ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/10 rup. 21-26
  • “Igihe c’Impore” Kiregereje!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Igihe c’Impore” Kiregereje!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ishingiro ry’Amahoro Nyakuri
  • Ni Kuki Hariho “Igihe c’Intambara”?
  • Iki Ni Co “Gihe co Kuvuga”
  • Abavuga Ivy’ “Amahoro, Kand’Ata Mahoro Ariho”
  • Yehova Avumera
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/10 rup. 21-26

“Igihe c’Impore” Kiregereje!

“Ikintu cose cashingiwe igihe caco, . . . igihe c’intambara n’igihe c’impore.”—UMUSIGUZI 3:1, 8.

1. Ni ibintu ibihe bitumvikana vyabaye mu kinjana ca 20 ku biraba intambara n’amahoro?

ABANTU benshi baripfuza cane amahoro, kandi birumvikana. Muri kahise nta kindi kinjana cabayemwo impore nke nk’ikinjana ca 20. Ivyo ntivyumvikana, kubera yuko ata kindi gihe haribwigere hakorwa vyinshi kugira ngo amahoro asasagare. Mu 1920 wa Muhari w’Amahanga warashinzwe. Mu 1928, amasezerano yataziriwe Kellog-Briand, ayo igitabu kimwe cise “ayahambaye kuruta ayandi yose yashitsweko mu twigoro twagiye turakurikirana two gukomeza amahoro inyuma y’Indwano ya Mbere y’Isi Yose,” yaremejwe n’ “ibihugu nka vyose vyo kw’isi . . . vyemeranya kuvavanura n’indwano ngo ntibe inzira ya politike ibihugu vyokurikiza.” Maze mu 1945, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryarashinzwe ngo risubirire wa Muhari w’Amahanga ataco wari ugikora.

2. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko intumbero yaryo ari iyihe, kandi ryoba ryabishitseko ku rugero rungana iki?

2 Cokimwe n’uwo Muhari, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko intumbero yaryo ari iyo gusasagaza amahoro kw’isi. Ariko ntiryabishitseko neza. Ni vyo, nta hantu kw’isi hari mu ndwano ikomeye nka za ntambara zibiri z’isi yose. Yamara rero, amatati adakomeye nka zo mirongo aracatuma abantu ibihumbi amajana badugarika imitima, bagatakaza ibintu vyabo, kandi kenshi bakanahasiga ubuzima. Twoba dushobora kwizigira yuko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rishobora guhindura ikinjana ca 21 kikaba “igihe c’impore”?

Ishingiro ry’Amahoro Nyakuri

3. Ni kuki amahoro nyakuri adashobora kuboneka igihe hari urwanko?

3 Amahoro mu bantu no hagati y’ibihugu ntasaba gusa kurenzako. Umuntu yoba ashobora kubana koko mu mahoro n’umuntu yanka? Nk’uko muri 1 Yohana 3:15 habivuga, ivyo ntibishoboka. Hagira hati: “Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi.” Nk’uko ivyabaye mu bihe vya vuba bibigaragaza, inzankano z’inzika zirakunda kuvamwo ubukazi.

4. Ni ba nde gusa bashobora kugira amahoro, kandi kuki?

4 Kubera yuko Yehova ari “Imana [itanga] amahoro,” abantu bakunda Imana kandi bakubaha cane ingingo zigororotse zayo ni bo gusa bashobora kugira amahoro. Biragaragara yuko Yehova adaha amahoro uwo ari we wese. “Nta mahoro ku banyakibi, ni kw Imana yanje igize.” Ivyo bitumwa n’uko abanyakibi banka kureka ngo barongorwe n’impwemu yera y’Imana, amahoro na yo akaba ari icamwa cayo.—Abaroma 15:33; Yesaya 57:21; Ab’i Galatiya 5:22.

5. Ni igiki Abakirisu nyakuri batorota bakora?

5 Abakirisu nyakuri ntiborota batana mu mitwe n’abantu nka bo, nk’uko abitwa Abakirisu babigize kenshi canecane muri iki kinjana ca 20. (Yakobo 4:1-4) Ni vyo, abo Bakirisu nyakuri barwanya inyigisho zisigura Imana uko itari, mugabo iyo ndwano igenewe gufasha abantu, si kubagirira nabi. Guhama abandi kubera ko mudahuje idini canke kubasinzikariza ubuzima kubera ivy’ukwiratira igihugu nta ho bihuriye n’Ubukirisu nyakuri. Paulo yabwirije Abakirisu b’i Roma ati: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.”—Abaroma 12:17-19; 2 Timoteyo 2:24, 25.

6. Muri iki gihe ni hehe honyene amahoro nyakuri ashobora gusangwa?

6 Muri iki gihe, amahoro atangwa n’Imana twoyasanga gusa mu basenga Yehova Imana b’ukuri. (Zaburi 119:165; Yesaya 48:18) Nta vyiyumviro bitandukanye mu vya politike bihungabanya ubumwe bwabo, kubera yuko ahantu hose baba usanga batisuka mu vya politike. (Yohana 15:19; 17:14) Kubera yuko “[ba]huje umutima n’inama,” nta vyiyumviro bitandukanye mu vy’idini bigeramira amahoro yabo. (1 Ab’i Korinto 1:10) Amahoro Ivyabona vya Yehova bafise ni igitangaro co mu gihe ca none, kikaba ari igikorwa n’Imana mu buryo bujanye n’isezerano ryayo rigira riti: “Nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.”—Yesaya 60:17; Abaheburayo 8:10.

Ni Kuki Hariho “Igihe c’Intambara”?

7, 8. (a) Naho Ivyabona vya Yehova ari abantu baremesha amahoro, igihe ca none bakibona gute? (b) Ikirwanisho nyamukuru co mu ndwano y’Abakirisu ni ikihe?

7 Ariko naho Ivyabona vya Yehova ari abantu baremesha amahoro, babona yuko iki gihe ahanini ari “igihe c’intambara.” Ntugire ngo ni intambara nya ntambara, kubera yuko guhatira abandi ku butumwa bwa Bibiliya hakoreshejwe umuheto vyoba binyuranye n’akamo Imana itera ngo “ūgomba [ni yakire] amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe 22:17, ni twe tubihiritse.) Aha nta guhindura abantu ku gahato! Intambara Ivyabona vya Yehova barwana ni intambara yo mu buryo bw’impwemu gusa. Paulo yanditse ati: “Ibirwanishwa vy’intambara yacu [si] ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi.”—2 Ab’i Korinto 10:4; 1 Timoteyo 1:18.

8 Ikirwanisho nyamukuru mu “birwanishwa vy’intambara yacu” ni “inkota y[’im]pwemu, ari ryo jambo ry’Imana.” (Abanyefeso 6:17) Iyo nkota iri n’ububasha. “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Abaheburayo 4:12) Abakirisu bakoresheje iyo nkota barashobora gushingūra “impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana.” (2 Ab’i Korinto 10:5) Iratuma bashobora gushira ku kabarore inyigisho z’ikinyoma, utugeso twonona be n’amafilozofiya agaragaza ubwenge bw’abantu aho gukurikiza ubwenge bw’Imana.—1 Ab’i Korinto 2:6-8; Abanyefeso 6:11-13.

9. Ni kuki tudakwiye gutezura mu ntambara turwana n’umubiri munyacaha?

9 Ubundi bwoko bw’intambara yo mu buryo bw’impwemu ni intambara turwana n’umubiri munyacaha. Abakirisu bakurikira akarorero ka Paulo yiyemereye ati: “Ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe.” (1 Ab’i Korinto 9:27) Abakirisu b’i Kolosayi bakebuwe kwica “ingingo [zabo] ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana.” (Ab’i Kolosayi 3:5) Umwanditsi wa Bibiliya Yuda na we yahimirije Abakirisu “kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.” (Yuda 3) Ni kuki ivyo dukwiye kubigira? Paulo yishura ati: “Namba mwitondera ivy’akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.” (Abaroma 8:13) Dufatiye kuri ayo majambo atomoye, ntidukwiye na rimwe gutezura mu ntambara tugira turwanya impengamiro mbimbi.

10. Ni ibiki vyabaye mu 1914, bikazoshikana ku ki mu gihe kigiye kuza?

10 Yamara iyindi mvo ituma iki gihe gishobora kubonwa nk’igihe c’intambara ni uko “umusi wo kwīhōra w’Imana yacu” wegereje. (Yesaya 61:1, 2) Mu 1914, igihe Yehova yashinze co kwimika Ubwami bwa Mesiya n’ico kubuha uburenganzira bwo kurwanya ivy’isi ya Shetani bwivuye inyuma cari kigeze. Umwanya abantu bahawe ngo bagerageze intwaro zishinzwe n’abantu, Imana itabijamwo, wari urangiye ico gihe. Abantu benshi aho kwemera Umutegetsi Mesiya w’Imana, barabandanya kumutera akagere nk’uko nyene benshi babigize mu kinjana ca mbere. (Ivyakozwe 28:27) Ku bw’ivyo rero, kubera ko hari abarwanya ubwo Bwami, vyabaye ngombwa yuko Kirisitu “aganza hagati y’abansi b[i]we.” (Zaburi 110:2) Igishimishije ni uko mu Vyahishuriwe 6:2 (NW) hasezeranya yuko “azosozera intsinzi yiwe.” Ivyo azobigira mu gihe ca ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose . . . , [y]itwa Haru-Magedoni mu Giheburayo.”—Ivyahishuriwe 16:14, 16.

Iki Ni Co “Gihe co Kuvuga”

11. Ni kuki Yehova yihanganye agaherezako, mugabo ni ibiki bizoteba bigashika?

11 Guhera kuri rya hinduka rikomeye mu vy’abantu bakora ryo mu 1914, haraheze imyaka 85. Yehova yarihanganiye abantu araherezako. Yaratumye Ivyabona vyiwe bamenya neza ko ibintu vyihutirwa. Ubuzima bw’abantu amamiliyoni burageramiwe. Ayo masinzi arakeneye kuburirwa kubera yuko “Umwami Imana . . . [ita]gomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Yamara rero, ubu bwa vuba “Umwami Yesu azohishu[rwa], ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe.” Maze abateye akagere n’ibigirankana ubutumwa bw’Ubwami bw’Imana bose bazoca bibonerako igihe Yezu “[azohora] abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.”—2 Ab’i Tesalonike 1:6-9.

12. (a) Ni kuki ataco bimaze kunuganuga mu vy’ukumenya igihe ya marushwa ahambaye yotangurirako? (b) Kuri ivyo Yezu yabuye ku biraba iyihe ngeramizi?

12 Ukwihangana kwa Yehova kuzorangira ryari? Kunuganuga kwose ivy’igihe ya “marushwa ahambaye” yotangurirako nta co bimaze. Yezu yavuze atomora ati: “Uwo musi cank’iyo saha nta wubizi.” Ku rundi ruhande, yahimirije ati: “Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. . . . Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:21, 36, 42, 44) Tubivuze mu buryo bwumvikana, ivyo bisobanura yuko imisi yose dukwiye kuguma turi maso ku biba mw’isi tukongera tukazirikana ku vy’iyaduka rya ya marushwa ahambaye. (1 Ab’i Tesalonike 5:1-5) Ese ingene vyodushira mu kaga twiyumviriye yuko dushobora kwijandajandira, tukiberaho mu buryo bwitwa ko ari ubusanzwe, turindiriye kuraba ukuntu ibintu vyogenda! Yezu yavuze ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego.” (Luka 21:34, 35) Ico tutokeka coco ni iki: Ya “miyaga ine” y’isangangura muri iki gihe ifashwe n’ “abamarayika bane” ba Yehova ntizoguma ifashwe ibihe vyose.—Ivyahishuriwe 7:1-3.

13. Abantu bababa imiliyoni zitandatu bamenye iki?

13 Kubera ko umusi wo kwishurirako wegereza wihuta, amajambo ya Salomo yerekeye ivy’uko hari “igihe co kuvuga” aragira insobanuro idasanzwe. (Umusiguzi 3:7) Kubera yuko Ivyabona vya Yehova bababa imiliyoni zitandatu bamenye ko ubu vy’ukuri ari co gihe co kuvuga, babigiranye umwete bariko baravuga ivyerekeye ubuninahazwa bw’ingoma y’Imana bakongera bakaburira abantu ku vy’umusi wayo w’uguhōra. Baritanga n’umutima ukunze kuri uyu musi Kirisitu agomora ingabo ziwe.—Zaburi 110:3; 145:10-12.

Abavuga Ivy’ “Amahoro, Kand’Ata Mahoro Ariho”

14. Ni abamenyashakazoza b’ibinyoma abahe babayeho mu kinjana c’indwi B.G.C.?

14 Mu kinjana c’indwi B.G.C., abahanuzi b’Imana Yeremiya na Ezekiyeli barashikirije ubutumwa bw’Imana bwerekeye urubanza yari yaciriye Yeruzalemu iyihora ingendo yayo y’ukwigira akagaramaruganda mu kugambararira Imana. Isangangurwa bari barabuye ryabaye mu 607 B.G.C., naho izo ntumwa z’Imana zari zarwanijwe n’indongozi z’amadini zari rurangiranwa kandi zemerwa cane. Izo ndongozi z’amadini zagaragaye ko ari “ba kamenyi b’ibipfu . . . bazimiza abantu [b’Imana], bavuga ngo N’amahoro; kand’ata mahoro ariho.”—Ezekiyeli 13:1-16; Yeremiya 6:14, 15; 8:8-12.

15. Mbega abamenyeshakazoza b’ibinyoma nk’abo boba bariho muri iki gihe? Sigura.

15 Nka kurya kwa “ba kamenyi b’ibipfu” bo muri ico gihe, indongozi z’amadini nyinshi mu gihe ca none na zo nyene zirananirwa kuburira abantu ivyerekeye umusi w’Imana wo guca urubanza ugiye kuza. Ahubwo, barasiga abantu inkore ku maso yuko imigwi y’abanyapolitike izoteba igashikira amahoro n’umutekano. Kubera yuko barajwe ishinga no gushimisha abantu aho gushimisha Imana, babwira abanyaparuwasi babo ivyo abo bantu bashaka kwumva aho kubasobanurira yuko Ubwami bw’Imana buganza be n’uko Umwami Mesiya agiye gusozera intsinzi yiwe. (Daniyeli 2:44; 2 Timoteyo 4:3, 4; Ivyahishuriwe 6:2) Kubera ari abamenyeshakazoza b’ikinyoma, na bo nyene bavuga ngo “n’amahoro; kand’ata mahoro ariho.” Mugabo ivyo bemera mu buryo butitezwe bigiye kuba agacamutima, nibategerezwa guhangana n’uburake bwa Wa wundi bavuze uko atari bakongera bagasiga iceyi kitavugwa izina ryiwe. Indongozi z’inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, iyidondorwa muri Bibiliya nk’umugore w’umusambanyi, zizohushurwa bikomeye mu gihe zizoba ziriko zirasemerera zihenda abantu ngo hari amahoro.—Ivyahishuriwe 18:7, 8.

16. (a) Ivyabona vya Yehova bazwi yuko bakora iki? (b) Batandukaniye he n’abasemerera ngo “n’amahoro, kand’ata mahoro ariho”?

16 Kuba benshi mu ndongozi rurangiranwa kandi zemerwa cane baguma basezerana ivy’amahoro babigiranye uburyarya, ntibihungabanya icizigiro c’abizera amahoro nyakuri Imana yasezeranye. Ivyabona vya Yehova baramaze ikinjana kirenga bazwi ko baburanira Ijambo ry’Imana badahemuka, bakarwanya idini ry’ikinyoma badatinya, bakaba n’abantu biyemeje gushigikira Ubwami bw’Imana. Aho gusinziriza abantu n’akarimi gasosa bavuga ivy’amahoro, barihata bivuye inyuma kubakangura ngo babone yuko koko iki gihe ari igihe c’intambara.—Yesaya 56:10-12; Abaroma 13:11, 12; 1 Ab’i Tesalonike 5:6.

Yehova Avumera

17. Ivy’uko Yehova vuba agiye kuvumera bisobanura iki?

17 Salomo yavuze kandi ati: “Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.” (Umusiguzi 3:17) Egome, Yehova ari n’igihe yashinze co gushitsa urubanza kw’idini ry’ikinyoma n’ “abami bo mw isi ba[go]moye . . . kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.” (Zaburi 2:1-6; Ivyahishuriwe 16:13-16) Ico gihe nicashika, imisi Yehova yashinze yo ‘guhora’ izoba irangiye. (Zaburi 83:1; Yesaya 62:1; Yeremiya 47:6, 7) Biciye ku Mwami Mesiya wiwe yimitse, Yezu Kirisitu, ‘azovuga’ mu rurimi rumwe rudende abamurwanya basa n’abatahura, ati: “Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye. Eh’aho nahoreye; naracereje, ndiyumanganya: noneho ndataka cane nk’umugore ari mu bise, nzohezagirika nsēmagiritse. Nzotongora imisozi n’uturambi, numishe ivyatsi vyose vyaho; mu nzūzi nzohahindura i musozi, kandi nzokamya ibidengeri. Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.”—Yesaya 42:13-16, ni twe tubihiritse.

18. Abasavyi b’Imana bagiye “gucereza” mu vyerekeye iki?

18 Igihe Yehova ‘azovumerera’ aburanira ivy’uko ari Imana, abasavyi biwe ntibazoba bagikeneye kwiburanira. Bazoba baramukiwe “gucereza.” Nk’uko vyashitse ku basavyi b’Imana aho hambere, aya majambo akurikira azoranguka: “Mur’iyo ntambara ntimuzorinda kurwana, ariko muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho azobakirisha.”—2 Ngoma 20:17.

19. Abavukanyi basizwe ba Kirisitu bagiye kugira akahe gateka?

19 Ese ukuntu Shetani n’ishirahamwe ryiwe bizoba bineshejwe bigatikira! Abavukanyi ba Kirisitu baninahajwe bazogira uruhara mu gutsinda intsinzi yibonekeje y’ukugororoka, nk’uko iri sezerano ribivuga riti: “Imana Nyen’amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu.” (Abaroma 16:20) Ca gihe c’amahoro kimaze igihe kirekire kirindiriwe kiza cashika.

20. Hagiye kuba igihe c’iki?

20 Ese ukuntu abantu bose bari kw’isi bazorokoka bazoba bahezagiwe, igihe Yehova azogaragaza ububasha bwiwe! Hashize igihe gito, bazokwifatanya n’abagabo be n’abagore b’abizerwa bo hambere aho igihe bashingiwe co kuzuka kizoba gishitse. Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi izoba vy’ukuri ari “igihe co gutera . . . igihe co gukiza, . . . igihe co kwubaka, . . . igihe co gutwenga, . . . igihe co kuvyina . . . , igihe co kugumbirana . . . , igihe co gukundana.” Egome, kizoba kandi ari “igihe c’impore” y’ibihe bidahera!—Umusiguzi 3:1-8; Zaburi 29:11; 37:11; 72:7.

Wokwishura Gute?

◻ Ishingiro ry’amahoro aramba ni irihe?

◻ Ni kuki Ivyabona vya Yehova babona ko iki gihe ari “igihe c’intambara”?

◻ Ni ryari abasavyi b’Imana bakwiye “kuvuga,” kandi ni ryari bakwiye “gucereza”?

◻ Ni gute kandi ni ryari Yehova azovumera?

[Uruzitiro ku rup. 23]

Yehova Arafise Igihe Yashinze co

◻ gukwegēra Gogi agatera abasavyi b’Imana.—Ezekiyeli 38:3, 4, 10-12

◻ gushira mu mitima y’abategetsi icipfuzo co gusangangura Babiloni Hahambaye.—Ivyahishuriwe 17:15-17; 19:2

◻ kugirisha ubugeni bwa wa Mwagazi w’Intama.—Ivyahishuriwe 19:6, 7

◻ gutanguza intambara ya Harumagedoni.—Ivyahishuriwe 19:11-16, 19-21

◻ kuboha Shetani kugira ngo ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Yezu itangure.—Ivyahishuriwe 20:1-3

Ivyo bintu bizoshika, bitondetswe gusa ku rutonde bivugwamwo mu Vyanditswe. Turashobora kudakekeranya ko ivyo bintu uko ari bitanu bizoshika ku rutonde no mu gihe nyene Yehova ashinga.

[Amafoto ku rup. 25]

Ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi vy’ukuri kizoba ari igihe . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co gutwenga . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co kugumbirana . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co gukundana . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co gutera . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co kuvyina . . .

[Amafoto ku rup. 25]

co kwubaka . . .

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika