ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/4 rup. 20-24
  • Ishengero nirishemeze Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishengero nirishemeze Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ishengero ry’Imana rigizwe n’abasizwe
  • Izindi nsobanuro z’ijambo “ishengero”
  • Amashengero arashemeza Yehova
  • Ishengero niryubakwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ukuntu ishengero ritunganijwe
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Urafise ikibanza mw’ishengero rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nuhe agaciro ikibanza ufise mw’ishengero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/4 rup. 20-24

Ishengero nirishemeze Yehova

‘Nzobarira bene Data izina ryawe, ngutazire hagati y’ishengero’.​—ABAHEBURAYO 2:12.

1, 2. Ni kubera iki ishengero ari ngirakamaro cane, kandi intumbero nyamukuru yaryo ni iyihe?

KUVA kera na rindi, abantu bamye bumva bahimbawe no kwifatanya n’abandi mu muryango, kandi bakumva ko batekaniwe bari muri wo. Ariko rero, Bibiliya irerekana ko hariho ahandi hantu abantu batagira uko bangana bo hirya no hino kw’isi muri iki gihe, bariko barifataniriza n’abandi mu buryo budasanzwe kandi bakumva ko batekaniwe cane bari aho hantu. Aho hantu ni mw’ishengero rya gikirisu. Waba uba canke utaba mu muryango ufatanye mu nda, urashobora gukenguruka ivyo Imana yatunganije biciye kw’ishengero, kandi ukwo ni ko ukwiye kubigenza. Nimba uhora wifatanya n’ishengero rinaka ry’Ivyabona vya Yehova, nta nkeka ko ushobora kwemeza yuko uhimbarwa n’ukwifatanya n’abarigize barangwa igishika be n’uko wumva utekaniwe uri muri ryo.

2 Ishengero si umugwi gusa abantu bahuriramwo. Ntirimeze nk’ishirahamwe rinaka ryo mu kibano canke umugwi uhuza abantu baciye mu bintu bimwe, kibure bakunda bimwe mu bijanye n’ivyo kwinonora imitsi canke kwisamaza. Ahubwo riho, intumbero nyamukuru y’ishengero ni iyo gushemeza Yehova Imana. Nk’uko igitabu ca Zaburi kivyerekana neza, ni ko vyamye kuva kera. Muri Zaburi 35:18, dusoma duti: “Nzogushimira mw ishengero rinini, nzoguhimbariza mu bantu benshi”. Muri Zaburi 107:31, 32 na ho haturemesha gushemeza Yehova mu kuvuga hati: “Ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu! Ni bamushemagirize mw ikoraniro ry’abantu”.

3. Twisunze ivyo Paulo avuga, ni igiki ishengero rikora?

3 Intumwa Paulo yarashimitse ku kindi kintu gihambaye ishengero rirangura mu kuvuga yuko “ingoro y’Imana, [ari r]yo shengero ry’Imana nzima, . . . [ari] yo nkingi ishigikiye ukuri” (1 Timoteyo 3:15). Ni ishengero irihe Paulo yariko aravuga? Ni mu buryo butandukanye ubuhe Bibiliya ikoresha ijambo “ishengero”? Kandi ishengero rikwiye kugira ico rikoze gute ku buzima bwacu no ku vyo twiteze? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka tubanze turabe uburyo butandukanye ijambo “ishengero” rikoreshwa mw’Ijambo ry’Imana.

4. Ijambo ry’igiheburayo rikunze guhindurwa ngo “ishengero”, “ikoraniro” canke “isinzi”, rikoreshwa kenshi cane gute mu Vyanditswe vy’igiheburayo?

4 Ijambo ry’igiheburayo rikunze guhindurwa ngo “ishengero”, “ikoraniro”, canke “isinzi” muri Bibiliya Yera, rikomoka kw’ijambo risobanura ngo “guhamagaza” canke “gukoranya” (Gusubira mu vyagezwe 4:10; 9:10). Umwanditsi wa Zaburi yarakoresheje iryo jambo ry’igiheburayo mu kwerekeza ku bamarayika bo mw’ijuru, kandi rirashobora no gukoreshwa ku bijanye n’umugwi w’inkozi z’ikibi (Zaburi 26:5; 89:5-7). Ariko rero, akenshi cane Ivyanditswe vy’igiheburayo birikoresha mu kwerekeza ku Bisirayeli. Imana yavuze ko Yakobo “[yo]hindu[ts]emw’isinzi ry’amahanga”, kandi ni ko vyagenze (Itanguriro 28:3; 35:11; 48:4). Abisirayeli bararobanuwe kugira ngo babe “ishengero ry’Uhoraho” canke “ikoraniro ry’Imana”.​—Guharūra 20:4; Nehemiya 13:1; Yosuwa 8:35; 1 Samweli 17:47; Mika 2:5.

5. Ni ijambo irihe ry’ikigiriki rikunze guhindurwa ngo “ishengero”, kandi iryo jambo rishobora gukoreshwa gute?

5 Ijambo ry’ikigiriki rihuye n’iryo ni ek·kle·siʹa, irikomoka ku majambo abiri y’ikigiriki, rimwe rikaba risobanura “hanze” irindi na ryo rigasobanura “guhamagara”. Iryo jambo rirashobora kwerekeza ku mugwi ukoraniye hamwe atari ku bw’imvo ijanye n’ivy’idini. Akarorero ni nka rya “shengero” Demetiriyo yagumura kugira ngo rirwanye Paulo i Efeso (Ivyakozwe n’intumwa 19:32, 39, 41). Ariko muri rusangi Bibiliya irikoresha igomba kwerekeza kw’ishengero rya gikirisu. Hari impinduro zimwezimwe za Bibiliya zihindura iryo jambo ngo “urusengero”. Yamara inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Imperial Bible-Dictionary) ivuga yuko iryo jambo “ritigera . . . risigura inyubakwa nyezina abakirisu bari basanzwe bakoraniramwo mu bijanye n’ivyo gusengera ku mugaragaro”. Ariko rero, birashimishije kubona mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu iryo jambo “ishengero” rikoreshwa n’imiburiburi mu buryo bune butandukanye.

Ishengero ry’Imana rigizwe n’abasizwe

6. Ni igiki Dawidi be na Yezu bakoze bari mw’ishengero?

6 Mu kwerekana ko amajambo yavuzwe na Dawidi muri Zaburi 22:22 yerekeza kuri Yezu, intumwa Paulo yanditse ati: “Nzobarira bene Data izina ryawe, nzoririmba ngutazira hagati y’ishengero. Ni co catumye [Yezu] vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’agororoka” (Abaheburayo 2:12, 17). Dawidi yari yarashemeje Imana ari hagati mw’ishengero ry’Abisirayeli ba kera (Zaburi 40:9). Ariko none, ni igiki Paulo yariko yerekezako igihe yavuga ko Yezu yataziriye canke yashemeje Imana “hagati y’ishengero” (Ni twe dushimitse.)? Iryo shengero yariko avuga ryari irihe?

7. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ijambo “ishengero” ryerekeza ubwa mbere na mbere ku ki?

7 Ivyo dusoma mu Baheburayo 2:12, 17 biri n’ico bivuze. Vyerekana yuko Kristu na we nyene yari mu bagize ishengero rinaka, iryo yabaririramwo bene Se izina ry’Imana. None abo bene Se bari bande? Ni bamwe bagize igice kimwe c’“uruvyaro rwa Aburahamu”, ni ukuvuga abavukanyi biwe basizwe impwemu, “abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru” (Abaheburayo 2:16–3:1; Matayo 25:40). Rero, ijambo “ishengero” mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ryerekeza ubwa mbere na mbere ku mugwi ugizwe n’abayoboke ba Kristu basizwe impwemu. Abo basizwe 144.000 bagize “ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru”.​—Abaheburayo 12:23.

8. Yezu yerekanye gute imbere y’igihe ko hoshinzwe ishengero rya gikirisu?

8 Yezu yarerekanye yuko iryo “shengero” rya gikirisu ryoshinzwe. Nk’umwaka umwe imbere y’uko apfa, yabwiye umwe mu ntumwa ziwe ati: “Uri Petero, kandi kur’urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’amarembo y’i kuzimu ntazorishobora” (Matayo 16:18). Petero be na Paulo bose baratahura neza ko Yezu ubwiwe ari we yari urwo rutare rwari rwaravuzwe. Petero yanditse yuko abubakwa nk’“amabuye afise ubugingo” ngo babe inzu yo mu buryo bw’impwemu ryubatswe ku rutare, ari rwo Kristu, bari “abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo [ba]kwize ishimwe” ry’Iyabahamagaye.​—1 Petero 2:4-9; Zaburi 118:22; Yesaya 8:14; 1 Ab’i Korinto 10:1-4.

9. Ishengero ry’Imana ryavutse ryari?

9 Ni ryari abo “bantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije” bacitse ishengero rya gikirisu? Hari kuri Pentekote yo mu 33 G.C., igihe Imana yasuka impwemu yera ku bigishwa bari bakoraniye i Yeruzalemu. Mu nyuma kuri uwo musi nyene, Petero abigiranye ubuhanga yarashikirije insiguro umugwi wari ugizwe n’Abayuda be n’abari barahindukiriye idini ry’Abayuda. Benshi baracumiswe mu mutima n’ivyerekeye urupfu rwa Yezu, barigaya maze barabatizwa. Inkuru ivyigana yerekana ko abantu ibihumbi bitatu ari bo bigaye maze barabatizwa, gutyo baba bacitse abo mw’ishengero ry’Imana rishasha, iryagiye ribandanya gukura (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4, 14, 37-47). Ryaguma rikura kubera yuko Abayuda be n’abahindukiriye idini ry’Abayuda, barushiriza kuba benshi bagenda bemera yuko Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri itari ikiri ishengero ry’Imana. Abakirisu basizwe bagize ‘Isirayeli y’Imana’ ni bo riho bari basigaye ari ishengero ry’ukuri ry’Imana.​—Ab’i Galatiya 6:16; Ivyakozwe n’intumwa 20:28.

10. Ni isano irihe riri hagati ya Yezu n’ishengero ry’Imana?

10 Akatari gake, Bibiliya iratandukanya Yezu n’abasizwe. Akarorero kamwe kavyerekana, ni aya majambo avuga ngo “kuri Kristo n’ishengero”. Yezu ni we Mutwe w’iryo shengero ry’abakirisu basizwe impwemu. Paulo yanditse yuko Imana “[yahaye Yezu] ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose”, iryo shengero rikaba “[ari] ryo mubiri wiwe” (Abanyefeso 1:22, 23; 5:23, 32, ni twe dushimitse; Ab’i Kolosayi 1:18, 24). Muri kino gihe, kw’isi hasigaye abakirisu basizwe bakeyi gusa bo muri iryo shengero. Ariko naho ari bake, ico twomenya tudakeka ni uko Yezu Kristu, we Mutwe wabo, abakunda. Inyiyumvo abafitiye ziradondorwa mu Banyefeso 5:25, ahagira hati: “Kristo na we ya[ra]kunze ishengero, a[r]aryigura”. Yezu abakunda kubera yuko bakora bivuye inyuma mu guha Imana “ikimazi co gukenguruka . . . , ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo”, nk’uko na we yabigize igihe yari kw’isi.​—Abaheburayo 13:15.

Izindi nsobanuro z’ijambo “ishengero”

11. Ijambo “ishengero” rikoreshwa mu buhe buryo bugira kabiri mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu?

11 Rimwe na rimwe Bibiliya irakoresha ijambo “ishengero” mu kwerekeza ku mugwi munaka gusa w’abakirisu basizwe, idashaka kwerekeza ku mugwi w’abakirisu basizwe bose uko ari 144.000 bagize “ishengero ry’Imana”. Nk’akarorero, Paulo yandikiye umugwi umwe w’abakirisu ati: “Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’Abagiriki, cank’ishengero ry’Imana” (1 Ab’i Korinto 10:32). Birumvikana yuko umukirisu munaka w’i Korinto ha kera aramutse akoze ikintu kitabereye, vyari gushobora gutsitaza bamwebamwe. Ariko none, ivyo vyoba vyari gushobora gutsitaza Abagiriki, Abayuda canke abasizwe bose uko bangana bo kuva muri ico gihe gushika ku bo muri kino gihe cacu? Haba namba. Biboneka rero yuko muri uwo murongo, imvugo “ishengero ry’Imana” yerekeza ku bakirisu baba babayeho mu gihe kinaka ico ari co cose. Ku bw’ivyo rero, umuntu arashobora kuvuga yuko Imana iyobora ishengero, ikarironsa ivyo rikeneye ikongera ikarihezagira, ashaka kwerekeza ku bakirisu babayeho mu gihe kinaka, aho baherereye hose. Canke turashobora kuvuga yuko mw’ishengero ry’Imana muri iki gihe harangwa agahimbare n’amahoro, dushaka kuvuga yuko ivyo bintu birangwa mu muryango w’abakirisu wose uko ungana.

12. Ni mu buryo ubuhe bugira gatatu ijambo “ishengero” rikoreshwa muri Bibiliya?

12 Uburyo bugira gatatu Bibiliya ikoresha ijambo “ishengero”, ni mu kwerekeza ku bakirisu bose bo mu karere kanaka. Bibiliya ivuga iti: “Ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro” (Ivyakozwe n’intumwa 9:31). Mu bisanzwe muri ako karere kanini hariho imigwi y’abakirisu itari mike, mugabo yose hamwe, ni ukuvuga iyari i Yudaya, i Galilaya be n’iyari i Samariya, yiswe “ishengero”. Uravye igitigiri c’ababatijwe kuri Pentekote yo mu 33 G.C. be n’ababatijwe inyuma yaho gatoyi, biboneka ko mbere hashobora kuba hari imigwi itari mike yaza irikoraniriza mu karere k’i Yeruzalemu (Ivyakozwe n’intumwa 2:41, 46, 47; 4:4; 6:1, 7). Herode Agiripa wa mbere yatwaye i Yudaya gushika apfuye mu 44 G.C., kandi uravye mu 1 Ab’i Tesalonike 2:14 biribonekeza neza yuko mu 50 G.C. canke imbere yaho i Yudaya hari amashengero atari make. Igihe rero dusoma ivy’uko Herode yariko ‘agirira nabi bamwe bo mw’ishengero’, ivyo bishobora kuba vyerekeza ku migwi itari mike yakoranira i Yeruzalemu.​—Ivyakozwe n’intumwa 12:1.

13. Ni mu buryo ubuhe bugira kane ijambo “ishengero” rikunze gukoreshwa muri Bibiliya?

13 Ubugira kane, ijambo “ishengero” rirakunze gukoreshwa mu kwerekeza ku mugwi mutoyi kuruta, ni ukuvuga ku bakirisu bagize ishengero rimwe rudende ry’ahantu hanaka, nk’akarorero irigirira amakoraniro mu nzu. Paulo yaravuze “amashengero y’i Galatiya”. Muri iyo ntara nini cane y’Uburoma hariho amashengero atari make. Mu kuvuga ibijanye n’intara ya Galatiya, Paulo yarakoresheje incuro zibiri ijambo “amashengero” mu bwinshi, ayashobora kuba yari ay’i Antiyokiya, ay’i Derube, ay’i Lusitira be n’ay’i Ikoniyo. Abagabo bakwije ibisabwa, ni ukuvuga abacungezi, baragenywe muri ayo mashengero (1 Ab’i Korinto 16:1; Ab’i Galatiya 1:2; Ivyakozwe n’intumwa 14:19-23). Twisunze Ivyanditswe, ayo mashengero yose yari “amashengero y’Imana”.​—1 Ab’i Korinto 11:16; 2 Ab’i Tesalonike 1:4.

14. Turavye ukuntu ijambo “ishengero” rikoreshwa mu vyanditswe bikeyi, ni iciyumviro ikihe dushobora gushikako?

14 Imigwi imwimwe itegerezwa kuba yari mitomito ku buryo yashobora kugirira amakoraniro mu nzu y’umuntu. Naho ari ukwo, ijambo “ishengero” ryarakoreshwa mu kwerekeza ku migwi imwimwe mwene iyo. Iyo tuzi ni ishengero ryari mu nzu ya Akwila na Purisikira, iryari mu nzu ya Numfa be n’iryari mu nzu ya Filemoni (Abaroma 16:3-5; Ab’i Kolosayi 4:15; Filemoni 2). Ivyo birakwiye kuremesha amashengero yo muri iki gihe usanga ari matomato ubiravye, kandi akaba kumbure ahora akoranira mu nzu y’umuntu. Yehova yaremera mwene ayo mashengero matomato yo mu kinjana ca mbere akongera akayashigikira biciye ku mpwemu yiwe, kandi nta gukeka yuko ukwo ari ko abigenza ku mashengero matomato yo muri iki gihe.

Amashengero arashemeza Yehova

15. Ni gute vyigaragaza mu mashengero amwamwe yo mu ntango yuko impwemu yera yayakoreramwo?

15 Twabonye ko Yezu yashemeje Imana hagati y’ishengero, gutyo ivyari vyaravuzwe muri Zaburi 22:22 biramurangukirako (Abaheburayo 2:12). Abayoboke biwe b’intahemuka na bo nyene ni ko bobigenjeje. Mu kinjana ca mbere, igihe abakirisu b’ukuri basigwa impwemu yera kugira ngo babe abana b’Imana gutyo bagacika benewabo na Kristu, impwemu yera yarakoreye muri bamwebamwe mu bundi buryo budasanzwe. Impwemu yarabahaye ingabire zo gukora ibitangaro. Zimwezimwe muri izo ngabire zari izo kuvuga amajambo adasanzwe y’ubwenge canke ay’ubumenyi, iz’ububasha bwo gukiza indwara canke bwo kuvugishwa n’Imana, canke mbere ubushobozi bwo kuvuga indimi batari bazi.​—1 Ab’i Korinto 12:4-11.

16. Imwe mu ntumbero y’ingabire zo gukora ibitangaro ziva ku mpwemu yari iyihe?

16 Ku bijanye no kuvuga izindi ndimi, Paulo yavuze ati: “Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubgenge” (1 Ab’i Korinto 14:15). Yaratahura yuko vyari bihambaye ko abandi bategera ivyo yaba ariko aravuga maze bakagira ico bahigiye. Intumbero Paulo yari afise yari iyo gushemeza Yehova mw’ishengero. Yahimirije abandi bari bararonse ingabire ziva ku mpwemu, ati: “Kuremesha ishengero [iryo bagaragarizamwo izo ngabire] kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza [“kuzirondera”, UB]” (1 Ab’i Korinto 14:4, 5, 12, 23). Biribonekeza ko Paulo yitwararika amashengero yo mu turere dutandukanye, azi neza yuko abakirisu bo muri rimwerimwe ryose muri yo boronse uturyo two gushemeza Imana.

17. Ni igiki dushobora kwemera tudakeka ku bijanye n’amashengero atandukanye yo muri kino gihe?

17 Yehova arabandanya gukoresha ishengero ryiwe no kurishigikira. Ariko arahezagira umugwi w’abakirisu basizwe bari kw’isi muri kino gihe. Ivyo dushobora kubibonera ku bifungurwa umukimba vyo mu vy’impwemu abasavyi b’Imana bidiha (Luka 12:42). Ariko arahezagira umuryango wose w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Kandi ariko arahezagira amashengero atandukanye, ayo dushemagirizamwo Umuremyi wacu biciye ku vyo dukora no ku nyishu zerekeye ivy’impwemu zikomeza dutanga turi mu makoraniro. Muri yo, ni ho twigirishirizwa tukongera tukamenyererezwa kugira ngo dushobore gushemeza Imana mu bindi biringo, igihe tutaba neza na neza turi mw’ishengero dukukira.

18, 19. Ni igiki abakirisu bose biyeguriye Imana bo mw’ishengero iryo ari ryo ryose ryo mu karere kanaka bipfuza gukora?

18 Niwibuke yuko intumwa Paulo yahimirije abakirisu bo mw’ishengero ry’i Filipi mu ntara ya Makedoniya, ati: “Ico nsengera, n’ukugira ngo . . . mwuzu[r]e imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe”. Ivyo yabahimirije gukora vyobaye birimwo n’ukubwira abandi, ni ukuvuga abatari mu bagize ishengero, ibijanye n’ukuba bari barizeye Yezu be n’icizigiro ciza utoraba bari bafise (Ab’i Filipi 1:9-11; 3:8-11). Ni co gituma Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n[a Yezu], ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo”.​—Abaheburayo 13:15.

19 Woba uhimbarwa no gushemeza Imana “hagati y’ishengero” nk’uko Yezu yabigira, ukongera ugahimbarwa no gukoresha iminwa yawe kugira ngo ushemeze Yehova imbere y’abataramumenya kugira ngo na bo baheze bamushemeze (Abaheburayo 2:12; Abaroma 15:9-11)? Inyishu ubwacu dutanga kuri ico kibazo yoshobora kuvana ku rugero runaka n’uburyo tubona uruhara ishengero turimwo rifise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Mu kiganiro gikurikira, nimuze twihweze ukuntu Yehova ariko arayobora ishengero turimwo n’ukuntu ariko ararikoresha, twongere twihweze n’uruhara rikwiye kugira mu buzima bwacu muri kino gihe.

Woba uvyibuka?

• “Ishengero ry’Imana” rigizwe n’abakirisu basizwe, ryashinzwe gute?

• Ni mu bundi buryo butatu ubuhe Bibiliya ikoresha ijambo “ishengero”?

• Ku bijanye n’ishengero, ni igiki Dawidi, Yezu, be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bipfuza gukora, kandi ivyo bikwiye kutwigisha iki?

[Ifoto ku rup. 21]

Yezu yari umushinge w’irihe shengero?

[Ifoto ku rup. 23]

Imigwi y’abakirisu yo mu turere dutandukanye yaragira amakoraniro ari “amashengero y’Imana”

[Ifoto ku rup. 24]

Cokimwe n’aba bakirisu bo muri Bénin, turashobora gushemeza Yehova turi mu masinzi akoranye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika