‘Niwikizanye n’Abakwumva’
“Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha . . . ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.”—1 TIMOTEYO 4:16.
1, 2. Ni igiki gituma Abakirisu b’ukuri babandanya igikorwa cabo c’ukurokora ubuzima?
MU KIGWATI kimwe kiri ukwaco co mu buraruko bwa Tayilande, umugabo n’umugore wiwe b’Ivyabona vya Yehova baragerageza gukoresha ibintu baherutse kumenya mu rurimi runaka mu gufasha abantu bamwe baba ku musozi. Kugira ngo bashikirize inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ababa muri ico kigwati, abo bubakanye baherutse gutangura kwihatira ururimi rwitwa Lahu.
2 Umugabo asigura ati: “Ntitworonka uko tudondora umunezero dufise n’ukuntu dushira akanyota, mu gukorera muri abo bantu bashimishwa.” “Mu vy’ukuri twumva dufise uruhara mw’iranguka ry’Ivyahishuriwe 14:6, 7, mu kumenyesha amakuru y’akamwemwe ‘amahanga yose n’indimi zose n’amoko yose.’ Hariho uturere dukeyi inkuru nziza itarashikamwo, kandi nta nkeka ko aka ari kamwe muri two. Duhakwa kugira inyigisho za Bibiliya zirengeye izo dushobora kurongora.” Biboneka ko abo bubakanye bizigiye kutikiza bonyene gusa ariko no gukiza ababumva. Kubera turi Abakirisu, twese ntitwizigiye kugira nka bo?
“Wirinde Ubgawe”
3. Kugira ngo dukize abandi, dutegerezwa gukora iki ubwa mbere?
3 Intumwa Paulo yahanuye Timoteyo ngo “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha” kandi ivyo vyerekeye Abakirisu bose. (1 Timoteyo 4:16) Si ivy’imbeshere, kugira ngo dufashe abandi kuronka ubukiriro, dutegerezwa ubwa mbere kwirinda ubwacu. Ivyo dushobora kubigira gute? Kimwe coco, dutegerezwa kuguma tugavye ku bihe tubayemwo. Yezu yaratanze ikimenyetso kirimwo vyinshi kugira ngo abayoboke biwe bashobore kumenya igihe “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (NW) yoshikiyeko. Yamara, Yezu yaravuze kandi yuko tutomenye neza na neza igihe iherezo ryoziriye. (Matayo 24:3, 36) Dukwiye kwakira gute ico kintu?
4. (a) Ni inyifato iyihe dukwiye kugira ku biraba umwanya dusigaje muri uru runkwekwe? (b) Ni inyifato iyihe dukwiye kwirinda?
4 Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Noba ndiko ndakoresha umwanya wose uru runkwekwe rwoba rusigaje kugira ngo nikize nongere nkize n’abanyumviriza? Canke noba ndiko niyumvira nti: “Kubera tutazi igihe neza na neza iherezo rizozira, ntibizondaza ishinga”?’ Iyo nyifato duhejeje kuvuga yokwegera umuntu akarambaraye. Neza na neza iteye kubiri n’impanuro ya Yezu igira iti: “Mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:44) Nta mazinda ko iki atari igihe co gutakaza igishika dufitiye umurimo wa Yehova canke ngo duhange amaso iyi si ngo tuyizeyeko umutekano canke gushira akanyota.—Luka 21:34-36.
5. Ni uturorero utuhe Ivyabona vya Yehova b’imbere y’Ubukirisu basize?
5 Ubundi buryo dushobora kugaragaza ko twirinda ubwacu ni mu kuba Abakirisu bihangana ari abizerwa. Abasavyi b’Imana bo muri kahise bagumye bihangana, baba biteze ukurokorwa buno nyene canke batakwiteze. Amaze kudonda uturorero tw’ivyabona b’imbere y’Ubukirisu nka Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu na Sara, Paulo yamenyesheje ati: “[Ntibahawe] ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’akavantara n’ingenzi kw isi.” Ntibigeze bareka icipfuzo ico ari co cose c’ubuzima bwo kwidibamira, eka ntibanagushijwe n’imikazo y’ubushegabo yabaturuka irya n’ino, ariko bari biteganye igishika cinshi “[iranguka ry’]ivyasezeranywe.”—Abaheburayo 11:13; 12:1.
6. Ukuntu Abakirisu bo mu kinjana ca mbere babona ivyerekeye ubukiriro kwagize ico gukoze gute ku buryo bwabo bw’ukubaho?
6 N’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bibonye nk’“inyambukira” muri iyi si. (1 Petero 2:11) N’inyuma y’ukurokorwa mw’isangangurwa rya Yeruzalemu mu 70 G.C., Abakirisu b’ukuri ntibahagaritse kwamamaza inkuru nziza canke ngo basubire muri ya ngendo y’ivy’isi. Bari bazi yuko ubukiriro buhambaye burindiriye abagumye ari abizerwa. Kukaba nkako, mu 98 G.C., intumwa Yohani yanditse ati: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17, 28.
7. Ivyabona vya Yehova bo muri ibi bihe vya none bagaragaje gute ukwihangana?
7 Muri ibi bihe vya none Ivyabona vya Yehova barakomeye ku muheto mu gikorwa ca gikirisu, naho bahuye n’uruhamo rukaze. Ukwihangana kwabo kwoba kwabaye impfagusa? Nta nkeka ntikwabaye impfagusa kubera Yezu yadukuye amazinda ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira,” ryaba ari iherezo ry’uru runkwekwe rushaje canke iherezo ry’ubuzima bwa none bw’umuntu. Mw’izuka, Yehova azokwibuka abasavyi biwe bose b’abizerwa bapfuye yongere abahembe.—Matayo 24:13; Abaheburayo 6:10.
8. Dushobora kwerekana gute yuko dukenguruka ukwihangana kw’Abakirisu bo muri kahise?
8 Vyongeye, turahimbawe yuko Abakirisu b’abizerwa bo muri kahise batari bitwararitse gusa ubukiriro bwabo bwite. Nta mazinda, twebwe twize ivyerekeye Ubwami bw’Imana biciye ku twigoro twabo, turakenguruka yuko bihanganye mu gushitsa ibanga bashinzwe na Yezu rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Igihe cose tukironka akaryo ko kubigira, turashobora kwerekana ugukenguruka kwacu mu kwamamaza inkuru nziza ku bandi batarayumva. Ariko rero, kwamamaza inkuru nziza ni intambwe gusa ya mbere igana ku guhindura abantu abigishwa.
‘Wirinde ku Vyo Wigisha’
9. Ni gute inyifato yo kubona ko ibintu bizogenda neza ishobora kudufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya?
9 Igikorwa twashinzwe ntikirimwo ukwamamaza inkuru nziza gusa ariko kandi kirimwo n’ukwigisha. Yezu yadushinze ibanga ryo kwigisha abantu kwitondera ibintu vyose yageze. Ego ni ko, mu turere tumwetumwe, ni bakeyi basa n’abashaka kumenya ivyerekeye Yehova. Ariko ukubona ko akarere ataco kovamwo kurashobora gutangira utwigoro twacu two gutanguza inyigisho za Bibiliya. Yvette, uwari umutsimvyi mu karere bamwe bari bise akatimbuka, yarabonye yuko abaza kugendera ako karere batari bafise mwene iyo nyifato y’ukubona ko ataco kovamwo, batanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Amaze kubona ibintu mu buryo bwiza, Yvette na wene yararonse abantu bashaka kwiga Bibiliya.
10. Uruhara nyamukuru rwacu bwa bigisha ba Bibiliya ni uruhe?
10 Abakirisu bamwebamwe boshobora kugonanwa gusaba kugirana inyigisho ya Bibiliya n’abantu bashimishijwe kubera bumva ko batoshobora kurongora inyigisho. Nta wohakana ko tutanganya ubushobozi. Ariko ntibikenewe ko tuba abafise ubuhanga buhanitse kugira ngo twererwe mu vy’ukuba abigisha b’Ijambo ry’Imana. Ubutumwa butyoroye bwa Bibiliya burafise ubushobozi, kandi Yezu yavuze yuko abameze nk’intama bamenya ijwi ry’umwungere nyakuri igihe baryumvise. Ico gihe igikorwa cacu kiba gusa ari ugushikiriza ubutumwa bwa wa Mwungere Mwiza, Yezu, mu buryo butomoye bwose dushoboye.—Yohana 10:4, 14.
11. Ushobora gute kurushiriza kuba kirumara mu gufasha umwigishwa wa Bibiliya?
11 Ni gute ushobora gushikiriza ubutumwa bwa Yezu mu buryo kirumara kuruta? Hera ku kurondera kumenya neza ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ikibazo cihwezwa. Utegerezwa gutahura ico kibazo ubwawe imbere yuko ushobora kucigisha abandi. Vyongeye, gerageza kugumana urupfasoni ariko wifata nk’umugenzi mu gihe c’inyigisho. Abigishwa ushizemwo n’abakiri bato cane, biga neza kuruta igihe bumva borohewe kandi uwo mwigisha akaba abagaragariza icubahiro n’umutima mwiza.—Imigani 16:21.
12. Ushobora kwiyemeza gute ko umwigishwa yatahuye ivyo uriko uramwigisha?
12 Bwa mwigisha, ntushaka gusa gushikiriza ibintu umwigishwa kugira ngo abisubiremwo ku mutwe. Numufashe gutahura ivyo ariko ariga. Amashure uwo mwigishwa yize, ivyo yaciyemwo mu buzima, hamwe n’ukuntu yoba amenyereye Bibiliya bizogira ico bikoze ku gutahura kwiwe ivyo uriko uravuga. Kubera ico, wokwibaza uti: ‘Yoba atahura neza insobanuro y’ivyanditswe vyadonzwe mu mayagwa yo kwiga?’ Urashobora kumuremesha kuvuga mu kubaza ibibazo bidashobora kwishurwa gusa na ego canke oya ariko bisaba gusigura. (Luka 9:18-20) Ku rundi ruhande, abigishwa bamwebamwe baratinya kubaza umwigisha. Kubera ico barashobora kujana na bo badatahura bimwe vyuzuye ivyo bariko barigishwa. Nuremeshe umwigishwa kubaza ibibazo no kukubwira igihe adatahuye bimwe vyuzuye iciyumviro kinaka.—Mariko 4:10; 9:32, 33.
13. Ushobora gufasha gute umwigishwa gucika umwigisha?
13 Intumbero ihambaye y’ukurongora inyigisho ya Bibiliya ni iy’ugufasha umwigishwa gucika umwigisha. (Ab’i Galatiya 6:6) Kugira ngo ubishikeko, mu buryo bwo gusubiramwo inyigisho yanyu, woshobora kumusaba kugusigurira iciyumviro kinaka mu majambo yoroshe nk’uko yoba ariko aragisigurira umuntu ari bwo bwa mbere acumva. Mu nyuma, igihe akwije ibisabwa kugira ngo agire uruhara mu gikorwa, urashobora kumusaba mukifatanya mu ndimiro. Nta nkeka azokwumva amerewe neza mu gukorana na wewe, maze ivyo abona bizomufasha gukura mu kwizera gushika aho aba uwukwiriye kuja mu ndimiro ata muntu yihekako.
Nufashe Umwigishwa Gucika Umukunzi wa Yehova
14. Intumbero nyamukuru yawe bwa mwigisha ni iyihe, kandi ni igiki kizotuma ushobora kwererwa mu kuyishikira?
14 Intumbero nyamukuru y’umwigisha wese w’Umukurisu ni ugufasha umwigishwa kugiranira ubugenzi na Yehova. Ivyo uzobishitsa atari mu majambo yawe gusa ariko kandi mu karorero utanga. Kwigisha ukoresheje akarorero biri n’ico bikora gikomeye ku mitima y’abigishwa. Mu vy’ukuri, imvugo irashobora kurutwa n’ingiro, canecane mu vyerekeye kwinjiza inyifato runtu mu mwigishwa be n’ukumuvyurira umwete. Iyo abona yuko amajambo yawe hamwe n’ibikorwa vyawe biva ku bucuti bwiza mufitaniye na Yehova, na wenyene yoshobora kurushiriza kuvyurirwa umutima wo gutsimbataza mwene ubwo bucuti.
15. (a) Ni kuki ari ngirakamaro ko umwigishwa atsimbataza imvo nziza yo gukorera Yehova? (b) Ushobora gufasha gute umwigishwa kubandanya agira iterambere ryo mu vy’impwemu?
15 Ushaka ko uwo mwigishwa adakorera Yehova, kubera gusa adashaka kurandurwa kuri Harumagedoni ariko kubera amukunda. Umufashije gutsimbataza gukora ibintu bivuye kuri iyo mvo nziza, uzoba uriko urubakisha ibikoresho birinda umuriro bizorokoka ibigerageza ukwizera kwiwe. (1 Ab’i Korinto 3:10-15) Imvo itariyo nk’iy’ukugira icipfuzo gikaze c’ukukwigana canke kwigana uwundi muntu uwo ari we wese mu buryo burenze, ntikizomuha inkomezi zo kunanira utwosho tutari utwa gikirisu eka ntikizomuha n’uburindutsi bwo gukora ibigororotse. Wibuke ko utazoguma uri umwigisha wiwe ibihe vyose. Mu gihe ufise akaryo, urashobora kumuremesha kurushiriza kwiyegereza Yehova mu gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi no mu kurizirikanako. Muri ubwo buryo azobandanya kwishiramwo “icitegererezo c’amajambo mazima” ava muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mumaze igihe kinini mwarahejeje kugirana inyigisho.—2 Timoteyo 1:13.
16. Ushobora kwigisha gute umwigishwa gusenga ibiva ku mutima?
16 Urashobora kandi gufasha umwigishwa kurushiriza kwiyegereza Yehova mu kumwigisha gusenga bivuye ku mutima. Ivyo ushobora kubigira gute? Kumbure ushobora kumuyobora kw’isengesho ry’akarorero rya Yezu hamwe no ku masengesho menshi yatuwe n’umutima wose yanditswe muri Bibiliya, nk’ayari mu mazaburi. (Zaburi 17, 86, 143; Matayo 6:9, 10) Ikigeretse kuri ivyo, iyo umwigishwa wawe yumva usenga mu gutangura no mu guheraheza inyigisho, azokwumva inyiyumvo ufitiye Yehova. Ni co gituma amasengesho yawe akwiye nantaryo kugaragaza ko atarimwo uburyarya n’uko userura akari ku mutima, akagaragaza kandi uburimbane mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera.
Gukora Kugira ngo Urokore Abana Bawe
17. Abavyeyi bashobora gufasha gute abana babo kuguma mu nzira y’ubukiriro?
17 Mu bo dushaka kurokora birumvikana ko harimwo n’abagize umuryango wacu. Abenshi mu bana bafise abavyeyi b’Abakirisu ni inziraburyarya kandi ‘barashikamye mu kwizera.’ Ariko rero, abandi ukuri gushobora kuba kudashinze imizi mu mitima yabo. (1 Petero 5:9; Abanyefeso 3:17; Ab’i Kolosayi 2:7) Abenshi muri urwo rwaruka barata inzira y’Ubukirisu igihe begereje canke bashitse mu bigero. Nimba uri umuvyeyi, ushobora kugira iki kugira ngo ivyo bintu ntibihute birashika? Ubwa mbere, urashobora kwihatira kuzana akayaga keza mu muryango. Ubuzima bwiza bwo mu muryango burashiraho ishingiro ry’ukubona neza ubukuru, ugushima ingeso zibereye, hamwe n’ukugirana ubucuti buhimbaye n’abandi. (Abaheburayo 12:9) Gutyo, ubunywanyi mu muryango burashobora kuba icibare ubugenzi abana bafitaniye na Yehova bushobora gukuriramwo. (Zaburi 22:10) Imiryango ikomeye ikorera ibintu hamwe mu bumwe—naho abavyeyi bategerezwa guheba umwanya woshobora gukoreshwa ku bw’inyungu zabo bwite. Muri ubwo buryo, ukoresheje akarorero urashobora kwigisha abana bawe gufata ingingo zibereye mu buzima. Bavyeyi, ikintu abana banyu babakeneyeko kuruta si inyungu z’ivy’umubiri ariko ni mwebwe—ni ukuvuga umwanya wanyu, inguvu zanyu, hamwe n’urukundo rwanyu. Mwoba muriko muraha abana banyu ivyo bintu?
18. Ni ibibazo bimeze gute abavyeyi bategerezwa gufasha abana babo gutorera inyishu?
18 Abavyeyi b’Abakirisu bategerezwa kutigera bibwira yuko abana babo bazocika Abakirisu. Daniyeli, umukurambere akaba na se w’abana batanu, avuga ati: “Abavyeyi bategerezwa gufata umwanya wo gufasha abana babo kwikuramwo ivy’ugukekeranya batabura kwandura kw’ishure hamwe n’ahandi hantu. Bategerezwa gufasha abana babo babigiranye ukwihangana gutorera inyishu mwene ibi bibazo: ‘Mu vy’ukuri twoba tubayeho mu gihe c’iherezo? Mu vy’ukuri, idini y’ukuri yoba ari imwe gusa? Ni kuki bamwe mu bo mwigana basa n’uko bameze neza atari abagenzi beza? Vyoba nantaryo ari bibi guhuza ibitsina imbere yo kwubaka?’” Bavyeyi, murashobora kwiheka kuri Yehova kugira ngo ahezagire utwigoro twanyu, kubera na we nyene yitwararika ineza y’abana banyu.
19. Ni kuki ari vyiza kuruta ko abavyeyi ubwabo bigana n’abana babo?
19 Abavyeyi bamwebamwe bokwumva hari ico badashoboye igihe hashitse ivyo kwigana n’abana babo bwite. Ariko rero, ntukeneye kwiyumva muri ubwo buryo, kubera ata wundi ari mu kibanza ciza co kwigisha abana bawe atari wewe. (Abanyefeso 6:4) Kwigana n’abana bawe bwite bizogutuma umenya wewe ubwawe ikiri mu mitima yabo no mu mizirikanyi yabo. Ivyo bavuga vyoba biva ku mutima canke bipfa kwizana? Boba vy’ukuri bemera ivyo bariko bariga? Yehova yoba atari umugani kuri bo? Ushobora kuronka inyishu z’ivyo bibazo hamwe n’ibindi bihambaye igihe gusa ubwawe wigana n’abana bawe.—2 Timoteyo 1:5.
20. Abavyeyi bashobora gutuma gute inyigisho y’umuryango iba iyihimbaye kandi y’ingirakamaro?
20 Ushobora gute kuguma ukurikiza porogarama y’inyigisho yanyu y’umuryango igihe wamaze kuyitangura? Yozefu, umukurambere akaba na se w’umuhungu n’umukobwa bakiri bato, avuga ati: “Cokimwe n’izindi nyigisho za Bibiliya zose, inyigisho y’umuryango ikwiye kuba iyihimbaye, ikaba ikintu umwe wese yitegana igishika. Kugira ngo ivyo tubishikeko mu muryango iwacu, ntidukwiye kuba abakaze cane ku vyerekeye umwanya. Inyigisho yacu yoshobora kumara isaha, ariko mbere n’iyo rimwe na rimwe turonse iminuta cumi gusa, tuba twize. Ikintu kimwe gituma inyigisho yacu iba ikintu gihambaye mu mushamvu ku bana ni uko dukina udukino tudukuye mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. a Ukuntu bibakora ku mutima kandi bakabitahura cane ni vyo bihambaye kuruta igitigiri c’ibigabane duhetura.”
21. Abavyeyi bokwigisha abana babo ryari?
21 Birumvikana ko kwigisha abana bawe bitagarukira ku biringo binaka vy’ukwiga vyategekanijwe. (Gusubira mu Vyagezwe 6:5-7) Ca cabona co muri Tayilande twavuze mu ntango avuga ati: “Ndibuka neza ukuntu Dawe yama anjana mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, turi ku makinga yacu, mu turere turi kure cane tw’ishengero twakukira. Nta gukeka, akarorero keza k’abavyeyi bacu hamwe n’ukuntu batwigisha mu bihe vyose vyadufashije gufata ingingo y’ukwinjira mu gikorwa c’igihe cose. Kandi ivyo vyigwa vyatugumyemwo. Ndacakorera mu turere twa kure tw’indimiro!”
22. “Ukwirinda ubgawe no ku vyo wigisha” bizovamwo iki?
22 Umusi umwe atari kure, mu gihe kibereye, Yezu azoza gushitsa urubanza rw’Imana kuri uru runkwekwe. Ico gihe kizoca kiba inkuru yo mu vyabaye, ariko abasavyi ba Yehova b’abizerwa bazoguma bamukorera biteze ubukiriro buhoraho. Woba wipfuza kuba muri bo, uri kumwe n’abana bawe hamwe n’abigishwa bawe ba Bibiliya? Maze niwibuke ibi: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.”—1 Timoteyo 4:16.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora Gusigura?
• Kubera ko tutazi igihe nyaco c’urubanza rw’Imana, inyifato yacu ikwiye kuba iyihe?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora ‘kwirinda ku vyo twigisha’?
• Ushobora gufasha gute umwigishwa gucika umukunzi wa Yehova?
• Ni kuki bihambaye ko abavyeyi bafata umwanya wo kwigisha abana babo?
[Ifoto ku rup. 27]
Kwiga kurakomezwa igihe umuntu aranga urupfasoni kandi akifata nk’umugenzi
[Ifoto ku rup. 31]
Gukina udukino dushingiye ku nkuru za Bibiliya, nk’iya Salomo acira urubanza za maraya zibiri, bituma inyigisho y’umuryango ihimbara.