Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
“Mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.”—ABANYEFESO 6:4.
1. Ni umugambi uwuhe Imana yari ifitiye urugo, mugabo mu gishingo c’ivyo ni ibiki vyabaye?
“NI MURONDOKE, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 1:28) Mu kubwira ayo majambo Adamu na Eva, Yehova Imana yari ashinze indinganizo y’ivy’urugo. (Abanyefeso 3:14, 15) Mu gutereza amaso kuri kazoza, uwo mugabo n’umugore wiwe ba mbere bari gushobora kubona isi yuzuye uruvyaro rwabo—ni ukuvuga umuryango munini w’abantu batagira agasembwa babayeho mu munezero mw’iparadizo yo kw’isi kandi basenga Umuremyi wabo Ahambaye bafatanye mu nda. Mugabo, Adamu na Eva baraguye mu caha, gutyo isi ntiyaba icuzuye abantu b’abagororotsi, batinya Imana. (Abaroma 5:12) Ahubwo, ubuzima bwo mu rugo ntibwatevye gutituka maze urwanko, ubukazi n’ukuba abantu “[bada]kunda ababo” vyariganje, canecane muri iyi “misi y’iherezo.”—2 Timoteyo 3:1-5; Itanguriro 4:8, 23; 6:5, 11, 12.
2. Uruvyaro rwa Adamu rwari rufise ubuhe bushobozi, mugabo ni ibiki vyobaye bikenewe kugira ngo umuntu yubake urugo rukomeye mu vy’impwemu?
2 Adamu na Eva baremwe mw’ishusho y’Imana. Naho ico gihe Adamu yari abaye umunyavyaha, Yehova yaramuretse aribaruka ibibondo. (Itanguriro 1:27; 5:1-4) Nka kurya kwa se wabo, abo mu ruvyaro rwa Adamu bari bafise ubushobozi bwo kwigenza runtu kandi bakaba boshoboye kwiga gutandukanya iciza n’ikibi. Bari gushobora kwigishwa ivyerekeye uburyo bwo gusenga Umuremyi wabo be n’akamaro ko kumukunda n’umutima wabo wose, n’ubugingo bwabo bwose, n’umuzirikanyi wabo wose hamwe n’inkomezi zabo zose. (Mariko 12:30; Yohana 4:24; Yakobo 1:27) Vyongeye, bari gushobora kumenyerezwa “gukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana.” (Mika 6:8) Ariko rero, kubera bari abacumuzi, bokeneye kurushiriza kuba maso kugira ngo bubake urugo rukomeye mu vy’impwemu.
Nucungure Umwanya
3. Abavyeyi bashobora gute ‘gucungura umwanya’ wo kurera abana bakirisu?
3 Muri ibi bihe vy’amananiza kandi bigoye, akigoro gakomeye gategerezwa kugirwa kugira ngo abana bacike “abakunda Uhoraho [banka] ibibi” vy’ukuri. (Zaburi 97:10) Abavyeyi b’inkerebutsi ‘bazocungura umwanya’ kugira ngo batorere umuti iyo ngorane. (Abanyefeso 5:15-17) Nimba uri umuvyeyi, ivyo ushobora kubigira gute? Ubwa mbere, nushinge ibija imbere y’ibindi, witwararike “ibintu bihambaye kuruta,” (NW) harimwo kwigisha no kumenyereza abana bawe. (Ab’i Filipi 1:10, 11) Ubwa kabiri, niworoshe uburyo bwawe bwo kubaho. Ushobora kuba utegerezwa guheba ibikorwa bidakenewe koko. Canke ushobora kuba ukeneye kwiremurura ibintu utunze bidakenewe bitwara umwanya wo kubibungabunga. Kubera uri umuvyeyi w’Umukirisu, ntuzokwigera wicuza kuba waragize akigoro gakenewe ko kurera abana batinya Imana.—Imigani 29:15, 17.
4. Ni gute umuntu ashobora gutuma urugo ruguma rufatanye mu nda?
4 Kumarana umwanya n’abana banyu, canecane igihe bishingiye ku bintu vy’impwemu, ntibiba ivy’impfagusa namba, kandi ni bumwe mu buryo bwiza kuruta bwo gutuma urugo ruguma rufatanye mu nda. Ariko ivyo ntubigire gusa igihe akaryo kizanye. Nugire urutonde rw’ibihe binaka muzomarana. Ivyo ntibisobanura gusa kuba muri kumwe mu nzu, umwe wese yikorera utwiwe. Abana barushiriza gukura neza igihe ubwabo bitwararikwa ku musi ku musi. Urukundo n’ubwitwararitsi birakeneye kugaragazwa ata kwiziganya. N’imbere nyene yuko abubakanye bafata ingingo yo kwibaruka ibibondo, bategerezwa kurimbura bitonze iryo banga rihambaye. (Luka 14:28) Gutyo ntibazobona ko kurera abana ari umuzigo. Ahubwo, bazobibona nk’agateka gahambaye.—Itanguriro 33:5; Zaburi 127:3.
Niwigishe Biciye ku Majambo no ku Karorero
5. (a) Ukwigisha abana gukunda Yehova bitangurira ku ki? (b) Ni impanuro iyihe ihabwa abavyeyi mu Gusubira mu Vyagezwe 6:5-7?
5 Kwigisha abana bawe gukunda Yehova bihera ku rukundo ubwawe umukunda. Urukundo rukomeye ukunda Imana ruzokuvyurira umutima wo gukurikiza amabwirizwa yiwe yose udahemuka. Ivyo birimwo kurera abana “[u]bahana, [u]bahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Imana ihanura abavyeyi guha akarorero abana babo, guseruranira na bo akari ku mutima no kubigisha. Mu Gusubira mu Vyagezwe 6:5-7 havuga hati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” Mu gukebura no mu gusubiramwo ubudahengeshanya, urashobora kwinjiza amabwirizwa y’Imana mu bana bawe. Gutyo, uruvyaro rwawe ruzobona urukundo ufitiye Yehova, maze na rwo rwoshwe gutsimbataza ubucuti bwa somambike na we.—Imigani 20:7.
6. Abavyeyi bashobora gute kwungukira ku vy’uko abana bigira ku karorero?
6 Abana usanga bashashaye kwiga. Barumviriza cane bakongera bakihweza akantu kose, kandi barihutira kwigana akarorero utanga. Igihe babona yuko utari inkunzi y’amaronko, ivyo birabafasha kwiga ukuntu bokurikiza impanuro ya Yezu. Uba ubigishije kudahahamira amaronko, aho kuyahahamira ‘bakabanza kurondera Ubwami bw’Imana.’ (Matayo 6:25-33) Mu kuremesha ikiyago ciza kandi cubaka cerekeye ukuri kwa Bibiliya, ishengero ry’Imana be n’abakurambere bagenywe, uba uriko urigisha abana bawe kwubaha Yehova no gukenguruka intunganyo ziwe zo mu vy’impwemu. Kubera yuko igihe umuntu ataragama ku ngingo abana badateba kubibona, amabwirizwa atangwa ku munwa ategerezwa gushigikirwa n’ingeso be n’agatima bigaragaza ukuntu ubwawe ukenguruka cane ibintu vy’impwemu. Ese ukuntu ari umuhezagiro igihe abavyeyi babona yuko akarorero kabo keza kavyaye mu bana babo ugukunda Yehova n’umutima wabo wose!—Imigani 23:24, 25.
7, 8. Ni akarorero akahe kerekana agaciro ko kumenyereza abana guhera bakiri impinja, kandi ukwererwa muri ivyo umuntu yovuga ko agukesha nde?
7 Agaciro ko kumenyereza abana guhera mu buhinja karashobora kubonekera mu karorero kamwe ko muri Venezuwela. (2 Timoteyo 3:15) Kerekeye umugabo n’umugore wiwe bakiri bato, Félix na Mayerlín. Ni abasuku b’abatsimvyi. Igihe umuhungu wabo Felito yavuka, bari bashashaye gukora uko bashoboye kwose mu kumurera akaba uwusenga Yehova w’ukuri. Mayerlín yaratanguye gusomera n’ijwi rirenga Felito muri ca Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, icasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Akiri igifatanzoka, Felito yasa n’uwushobora kumenya Musa n’abandi bantu bacafye muri ico gitabu.
8 Igihe yari akiri muto, Felito yaratanguye gushinga intahe yibwirije. Yarashikije icipfuzo ciwe co kuba umwamamaji w’Ubwami, maze mu nyuma arabatizwa. Haciye igihe, Felito yaracitse umutsimvyi asanzwe. Abavyeyi biwe bavuga bati: “Igihe twitegereza iterambere ry’umuhungu wacu, turatahura yuko tubikesha Yehova n’inyigisho yiwe.
Nimufashe Abana Gukura mu vy’Impwemu
9. Ni kuki dukwiye gukura ubwatsi ku bw’amabwirizwa yo mu vy’impwemu turonka biciye kuri wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge?
9 Hariho ibinyamakuru mirongo, ibitabu amajana be n’imihora ibihumbi n’ibihumbi yo muri bwa buhinga bwa Internet bitanga impanuro ku vy’uburyo bwo kurera abana. Inomero idasanzwe y’ikinyamakuru kimwe (Newsweek) yerekeye abana ivuga yuko kenshi cane “amakuru ahavugwa usanga adahuye. N’ikindi kirushirije kuba ikivuruga umutwe, ni uko igihe amakuru wiyumvira ko ushobora kwizigira usanga ari ikinyoma cambaye ubusa.” Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona Yehova yaratanze amabwirizwa injojo atuma ingo zigishwa zikongera zigatsimbatara mu vy’impwemu! Woba wungukira bimwe vyuzuye ku ntunganyo zose zigirwa biciye kuri wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge?—Matayo 24:45-47.
10. Ni gute inyigisho kirumara ya Bibiliya y’umuryango yungura abavyeyi n’abana?
10 Ikintu kimwe gihambaye gikenewe ni inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza, igirwa umuntu wese yumva ko yorohewe. Kugira ngo ibe iyigisha, iryoshe kandi iremesha, hasabwa kwitegura neza. Mu gutuma abana babo baserura akari ku mutima, abavyeyi barashobora kumenya ikiri mu mitima no mu mizirikanyi yabo. Uburyo bumwe bwo kumenya nimba inyigisho y’umuryango ari kirumara, ni mu kuraba nimba abagize urugo bose bayirindirana igishika.
11. (a) Ni imigambi iyihe abavyeyi bashobora gufasha abana babo kwishingira? (b) Ni ibiki vyashitsweko igihe agakobwa k’Akayapani kakurikirana umugambi kishingiye?
11 Imigambi ishingiye ku Vyanditswe na yo nyene irafise ico iterera kugira ngo urugo rukomere mu vy’impwemu, kandi abavyeyi bakwiye gufasha abana babo gushinga iyo migambi. Imigambi ibereye irimwo gusoma Bibiliya ku musi ku musi, gucika umwamamaji adahorereza w’inkuru nziza no gutera imbere bagana ku kwiyegura no ku kubatizwa. Iyindi migambi ishobora kuba irimwo gukora umurimo w’igihe cose nk’ubutsimvyi, kuri Beteli, canke ubumumisiyonari. Mu gihe agakobwa kamwe k’Akayapani kitwa Ayumi kari kakiri mw’ishure ry’intango, karishingiye umugambi wo gushinga intahe ku muntu wese wo mw’isomero karimwo. Kugira ngo kavyure ugushimishwa kw’umwigisha wako n’abo bigana, karahawe uruhusha rwo gushira mu bubiko bw’ibitabu ibisohokayandikiro bitari bike. Ico vyatanze ni uko mu myaka 6 kamaze mw’ishure ry’intango, karongoye inyigisho 13 za Bibiliya. Umwe muri abo batohoji ba Bibiliya be n’abandi bo mu muryango b’uwo mutohoji baracitse Abakirisu babatijwe.
12. Abana bashobora gute gukura inyungu ihambaye kuruta ku makoraniro y’Abakirisu?
12 Ikindi kandi gikenewe kugira ngo urugo rugume rufise amagara meza mu vy’impwemu, ni ukwitaba amakoraniro ubudahorereza. Intumwa Paulo yakebuye abo basangiye ukwemera ‘kudaheba kwikoraniriza hamwe, nk’uko bamwe bari bafise akamenyero ko kubigira.’ Turiyubara ivyo ntibicike akamenyero kacu, kubera yuko abato n’abakuze bompi bungukira cane ku kwama nantaryo bari ku makoraniro ya gikirisu. (Abaheburayo 10:24, 25; Gusubira mu Vyagezwe 31:12) Abana bakwiye kwigishwa gutega yompi. Gutegura amakoraniro na vyo ni ngirakamaro cane, kubera yuko inyungu ihambaye kuruta iva ku kugira uruhara mu gutanga insasanuro. Naho abana bakiri bato bashobora guhera ku kuvuga amajambo nk’angahe canke ku gusoma agahimba gato k’ingingo, bizoba nzanakunguko kuruta mu gihe abana bomenyerezwa kurondera inyishu maze bakazishikiriza mu majambo yabo bwite. Bavyeyi mwe, mwoba mutanga akarorero mu gutanga ubwanyu insasanuro mudahorereza kandi ziri n’ico zivuze? Ni vyiza kandi ko umwe wese mu bagize urugo agira Bibiliya, igitabu c’indirimbo be n’igisohokayandikiro kiriko kirakoreshwa mu kiganiro gishingiye ku Vyanditswe.
13, 14. (a) Ni kuki abavyeyi bakwiye gukorana n’abana babo mu busuku? (b) Ni igiki kizofasha gutuma umurimo wo mu ndimiro uba nzanakunguko ku bana kandi ukabatera umunezero?
13 Abavyeyi b’inkerebutsi bazotuma inguvu ziranga ubuto z’abana babo bazikoresha mu gukorera Yehova, bakabafasha kugira ngo ukwamamaza bakugire umuce uhambaye w’ubuzima bwabo. (Abaheburayo 13:15) Igihe abavyeyi bakorana n’abana babo mu busuku, ni ho gusa bashobora kuraba neza ko abakiri bato babo bazoronka ukumenyerezwa gukenewe kugira ngo bacike abasuku “[b]atarinda gutētērwa, [b]aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:15) None rero, weho bite? Nimba uri umuvyeyi, woba ufasha abana bawe kwitegurira igikorwa co mu ndimiro? Niwabigira bizofasha gutuma ubusuku bwabo burangwa umunezero, bugira ico buvuze kandi bwimbuka.
14 Ni kuki ari nzanakunguko ko abavyeyi n’abana babo bakorana mu busuku? Muri ubwo buryo, abana barashobora kubona no kwigana akarorero keza k’abavyeyi babo. Muri ico gihe nyene, abavyeyi barashobora kwitegereza inyifato y’abana babo, uburyo bigenza n’ubuhanga bwabo. Nurabe neza ko ujana n’abana bawe mu mice itandukanye y’ubusuku. Mu gihe bishoboka, umwana wese nagire isakoshi yiwe ajana mu gikorwa, wongere umwigishe kuguma ayisukuye kandi ikaguma ibereye ijisho. Biciye ku kubamenyereza no ku kubaremesha udahorereza, abana bazotsimbataza ugushima nyakuri ubusuku, maze babone ico gikorwa co kwamamaza nk’uburyo bwo kugaragariza urukundo Imana n’abandi bantu.—Matayo 22:37-39; 28:19, 20.
Nutume Baguma Bakomeye mu vy’Impwemu
15. Kubera ko kubungabunga urugo kugira rugume rukomeye mu vy’impwemu ari ikintu gihambaye cane, uburyo bumwebumwe umuntu yobigira ni ubuhe?
15 Kubungabunga urugo kugira rugume rukomeye mu vy’impwemu ni ntahara. (Zaburi 119:93) Uburyo bumwe bwo kubigira ni mu kuyaga ibintu vy’impwemu n’urugo rwawe igihe cose akaryo kabonetse. Mwoba muyaga na bo ku canditswe c’umusi ca Bibiliya? Mwoba mufise akamenyero ko kuyaga ku vyabonywe mu gikorwa co mu ndimiro canke ku vyiyumviro biherutse gusohoka mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! “iyo muriko muragenda mu nzira”? Woba wibuka gukurira ubwatsi Yehova mw’isengesho ku bw’ubuzima mwinovora ku musi ku musi, no ku bw’intunganyo atanga atitangiriye itama “iyo muryamye, n’iyo muvyutse”? (Gusubira mu Vyagezwe 6:6-9) Abana banyu nibabona urukundo mufitiye Imana rwigaragaza mu kintu cose mukora, bizobafasha kugira ukuri ukwabo.
16. Kuremesha abana kwigirira ubushakashatsi bifise agaciro akahe?
16 Rimwe na rimwe, abana bazokenera ubuyobozi kugira ngo bererwe mu guhangana n’ingorane canke n’ibintu vyaduka. Aho kwama nantaryo mubabwira ico bokora, ni kuki mutobereka ukuntu bomenya ico Imana yiyumvira kuri ivyo bintu mu kubaremesha kwigirira ubushakashatsi? Kwigisha abana gukoresha neza ibikoresho n’ibisohokayandikiro vyose bitangwa biciye kuri wa ‘mushumba w’umwizerwa’ bizobafasha gutsimbataza ubucuti bwa somambike na Yehova. (1 Samweli 2:21b) Maze, igihe babwira abandi bo mu bagize urugo ivyo bungukiye ku bushakashatsi bagize mu vya Bibiliya, urugo ruca rurushiriza gukomera mu vy’impwemu.
Niwiheke Kuri Yehova Bimwe Vyuzuye
17. Ni kuki abavyeyi birerana abana badakwiye kwihebura ku vyerekeye kurera abana babo bakaba Abakirisu?
17 Tuvuge iki ku ngo zigizwe n’umuvyeyi umwe? Izo ngo zirihanganira n’izindi ngorane ziyongereye mu vyerekeye ukurera abana. Mugabo, bavyeyi mwirerana abana, ntimuvunike umutima! Kwererwa birashoboka, nk’uko vyerekanwa n’abavyeyi benshi bizigiye Imana usanga birerana abana, bagashira mu ngiro impanuro zayo babigiranye ukugamburuka, maze bakarera abana bateye igomwe kandi bakomeye mu vy’impwemu. (Imigani 22:6) Ego ni ko, Abakirisu birerana abana barakenera kwiheka kuri Yehova bimwe vyuzuye. Bategerezwa kwizera yuko azobaha imfashanyo.—Zaburi 121:1-3.
18. Abavyeyi bakwiye kwitwararika ibihe bintu abana babo bakenera mu vy’umutima no mu vy’umubiri, ariko bakwiye gushimikira ku ki?
18 Abavyeyi b’inkerebutsi baratahura yuko hariho ‘igihe co gutwenga n’igihe co kuvyina.’ (Umusiguzi 3:1, 4) Ikintu gikenewe kugira ngo umuzirikanyi n’umubiri vy’umwana bikure, ni igihe c’ugukina be n’ukwinezereza kuri ku burimbane kandi kwiza. Umuziki uremesha na canecane kuririmba indirimbo zishemeza Imana, bizofasha umwana gutsimbataza inyifato nziza ishobora kugira uruhara ruhambaye mu vy’ugukomeza ubucuti afitaniye na Yehova. (Ab’i Kolosayi 3:16) Ubuto ni igihe kandi co kwitegurira kuzoba umuntu ageze mu bigero atinya Imana, kugira ngo umunezero w’ubuzima ushobore kuzobandanya ibihe bidahera mw’iparadizo yo kw’isi.—Ab’i Galatiya 6:8.
19. Ni kuki abavyeyi bashobora kwizigira yuko Yehova azohezagira utwigoro twabo mu vy’ukurera abana?
19 Yehova ashaka ko ingo zose z’Abakirisu zererwa zikaguma zikomeye kandi zifatanye mu nda mu vy’impwemu. Nimba vy’ukuri dukunda Imana tukongera tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo tugamburuke Ijambo ryayo, izohezagira utwigoro twacu yongere ituronse inkomezi zikenewe kugira ngo dukurikize ubuyobozi bwayo bwahumetswe. (Yesaya 48:17; Ab’i Filipi 4:13) Niwibuke ko ufise akaryo gato ko kwigisha no kumenyereza abana bawe, kandi ko katazosubirwamwo. Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ushire mu ngiro impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana, maze Yehova azohezagira utwigoro ugira two kwubaka urugo rukomeye mu vy’impwemu.
Twize Iki?
• Ni kuki gucungura umwanya ari ikintu gihambaye igihe tumenyereza abana?
• Ni kuki akarorero keza ka kivyeyi gakenewe?
• Ni uburyo bumwebumwe buhambaye ubuhe bwo gufasha abana gukura mu vy’impwemu?
• Umuntu ashobora gute kubungabunga urugo kugira ngo rugume rukomeye mu vy’impwemu?
[Amafoto ku rup. 20, 21]
Ingo zikomeye mu vy’impwemu ntizihorereza kwigira hamwe Ijambo ry’Imana, kwitaba bose amakoraniro y’Abakirisu, no mu kujana mu busuku bwo mu ndimiro