ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 24-29
  • Ubukirisu Nyakuri Buratsinda!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukirisu Nyakuri Buratsinda!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikura rya rya Jambo Muri Iki Gihe
  • Impwemu Yera Irakora Muri Iki Gihe
  • Ijambo ry’Imana Riratsinda mu Bakozi b’Abanyamwete
  • Urukundo rw’Imana Rutegerezwa Gutsinda
  • “Ijambo rya Yehova [Rya]bandanya Gukura”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • ‘Icabona ku mahanga yose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abakirisu Nyakuri Bose Ni Abamamaji b’Inkuru Nziza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 24-29

Ubukirisu Nyakuri Buratsinda!

“Mu buryo bw’ububasha ijambo rya Yehova [rya]guma rikura kandi ritsinda.”​—IVYAKOZWE 19:20, NW.

1. Dondora ikura ry’Ubukirisu mu kinjana ca mbere.

BARURUMBA ububasha bw’impwemu yera, Abakirisu ba kare baramamaje ijambo ry’Imana bafise umwete ata washobora kuwugabanya. Umutohozakahise umwe yanditse ati: “Ubukirisu bwari bwakwiragiye ningoga bimwe biboneka mw’isi y’Abaroma. Mu mwaka w’100, ngirango intara yose yo ku nkengera ya Mediterane yari imaze kubamwo umugwi w’Abakirisu.”

2. Ni gute Shetani yagerageje gutangira inkuru nziza, kandi ni gute ivyo vyari vyarabuwe?

2 Shetani wa Mucokoranyi ntiyashobora kunumya Abakirisu ba kare. Aburiye aho, yatangiriye akosho k’inkuru nziza akoresheje ubundi buryo​—ni ukuvuga ubuhakanyi. Yezu yari yarabuye ivyo bintu mu mugani wiwe w’uburo n’urwamfu. (Matayo 13:24-30, 36-43) Intumwa Petero na we nyene yari yarabuye yuko abigisha b’ibinyoma bokwadutse mw’ishengero, bakazana utudumbi tujana ku mahonero. (2 Petero 2:1-3) Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo yari yarabuye mu buryo butomoye yuko ubuhakanyi bwoje imbere y’umusi wa Yehova.​—2 Ab’i Tesalonike 2:1-3.

3. Ni ibiki vyabaye inyuma y’ugupfa kw’intumwa?

3 Inyuma y’ugupfa kw’intumwa, inkuru nziza yahavuye itwikirwa n’inyigisho za gipagani be n’amafilozofiya. Nk’uko vyari vyarabuwe, abigisha b’ikinyoma barahotoye bongera baratosekaza ubutumwa butyoroye bw’ukuri. Buhorobuhoro, Ubukirisu nyakuri bwaratwikiriwe n’Ubukirisu bw’urwigano bugizwe n’Abiyita Abakirisu. Haradutse umugwi w’abakuru b’idini wagerageje gutuma Bibiliya iguma idashikira abantu ba nyarucari. Naho ibitigiri vy’Abiyita Abakirisu vyongerekanye, ugusenga kwabo ntikwari gutyoroye. Abiyita Abakirisu baratsimbataye mu turere twinshi kandi bacika urwego rw’ububasha n’inguvu ifise akosho mu mico kama yo mu bihugu vya Buraya, ariko ntibari bafise umuhezagiro uva ku Mana eka nta n’impwemu yayo bari bafise.

4. Ni kuki urwenge rwa Shetani rwo gutangira umugambi w’Imana ruterewe?

4 Ariko rero, urwenge rwa Shetani rwo gutangira umugambi wa Yehova rwari rugenewe kunanirwa. Mbere no mu misi y’ubuhakanyi y’umwiza kuruta, Ubukirisu nyakuri bwari bukiri buzima muri bamwebamwe. Abagabo bimuye Bibiliya baritaye ku rutare kugira ngo babigire ata gakosa bashiramwo. Gutyo, Bibiliya ubwayo yagumye ata kanenge, naho ubutumwa buri muri yo bwagoretswe na benshi birarira ko bafise ubukuru bwo kuyigisha. Mu binjana n’ibindi incabwenge nka Jérôme na Tyndale barahinduye bongera baragabanganya Ijambo ry’Imana babigiranye umutima rugabo. Abantu amamiliyoni barashikiriye Bibiliya n’ubwoko bunaka bw’Ubukirisu, naho bwari Ubukirisu bw’urwigano.

5. Ni ibiki umuhanuzi Daniyeli yabuye ku vyerekeye ‘ubumenyi nyakuri’?

5 Amaherezo, nk’uko vyabuwe mu gitabu ca Daniyeli, ‘ubumenyi nyakuri bwaragwiriye.’ Ivyo vyashitse mu “gihe c’iherezo”​—igihe tubayemwo. (Daniyeli 12:4) Impwemu yera yarayoboye abakunda ukuri kw’isi yose ku bumenyi ntagakosa bwerekeye Imana y’ukuri n’umugambi wayo. Mbere n’inyuma y’ibinjana n’ibindi vy’inyigisho z’ubuhakanyi, ijambo ry’Imana riratsinda! Muri iki gihe, inkuru nziza iriko iramamazwa ahantu hose, yerekeza abantu ku cizigiro c’isi nshasha ihimbaye. (Zaburi 37:11) Nimuze ubu dusuzume iryo kura ry’ijambo ry’Imana mu gihe ca none.

Ikura rya rya Jambo Muri Iki Gihe

6. Mu mwaka w’1914, ni ukuri ukuhe Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze gutahura?

6 Mu mpera z’ikinjana kigira 19, ukuri kwa Bibiliya kwarahaye inguvu akagwi gatoyi k’Abatohoji ba Bibiliya, abazwi muri iki gihe ko ari Ivyabona vya Yehova. Kugeza mu 1914, Bibiliya yari imaze kuba nzima kuri bo. Baratahuye ukuri kw’igitangaza ku vyerekeye umugambi w’Imana. Bari bakozwe ku mutima bimwe bigera ibwina n’urukundo Yehova yagaragaje mu kurungika Umwana wiwe kw’isi, gutyo yugurura inzira y’ubuzima budahera. Bahavuye kandi bamenya bongera barakenguruka izina ry’Imana na kamere zayo. Ikindi kandi, baratahuye yuko “ibihe vy’Abanyamahanga” vyamaze kurangira, vyerekana yuko igihe cari cegereje c’uko intwaro y’Ubwami bw’Imana izana imihezagiro ku muryango w’abantu. (Luka 21:24) Ese ukuntu ari inkuru nziza inezereye! Ukwo kuri kw’ububasha kwategerezwa kubwirwa uwo ari we wese, aho ari ho hose. Ubuzima bwari bugeramiwe!

7. Ni gute ukuri kwa Bibiliya kwatsinze mu bihe vya none?

7 Yehova yarahezagiye abo Bakirisu basizwe impwemu bari ku rushi. Muri iki gihe, igitigiri c’abakira Ubukirisu nyakuri cararenze imiliyoni zitandatu. Ijambo ry’Imana ryarakwiragiye kandi mu turere twinshi, kubera Ivyabona vya Yehova baboneka mu bihugu 235. Ikigeretseko, ukuri kwa Bibiliya kwaragaragaje ububasha, kuratsinda intambamyi zose, iziva kw’idini canke ku bindi. Uwo murimo wo kwamamaza urangurirwa ku mubumbe wose urongereza ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko Yezu ariho mu bubasha bw’Ubwami.​—Matayo 24:3, 14.

8. Ni ibiki bamwebamwe bavuze ku vyerekeye iyongerekana ry’Ivyabona vya Yehova?

8 Nk’uko nyene abatohozakahise bagize ico buvuga kw’ikura ritangaje ry’Ubukirisu mu kinjana ca mbere, ni ko incabwenge nyinshi zaragize ico zivuga kw’iyongerekana ry’abasavyi ba Yehova mu bihe vya none. Muri Leta Zunze Ubumwe, incabwenge zibiri zarafatanije mu kwandika ziti: “Mu myaka 75 iheze, Ivyabona vya Yehova bagumye bagwira bidasanzwe. . . kandi ivyo babigize ku mubumbe wose uko ungana.” Hari ikinyamakuru co muri Afirika yo mu Buseruko cerekeza ku Vyabona bwa “dini rimwe mu madini asagamba ningoga kuruta izindi zose kandi ryubahitse cane, rizwi mu makungu yose kubera ukwumira kwaryo ku nyigisho za Bibiliya ritadohoka.” Kandi ikinyamakuru kimwe ca Gatolika gishingiye ku vya kera, casohowe i Buraya, cerekeza kw’“iyongerekana rihambaye ry’Ivyabona vya Yehova.” Ni igiki caterereye kuri iryo yongerekana?

Impwemu Yera Irakora Muri Iki Gihe

9. (a) Ni imvo nyamukuru iyihe ituma ijambo ry’Imana ritsinda muri iki gihe? (b) Ni gute Yehova akwegera abantu kuri we?

9 Imvo nyamukuru ituma ijambo ry’Imana ritsinda muri iki gihe ni uko impwemu ya Yehova ikora mu buryo bw’ububasha, nk’uko nyene vyari mu kinjana ca mbere. Yezu yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44) Ayo majambo yerekana yuko Imana ikwegera n’ubwitonzi abari mu mero nziza y’umutima, akabakora ku mitima. Biciye ku murimo wo kwamamaza w’Ivyabona vyiwe, Yehova ariko arakwegera “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose,” ni ukuvuga abantu b’abagwaneza, bameze nk’intama bo kw’isi kugira ngo bamwambaze.​—Hagayi 2:6, 7.

10. Ni abantu bameze gute bakiriye ijambo ry’Imana?

10 Impwemu yera ntiyahaye ububasha gusa abasavyi b’Imana bwo gutwara iryo jambo ry’Imana gushika ku mpera z’isi; yaranasunikiye abantu b’uburyo bwose kwakira inkuru nziza. Mu vy’ukuri, abakiriye ijambo ry’Imana baje bava mu “miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose.” (Ivyahishuriwe 5:9; 7:9, 10) Basangwa mu batunzi no mu bakene, mu bize cane no mu batize. Bamwebamwe bemeye iryo jambo mu bihe vy’intambara n’uruhamo rukaze, mu gihe abandi baryemeye mu bihe vy’amahoro n’isagamba. Mu gihe c’intwaro y’uburyo ubwo ari bwo bwose, mu mico kama iyo ari yo yose, haba mu makambi y’itunatuniro canke mu birimba, abagabo n’abagore barakiriye neza inkuru nziza.

11. Impwemu yera ikora gute mu buzima bw’abasavyi b’Imana, kandi ni itandukaniro irihe ryibonekeza?

11 Naho abasavyi b’Imana bari uburyo bwinshi bitangaje, babana mu bumwe. (Zaburi 133:1-3) Ivyo birongerereza ikimenyamenya c’uko impwemu yera iriko irakora mu buzima bw’abasukurira Imana. Impwemu yayo ni inguvu y’iciza ifise ububasha ishoboza abasavyi bayo kugaragaza urukundo, umunezero, amahoro, kugira neza be n’izindi kamere zikwegera. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Muri iki gihe, turatahura mu buryo butomoye ivyo haciye igihe kirekire umuhanuzi Malaki abuye ati: “[Muzo]menya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.”​—Malaki 3:18.

Ijambo ry’Imana Riratsinda mu Bakozi b’Abanyamwete

12. Ivyabona vya Yehova bumva bamerewe gute ku vyerekeye igikorwa co kwamamaza, kandi bitega ko umurimo wabo wo kwamamaza abantu bawakira gute?

12 Ivyabona vya Yehova muri iki gihe si abaja mu misa ata co bakora. Baragira uruhara ruboneka mu gikorwa co kwamamaza. Nka kumwe kw’Abakirisu ba kare, baritanga n’umutima ukunze kugira ngo bakore ukugomba kw’Imana, barondera gufasha abandi kwiga ivyerekeye imihango y’Ubwami bwa Yehova. Ni abakozi bakorana n’Imana batororokaniriza abandi mu murimo wa Yehova mu buryo buhuje n’impwemu yera yiwe. Mu kubigenza gutyo, baragaragariza abantu batizera ikigongwe n’urukundo vya Yehova. Kandi barabigira naho bahura n’ukutabinegwa, ugucokorwa n’uruhamo. Yezu yarateguye abayoboke biwe ku vy’uko abantu bazokwakira inkuru nziza mu buryo butandukanye. Yavuze ati: “Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.”​—Yohana 15:20.

13. Ni ibintu ibihe bibuze mu Biyita Abakirisu vyuzuye mu Vyabona vya Yehova?

13 Ntitwobura gutangazwa n’isano riri hagati y’Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe n’abakiriye Ubukirisu nyakuri mu kinjana ca mbere. Icibonekeje nk’ukwo nyene ni itandukaniro riri hagati y’Ivyabona vya Yehova n’Abiyita Abakirisu muri iki gihe. Incabwenge imwe imaze kwandika ivyerekeye umwete w’ukwamamaza w’Abakirisu ba kare, yidoga iti: “Ni hataba ihinduka ry’uburyo ekeleziya y’ubu ikora kugira ngo igikorwa co kwamamaza kibe ikintu kibonwa ko cega Umukirisu wese yabatijwe congere gishigikirwe n’uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubwo uwutizera ashobora kugira, ntidushobora kugira iterambere rinini.” Ibintu Abiyita Abakirisu babuze, ni vyo nyene vyuzuye mu Vyabona vya Yehova! Ukwizera bafise ni ukwizera kuzima, ukwizera nyakuri be n’ukwizera gushingiye ku kuri kwa Bibiliya bumva basunikirwa kukubwira abantu bose bazokwumviriza.​—1 Timoteyo 2:3, 4.

