ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 47 rup. 114-rup. 115 ing. 3
  • Yehova aremesha Eliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova aremesha Eliya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?
    Niwigishe abana bawe
  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 47 rup. 114-rup. 115 ing. 3
Eliya ahagaze imbere y’isenga ku musozi Horebu ariko arumviriza umumarayika w’Imana

ICIGWA CA 47

Yehova aremesha Eliya

Yezebeli yarumvise ivyashikiye abahanuzi ba Bayali aca arashavura cane. Yararungitse intumwa kubwira Eliya iti: ‘Ejo uzoba wapfuye nka barya bahanuzi ba Bayali.’ Eliya yaragize ubwoba bwinshi, aca arahungira mu bugaragwa. Yasenze ati: ‘Yehova, birananiye kwihangana. Reka nipfire.’ Eliya yararyamye munsi y’igiti aca arasinzira kuko yari yarushe cane.

Umumarayika yaraje aramukangura, amubwira ati: ‘Vyuka urye.’ Eliya yaciye abona umukate uri ku mabuye ashushe be n’umukuza w’amazi. Yarariye yongera aranywa, aca arasubira kuryama. Umumarayika yarasubiye kumuvyura amubwira ati: ‘Fungura. Urakeneye inguvu kuko urugendo ari rurerure.’ Eliya yarasubiye kurya. Yaciye agira urugendo rw’imisi 40 n’amajoro 40, gushika ku musozi Horebu. Ashitseyo, yaciye aryama mw’isenga ry’ibuye. Yehova yaramubajije ati: ‘Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?’ Eliya yamwishuye ati: ‘Abisirayeli bararenze ku vyo bagusezeraniye. Barasambuye ibicaniro vyawe barica n’abahanuzi bawe. None nanje bagomba kunyica.’

Yehova yamubwiye ati: ‘Genda uhagarare ku musozi.’ Ubwa mbere, harahuhuse umuyaga mwinshi cane. Haciye hakurikira nyamugigima hama umuriro. Mu nyuma, Eliya yarumvise ijwi ritekanye, ryo hasi. Yaciye yipfuka impuzu yiwe mu maso aca ahagarara hanze y’iryo senga. Yehova yaramubajije igituma yari yahunze. Eliya yamwishuye ati: ‘Ni je jenyene nsigaye.’ Ariko Yehova yamubwiye ati: ‘Si we wenyene usigaye. Hariho abandi 7.000 muri Isirayeli bakinsenga. Genda utore Elisha kugira azobe umuhanuzi mu kibanza cawe.’ Ubwo nyene Eliya yaciye aja gukora ivyo Yehova amubwiye. Na wewe Yehova azogufasha niwakora ivyo agomba. Reka dusubire inyuma turabe ikintu cabaye muri ca gihe imvura itagwa.

«Ntimwiganyire ku kintu na kimwe. Ahubwo mu bihe vyose, ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana mu gusenga, mu gutakamba no mu gukenguruka.»​—Abafilipi 4:6

Ibibazo: Kubera iki Eliya yahunze? Ni ibiki Yehova yamubwiye?

1 Abami 19:1-18; Abaroma 11:2-4

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika