ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/11 rup. 9-14
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uguharira Abandi Kurakenewe—Natwe Turakugirirwa
  • Turakeneye Kwihatira Kuba Abantu Baharira Abandi
  • Nimwuzure—Muharirane
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubabarira abandi bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yehova ni ntangere mu guharira
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/11 rup. 9-14

Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima

“Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye ku mutima.”—MATAYO 18:35.

1, 2. (a) Umucumuzi karuhariwe umwe yerekanye gute yuko ashima Yezu? (b) Ni igiki Yezu yaciye abivugako?

UMUGORE umwe bisa n’uko yari imaraya. Ntiyari umuntu wokwitega gusanga mu nzu y’uwukunda ivy’Imana. Abantu barashishwa kuhamubona, mugabo ivyo yakora vyari birushirije kuba ibishisha. Uwo mugore yaregereye umugabo umwe n’urupfasoni rwinshi bihebuje, hanyuma agaragaza ukuntu ashima ibikorwa vyiwe, amwoza ibirenge n’amosozi yiwe hanyuma abihanaguza umushatsi wiwe.

2 Uwo mugabo, ari we Yezu, ntiyashishwe n’uwo mugore “muri ico gisagara, yar’[azwi ko ari] umunyavyaha.” Mugabo Simoni Umufarizayo, ari na we yari nyene iyo nzu, yari arajwe ishinga n’uko uwo mugore yari umunyavyaha. Kuri ivyo Yezu yaciye yishura mu kubiganira ivy’abagabo babiri bari baheraniye uwabaguranye. Umwe yari aheranye menshi—nk’ayaciye imishahara y’imyaka ibiri ku muntu w’umwisumamwo. Uwundi na we yari aheranye ic’icumi c’ayo, ayari munsi y’ayaciye imishahara y’amezi atatu. Igihe muri abo bompi ata wari ashoboye kuyishura, uwabaguranye ‘yayabahebeye bompi.’ Birumvikana yuko uwari ahebewe menshi gusumba yari afise impamvu ikomeye kuruta yo kuvyakirana urukundo. Yezu amaze kubihuza na ca gikorwa ca wa mugore kiranga ubuntu, yongeyeko iyi ngingo: “Ūhariwe bike agira urukundo ruke.” Yaciye abwira nya mugore ati: “Uhariwe ivyaha vyawe.”—Luka 7:36-48.

3. Ni ibiki dukeneye kurimbura ku bitwerekeye ubwacu?

3 Niwibaze uti: ‘Iyo mba ndi uwo mugore canke ivyanje bikaba vyifashe nk’ukwo nyene, hanyuma nkagirirwa ikigongwe, mbega nociye mbura kugirira ikigongwe abandi mu kubaryagagura?’ Kumbure wokwishura, uti ‘Eka data!’ Mugabo, woba wibaza vy’ukuri yuko ugabirije guharira abandi? Kwoba ari ko usanzwe wimereye? Woba kenshi uhora ubigira ata kangonongono n’abandi bakaba bovuga yuko uri umuntu aharirana? Reka turabe igituma umwe wese muri twebwe akwiye kwitwararika ico kibazo ata kwibesha, tukisuzuma.

Uguharira Abandi Kurakenewe—Natwe Turakugirirwa

4. Ni ukuri ukuhe dukwiye kwiyemerera ku bitwerekeye ubwacu?

4 Uri umunyagasembwa, nk’uko nawe ubizi neza. N’igihe bobikubaza wonavyemera, kumbure ukibuka amajambo dusanga muri 1 Yohana 1:8 avuga ati: “Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.” (Abaroma 3:23; 5:12) Kuri bamwebamwe ukuba abanyacaha gushobora kuba kwagaragajwe n’ivyaha bikomakomeye kandi bibabaje. Ariko naho vyoba bikwagira utabizi, ntihabuze incuro nyinshi n’uburyo bwinshi ushobora kuba warananiwe gushitsa ingingo ngenderwako z’Imana—ari kwo gukora icaha. None si vyo?