14. Yezu yabona gute ubusuku bwiwe, kandi ni inyifato iyihe abigishwa biwe bagaragaza muri iki gihe?

14 Yezu yarafatanye uburemere ubusuku bwiwe, abugira co kintu nyamukuru yitwararika. Yabwiye Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Abasavyi b’Imana biyumva nk’uko Yezu yiyumva. Bafise ukuri kwa Bibiliya mu mitima yabo, barihatira kurondera uturyo two kukubwira benshi bashoboka. Bumwe muri ubwo buryo buragaragaza ubuhanga budasanzwe.

15. Ni gute bamwebamwe berekanye ubuhanga mu kwamamaza inkuru nziza?

15 Mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo, Ivyabona barafata ingendo bamanukana akuzi kisuka mu Ruzi rwa Amazoni kugira ngo bashikire abantu babashiriye ukuri. Ariko rero, igihe intambara y’abanyagihugu yaduka mu 1995, uruja n’uruza rw’abanyagihugu ku nkengera y’ako kuzi rwarabujijwe. Kubera biyemeje kuguma baronsa abashimishijwe ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, Ivyabona bafashe ingingo yo guterera mu mazi iyo azanana ubwo butumwa kugira butembe bubagana. Baranditse amakete maze bayashira mu tugurude tugaragara ari kumwe n’amakopi y’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Maze baterera utwo tugurude muri ako kuzi. Ivyo vyarabandanije mu myaka ine n’igice gushika abanyagihugu basubiye kurekurirwa guca kuri ako kuzi. Ku nkengera yose y’ako kuzi, abantu barashimira Ivyabona ku bw’ivyo vyandikano. Umupfasoni umwe yahora ari umutohoji wa Bibiliya yabaguye mu nda amasozi agenderana mu maso yiwe, maze avuga ati: “Niyumvira ko ntazokwigera nsubira kubabona. Ariko rero, igihe natangura kuronka ivyandikano mu tugurude, naramenye yuko mutanyibagiye!” Abandi baba ku nkengera y’ako kuzi bavuze yuko basomye ivyo binyamakuru akatari gake. Ibigwati vyinshi vyari bifise icokwitwa “ibiro vya posita,” ni ukuvuga ahantu amazi yizunguriza bigatuma ibintu bireremba ku mazi vyirundanirizaho mu gihe gito. Aho ni ho abashimishijwe basuzuma kenshi kugira barabe ko hari “ikete” na rimwe ryavuye iyo amazi azanana.

16. Ni gute kwironsa umwanya rimwe na rimwe vyugurura inzira yo guhindura abantu abigishwa?

16 Ukwamamaza inkuru nziza biyoborwa kandi bigashigikirwa na Yehova Imana be n’abamarayika biwe b’abanyabubasha. (Ivyahishuriwe 14:6) Twironkeje gusa umwanya, uturyo tutari twiteze two guhindura abantu abigishwa rimwe na rimwe turavyuka. I Nairobi, muri Kenya, abakenyezi babiri b’Abakirisu bari mu murimo wo mu ndimiro, bari bahejeje gukora amazu bari barahawe. Ubwo nyene umukenyezi akiri muto yarabegereye maze n’igishika cinshi avuga ati: “Nariko ndasenga kugira ngo mpure n’umuntu ameze nkamwe.” Yaringinze ivyo Vyabona ngo baje i muhira iwe ubwo nyene kugira ngo baganire, maze batangura inyigisho ya Bibiliya na we uwo musi nyene. Ni kuki uwo mukenyezi yegereye abo Bakirisu babiri abishashaye gutyo? Hari haheze nk’amayinga abiri apfishije akana kiwe. Rero igihe yabona umwana umwe afise ya taragiti ivuga ngo “Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?” yarayishaka cane maze asaba ako gahungu ngo kayimuhe. Karanse, mugabo gatunga urutoke Ivyabona bari bagahaye iyo taragiti. Bidatevye uwo mukenyezi yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu kandi ararushiriza gushobora gutsinda umubabaro yatewe n’ukubura akana kiwe.

Urukundo rw’Imana Rutegerezwa Gutsinda

17-19. Ni urukundo uruhe Yehova yagaragarije umuryango w’abantu biciye ku ncungu?

17 Ikura ry’Ijambo ry’Imana kw’isi yose rirafitaniye isano cane n’inkuka y’incungu ya Kirisitu Yezu. Nka kumwe kw’incungu, igikorwa co kwamamaza ni inseruro y’urukundo Yehova afitiye abantu ahantu hose. Intumwa Yohani yarahumekewe kwandika ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.”​—Yohana 3:16.

18 Iyumvire urukundo Yehova yerekanye mu gutanga incungu. Mu myaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi, Imana yaranezererewe ubucuti bwa somambike yari ifitaniye n’Umwana wayo mukundwa w’ikinege, “inkomoko y’ivyaremwe n’Imana.” (Ivyahishuriwe 3:14) Yezu arakunda Se bimwe bigera ibwina, kandi Yehova yarakunda Umwana wiwe “itanguriro ry’isi ritarashirwaho.” (Yohana 14:31; 17:24) Yehova yararetse uwo Mwana mukundwa arapfa kugira ngo abantu bashobore kuronka ubuzima budahera. Ese ukuntu ari inseruro iteye akoba y’urukundo akunda umuryango w’abantu!

19 Yohana 3:17 havuga hati: “Imana [ntiya]tumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.” Gutyo, Yehova yarungitse Umwana wiwe mu gikorwa kiranga urukundo c’ubukiriro, atari ic’uguca urubanza canke gukubita intahe mu gahanga. Ivyo birahuye n’amajambo ya Petero agira ati: “[Yehova] nt[a]gomba ko hagira abahona, arikw [a]gomba ko bose bihana.”​—2 Petero 3:9.

20. Ni mu buryo ki ubukiriro bufitaniye isano n’iyamamazwa ry’inkuru nziza?

20 Kubera yatanze ishimikiro ryemewe n’amategeko ry’ubukiriro bimutwaye ikintu kinini, Yehova ashaka ko abantu benshi bashoboka baryungukirako. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese azokwambaza izina rya [“Yehova,” NW] azokizwa. None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?”​—Abaroma 10:13, 14.

21. Dukwiye kwumva tumerewe gute ku vyerekeye akaryo ko kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza?

21 Ese ukuntu ari agateka k’akaroruhore kugira uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha ku mubumbe wose! Si igikorwa coroshe, yamara ese ukuntu Yehova ahimbarwa igihe yitegereza abasavyi biwe babaho bisunga ukuri babigiranye ubwizerwe kandi babwira inkuru nziza abandi! Rero, uko ivyawe vyifashe kwose, nureke impwemu y’Imana be n’urukundo ruri mu mutima wawe bigusunikire kugira uruhara muri ico gikorwa. Kandi wibuke yuko ivyo tubona biriko biraranguka kw’isi yose bitanga ikimenyamenya kijijura c’uko Yehova Imana vuba azoshitsa umuhango wiwe wo gushiraho “ijuru risha n’isi nsha” vy’ubuninahazwa ivyo “ukugororoka kuzobamwo.”​—2 Petero 3:13.

Woba Uvyibuka?

• Ni kuki ubuhakanyi butari gushobora kunumya abamamaji b’inkuru nziza?

• Ijambo ry’Imana ryatsinze gute muri iki gihe cacu?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe impwemu y’Imana iriko irakora muri iki gihe?

• Incungu ifitaniye isano gute n’iyamamazwa ry’inkuru nziza?

[Igicapo ku rup. 26]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Iyongerekana ry’igitigiri c’abamamaji b’Ubwami mu kinjana ca 20

Incahagati y’Abamamaji (mu mamiliyoni)

6,0

5,5

5,0

4,5

4,0

3,5

3,0

2,5

2,0

1,5

1,0

0,5

1900 1910 1920 1930 1940 1950 1960 1970 1980 1990 2000

[Ifoto ku rup. 25]

JÉRÔME

TYNDALE

GUTENBERG

HUS

[Abo dukesha ifoto]

Gutenberg na Hus: Bikuwe mu gitabu The Story of Liberty, 1878

[Ifoto ku rup. 25]

Abatohoji ba Bibiliya bamamaza inkuru nziza mu myaka y’1920

[Ifoto ku rup. 26, 27]

Hirya no hino kw’isi abantu bariko barakira inkuru nziza

[Ifoto ku rup. 28]

Nka kumwe kw’inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, igikorwa co kwamamaza kirahayagiza urukundo rw’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika