ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 19-24
  • “Ijambo rya Yehova [Rya]bandanya Gukura”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ijambo rya Yehova [Rya]bandanya Gukura”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyongerekana ry’Igitigiri c’Abigishwa
  • Iyongerekana ry’Uturere
  • Ikura Ryatsinze
  • Impwemu Yera Iriko Irakora
  • “Gushika mu mihingo ya kure cane y’isi”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Ubukirisu Nyakuri Buratsinda!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kinjana ca mbere no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyakozwe 1:8: «Muzohabga ubushobozi»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 19-24

“Ijambo rya Yehova [Rya]bandanya Gukura”

“Arungika icagezwe ciwe mw isi; ijambo ryiwe ryiruka vuba cane.”​—ZABURI 147:15.

1, 2. Ni igikebere ikihe Yezu yahaye abigishwa biwe, kandi casaba ibiki?

BUMWE mu buhanuzi butangaje kuruta mu buri muri Bibiliya tubusanga mu Vyakozwe 1:8. Imbere gatoyi yuko aduga mw’ijuru, Yezu yabwiye abayoboke biwe b’abizerwa ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi.” Ese ukuntu ico cobaye ari igikorwa kinini gitanguwe!

2 Kwamamaza ijambo ry’Imana kw’isi yose gutegerezwa kuba kwasa nk’igikebere kigoye kuri abo bigishwa bari ku rushi bagihawe. Rimbura ico vyasaba. Bari gutegerezwa gufasha abantu gutahura inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Gushingira intahe Yezu vyasaba kandi kubwira abandi inyigisho ziwe z’ububasha be no gusigura uruhara afise mu mugambi wa Yehova. Ikigeretseko, ico gikorwa carimwo uguhindura abantu abigishwa maze bakababatiza. Kandi ivyo vyategerezwa gukorwa kw’isi yose!​—Matayo 28:19, 20.

3. Yezu yakuye amazinda abayoboke biwe ku vyerekeye iki, kandi bakiriye gute igikorwa bahawe?

3 Yamara rero, Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe yuko impwemu yera yobanye na bo mu kurangura ico gikorwa yari yabahaye. Kubera ico, naho ico gikebere cari kinini kandi ababarwanya bakaba bagira utwigoro two kubanumya mu buryo budatezura kandi buranga ubukazi, abigishwa ba kare ba Yezu barakoze barererwa ivyo yari yababwirije. Ni inkuru y’ukuri yo muri kahise ata muntu ashobora guhakana.

4. Urukundo rw’Imana rwagaragariye gute mw’ibanga ryo kwamamaza no kwigisha abandi?

4 Isekeza ryo kwamamaza no kwigisha kw’isi yose yari inseruro y’urukundo Imana yari ifitiye abatari bayizi. Ryarabaha akaryo ko kwiyegereza Yehova hamwe no guharirwa ivyaha. (Ivyakozwe 26:18) Iryo banga ryo kwamamaza no kwigisha ryaragaragaza kandi urukundo Imana ifitiye abatwara ubwo butumwa, kubera vyatuma baserura ukwibanda kwabo kuri Yehova kandi bakagaragaza urukundo bafitiye abantu nk’abo. (Matayo 22:37-39) Intumwa Paulo yaraha agaciro ubusuku bwa gikirisu ku buryo yabwise “ubutunzi.”​—2 Ab’i Korinto 4:7.

5. (a) Ni hehe dusanga inkuru twokwizigira kuruta y’ivyabaye vyerekeye Abakirisu ba kare, kandi ni ikura irihe rihadondorwa? (b) Ni kuki igitabu c’Ivyakozwe kiri n’ico kivuze ku basavyi b’Imana muri iki gihe?

5 Inkuru twokwizigira kuruta y’ivyabaye vyerekeye umurimo wo kwamamaza w’Abakirisu ba kare tuyisanga mu gitabu cahumetswe c’Ivyakozwe, icanditswe n’umwigishwa Luka. Ni inkuru ivuga vy’ikura ritangaje kandi rinyaruka. Iryo kura ry’ubumenyi bwerekeye Ijambo ry’Imana riratwibutsa Zaburi 147:15, ahavuga hati: “[Yehova] arungika icagezwe ciwe mw isi; ijambo ryiwe ryiruka vuba cane.” Inkuru zerekeye Abakirisu ba kare, abahawe ububasha n’impwemu yera, irahimbaye kandi iri n’ico ivuze kinini kuri twebwe muri iki gihe. Ivyabona vya Yehova bari muri ico gikorwa nyene co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, ariko ku rugero runini kuruta. Turahangana kandi n’ingorane zisa n’izo Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahanganye. Igihe turimbura ukuntu Yehova yahezagiye akongera agaha ububasha Abakirisu ba kare, ukwizera kwacu y’uko adufashe mu mugongo kurakomezwa.

Iyongerekana ry’Igitigiri c’Abigishwa

6. Ni imvugo iyihe yerekeye ikura riboneka incuro zitatu mu gitabu c’Ivyakozwe, kandi yerekeza ku ki?

6 Uburyo bumwe bwo gusuzuma iranguka ry’⁠Ivyakozwe 1:8 ni ukurimbura imvugo ngo “Ijambo rya Yehova [rya]bandanya gukura,” (NW) akaba ari imvugo iboneka incuro zitatu gusa muri Bibiliya iza irahinduka gatoyi kandi zose tukazisanga mu gitabu c’Ivyakozwe. (Ivyakozwe 6:7; 12:24; 19:20) “Ijambo rya Yehova,” canke “ijambo ry’Imana,” muri ivyo vyanditswe ryerekeza ku nkuru nziza​—ni ukuvuga ubutumwa bukabura bwerekeye ukuri kuva ku Mana, ubutumwa buzima, bw’ububasha bwahinduye ubuzima bw’ababwemeye.​—Abaheburayo 4:12.

7. Mu Vyakozwe 6:7 herekana ko ikura canke isasagara ry’Ijambo ry’Imana rifitaniye isano n’iki, kandi ni ibiki vyashitse ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C.?

7 Ahambere herekeza kw’ikura canke isasagara ry’ijambo ry’Imana haboneka mu Vyakozwe 6:7. Ngaho, dusoma duti: “Nukw ijambo [“rya Yehova ribandanya gukura,” NW]; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.” Hano, ikura ryerekanwa ko rifitaniye isano n’iyongerekana ry’igitigiri c’abigishwa. Imbere y’aho, ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., impwemu yera y’Imana yarasutswe ku bigishwa nk’120 bari batororokaniye mu cumba co hejuru. Intumwa Petero yaciye ashikiriza insiguro ikabura, maze nk’abashika 3.000 mu bamwumvirije barizera kuri uwo musi nyene. Ese ukuntu hategerezwa kuba hari uruyogoyogo igihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bafata inzira baja ku kidengeri canke ku bidengeri vy’i Yeruzalemu no mu micungararo yaho kugira ngo babatizwe mw’izina rya Yezu, wa muntu hari haheze nk’imisi 50 amanitswe nk’inkozi y’ikibi!​—Ivyakozwe 2:41.

8. Ni gute igitigiri c’abigishwa congerekanye mu myaka yakurikiye Pentekote yo mu 33 G.C.?

8 Birumvikana ko iyo yari intango gusa. Utwigoro twabandanijwe n’indongozi z’amadini y’Abayuda two guhagarika umurimo wo kwamamaza twari utw’ubusa. Mu buryo bubabaza izo ndongozi, ‘Umwami Imana yabandanije kwongera imisi yose [kuri abo bigishwa] abama barakizwa.’ (Ivyakozwe 2:47) Bidatevye, “igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.” Inyuma y’aho, “bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore.” (Ivyakozwe 4:4; 5:14) Ku vyerekeye ikiringo co hanyuma, dusoma duti: “Ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha [“Yehova,” NW], rihagarikiwe n’[im]pwemu [y]era, riragwira.” (Ivyakozwe 9:31) Nk’inyuma y’imyaka ingahe, kumbure nko mu 58 G.C., haravuzwe ivyerekeye “abizeye ar’ibihumbi vyinshi.” (Ivyakozwe 21:20) Kugeza ico gihe, hari n’Abanyamahanga benshi bari bamaze kwizera.

9. Wodondora gute Abakirisu ba kare?

9 Iryo yongerekana ry’ibitigiri ahanini ryaca ku vy’uguhindura idini. Iryo dini ryari rishasha​—ariko ryari n’umwete ukomeye. Aho kuba abanyamadini b’indorerezi, abigishwa barayobokera Yehova n’Ijambo ryiwe bimwe vyuzuye, rimwe na rimwe bakaba bigiye ukuri ku bahamwa bimwe bibi. (Ivyakozwe 16:23, 26-33) Abemeye Ubukirisu babigira bivuye ku ngingo bafashe babizirikanye, ivuye ku mutima. (Abaroma 12:1) Barigishijwe mu nzira z’Imana; ukuri kwari mu mizirikanyi yabo no mu mitima yabo. (Abaheburayo 8:10, 11) Bari n’umutima ukunze wo gupfa bazira ivyo bemera.​—Ivyakozwe 7:51-60.

10. Ni ibanga irihe Abakirisu ba kare bemeye, kandi ni isano irihe tubona muri iki gihe?

10 Abakira inyigisho ya gikirisu baratahura neza ibanga ryabo ryo gusangira n’abandi ukuri. Ivyo vyaragize ico biterera mu buryo burashe ku rindi yongerekana mu vy’ibitigiri. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze iti: “Kumenyesha ukwizera ntikwabonwa nk’ikintu kigenewe gusa abantu b’abanyamwete cane canke umwamamazanjili yagenywe icese. Ukwamamaza Injili kari agateka n’ibanga vy’uwo ari we wese agize iryo dini. . . . Ugushikira bukwi na bukwi umugwi wose w’Abakirisu vyarahaye ingoga nyinshi uwo muhari kuva mu ntango.” Yongeye kwandika ati: “Ukwamamaza injili ni yo yari inguvu ikomeye y’Abakirisu ba kare.” Ivyo ni ko biri no ku Bakirisu nyakuri muri iki gihe.

Iyongerekana ry’Uturere

11. Ni ikura bwoko ki ridondorwa mu Vyakozwe 12:24, kandi iryo ryabaye gute?

11 Ahagira kabiri herekeza kw’ikura canke isasagara ry’ijambo ry’Imana tuhasanga mu Vyakozwe 12:24, hagira hati: “Ijambo [“rya Yehova [rya]bandanya gukura,” NW], riramamara.” Hano iyo mvugo ifitaniye isano n’iyongerekana ry’uturere. Naho intwaro zabarwanya, ico gikorwa carabandanya gusagamba. Impwemu yera yasutswe ubwa mbere i Yeruzalemu, maze guhera aho iryo jambo ryaramamaye ningoga. Uruhamo rw’i Yeruzalemu rwatumye abigishwa bashwiragira mu ntara zo hirya no hino z’i Yudaya n’i Samariya. Vyavuyemwo iki? “Abashwiragiye na bo baragendura ivyo bihugu bamenyesha aho baca hose [inkuru nziza y’iryo] jambo.” (Ibikorwa vy’Abatumwa 8:1, 4, UB) Filipo yarayobowe gushinga intahe ku mugabo umwe, uno na we ahejeje kubatizwa, atwara ubwo butumwa muri Etiyopiya. (Ivyakozwe 8:26-28, 38, 39) Ukuri ntikwatevye gushinga imizi i Luda, mu Kiyaya c’i Saroni, n’i Yopa. (Ivyakozwe 9:35, 42) Mu nyuma, intumwa Paulo yaragenze ibirometero ibihumbi n’ibihumbi mu biyaga no ku butaka, ashinga amashengero hirya no hino mu bihugu vyinshi vyo mu karere ka Mediterane. Intumwa Petero yaragiye i Babuloni. (1 Petero 5:13) Haciye imyaka 30 impwemu yera isutswe kuri Pentekote, Paulo yanditse yuko inkuru nziza “[y]avuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru,” bikaba bishoboka ko yariko yerekeza ku gihimba c’isi cari kizwi ico gihe.​—Ab’i Kolosayi 1:23.

12. Ni gute abarwanya Ubukirisu bemeye icese iyongerekana ry’uturere tuvugwamwo ijambo ry’Imana?

12 N’abarwanya Ubukirisu baremeye icese yuko ijambo ry’Imana ryashinze imizi mu Nganji y’Abaroma yose. Nk’akarorero, mu Vyakozwe 17:6 higana yuko i Tesalonika, mu buraruko bw’Ubugiriki, ababarwanya bihaye akamo bati: “Abāteye isi yose umugūmūko bashitse ino.” Ikindi kandi, mu ntango y’ikinjana kigira kabiri, Pline le Jeune yarandikiye Umwami w’Abami w’Umuroma Trajan ari i Bitiniya ku vyerekeye Ubukirisu. Yidoze ati: “Ntibugarukira mu bisagara honyene, ariko bwarakwiragije umugera wabwo mu bigwati no mu gihugu bibanyi.”

13. Ni mu buryo ki iyongerekana ry’uturere rigaragaza urukundo Imana ifitiye umuryango w’abantu?

13 Iryo yongerekana ry’uturere yari inseruro y’urukundo rugera ibwina Yehova afitiye umuryango w’abantu bashobora gucungurwa. Igihe Petero yihweza ukuntu impwemu yera yigaragaza ku Munyamahanga Koruneliyo, yavuze ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Egome, inkuru nziza yari kandi n’ubu ni ubutumwa bw’abantu bose, vyongeye iyongerekana ry’uturere tuvugwamwo ijambo ry’Imana ryarahaye abantu b’ahantu hose akaryo ko kwitabira urukundo rw’Imana. Muri iki kinjana kigira 21, ijambo ry’Imana ryarakwiragiye bukwiragire mu mihingo yose yo kw’isi.

Ikura Ryatsinze

14. Ni ikura bwoko ki ridondorwa mu Vyakozwe 19:20, kandi ijambo ry’Imana ryatsinze ibiki?

14 Ahagira gatatu herekeza kw’ikura canke isasagara ry’ijambo ry’Imana haboneka mu Vyakozwe 19:20, hagira hati: “Mu buryo buranga ububasha ijambo rya Yehova ryaguma rikura kandi ritsinda.” (NW) Ijambo ryo mu ntango ry’Ikigiriki rihindurwa ngo “gutsinda” ritanga iciyumviro c’“ugukoresha inkomezi.” Imirongo y’imbere yigana yuko benshi muri Efeso bacitse abizera, kandi ko abatari bake bari bamogoreye amageza baturiye ibitabu vyabo imbere y’abantu bose. Gutyo, ijambo ry’Imana ryaratsinze inyigisho z’idini y’ikinyoma. Inkuru nziza na yo nyene yaratsinze izindi ntambamyi, nk’uruhamo. Nta na kimwe coshoboye kuyihagarika. Muri ivyo, turabona kandi isano ryibonekeje bifitaniye n’Ubukirisu nyakuri muri iki gihe cacu.

15. (a) Ni ibiki umutohozakahise umwe mu vya Bibiliya yanditse ku vyerekeye Abakirisu ba kare? (b) Abigishwa bitiriye nde ukuroranirwa kwabo?

15 Intumwa be n’abandi Bakirisu ba kare baramamaje ijambo ry’Imana bafise umwete. Umutohozakahise umwe w’ivya Bibiliya yavuze ibiberekeye ati: “Igihe abantu bafise ishaka ryo kuvuga ivyerekeye Umukama wabo, uturyo two kubigira ntitubura. Kukaba nkako, agatima gasunika abo bagabo n’abagore ni ko kadutangaza kuruta uburyo bakoresha.” Naho ari ukwo, abo Bakirisu ba kare baremera icese yuko ukuroranirwa kw’ubusuku bwabo kutari guhagaze ku twigoro twabo gusa. Bari bafise ibanga bashinzwe n’Imana ryo kurangura igikorwa cabo, kandi bari bafise imfashanyo iva ku Mana kugira ngo barishitse. Ikura ryo mu buryo bw’impwemu riva ku Mana. Intumwa Paulo ivyo yaravyemeje icese mw’ikete yandikiye ishengero ry’i Korinto. Yanditse ati: “Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.”​—1 Ab’i Korinto 3:6, 9.

Impwemu Yera Iriko Irakora

16. Ni igiki cerekana yuko impwemu yera yaronkeje ububasha abigishwa bwo kuvuga bashize amanga?

16 Ibuka yuko Yezu yakuye amazinda abigishwa biwe yuko impwemu yera yogize uruhara mw’isasagara ry’ijambo ry’Imana kandi iyo mpwemu yera yoronkeje ububasha abo bigishwa mu murimo wabo wo kwamamaza. (Ivyakozwe 1:8) Ivyo vyashitse gute? Inyuma gatoyi y’aho impwemu isukiwe ku bigishwa kuri Pentekote, Petero na Yohani bararengukijwe ngo bagire ico babwira Ikombe ry’Abayuda, ari yo yari sentare nkuru muri ico gihugu, abacamanza baryo bakaba ari bo bicishije Yezu Kirisitu. Izo ntumwa zoba zojugumiye n’ubwoba imbere y’iryo koraniro rinini kandi ribanka? Haba n’intete! Impwemu yera yararonkeje ububasha Petero na Yohani bwo kuvugana ugushira amanga ku buryo ababarwanya buzuye ugutangara, maze “bamenya ko bābana na Yesu.” (Ivyakozwe 4:8, 13) Impwemu yera yaratumye kandi Stefano ashingira intahe abo Banyekombe ashize amanga. (Ivyakozwe 6:12; 7:55, 56) Imbere y’aho, impwemu yera yari yarasunikiye abo bigishwa ku kwamamaza bashize amanga. Luka yigana ati: “Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa [im]pwemu [y]era, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.”​—Ivyakozwe 4:31.