5. Dukwiye gukengurukira Imana ku bw’ibiki?

5 Ivyawe rero vyoshobora kuba bihuye n’iyi ndondoro yagizwe n’intumwa Paulo ngo: “Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro vyanyu n’ukudakebga kw’imibiri yanyu, [Imana] yabagiranye bazima na we [Yezu], imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose.” (Ab’i Kolosayi 2:13; Abanyefeso 2:1-3) Raba ayo majambo ngo “[yaduhariye] ibicumuro vyacu vyose.” (Ni twe tubihiritse.) Aho harimwo vyinshi. Umwe wese muri twebwe arafise impamvu nziza yo gutakamba nk’uko Dawidi yatakamvye, ati: “Uhoraho we, kubg’izina ryawe umparire ukugabitanya kwanje, kuko gukomeye.”—Zaburi 25:11, ni twe tubihiritse.

6. Ni ibiki dushobora kwitega tudakeka ku biraba Yehova be n’uguharira ivyaha?

6 Wewe—canke uwo ari we wese muri twebwe—ushobora gute guharirwa? Urupfunguzo rwavyo ni uko Yehova Imana agabirije guharira ivyaha. Ico ni ikiranga kamere yiwe. (Kuvayo 34:6, 7; Zaburi 86:5) Uca utahura yuko Imana yiteze ko tuyihindukirira mw’isengesho hanyuma tukayisaba imbabazi, tukayisaba kuduharira. (2 Ngoma 6:21; Zaburi 103:3, 10, 14) Kandi yararinganije ivy’uko habaho ishimikiro ryemewe n’amategeko ry’uguharira mwene ukwo, na ryo ni inkuka y’incungu ya Yezu.—Abaroma 3:24; 1 Petero 1:18, 19; 1 Yohana 4:9, 14.

7. Ni mu buryo ubuhe ukwiye kurondera kwigana Yehova?

7 Umutima Imana ifise wo guharira ivyaha ukwiye kuwubonamwo icitegererezo c’ukuntu ukwiye gufata abandi bantu. Paulo yarashimangiye ico kintu, mu kwandika ati: “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.” (Abanyefeso 4:32) Nta nkeka, mu vyo Paulo ashaka kuvuga harimwo ivy’uko twokwigira ku karorero k’Imana, kubera ko umurongo ukurikira ubandanya uti: “Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda.” (Abanyefeso 5:1) Woba ubona isano rihari? Yehova Imana yaraguhariye, maze rero nk’uko Paulo abitwumvisha mu buryo bujijura, nawe ukeneye kumwigana kandi ‘ukagira imbabazi, ugaharira abandi ata kangonongono.’ Ariko niwibaze uti: ‘Noba ndabigira? Nimba bidasanzwe binyorohera kugira, noba ndiko ngira akigoro ngo ndabishikeko, nkita ku rutare vy’ukuri kugira ngo nigane Imana mu kuba umuntu aharirana?’

Turakeneye Kwihatira Kuba Abantu Baharira Abandi

8. Dukwiye kwiyemerera iki ku vyerekeye abagize ishengero ryacu?

8 Ntivyoba bibi umuntu yiyumviriye yuko mw’ishengero rya gikirisu ari gake dutegerezwa kugaragaza ingendo yo guharira iranga ukwubaha Imana. Yamara ibintu si ko bimeze. Ego ni ko abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’Abakirisu barihatira gukurikira icitegererezo ca Yezu c’urukundo. (Yohana 13:35; 15:12, 13; Ab’i Galatiya 6:2) Baramaze igihe kirekire bakora n’ubu bakiriko, kugira ngo bahebe uburyo bwo kwiyumvira, bwo kuvuga no gukora usanga bwiraye muri iyi si mbi. Bashaka vy’ukuri kugaragaza wa muntu mushasha. (Ab’i Kolosayi 3:9, 10) Yamara, ntidushobora kwiyobagiza ukuri kw’uko ishengero rikwiye kw’isi yose, be n’ishengero rimwerimwe ryose ukwaryo, usanga rigizwe n’abantu b’abanyagasembwa. Muri rusangi, nta nkeka yuko ubu bameze neza kuruta uko bari kera, yamara baracari abanyagasembwa.

9, 10. Ni kuki tudakwiye gutangara mu gihe ingorane zovyuka mu bavukanyi?

9 Muri Bibiliya Imana iratubwira nkana yuko dushobora kwitega agasembwa mw’ishengero, mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Raba nk’akarorero amajambo ya Paulo yanditswe mu B’i Kolosayi 3:13 agira ati: “Mwihanganiran[e], muhariran[e], iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.”

10 Biri n’ico bivuze kuba ngaha Bibiliya itwibutsa isano riri hagati y’ukuntu Imana iduharira n’uko tubwirizwa kandi dukeneye guharira abandi. Ni kuki ivyo bitoroshe? Kubera ko Paulo yiyemerera yuko umuntu ashobora kugira “ico apfa n’uwundi.” Yari azi yuko mwene ivyo bintu bapfa vyohabaye. Bitegerezwa kuba vyari bihari mu kinjana ca mbere, mbere no mu Bakirisu b’ ‘abera’ bari bafise ‘icizigiro babikiwe mw ijuru.’ (Ab’i Kolosayi 1:2, 5) None twokwiyumvira yuko vyomera ukundi muri iki gihe usanga aho abenshi mu Bakirisu b’ukuri badafise intahe ishinzwe n’impwemu yemeza yuko ari “abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo”? (Ab’i Kolosayi 3:12) Ni co gituma tudakwiye guca twibwira yuko hari ikintu kigenda nabi bimwe bidasanzwe mu gihe mw’ishengero ryacu hoba hari ibintu abantu bapfa—nk’ukubabazwa n’ibibi nyabibi canke ivyo umuntu yiyumvira ko yakorewe.

11. Umwigishwa Yakobo yatugabishije ku biki?

11 Amajambo ya Yakobo mwenenyina wa Yezu na yo nyene arerekana ko dutegerezwa kwitega yuko hatobura n’incuro na nkeyi duhura n’ibintu bidusaba guharira abavukanyi bacu. Yavuze ati: “Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge. Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri.” (Yakobo 3:13, 14) “Ishari ry’inkazi” mu mitima y’Abakirisu b’ukuri? Egome, amajambo ya Yakobo arumvikanisha neza yuko mwene iryo shari ryari ryaribonekeje mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, kandi ko no muri iki gihe ryokwibonekeje.

12. Ni ingorane iyihe yavyutse mw’ishengero rya kera ry’i Filipi?

12 Akarorero nyako k’ivyabaye ni akerekeye Abakirisu babiri basizwe, bakaba bari bafise izina ryiza ku bw’ugukorana na Paulo batiziganya. Woshobora kwibuka ivyo wasomye kuri Ewodiya na Sintike bo mw’ishengero ry’i Filipi. Naho mu B’i Filipi 4:2, 3 hatabivuga ido n’ido, harerekana yuko hari ingorane bari bafitaniye. Yoba yatanguriye ku majambo avuzwe asunitswe n’impwemu ataranga ubuntu, ku gasuzuguro kavuye ku muntu w’incuti canke ikintu kinaka cerekana ko hari ishari ry’ugukebana? Uko yari kwose, yarakomeye cane gushika aho Paulo avyumva ari kure i Roma. Kumbure abo bavukanyikazi babiri bari bakomeye mu vy’impwemu bararetse kuvugana, bituma umwe yirinda uwundi ku makoraniro, canke agacokora uwundi kuri bagenziwe.

