Nuzigame intoranwa yawe mu guhitamwo neza
“Muzinukwe ikibi, mwumire ku ciza.”—ROM. 12:9.
1, 2. (a) Wafashe gute ingingo yo gukorera Imana? (b) Ni ibibazo ibihe twokwibaza ku bijanye n’intoranwa yacu yo mu buryo bw’impwemu?
TWEBWE abantu amamiliyoni twarahisemwo mu buryo buranga ubukerebutsi gukorera Yehova Imana no gukurikira neza intambuko za Yezu Kristu. (Mat. 16:24; 1 Pet. 2:21) Ntidufata minenegwe ubwo buzima bwo kwihebera Imana. Ihitamwo twagize ntiryari rishingiye ku kumenya mu buryo budafashe ivyanditswe bikeyi, ahubwo ryari rishingiye ku gutohoza Ijambo ry’Imana tuvyitondeye. Ivyo vyatumye tumenya ido n’ido ibintu vyinshi bikomeza ukwizera vyerekeye intoranwa Yehova abikiye ‘abaguma bironsa ubumenyi bumwerekeye n’ubwerekeye uwo yatumye, Yezu Kristu.’—Yoh. 17:3; Rom. 12:2.
2 Kugira ngo tugume turi abakirisu, dutegerezwa kugira amahitamwo ahimbara Dawe wa twese wo mw’ijuru. Iki kiganiro kiraca irya n’ino rero ibi bibazo bihambaye: Intoranwa yacu ni iki? Dukwiye kuyibona gute? Dushobora gute kwiyemeza neza ko turonka intoranwa yacu? Ni igiki kizodufasha guhitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi?
INTORANWA YACU NI IKI?
3. Ni intoranwa iyihe irindiriye (a) abarobanuwe (b) “izindi ntama”?
3 Abakirisu bakeyi gusa ni bo biteze kuronka “intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana,” ni ukuvuga agateka ntangere ko kuganza bari kumwe na Kristu mw’ijuru. (1 Pet. 1:3, 4) Kugira ngo abo bantu baronke iyo ntoranwa, bategerezwa ‘kwongera kuvuka.’ (Yoh. 3:1-3) None intoranwa y’abantu amamiliyoni bagize “izindi ntama” za Yezu, bifatanya n’abayoboke biwe barobanuwe mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ni iyihe? (Yoh. 10:16) Izo zindi ntama bazoronka intoranwa ba bacumuzi Adamu na Eva batigeze baronka, iyo na yo ikaba ari ukubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi, hatakiriho imibabaro, urupfu canke ikigandaro. (Ivyah. 21:1-4) Ni co gituma Yezu yasezeraniye inkozi y’ikibi yapfanye na we ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”—Luka 23:43.
4. Ni imihezagiro iyihe twinovora?
4 No muri iki gihe, turinovora imice imwimwe y’intoranwa yacu. Kubera ko twizera “incungu yarishwe na Kristu Yezu,” turafise amahoro yo mu mutima kandi turafitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi. (Rom. 3:23-25) Turatahura neza imihango y’agaciro iri mw’Ijambo ry’Imana. Vyongeye, kuba turi mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose urangwa urukundo, bituma tugira umunezero udasanzwe. N’ikindi kandi, ese ukuntu ari agateka ntangere kuba Icabona ca Yehova! Ntibitangaje kubona duha agaciro cane intoranwa yacu.
5. Ni igiki Shetani yagerageje kugira ku basavyi b’Imana, kandi ni igiki codufasha guhagarara dushikamye imbere y’amayeri yiwe?
5 Ariko rero, kugira ngo tugumye iyo ntoranwa yacu nziza igitangaza, dutegerezwa kuguma turi maso ku mayeri ya Shetani. Shetani yamye agerageza kwosha abasavyi b’Imana gufata ingingo zoshobora gutuma batakaza intoranwa yabo. (Guh. 25:1-3, 9) Kubera ko azi yuko iherezo ryiwe riri hafi, yarongereje utwigoro twiwe two kutuzimiza. (Soma Ivyahishuwe 12:12, 17.) Nimba twipfuza kuguma ‘duhagaze dushikamye imbere y’amayeri ya Shetani,’ dutegerezwa kubandanya duha agaciro cane intoranwa yacu. (Ef. 6:11) Mu bijanye n’ivyo, akarorero ko kutuburira ka Esawu umuhungu w’umwe sekuruza w’imiryango Izahaki karimwo ivyigwa vyoba vyiza dufashe nkama.
NTUBE NKA ESAWU
6, 7. Esawu yari nde, kandi ni intoranwa iyihe yari imurindiriye?
6 Haraciye hafi imyaka 4.000 Esawu n’ihasa ryiwe Yakobo bavutse kuri Izahaki na Rebeka. Igihe ayo mahasa yariko arakura, yaragize kamere zitandukanye yongera ahitamwo ibikorwa bitandukanye. “Esawu [yacitse] umugabo azi guhiga, umugabo w’ishamba,” mu gihe “Yakobo [yacitse] umugabo atagirako umugayo, aba mu mahema.” (Ita. 25:27) Umuhinduzi wa Bibiliya Robert Alter avuga yuko ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “atagirako umugayo risobanura ugutungana canke mbere ukutagira ikikwagira.”
7 Igihe Esawu na Yakobo bari bafise imyaka 15, sekuru wabo Aburahamu yarapfuye, mugabo umuhango Yehova yari yaramuhaye wagumyeho. Mu nyuma, Yehova yarawusubiriyemwo Izahaki, arerekana ko amahanga yose yo kw’isi yokwihesheje umuhezagiro biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu. (Soma Itanguriro 26:3-5.) Uwo muhango warahishuye yuko Mesiya, ari we rwa “ruvyaro” rw’urwizigirwa ruvugwa mw’Itanguriro 3:15, yokomotse ku ruvyaro rwa Aburahamu. Kubera ko Esawu yari umuhungu w’imfura wa Izahaki, yari afise uburenganzira kuri uwo muhango. Mbega intoranwa nziza igitangaza yari imurindiriye! Yoba none yarayihaye agaciro?
Ntushire mu kaga intoranwa yawe yo mu buryo bw’impwemu
8, 9. (a) Esawu yahisemwo iki ku bijanye n’intoranwa yiwe? (b) Haciye imyaka, ni igiki Esawu yatahuye ku bijanye n’ihitamwo yari yaragize, kandi yaciye akora iki?
8 Umusi umwe Esawu avuye mw’ishamba, yarabonye Yakobo “ariko arateka isupu.” Esawu yavuze ati: “Ndakwinginze, nyarutsa, umpe utwo mira kuri ivyo bitukura, ivyo nyene bitukura, kuko ndushe!” Yakobo yamwishuye ati: “Banza ungurisheko uburenganzira bwawe bw’imfura!” None Esawu yahisemwo iki? Biratangaje kubona yavuze ati: “None uburenganzira bw’imfura bumariye iki?” Egome, Esawu yahisemwo isahani y’isupu ayirutisha uburenganzira bwiwe bw’imfura. Kugira ngo Yakobo atume ubwo burenganzira yari aguze bumwegukira mu buryo bwemewe n’amategeko, yavuze ashimitse ati: “Banza undahire!” Esawu atarinze no kwiyumvira, yaciye aheba uburenganzira bwiwe bw’imfura. “Yakobo araheza aha Esawu umukate n’isupu y’inkore, uno na we atangura kurya no kunywa. Maze arahaguruka arigira. Ukwo ni ko Esawu yasuzuguye uburenganzira bwiwe bw’imfura.”—Ita. 25:29-34.
9 Haciye imyaka, igihe Izahaki yabona ko agira apfe, Rebeka yaratunganije ibintu kugira ngo yiyemeze neza ko Yakobo yoronse vy’ukuri uburenganzira bw’imfura Esawu yari yatakaje n’ibigirankana. Igihe Esawu yatahura ata co agihindura ihitamwo riranga ubupfu yari yaragize, yinginze Izahaki ati: “Mpezagira na jewe nyene, da! . . . Nta muhezagiro none wambikiye?” Igihe Izahaki yavuga ko adashobora guhindura umuhezagiro yari yamaze guha Yakobo, “Esawu [yaciye] ashira ijwi hejuru araturikisha ararira.”—Ita. 27:30-38.
10. Yehova yabonye gute Esawu na Yakobo, kandi kubera iki?
10 Ni ibintu ibihe biranga agatima Esawu yari afise vyigaragaza mu Vyanditswe? Yarerekanye ko guhaza ivyipfuzo vyiwe vy’umubiri vyari bihambaye kuri we kuruta kuzokwironkera imihezagiro yari kuva ku ntoranwa yiwe. Esawu ntiyahaye agaciro uburenganzira bwiwe bw’imfura kandi biragaragara ko atakunda Imana vy’ukuri. Vyongeye, Esawu yarirengagije inkurikizi ico kintu yari akoze cogize ku ruvyaro rwiwe. Yakobo wewe yaraha agaciro cane intoranwa yiwe. Nk’akarorero, Yakobo yarakoze ahuza n’ubuyobozi abavyeyi biwe bamuhaye mu bijanye no guhitamwo umugore. (Ita. 27:46–28:3) Kubera ko Yakobo yagize iryo hitamwo ryasaba ko yihangana akongera akagira ivyo ahevye, yarabaye sekuruza wa Mesiya. None Imana yabonye gute Esawu na Yakobo? Yehova abicishije ku muhanuzi Malaki yavuze ati: “Nakunze Yakobo, Esawu na we naramwanse.”—Mal. 1:2, 3.
11. (a) Ni kubera iki akarorero ka Esawu gahambaye kuri twebwe abakirisu? (b) Ni kubera iki Paulo yavuze ubusambanyi mu bijanye n’ivyo Esawu yakoze?
11 Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Esawu vyoba bihambaye ku bakirisu muri iki gihe? Cane nyene. Intumwa Paulo yagabishije abo bari basangiye ukwemera kuba maso kugira ngo “ntihabe umusambanyi canke umuntu adaha agaciro ibintu vyeranda nka Esawu, umwe yaheba uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa.” (Heb. 12:16) Iyo ngabisho iracaraba abakirisu. Dutegerezwa kuguma duha agaciro ibintu vyeranda kugira ngo ntidutwarwe n’ivyipfuzo vy’umubiri maze tugatakaza intoranwa yacu yo mu buryo bw’impwemu. Ariko none, kubera iki Paulo yavuze ubusambanyi mu bijanye n’ivyo Esawu yakoze? Kubera yuko kugira agatima ko gukunda ivy’umubiri nk’aka Esawu bituma bishoboka rwose ko umuntu aheba ibintu vyeranda abikavye ibinezereza bitemewe, nk’ubusambanyi.
NUTEGURE UMUTIMA WAWE UBU
12. (a) Shetani adutega gute ibigeragezo? (b) Tanga uburorero bwo mu Vyanditswe bwodufasha igihe tubwirizwa kugira amahitamwo agoye.
12 Kubera ko turi abasavyi ba Yehova, nta gukeka ko tutarondera ibintu bigerageza vyoshobora kudushikana mu vy’ubuhumbu. Ahubwo nyabuna, dusenga dusaba ko Yehova Imana atotureka ngo tugwe igihe hari uwutugerageje ngo tumugambararire. (Mat. 6:13) Mugabo Shetani aguma agerageza kwonona kamere yacu y’ivy’impwemu uko twihatira kugumana ugutungana kwacu muri iyi si yononekaye. (Ef. 6:12) Kubera ko Shetani ari imana y’ivy’iyi si mbi, arazi ukuntu yokoresha ivyipfuzo vyacu birangwa agasembwa mu kudutega ibigeragezo bikunda gushikira abantu b’abanyagasembwa. (1 Kor. 10:8, 13) Nk’akarorero, dufate yuko turi mu bintu bituma turonka akaryo ko guhaza icipfuzo kinaka mu buryo buranga ubuhumbu. Wohitamwo iki? Woba womera nka Esawu ukavuga uti: ‘Nyarutsa! Mpa!’ Canke wonanira ico kigeragezo maze ukagihunga, nk’uko wa muhungu wa Yakobo ari we Yozefu yabigize, uno akaba yageragejwe na muka Potifari?—Soma Itanguriro 39:10-12.
13. (a) Muri iki gihe, ni gute benshi bakoze nka Yozefu, mugabo ni gute abandi bakoze nka Esawu? (b) Uturorero tw’abakora nka Esawu dutuma dutahura ko dukeneye kugira ikintu gihambaye ikihe?
13 Benshi muri bene wacu na bashiki bacu barashikiwe n’ibintu aho babwirijwe guhitamwo gukora nka Esawu canke nka Yozefu. Benshi muri bo barakoranye ubukerebutsi bituma banezereza umutima wa Yehova. (Imig. 27:11) Ariko rero, igihe abandi mu bo dusangiye ukwemera bashikirwa n’ikigeragezo, bahisemwo gukora nka Esawu, barashira mu kaga intoranwa yabo yo mu buryo bw’impwemu. Nkako, igitigiri kinini c’imanza zicibwa buri mwaka be n’ic’abacibwa buri mwaka biba vyaturutse ku buhumbu. Ese ukuntu bihambaye ko dutegura umutima wacu ubu, imbere y’uko dushikirwa n’ibintu bigerageza ugutungana kwacu! (Zab. 78:8) Turashobora gukora n’imiburiburi ibintu bibiri bizoturinda ikigeragezo bikongera bikadufasha guhitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi mu nyuma.
NUZIRIKANE WONGERE UKOMEZE
Turakomeza ibidukingira mu kurondera ubukerebutsi buva kuri Yehova
14. Ni ibibazo ibihe twozirikanako bikadufasha ‘kuzinukwa ikibi’ no ‘kwumira ku ciza’?
14 Ikintu ca mbere twokora ni ukuzirikana ku ngaruka z’ivyo dukora. Urugero dushikanako mu guha agaciro intoranwa yacu yo mu buryo bw’impwemu ruvana ahanini n’urugero dushikanako mu gukunda Yehova, we atanga iyo ntoranwa. Nakare, mu gihe dukunda umuntu, ntitwipfuza kumubabaza. Ahubwo, turihatira gutuma adushima. Kubera ko ari ukwo biri, vyoba vyiza dufashe akanya ko kuzirikana ku ngaruka zodushikira n’izoshikira abandi turamutse dutwawe n’ivyipfuzo vy’umubiri bihumanye. Turakwiye kwibaza duti: ‘Iki kintu kiranga ubwikunzi ngira nkore cogira ico gikoze gute ku bucuti mfitaniye na Yehova? Iki kibi cogira ico gikoze gute ku muryango wanje? Cogira ico gikoze gute kuri bene wacu na bashiki bacu bo mw’ishengero? Noba notsitaza abandi?’ (Flp. 1:10) Twoshobora kandi kwibaza duti: ‘Vyoba bibereye ko mpitamwo gukora ikintu coshobora guteza intuntu kugira gusa mare akanya gato ndiko ndanezerwa mu buryo butemewe? Noba vy’ukuri nipfuza gushikirwa n’ivyashikiye Esawu, nkarira cane maze gutahura ivyo nakoze?’ (Heb. 12:17) Kuzirikana ku bibazo nk’ivyo bizodufasha ‘kuzinukwa ikibi’ no ‘kwumira ku ciza.’ (Rom. 12:9) Urukundo dukunda Yehova ni rwo canecane ruzotuma twumira ku ntoranwa yacu.—Zab. 73:28.
15. Ni ibiki bizodufasha gukomeza ibidukingira ibintu bigeramira kamere yacu y’ivy’impwemu?
15 Ikintu kigira kabiri twokora ni ugukomeza ibidukingira. Yehova yaradushiriyeho intunganyo nyinshi zidufasha gukomeza ibidukingira ibintu vyo mw’isi bigeramira kamere yacu y’ivy’impwemu. Muri izo ntunganyo harimwo ukwiga Bibiliya, amakoraniro ya gikirisu, ubusuku bwo mu ndimiro n’isengesho. (1 Kor. 15:58) Igihe cose dusukiye Yehova ibiri mu mutima wacu mw’isengesho be n’igihe cose tugize uruhara mu busuku bwa gikirisu mu buryo buri n’ico buvuze, ni nk’aho tuba turiko turakomeza ibintu bidukingira ibigeragezo. (Soma 1 Timoteyo 6:12, 19.) Ubukomezi bw’ibidukingira buhagaze ahanini ku twigoro tugira. (Gal. 6:7) Ivyo birashirwa ahabona mu kigabane ca kabiri c’Imigani.
‘NUGUME UBIRONDERA’
16, 17. Dushobora gute kuronka ubushobozi bwo guhitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi?
16 Mu Migani ikigabane ca 2 haturemesha kwironsa ubukerebutsi n’ubushobozi bwo kwiyumvira. Izo ngabirano ziratuma dushobora guhitamwo hagati y’iciza n’ikibi no hagati y’ukwigumya n’ukwiryohererwa. Mugabo kugira ngo turoranirwe dutegerezwa kuba twiteguriye kugira akigoro. Mu gushimika kuri ukwo kuri guhambaye, Bibiliya igira iti: “Mwananje, niwakîra amajambo yanje kandi ukabika muri ntibate amabwirizwa yanje iruhande yawe, kugira utege ugutwi kwawe ubukerebutsi, ngo ushire umutima wawe ku gutahura; vyongeye, niwahamagara ugutegera kandi ugashira ijwi hejuru urondera ugutahura, niwaguma ubirondera nk’uwurondera ifeza, kandi ukaguma ubirondera nk’amatunga yanyegejwe, ni ho uzotahura ugutinya Yehova, kandi uzoronka ukumenya Imana. Kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura.”—Imig. 2:1-6.
17 Biragaragara rero ko kugira ngo dushobore kwironsa ubushobozi dukeneye budufasha guhitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi, dutegerezwa gushitsa ivyo bintu bivugwa mu Migani. Tuzoshobora gushikama mu bigeragezo nitwareka amajambo ya Yehova akabumbabumba umuntu wacu w’imbere, nitwaguma dusenga dusaba kuyoborwa n’Imana tukongera tukaguma turondera ubumenyi bwerekeye Imana nk’abarondera utubuyenge tw’igiciro tunyegejwe.
18. Wiyemeje kuguma ukora iki, kandi kubera iki?
18 Yehova araha ubumenyi, ugutegera, ugutahura n’ubukerebutsi abagira akigoro ko kurondera izo ngabirano. Uko turushiriza kuzirondera no kuzikoresha, ni ko tuzorushiriza kwiyegereza uwo nyene kuzitanga Yehova. Ubwo bugenzi somambike tuba dufitaniye na Yehova Imana buzoheza budukingire nitwashikirwa n’ikigeragezo. Kwiyegereza Yehova no kumutinya mu buryo buranga ko tumwubaha bimwe bigera kure bizoturinda gukora ibibi. (Zab. 25:14; Yak. 4:8) Ese kugiranira ubugenzi na Yehova no gushira mu ngiro ubukerebutsi buva kuri we vyotuvyurira twese umutima wo kuguma duhitamwo mu buryo buzonezereza umutima wa Yehova bukongera bukazigama intoranwa yacu!