Ururirimbo rwa 144
Dutegerezwa kugira ukwizera
1. Yehova kera yaravuze kenshi
Biciye ku bo yatuma bo kw’isi.
Mu nyuma vyaciye ku Mwana wiwe;
Twumvirije tuzoba dukingiwe.
(Icitabirizo)
2. Ntidut’umwidegemvyo wo kuvuga,
Ni ho twokwigish’ata kidutega.
Tugez’ikirenge mu ca Mesiya
Yehova ntazoduh’impembo nkeya.
(Icitabirizo)
3. Ntitwiyonjorora kuko twohona,
Turizera tugakorer’Imana.
Naho abansi benshi baturwanya
Turizera Yehova ntituganya.
(ICITABIRIZO)
Dutegerezwa kugira kwa kwizera.
Ni ho ya ntambara y’Imana twokira.
Mbe dufis’ukwizera kw’ibikorwa?
Ni kwo rero kuzoturokora.