13. Ni ibiki vyoba vyaratunganye hagati ya Ewodiya na Sintike, bikaduha icigwa ikihe?

13 Hoba hari na kimwe muri ivyo gishusha n’ivyoba vyarabaye hagati ya bamwebamwe mw’ishengero ryanyu, canke gishusha n’ivyabaye vyari bikwerekeye? Ingorane mwene iyo n’ubu irashobora kuhaba ku rugero runaka. Twoshobora kugira iki none? Muri iyo ngorane yabaye kera, Paulo yahimirije abo bavukanyikazi babiri biyeguriye Imana ‘kugira umuzirikanyi umwe mu Mukama.’ (NW) Bashobora kuba baremeye kuganira ivy’iyo ngorane, bagasubiza hamwe, bakagira umutima ukunze wo guharirana, hanyuma maze bakigana vy’ukuri umutima wa Yehova wo guharira. Nta kintu cotuma twiyumvira ibindi atari uko Ewodiya na Sintike bashoboye kubitunganya, kandi natwe turashobora kubitunganya. Mwene uwo mutima wo guharirana urashobora kwiganwa muri iki gihe ibintu bigatungana.

Nimwuzure—Muharirane

14. Ni kuki kenshi bishoboka kandi ari vyiza ntangere ko twirengagiza gusa utuntu twebwe tudahuzako n’uwundi?

14 Mu vy’ukuri guharira uwundi Mukirisu bisaba iki igihe wagiraniye ingorane na we? Tuvugishije ukuri, nta buryo na bumwe bworoshe buriho, mugabo Bibiliya iratanga uturorero tw’ingirakamaro hamwe n’impanuro icisha aho ukuri kuri. Impanuro nyamukuru twokurikiza, naho itoroshe kwemera no gushira mu ngiro, ni ukwibagira gusa nya ngorane, tukayihoza. Kenshi igihe ingorane iriho, nk’uko yari iriho hagati ya Ewodiya na Sintike, umwe wese yumva yuko mugenziwe ari we mubi canke yuko ari we canecane yakoze ikosa. Urumva rero yuko igihe ibintu vyifashe gutyo wohava wiyumvira yuko uwo wundi Mukirisu ari we canecane yokwagirizwa, canke yuko ari we yakoze ikibi kinini. Yamara none, woshobora gusa kubiheba mu kumuharira? Uramenya yuko mu gihe uwo wundi Mukirisu ari we ahanini ari mw’ikosa canke akaba ari we gusa ari muri ryo, naho ari gake cane ivyo bishoboka, ni wewe ushoboye kwihoza ico kintu ukakimuharira, bigaherera aho.

15, 16. (a) Mika yadondoye Yehova gute? (b) Ivy’uko Imana “[yi]rengagiza ibicumuro” bisobanura iki?

15 Ntitwibagire yuko Imana ari yo karorero kacu mu vy’uguharira abandi. (Abanyefeso 4:32–5:1) Ku vyerekeye icitegererezo cayo mu vy’ukwirengagiza amakosa, umuhanuzi Mika yanditse ati: “N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’uhimbarwa no kugira imbabazi.”—Mika 7:18.

16 Mu kudondora Yehova ngo “[yi]rengagiza igicumuro,” Bibiliya ntishaka kuvuga yuko adashobora kwibuka ibibi vyakozwe, ko hoba hari ukuntu afise ubwenge buzindwa. Rimbura ivya Samusoni na Dawidi, abo bompi bakaba barakoze amakosa akomakomeye. Imana yarashoboye kwibuka ivyo vyaha haciye igihe kirekire; turazi mbere bimwebimwe mu vyaha bakoze kubera ko Yehova yavyandikishije muri Bibiliya. Mugabo Imana yacu y’inyakigongwe yarakigiriye abo babiri, ibadushiriraho bwa turorero tw’ukwizera twokwigana.—Abaheburayo 11:32; 12:1.

17. (a) Ni ukubona ibintu ukuhe kwoshobora kudufasha kwirengagiza amakosa y’abandi canke ivyo batubabarishije? (b) Tugerageje kugira ivyo, tuzoba turiko turigana Yehova gute? (Raba akajambo k’epfo.)

17 Egome, Yehova yarashoboye ‘kwirengagiza’a ibicumuro, nk’uko nyene Dawidi yabimusavye kenshi. (2 Samweli 12:13; 24:10) Twoba dushobora none kwigana Imana muri ivyo, tukagira umutima ukunze wo kwirengagiza udukosakosa abasavyi nkatwe b’abanyagasembwa bakora? Iyumvire ko woba uri mu ndege iriko iritaza ngo iguruke. Uravye hanze, iruhande y’inzira nya ndege iriko iritarizako uhabona umugore wari uzi aguha ibirimi. Urazi yuko yari yashavuye, kandi kumbure ashobora kuba ari wewe afitiye ishavu. Canke ashobora kuba atari wewe yiyumvira na gato. Ivyo ari vyo vyose, uko iyo ndege izunguruka iduga kugira ngo ifate ikirere, wewe uguma uduga kure ugaca hejuru cane ya wa mugore, buno agasigara asa n’aho ari akantu ide. Mw’isaha imwe uba ugeze ku birometero amajana, na ca kimenyetso kibabaza yakugirako kikaba casigaye kure cane inyuma yawe. Muri ubwo buryo nyene, kenshi mu gihe tugerageza kumera nka Yehova kandi tugaca hejuru canke tukirengagiza nya kosa dukoresheje ubukerebutsi, bizodufasha guharira abandi. (Imigani 19:11) None mu myaka cumi guhera ubu, canke mu myaka amajana abiri kuva ubu gushika muri Milenari iza, ako gasuzuguro ntikazoba gasigaye gasa n’akantu inzatsa? Ni kuki utokiyobagiza?

18. Hamwe twosa n’abadashoboye kwiyobagiza inabi umuntu yatugiriye, ni impanuro iyihe twokurikiza?

18 Mugabo, rimwe na rimwe ushobora kuba warasenze ku vyerekeye ico kintu hanyuma ukagerageza guharira nya muntu, mugabo ukumva yuko utabishobora. None vyogenda gute? Yezu yahimirije yuko umuntu yogenda kuraba uwo wundi hanyuma bakagerageza gutunganya iyo ngorane biherereye kugira ngo bashikire amahoro. “Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahībukira ko har’ico upfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.”—Matayo 5:23, 24.

19. Ni inyifato iyihe dukwiye kugira, kandi ni iyihe dukwiye kwirinda igihe turondera kugiranira amahoro n’umuvukanyi wacu?

19 Biri n’ico bivuze kuba Yezu atavuze ko woja ku muvukanyi wawe kumwumvisha yuko ari wewe wari mu kuri n’uko ari we yari mw’ikosa. Kumbure yari mw’ikosa. Birashoboka cane yuko ariko ikosa ku rugero kanaka. Uko biri kwose, intumbero ntikwiye kuba ugutuma uwo wundi aca akoma amashi. Hamwe wobigenza gutyo muri ico kiganiro, bisa rwose n’uko utazokwererwa. Eka mbere ihangiro ntirikwiye kuba ugusubiramwo akantu kose k’ivyabaye k’inabi wagiriwe vy’ukuri canke wiyumvira ko wagiriwe. Igihe muganiriye mutekereje n’umutima w’urukundo rwa gikirisu maze bikagaragaza ko mutumvikana namba ku ntimatima ya nya ngorane, mwempi murashobora kugerageza kubikura mu nzira. Mugabo naho ico kiyago kitovamwo ukwumvikana muri vyose, mbega ivyo vyokwama nantaryo biba ngombwa? Ubwo ntivyoba vyiza kuruta mwempi mushoboye n’imiburiburi kwumvikana ku vy’uko mwese mushaka vy’ukuri gukorera ya Mana yacu y’inyakigongwe? Igihe ushikiwe n’ibintu nk’ivyo, vyoshobora kurushiriza kworoha umwe wese muri mwebwe avuze bivuye ku mutima ati: “Mbabarira kubona tutumvikanye bivuye ku gasembwa kacu. Ndakwinginze tuvyihoze.”

20. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero k’intumwa?

20 Niwibuke ko intumwa zari zifise utuntu zitahuzako, nk’igihe bamwe muri bo bumva bashaka kugira icubahiro kiruta ic’abandi. (Mariko 10:35-39; Luka 9:46; 22:24-26) Ivyo vyarateye amahane, kumbure birababaza, canke mbere biraba ibitsitaza. Mugabo barashoboye guca hejuru canke kwirengagiza mwene utwo tuntu batahuzako hanyuma baguma bakorana. Umwe muri bo mu nyuma yanditse ati: “Ūgomba gukunda ubugingo, no kubona imisi myiza, n’abuze ururimi rwiwe rwoye kuvuga ikibi, n’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’uguhendana: kand’azibukīre ibibi, akore ivyiza; arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikire.”—1 Petero 3:10, 11.

21. Ni impanuro ihambaye iyihe Yezu yatanze ku vyerekeye uguharira ivyaha?

21 Mu ntango twabonye umuce umwe w’ibintu vy’uruhanahane: Imana yaraduhariye ivyaha vyinshi twakoze kera, ni co gituma dukwiye kuyigana maze tugaharira abavukanyi bacu. (Zaburi 103:12; Yesaya 43:25) Mugabo hariho uwundi muce w’urwo ruhanahane. Yezu amaze gutanga isengesho ry’akarorero, yavuze ati: “Ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.” Inyuma y’umwaka urenga, yarongeye kuvuga iciyumviro nyamukuru, mu kwigisha abigishwa biwe gusenga bati: “Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose.” (Matayo 6:12, 14; Luka 11:4) Maze hagisigaye utusi dukeyi ngo apfe, Yezu yongeyeko ati: “Ni mwahagarara musenga, ni haba har’ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu.”—Mariko 11:25.

22, 23. Umutima ukunze wacu wo guharira ivyaha ushobora gute kugira ico ukoze kuri kazoza kacu?

22 Egome, ivyizigiro vyacu vyo kubandanya duharirwa ivyaha n’Imana ahanini bihagaze ku kuba tugira umutima ukunze wo guharira abavukanyi bacu. Igihe havyutse ingorane mu Bakirisu, niwibaze uti: ‘Mbega uguharirwa ivyaha n’Imana si kwo guhambaye cane kuruta ah’uko nokwemeza umuvukanyi canke umuvukanyikazi kanaka yuko ari we ari mw’ikosa ku kantu kanaka gatoyi, kadahambaye, canke ku kantu kanaka kagaragaza agasembwa k’abantu?’ Inyishu urayizi.

23 Vyogenda gute none mu gihe ingorane yoba ikomeye kuruta akantu gatoyi canke akagorane gatoyi kababaje umuntu? Kandi ni ryari ya mpanuro ya Yezu iri muri Matayo 18:15-18 ikora? Reka duce tuvyihweza.

[Akajambo k’epfo]

a Incabwenge imwe ivuga yuko imvugo mberanya y’Igiheburayo yakoreshejwe muri Mika 7:18 “yakuwe mu nyifato y’umuntu w’ingenzi yirenganira ntabone ikintu kinaka atashaka kwirirwa araraba. Iciyumviro bitanga si uko Imana itabona icaha canke yuko ikibona nk’akantu gatonyi gahambaye buhoro canke kadahambaye namba, ariko yuko itakibika mu buryo budasanzwe ngo izogitangire igihano; si uko idahana, mugabo iraharira.”—Abacamanza 3:26; 1 Samweli 16:8.

Woba Uvyibuka?

◻ Yehova aduha gute icitegererezo twokurikira c’uguharira abandi?

◻ Ni igiki dutegerezwa kwibuka ku vyerekeye abari mw’ishengero?

◻ Akenshi, ni ibiki dukwiye gushobora gukora ku vyerekeye udukosa canke utuntu tubabaza?

◻ Mu gihe bikenewe, ni igiki dushobora gukora ngo tugiranire amahoro n’umuvukanyi wacu?

[Ifoto ku rup. 10]

Igihe hagize akantu mudahuzako n’Umukirisu, gerageze kukirengagiza; uko haca igihe, iyo ngorane izotera ihinduka iyitaco ivuze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika