URURIRIMBO RWA 119
Dutegerezwa kugira ukwizera
Integuro icapuwe
1. Kensh’Imana yavuze biciye
Ku bahanuzi ba kera.
Ubu isaba ‘bose kwigaya’
Bakagir’ukwizera.
(ICITABIRIZO)
Mbe turafis’ukwizera
Kuzotuma turokoka?
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
2. Kristu turamugamburukira,
Twigish’ata co twikanga.
Ya nkuru y’Ubwami yizigiza
Ntitwoyigir’ibanga.
(ICITABIRIZO)
Mbe turafis’ukwizera
Kuzotuma turokoka?
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
3. Nya kwizera ni kwo kutugumya,
Ntidusuha; nta co tuba.
Tuguma kuri Yehova kuko
Azodukiza vuba.
(ICITABIRIZO)
Mbe turafis’ukwizera
Kuzotuma turokoka?
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
(Raba kandi Rom. 10:10; Ef. 3:12; Heb. 11:6; 1 Yoh. 5:4.)