ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 12 rup. 34-rup. 35 ing. 5
  • Yakobo ahabwa intoranwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakobo ahabwa intoranwa
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nuzigame intoranwa yawe mu guhitamwo neza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 12 rup. 34-rup. 35 ing. 5
Yakobo ariko araha Esawu isahani y’indya kubera yamuhebeye intoranwa yiwe

ICIGWA CA 12

Yakobo ahabwa intoranwa

Izahaki na Rebeka bari kumwe n’abana babo b’amahasa, Yakobo na Esawu

Igihe Izahaki yari afise imyaka 40, yararongoye umugore yitwa Rebeka. Yaramukunda cane. Bahavuye bavyara abahungu babiri b’amahasa.

Bukuru yitwa Esawu, butoyi na we akitwa Yakobo. Esawu ntiyaguma muhira, yakunda kuja guhiga ibikoko mw’ishamba. Ariko Yakobo yakunda kwigumira muhira.

Ico gihe, umuhungu mukuru ni we yahabwa itongo rinini n’amahera menshi se wiwe apfuye. Ivyo ni vyo bita intoranwa. Ku muryango wa Izahaki, muri iyo ntoranwa harimwo kugira uruhara mu vyo Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu. Esawu ntiyitaho ivyo bintu Yehova yari yarasezeranye, ariko Yakobo yari azi ko vyari bihambaye cane.

Yakobo na Esawu

Umusi umwe, Esawu yatashe arushe cane avuye guhiga. Yaramotewe n’ibifungurwa biryoshe Yakobo yariko arateka, aca amubwira ati: ‘Inzara iranyishe! Mpa kuri ivyo uriko urateka!’ Yakobo yamubwiye ati: ‘Ndaguha, ariko ubanze unyemerere ko nzoca ntwara intoranwa yawe.’ Esawu yaciye amwishura ati: ‘Ivy’intoranwa nta vyo mbabaye! Urashaka utware. Nyihere indya gusa.’ Wumva Esawu atabaye ikijuju? Cane nyene. Esawu yarahevye ikintu c’agaciro cane kubera indya gusa!

Igihe Izahaki yari ashaje cane, harageze ko ahezagira umwana wiwe mukuru. Ariko Rebeka yarafashije Yakobo kugira abe ari we ahezagirwa, naho ari we yari mutoyi. Igihe Esawu yabimenya, yarashavuye cane, aca ashaka kwica mwenewabo. Kugira Izahaki na Rebeka bakingire Yakobo, bamubwiye bati: ‘Ba uragenda kwa Labani musaza wa mama wawe, ishavu rya Esawu ribanze rihere.’ Yakobo yarumviye abavyeyi biwe, aca arahunga.

«Bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima? Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki kugira arokore ubuzima bwiwe?»​—Mariko 8:36, 37

Ibibazo: Esawu yari ameze gute? Yakobo we yari ameze gute? Kubera iki Yakobo ari we yahezagiwe mu kibanza ca Esawu?

Itanguriro 25:20-34; 27:1–28:5; Abaheburayo 12:16, 17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika