Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
“[Yehova] aca intambara gushitsa ku mpera y’isi.”—ZABURI 46:9.
1. Ni umuhango w’amahoro utangaje nyabaki dusanga mu kimenyeshakazoza ca Yesaya?
“UBUGOROROTSI buzovyara amahoro, kand’ubugororotsi buzozana ugutekereza n’ivyizigiro gushitsa ibihe bidashira. Kand’abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi.” (Yesaya 32:17, 18) Mbega umuhango w’igitangaza! Ni umuhango w’amahoro nyakuri washizweho n’Imana.
2, 3. Dondora ukuntu amahoro nyakuri ameze.
2 Mbega none, amahoro nyakuri ni iki? Yoba gusa ari uko ata ntambara ihari? Canke yoba gusa ari ikiringo amahanga amara yitegurira intambara ikurikira? Amahoro nyakuri, yoba ari indoto nsa? Ivyo ni ibibazo dukeneye kuronkera inyishu zishîmirwa. Ubwa mbere ho, amahoro nyakuri araruta kure n’iyo indoto. Amahoro Imana yasezeranye ararengeye cane ikintu cose iyi si ishobora kwiyumvira. (Yesaya 64:4) Si amahoro amara imyaka mikeyi canke imyaka mirongo. Ni ay’ibihe bidashira! Kandi si amahoro agenewe gusa abantu bakeyi batewe agateka—yerekeye ijuru n’isi, abamarayika hamwe n’abantu. Arashikira abantu bo mu mahanga yose, imigwi y’ubwoko bwose, indimi zose, n’ab’amabara yose. Ntazi imbibe, ntagira ikiyatangīra, ntagira ikiyapfubiranya.—Zaburi 72:7, 8; Yesaya 48:18.
3 Amahoro nyakuri asigura amahoro ya buri musi. Ni ukuvuga ko wikangura buri gitondo ata ciyumviro c’intambara, ata kwirirwa uraganyiriza ku vyerekeye kazoza kawe, kazoza k’abana bawe, mbere na kazoza k’abuzukuru bawe. Asigura amahoro y’umuzirikanyi yuzuye. (Ab’i Kolosayi 3:15) Asigura ko ata bukozi bw’ikibi bukiriho, nta bukazi, nta ngo zigabaguritse zikiriho, nta bantu barara rubunda bakiriho, nta bantu bicwa n’inzara canke n’igikonyozi bakiriho, kandi nta mwiheburo canke umubabaro bikiriho. Iciza kirushirije, amahoro y’Imana asigura isi itagiramwo indwara, uburibwe, intuntu, canke urupfu. (Ivyahishuriwe Yohana 21:4) Mbega icizigiro ciza bitangaje dufise c’ukunezererwa amahoro nyakuri ibihe bidashira! None ubwo si bwo bwoko bw’amahoro n’agahimbare twebwe twese twipfuza cane? Mbega ubwo si bwo bwoko bw’amahoro dukwiye gusenga no gukora ngo aboneke?
Utwigoro tw’Abantu Twabaye Impfagusa
4. Ni utwigoro nyabaki tw’ukurondera amahoro amahanga yagiye aragira, kandi vyavuyemwo iki?
4 Mu binjana n’ibindi abantu hamwe n’amahanga bǎravuze ivy’amahoro, baragira imibonano y’ukuvuga ivy’amahoro, barashira imikono ku myumvikano amajana y’amahoro. None vyavuyemwo iki? Mu myaka 80 ishize, mu vy’ukuri nta kanya kahaciye ata hanga canke umugwi munaka uri mu ntambara. Biragaragara, amahoro yaraciye abantu mu myanya y’intoke. Nuko rero ikibazo ni iki, Ni kuki utwigoro twose umuntu yagize ngo ashireho amahoro hagati y’amahanga twabaye impfagusa, kandi ni kuki umuntu adashoboye kuzana amahoro azoramba?
5. Ni kuki utwigoro tw’ukurondera amahoro abantu bagize twananiwe ubudahengeshanya?
5 Inyishu isanzwe ni uko abantu batǎhindukiriye isôko nyaryo ry’amahoro nyakuri. Ku bw’akosho ka Shetani ya Diyǎbule, abantu bǎraremye amungungane aca azira ubugoyagoye n’utugeso tubi twabo bwite—umunoho bafise hamwe n’ukubiragirira ubukuru kwabo, bahurumbira ububasha n’ukwibonekeza. Bagiye mu mashure ya kaminuza hanyuma bashinga inzego hamwe n’amashakashakiro, ivyazanye gusa uburyo bundi bwinshi bw’ugukandamiza n’uguhonya. Abantu bayobowe kw isôko nyabaki? Ni hehe bahanze amaso?
6, 7. (a) Ni ibiki Umuhari w’Amahanga wakoze? (b) Ni ibiki vyovugwa kw Ishirahamwe Mpuzamakungu?
6 Mu 1919, amahanga yarashize umwishimiro wayo muri wa Muhari w’Amahanga ngo usasagaze amahoro ntayegayega. Ico cizigiro carakenyaguritse igihe ingabo za Mussolini zashwara muri Etiyopiya mu 1935, n’igihe intambara mpuzabanyagihugu yaduka muri Esupanye mu 1936. Mu 1939 nya Muhari waranyikīriye uradegera igihe haduka Intambara ya II y’Isi Yose. Ayo mahoro atari yo ntiyamaze n’imyaka na 20.
7 Twovuga iki kw Ishirahamwe Mpuzamakungu? Ryoba ryaratanze icizigiro nyakuri kinaka c’amahoro aramba yo kw isi yose? Ihibambewe. Intambara hamwe n’amatati akoreshwamwo ibirwanisho vyarwanywe kuva aho ritanguriye mu 1945, vyararenze 150! Ntibitangaje kubona Gwynne Dyer, umutohoji munyakanada w’ivy’intambara n’amamuko yayo, yaradondoye Ishirahamwe Mpuzamakungu O.N.U. ko ari nk’ “ijahamwe ry’abanigagurabikoko bahindutse inkingirabikoko, atari iteraniro ry’abatagatifu,” n’uko ngo “ahanini ari urwego nyakarimi mburabubasha.”—Gereranya na Yeremiya 6:14; 8:15.
8. Naho amahanga aganira ivy’amahoro, ni ibiki abandanya kugira? (Yesaya 59:8)
8 Naho amahanga aganira ivy’amahoro, arabandanya kwubura n’uguhingura ibirwanisho. Ibihugu bihagarikira amanama y’ivy’amahoro usanga kenshi ari vyo nyene bija imbere mu buhinguzi bw’ibirwanisho. Inyungu zihambaye z’ivy’urucuruza muri ivyo bihugu zirakorereza ihingurwa ry’ibirwanisho ntezarupfu, dushizemwo na vya bisasu vya kidiyǎbule bizikwa mw ivu vyica canke bikamugaza abasivile bakuze n’abana bashika 26000 buri mwaka. Umunoho hamwe n’ubunyuruji ni inguvu nterangiro. Ibiturire n’impfumbatisho ni igihimba buhimba c’icuruzwa ry’ibirwanisho rigirwa mu mahanga. Abanyapolitike bamwebamwe baritungisha muri ubwo buryo.
9, 10. Ni ibiki abahanga b’iyi si bihweje ku biraba intambara n’ukwinanata kw’abantu?
9 Muri Kigarama 1995, umunyafizike w’Umunyapolonye akaba n’uwatsindiye ka Gashimwe k’Amahoro Kitiriwe Nobel, Joseph Rotblat, yarateye akamo amahanga ngo areke kwa gusiganirwa ihingura ry’ibirwanisho. Yavuze ati: “Uburyo bwonyene bw’ukubuza [ukundi gusiganirwa ihingura ry’ibirwanisho] ni ukuvanaho indwano ubudasigaza.” Woba wiyumvira ko ivyo bisa n’ivyoshika? Guhera mu 1928 kubandanya, amahanga 62 yarateye igikumu kuri ya masezerano yitiriwe Kellogg-Briand, akaba yarahakanye ko intambara atari bwo buryo bw’ugutunganya amatati. Intambara ya II y’Isi Yose yarerekanye neza yuko urupapuro ayo masezerano yanditsweko rwapfuye ubusa.
10 Ntibihārirwa, intambara yamye ari ibuye ntsitaza mu bunyuro bw’abantu mu nkuru y’ivyabaye. Nk’uko Gwynne Dyer yavyanditse, “intambara ni urwego ruhambaye mu vy’akaranga k’abantu, kandi inkuru-kahise yayo ireha neza n’iy’abantu.” Egome, mu vy’ukuri akaranga k’abantu ako ari ko kose hamwe n’inganji iyo ari yo yose vyaragize abahizi ba gisirikare bavyo b’abubahwa, intwaramiheto zishikamye zavyo, indwano zavyo za rurangiranwa, amatohorezo yavyo y’ivy’igisirikare asonerwa cane, umurundo wavyo w’ibirwanisho. Ariko rero, iki kinjana cacu cǎranzwe n’intambara kuruta ikindi cose, mu vy’uguhonya no mu vy’ugutakaza ubuzima.
11. Ni ikintu ntabanduka ikihe abakuru b’iyi si biyobagije mw irondera ryabo ry’amahoro?
11 Biragaragara yuko abakuru b’iyi si birengagije bwa bwenge ngenderwako bwo muri Yeremiya 10:23 ngo: “[Yehova], nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” Ata Mana igiyemwo, nta mahoro nyakuri ashobora kuhaba. Ivyo vyose none vyoba bisigura rero ko intambara ari ikitokwirindwa mu kibane gisirimutse? Vyoba bisigura yuko amahoro—amahoro nyakuri—ari indoto idashoboka?
Ugushika ku Nyendamuvano
12, 13. (a) Ni igiki Bibiliya ihishura ko ari co nyendamuvano nyamukuru itabonwa n’amaso, y’intambara? (b) Shetani yahindukije gute ivyiyumviro vy’abantu ngo bive ku muti nyakuri w’imbangamyi isi ifise?
12 Kugira twishure ivyo bibazo, turakeneye gutahura ico intambara zivako. Bibiliya ivuga itomora yuko wa mumarayika mugarariji ari we Shetani ari “umwicanyi” w’inyamo akaba n’ “umunyabinyoma” n’uko “isi yose iri muri wa Mubi.” (Yohana 8:44; 1 Yohana 5:19) Ni igiki yakoze kugira akorereze imigabo yiwe? Dusoma mu 2 Ab’i Korinto 4:3, 4 uku: “Ariko namb’ubutumwa bgiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona, ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.” Shetani aragira ikintu cose gishoboka kugira ahindukize ivyiyumviro vy’abantu bive ku Bwami bw’Imana bwo muti w’imbangamyi isi ifise. Arahumya abantu kandi akabacisha iruhande akoresheje ivy’amacakubiri mu vyerekeye ikibane, politike n’idini, kugira ivyo bise n’ibihambaye kuruta ugutegeka kw’Imana. Akarorero kamwe ka vuba ni kwa kwiyadukiza kw’ubwiratirehanga gukwiye kw isi yose.
13 Shetani ya Diyǎbule arakorereza ubwiratirehanga n’ubwiratirebwoko, kwa kwemera ko hariho ihanga riruta ayandi, ibara ry’urukoba riruta ayandi, canke ubwoko buruta ubundi. Inzanko zashinze imizi zari zǎcubijwe mu binjana n’ibindi ubu ziriko ziravyukirizwa ngo zikongereze izindi ntambara hamwe n’ayandi matati. Federico Mayor, umunyamabanga mukuru wa UNESCO, yarabūye ivy’iyo mpengamiro ati: “N’ahantu habarizwa ukudakumirana, ugutandukira ivy’ukuterekwa kavamahanga kuriko gucika ukwigaragaje, kandi imvugo z’ukwiratira ubwoko canke z’amacakubiri zari zabaye nk’ikintu ca kahise usanga zija zirumvikana kenshi na kenshi gusumba.” Ivyo vyavuyemwo iki? Bwa bwicanyi bw’ubuyobe bwa hamwe hǎhora ari muri Yugosilaviya na bwa busheshi bw’amaraso bushingiye ku bwoko bwaba mu Rwanda ni bibiri biheruka vyo mu vyabaye mwen’ivyo vyavuzwe cane mu makuru yo kw isi.
14. Ivyahishuriwe Yohana 6:4 hadondora gute ivyerekeye intambara n’ingaruka yayo muri iki gihe turimwo?
14 Bibiliya yaravuze imbere y’igihe yuko mu gihe c’iherezo ry’ivy’iyi si, ifarasi y’akagajo, iyigereranya intambara, yokinagiye mw isi yose. Dusoma ibi mu Vyahishuriwe Yohana 6:4: “Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ahabga inkota ndende.” Guhêra mu 1914 twarabonye uwo agendera kw ifarasi w’ikigereranyo ‘akuraho amahoro,’ kandi amahanga yarashishikaye kurwana no gukomeza intambara.
15, 16. (a) Ni uruhara nyabaki idini yagize mu ntambara no mu vy’ukwica? (b) Yehova abona ate ivyo amadini yagize?
15 Ikitokwiyobagizwa co ni uruhara idini yagize muri izo ntambara n’ubwo bwicanyi. Kahise njagaramaraso k’abantu, ku rugero runini gashobora kugerekwa ku bwohe nyamuyovya bw’idini y’ikinyoma. Umunyatewolojiya mugatolika yitwa Hans Küng yanditse ati: “Nta guhârira kuhari kw’uko [amadini], kubera akosho kayo kabi kandi k’ubugesera yatêrereye kandi n’ubu agiterera rwose mu vy’ugusomborotsa intambara. Umugigano ukomeye, amatati arimwo ugusesa amaraso, si ivy’imbeshere n’‘intambara z’amadini’ arakwiye kubibazwa; . . . ivyo kandi ni ko bimeze no kuri za ntambara zibiri z’isi yose.”
16 Yehova Mana abona gute uruhara idini y’ikinyoma igira mu bwicanyi no mu ntambara? Urwagiro Imana ishira kw idini y’ikinyoma rwanditswe mu Vyahishuriwe Yohana 18:5, ruvuga icese ruti: “Ivyaha vyiwe vyā[ra]rundanijwe bi[r]ashika kw ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.” Ukuja hamwe kw’idini y’ikinyoma n’abategetsi ba gipolitike b’isi vyarashitse kuri ukwo kwagirizwa amaraso, no ku kirundo c’ivyaha birundanye, kugeza aho bitoshoboka ko Imana ivyirengagiza. Vuba izokuraho rimwe rizima ico gitsitaza, bube uburyo bw’ukuzana amahoro nyakuri.—Ivyahishuriwe Yohana 18:21.
Inzira Ijana ku Mahoro
17, 18. (a) Ni kuki kwemera ko amahoro ahoraho ashobora kuboneka atari indoto y’urwibesho gusa? (b) Ni ibiki Yehova yamaze gukora kugira yemeze icese ko amahoro nyakuri azoza?
17 Niba abantu badashoboye kuzana amahoro nyakuri kandi aramba bábicishije mu mihora nka rya Shirahamwe Mpuzamakungu, amahoro nyakuri none azova kw isôko nyabaki, kandi mu buryo ki? Yoba gusa ari indoto y’urwibesho kwemera ko amahoro ahoraho ashoboka? Si ayadashoboka duhindukiriye kuri sôko ry’amahoro nyawe. None uwo ni nde? Zaburi 46:9 harishura mu kutubwira yuko Yehova “aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, avunagura imiheto, amacumu a[k]ayacagagura, imikogote ikwegwa n’amafarasi a[ka]yiturira mu muriro.” Kandi Yehova yaramaze gutangura ico gikorwa c’ugukuraho intambara no gusasagaza amahoro nyakuri. Gute? Mu kuvyagiza Kirisitu Yezu ku ntebe y’Ubwami yiwe afitiye uburenganzira mu 1914, no mu gukorereza rya sekeza ry’ukwigisha amahoro rikuru kuruta, mu nkuru y’ivyabaye yerekeye abantu. Aya majambo menyeshakazoza yo muri Yesaya 54:13 aradushwirura ati: “Abana bawe bose [bazoba abantu bigishijwe na Yehova, NW], kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.”
18 Iki kimenyeshakazoza kiratanga akarorero k’ingingo y’ivyerekeye inyendamuvano n’ingaruka—ni ukuvuga ko buri ngaruka ifise inyendamuvano yayo. Muri ivyo inyigisho ya Yehova—yo nyendamuvano—irahindura abantu b’inkundantambara bakaba abantu b’inkundamahoro bari mu mahoro n’Imana. Ingaruka ni ihinduka ry’umutima rituma abantu baba abakunda amahoro. Iyo nyigisho ihindura imitima n’imizirikanyi vy’abantu n’ubu mbere iriko irakwiragira mw isi yose uko amamiliyoni bakurikira akarorero ka wa ‘Muganwa w’Amahoro,’ Yezu Kirisitu.—Yesaya 9:6.
19. Ni ibiki Yezu yigishije ku vyerekeye amahoro nyakuri?
19 None Yezu yigishije iki ku vyerekeye amahoro nyakuri? Yaravuze atari ivy’amahoro hagati y’amahanga gusa, ariko amahoro hagati y’abantu mu vy’ubucuti bafitaniye hamwe n’amahoro y’imbere ava ku mburanyamutima nziza. Muri Yohana 14:27, tuhasoma amajambo Yezu yabwiye abakurikizi biwe ati: “Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.” Amahoro ya Yezu yari atandukanye gute n’ay’isi?
20. Yezu azozana amahoro nyakuri akoresheje uburyo nyabaki?
20 Ubwa mbere, amahoro ya Yezu yari afatanye rwose n’ubutumwa bwiwe bw’Ubwami. Yari azi yuko ya ntwaro itunganye yo mw ijuru, iyigizwe na Yezu hamwe n’abategekana na we 144 000, yokuyeho intambara n’abasomborotsa intambara. (Ivyahishuriwe Yohana 14:1, 3) Yari azi yuko iyo ntwaro yosasagaje imero z’ibintu zo mw’iparadizo zitekanye, imwe yasezeraniye ya nkozi y’ikibi yapfiriye hambavu yiwe. Yezu ntiyamwemereye ikibanza mu Bwami bwo mw ijuru, ariko yavuze ati: ‘Vy’ukuri je ndakubwiye uyu musi, Uzoba uri kumwe nanje mw Iparadizo.’—Luka 23:43, NW.
21, 22. (a) Ni icizigiro kitugumya vy’igitangaza ikihe amahoro nyakuri arimwo? (b) Ni igiki dutegerezwa gukora kugira twibonere ubwacu uwo mugisha?
21 Vyongeye, Yezu yari azi yuko Ubwami bwiwe bwozaniye impumurizo abariragurika bose bagaragaza ukwizera bamufitiye. Amahoro yiwe arimwo ca cizigiro kitugumya vy’igitangaza, kimwe c’izuka. Ibuka ya majambo yiwe aremesha dusanga muri Yohana 5:28, 29: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.”
22 Woba ureretse ico gihe? Woba warabuze abo wakunda báhitanywe n’urupfu? Woba wipfuza cane gusubira kubabona? Niwemere rero ya mahoro Yezu atanga. Gira ukwizera nka kumwe kwa Marita, mushiki wa Lazaro, uwabwiye Yezu ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” Mugabo umva igisubizo kinezereza Yezu yahaye Marita: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?”—Yohana 11:24-26.
23. Ni kuki ubumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana ari ntahara mu vy’ukuronka amahoro nyakuri?
23 Nawe nyene urashobora kwizera uwo muhango kandi ukawungukirako. Gute? Mu kwironkera ubumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana. Umva ukuntu intumwa Paulo yashimitse ku kamaro k’ubumenyi ntagakosa ati: “Natwe, . . . [ntidu]hengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe [ubumenyi ntagakosa bw’]ivy’igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab[a Yehova], mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwiza [ubumenyi ntagakosa bw’Imana].” (Ab’i Kolosayi 1:9, 10) Ubwo bumenyi ntagakosa buzokujijura ko Yehova Mana ari we sôko ry’amahoro nyakuri. Buzokubwira kandi ivyo utegerezwa gukora ubu kugira ushobore kwiyunga ku mwandikamazaburi mu kuvuga uti: “Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, kukw ari wewe wenyene, [Yehova], umpa kuba amahoro.”—Zaburi 4:8.
Woshobora Gusigura?
◻ Ni kuki utwigoro tw’abantu tw’ukurondera amahoro twananiwe ubudahengeshanya?
◻ Inyendamuvano y’indwano ni iyihe?
◻ Ni kuki amahoro aramba atari indoto y’urwibesho?
◻ Isôko ry’amahoro nyakuri ni irihe?
[Ifoto ku rup. 3]
Amahoro nyakuri si indoto. Ni umuhango w’Imana
[Ifoto ku rup. 5]
Kuva mu 1914 umwe agendera kw ifarasi y’akagajo w’ikigereranyo yarakuye amahoro mw isi
[Ifoto ku rup. 6]
Idini hamwe na O.N.U. birashobora kuzana amahoro?
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto yafashwe na O.N.U.