17. Ni mu bundi buryo butari bumwe ubuhe impwemu yera yafashije abigishwa mu busuku bwabo?

17 Biciye ku mpwemu yera yiwe y’ububasha, Yehova kumwe na Yezu yazutse, yarayoboye umurimo wo kwamamaza. (Yohana 14:28; 15:26) Igihe impwemu yera yasukwa kuri Koruneriyo, ku ncuti ziwe no ku bagenzi biwe somambike, intumwa Petero yaremeye icese yuko Abanyamahanga batakebwe bashobora gukwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe mw’izina rya Yezu Kirisitu. (Ivyakozwe 10:24, 44-48) Mu nyuma, impwemu yaragize uruhara nyamukuru mu vy’ukugena Barunaba na Sauli (intumwa Paulo) ku bw’umurimo w’ubumisiyonari no mu vy’ukubayobora aho bakwiye kuja n’aho badakwiye kuja. (Ivyakozwe 13:2, 4; 16:6, 7) Yarayoboye uburyo bwo gufata ingingo bw’intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu. (Ivyakozwe 15:23, 28, 29) Impwemu yera yararongoye kandi igenwa ry’abacungezi mw’ishengero rya gikirisu.​—Ivyakozwe 20:28.

18. Abakirisu ba kare baseruye gute urukundo?

18 Ikigeretseko, impwemu yera yarigaragaje mu Bakirisu ubwabo, bivamwo kamere ziranga kuyobokera Imana, nk’urukundo. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Urukundo rwasunikiye abigishwa ku gusabikanya utwo bafise. Nk’akarorero, inyuma ya Pentekote yo 33 G.C., harashinzwe ikigega rusangi kugira ngo baronke ivyo abigishwa b’i Yeruzalemu bari bakeneye mu vy’umubiri. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Nta mukene yari muri bo, kukw abāri bafise amashamvu bose cank’amazu bābigura, bakazana ibiguzi vy’ivyo baguze, bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye.” (Ivyakozwe 4:34, 35) Urwo rukundo ntirwagarukiye gusa ku bizera bagenzi babo ariko kandi rwarashika no ku bandi, mu kubashikiriza inkuru nziza no mu kubagirira ibindi bikorwa biranga ubuntu. (Ivyakozwe 28:8, 9) Yezu yavuze yuko urukundo rwo kwibabaza rworanze abayoboke biwe. (Yohana 13:34, 35) Nta mazinda yuko kamere ihambaye y’urukundo yakwegereye abantu ku Mana kandi igaterera kw’isasagara mu kinjana ca mbere nk’uko nyene ibigira muri iki gihe.​—Matayo 5:14, 16.

19. (a) Ni mu buryo butatu ubuhe ijambo rya Yehova ryakuze mu kinjana ca mbere? (b) Ni igiki tuja gusuzuma mu kiganiro gikurikira?

19 Hose na hose, imvugo ‘impwemu yera’ iboneka incuro 41 mu gitabu c’Ivyakozwe. Biragaragara yuko iyongerekana ry’Abakirisu nyakuri bo mu kinjana ca mbere ryari rifitaniye isano cane n’ububasha be n’uburongozi bw’impwemu yera. Igitigiri c’abigishwa carongerekanye, ijambo ry’Imana ryarakwiragiye mu karere kanini, kandi riratsinda amadini n’amafilozofiya vyo muri ico kiringo. Iryo sasagara ryo mu kinjana ca mbere rirafitaniye isano n’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe. Mu kiganiro gikurikira, turaja gusuzuma ikura canke isasagara ritangaje nk’iryo nyene ry’ijambo ry’Imana mu bihe vya none.

Woba Uvyibuka?

• Ni gute abigishwa ba kare bongerekanye mu bitigiri?

• Ni mu buryo ki ijambo ry’Imana ryakwiragiye mu tundi turere?

• Ni gute ijambo ry’Imana ryatsinze mu kinjana ca mbere?

• Ni uruhara uruhe impwemu yera yagize mw’isasagara ry’ijambo ry’Imana?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 20, 21]

Mu mfuruka yo hejuru iburyo: Ikigereranyo c’Igisagara ca Yeruzalemu mu gihe c’Urusengero Rugira Kabiri – ico kigereranyo kiri mu kibuga c’ihoteri yitwa Holyland, i Yeruzalemu

[Ifoto ku rup. 22]

Filipo yarashingiye intahe Umunyetiyopiya, arakwiragiza inkuru nziza mu tundi turere

[Ifoto ku rup. 23]

Impwemu yera yarayoboye intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika