere mu vy’impwemu gushika ku rugero rushimwa n’Imana.—Ef. 4:7-16.
AMASHENGERO YO MURI IKI GIHE AKURIKIZA AKARORERO K’INTUMWA
11 Muri iki gihe, amashengero yose y’Ivyabona vya Yehova atunganijwe hisunzwe akarorero ko mu kinjana ca mbere. Yose hamwe agize ishengero rimwe rikwiye kw’isi yose, intimatima yaryo akaba ari abakirisu barobanuwe. (Zek. 8:23) Yezu Kristu ni we atuma ivyo bishoboka. Nk’uko yari yarabisezeranye, yagumanye n’abigishwa biwe barobanuwe “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” Abaza mw’ishengero rya gikirisu riguma ritera imbere baremera inkuru nziza y’Imana, bakegurira ubuzima bwabo Yehova maze bakabatizwa, bakaba abigishwa ba Yezu. (Mat. 28:19, 20; Mrk. 1:14; Ivyak. 2:41) Baremera icese ko wa “mwungere w’agahebuza” Yezu Kristu ari we ayobora ubusho bwose, buno bukaba bugizwe n’abakirisu barobanuwe hamwe n’abo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:14, 16; Ef. 1:22, 23) Ubwo “busho bumwe” buguma bwunze ubumwe. Ivyo babigira mu kwemera icese ubukuru bwa Kristu no mu kuyoboka umuhora yashizeho, ari wo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Nimuze tugume twizigira uwo muhora duherejeko.—Mat. 24:45.
URUHARA RW’INZEGO ZEGUKIRA ISHIRAHAMWE RYACU
12 Kugira ibifungurwa vy’impwemu bitangwe ku gihe kibereye no kugira inkuru nziza y’Ubwami yamamazwe imbere y’uko umuhero uza, ishirahamwe ryacu ryarashizeho inzego zitandukanye. Izo nzego ziba zemewe n’amategeko agenga ibihugu zikoreramwo kandi zose zisenyera ku mugozi umwe. Ziratuma igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami coroha kw’isi yose.
INGENE IBIRO VY’ISHAMI BITUNGANIJWE
13 Igihe cose hashizweho ibiro vy’ishami, haca hagenwa Komite y’ishami igizwe n’abakurambere batatu canke barenga, kugira yitwararike igikorwa muri ico gihugu canke mu bihugu bihagarikiwe n’iryo shami. Umwe muri abo bakurambere aca aba umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami.
14 Amashengero akukira ishami kanaka aba agabuwe mu mizunguruko. Iyo mizunguruko usanga itangana bivanye n’akarere irimwo, indimi zihavugwa hamwe n’igitigiri c’amashengero iryo shami rifise. Haragenwa umucungezi w’umuzunguruko aza aragendera amashengero ari muri uwo muzunguruko. Ibiro vy’ishami biraronsa umucungezi w’umuzunguruko ubuyobozi bw’ingene arangura amabanga ajejwe.
15 Abagize ishengero baremera indinganizo zigirwa n’ishirahamwe ku neza ya bose. Baremera abakurambere bagenwa kugira bahagarikire igikorwa ku mashami, mu mizunguruko no mu mashengero. Barahanga amaso wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge kugira abaronse ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye. Umushumba w’umwizigirwa na we arubahiriza cane ubukuru bwa Kristu, akisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi akemera kuyoborwa n’impwemu nyeranda. Kubera yuko dusenyera ku mugozi umwe, turironkera ivyiza nk’ivyo abakirisu bo mu kinjana ca mbere bironkeye. Bibiliya itubwira iti: “Mu vy’ukuri rero, amashengero abandanya gukomezwa mu kwizera no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.”—Ivyak. 16:5.