ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/6 rup. 18-23
  • Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri
  • Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu
  • Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’akanyengetera
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Abana bacu ni intoranwa y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/6 rup. 18-23

Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye

“Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, . . . azoba yihakanye ukwizera”.​—1 TIMOTEYO 5:8.

1, 2. (a) Ni kubera iki biremesha kubona abagize imiryango bitaba amakoraniro ya gikirisu bari kumwe? (b) Ni ingorane zimwezimwe izihe imiryango ihangana na zo kugira ngo ishike ku makoraniro ku gihe?

UTEREJE amaso mw’ishengero rya gikirisu imbere y’uko ikoraniro ritangura, woshobora kubona abana basukuye kandi bambaye neza bicaranye n’abavyeyi babo. Ntibihimbaye none kubona ingene urukundo rwigaragaza muri mwene iyo miryango, ni ukuvuga urukundo bakunda Yehova n’urwo bakundana hagati yabo? Ariko rero, biroroshe kwibagira akigoro kagirwa kugira ngo umuryango ushike ku makoraniro ku gihe.

2 Kenshi na kenshi, abavyeyi bamara umusi wose bacurumba muri vyinshi, ku migoroba iberako amakoraniro na ho ugasanga mbere umuryango ufise ibikorwa vyiyongereye. Bategerezwa gutegura imfungurwa, gukora udukorwa two mu rugo, guheraheza udukorwa two kw’ishure. Abavyeyi usanga bikoreye ibanga riremereye kuruta ryo kuraba neza yuko umwe wese asukuye, yafunguye, be n’uko yamaze kwitegura. Ariko ntiwumve, uravye ingene abana bameze, harashobora gushika ivyo umuntu atari yiteze, bigashika mu mwanya mubi. Umwana w’imfura atabuye impuzu yiwe ariko arakina. Umuhererezi asheshe imfungurwa yariko ararya. Abana ng’abo batanguye kuryana (Imigani 22:15). Havamwo iki? Naho abavyeyi boba bari bateguye ibintu bitonze, vyoshobora kutagenda nk’uko bari babiteguye. Ariko rero, ico ntikibuza ko imisi nka yose uwo muryango wama uri ku Ngoro y’Ubwami imbere y’uko ikoraniro ritangura. Ese ingene biremesha kwama tubabona ng’aho indwi ku ndwi, umwaka ku wundi, uko nya bana bagenda barakura gushika bakorere Yehova!

3. Tuzi gute yuko Yehova aha agaciro kanini imiryango?

3 Naho igikorwa ukora bwa muvyeyi rimwe na rimwe usanga kigoye, eka no kuruhisha kiruhisha, urashobora guhera amazinda yuko Yehova aha agaciro kanini utwigoro ugira. Yehova ni we yashizeho indinganizo y’umuryango. Ni co gituma Ijambo ryiwe rivuga yuko imiryango yose “yītirirwa” Yehova, ni ukuvuga ko yabayeho ku bwiwe (Abanyefeso 3:14, 15). Igihe rero mwebwe abavyeyi mwihatira kurangura uruhara rubega mu muryango mu buryo bubereye, muba muteye iteka Umukama Segaba w’ibiriho vyose (1 Ab’i Korinto 10:31). Mwumva none ako atari agateka gahambaye? Birabereye rero ko turimbura igikorwa Yehova yashinze abavyeyi. Muri iki kiganiro, turaza kuzirikana kuri ico gikorwa mu bijanye no kuronsa umuryango ivyo ukeneye. Nimuze twihweze uburyo butatu Imana yiteze yuko abavyeyi baronsamwo imiryango yabo ivyo ikeneye.

Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri

4. Mu muryango, ni indinganizo izihe Yehova yashizeho kugira ngo abana baronke ivyo bakeneye?

4 Intumwa Paulo yanditse ati: “Arik’umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera” (1 Timoteyo 5:8). None igihe Paulo yavuga ngo “umuntu” muri ico canditswe, yashaka kuvuga nde? Yashaka kuvuga umutwe w’umuryango, akenshi akaba ari serugo. Imana iraha kandi umugore uruhara ruteye iteka rwo kuba umufasha w’umunega wiwe (Itanguriro 2:18). Abagore bo mu bihe vya Bibiliya akenshi barafasha abanega babo kurondera ibitunga umuryango (Imigani 31:13, 14, 16). Muri iki gihe, ingo zirimwo umuvyeyi umwe zisigaye ari nyinshia. Abavyeyi bakirisu benshi birerana abana bariko baravyifatamwo neza mu kuronsa ingo zabo ivyo zikeneye. Ariko ntiwumve, birarushiriza kuba vyiza iyo urugo rurimwo abavyeyi bompi, serugo akaba ari we aruja imbere.

5, 6. (a) Ni ingorane zimwezimwe izihe zihanze abagerageza kuronsa ababo ivyo bakeneye mu vy’umubiri? (b) Abakirisu bajejwe kuronsa ababo ivyo bakeneye, ni ukubona ibintu ukuhe ku bijanye n’akazi kuzobafasha kwumira kw’ibanga?

5 None muri 1 Timoteyo 5:8, Paulo yashaka kuvuga ukuronsa umuryango iki? Amajambo akikije ico canditswe yerekana yuko yariko avuga ivyo umuryango ukeneye mu vy’umubiri. Mw’isi ya none, hariho intambamyi nyinshi serugo yoshobora guhangana na zo kugira ngo aronse abo mu muryango ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ingorane z’ivy’ubutunzi zireze mw’isi, ivyo kuza barahagarika abakozi ku kazi mu kiringo kinaka na vyo ni ukwo, abatagira akazi barushiriza kwongerekana, ubuzima na bwo bukarushiriza kuzimba. Ni ibiki vyofasha nyene kuronsa umuryango ivyo ukeneye kwumira kw’ibanga igihe ahanzwe na mwene izo ngorane?

6 Vyoba vyiza yibutse yuko ariko ararangura igikorwa yajejwe na Yehova. Amajambo Paulo yavuze ahumekewe arerekana yuko iyo umugabo ashoboye kugamburuka iryo tegeko mugabo akanka kurigamburuka, agereranywa n’umuntu “yihakanye ukwizera”. Umukirisu yokora uko ashoboye kwose kugira ngo yirinde impagararo nk’iyo imbere y’Imana yiwe. Mugabo, ikibabaje ni uko abantu benshi bo mw’isi ya kino gihe “badakunda n’ababo” (2 Timoteyo 3:1, 3). Nkako, ba serugo batagira uko bangana barinyusha ibanga bajejwe, bagasiga imiryango yabo itagira ic’epfo ca ruguru. Abanega bakirisu bobo ntibabona ibintu muri ubwo buryo buranga ko ari ba ruburakigongwe kandi buranga ko ata co banezwe mu vyo kuronsa ababo ivyo bakeneye. Abakirisu bajejwe kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye ntibameze nka benshi mu bo bakorana ku kazi. Bobo babona ko n’akazi kari hanyuma y’ubundi gateye iteka kandi gahambaye, ubwo bukaba ari uburyo bwo guhimbara Yehova Imana, kubera ko gatuma bashobora kuronsa ababo ivyo bakeneye.

7. Ni kubera iki bibereye yuko abavyeyi barimbura akarorero Yezu yatanze?

7 Ba serugo boshobora kandi gusanga kurimbura akarorero katagira agahaze Yezu yatanze vyobafasha. Uribuka yuko Bibiliya ivuga mu buryo bw’ubuhanuzi ko Yezu ari “Data wa twese ahoraho” (Yesaya 9:6, 7). Kubera ko Yezu ari “Adamu wo hanyuma”, arasubirira neza wa “muntu wa mbere Adamu” mu kibanza co kuba se w’abantu bagaragaza ukwizera (1 Ab’i Korinto 15:45). Yezu ntameze nka Adamu, uwahavuye ahinduka umuvyeyi yikunda kandi yironderera inyungu ziwe. Wewe ni umuvyeyi mwiza ntangere. Bibiliya ivuga ku bimwerekeye iti: “Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu” (1 Yohana 3:16). Ego cane, Yezu yaremeye n’umutima ukunze gutanga ubuzima bwiwe ku bw’abandi. Ariko kandi, no mu tuntu dutoduto kuruta, ivyo abandi baba bakeneye yabishira imbere y’ivyo we ubwiwe yaba akeneye, ivyo akaba yabigira ku musi ku musi. Mwebwe abavyeyi vyoba vyiza mwiganye ako gatima ko kwitanga.

8, 9. (a) Abavyeyi boshobora kwigira iki ku nyoni ku vyerekeye ukuronsa abana babo ivyo bakeneye batiziganya? (b) Abavyeyi bakirisu benshi bariko berekana gute agatima ko kwitanga?

8 Abavyeyi barashobora kwigira vyinshi ku vyerekeye urukundo ruzira ubwikunzi rugaragarira mu majambo Yezu yabwiye ihanga ry’Imana ryigira ibiro biteze. Yaribwiye ati: “Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo” (Matayo 23:37)! Muri ico canditswe Yezu yaradondoye mu buryo bukora ku mutima inkokokazi ikingira imiswi yayo ikoresheje ivyubi canke amababa yayo. Nta mazinda, abavyeyi boshobora kwigira vyinshi ku gatima inyoni y’ingore ivukana ko gukingira ivyana vyayo, iyo nyoni ikaba yemera kwishira mu kaga kugira ngo ikingire nya vyana. Ariko kandi, ivyo inyoni zifise ivyana zikora ku musi ku musi biraryoshe kuraba. Ziguma zigenda kurondera ibifungurwa zongera zigaruka, ivyo zikabigira ubudahorereza. Mbere n’igihe ziba zarushe ziri mu gusanzara, zirarekurira ibifungurwa mu kanwa k’ivyana vyazo biba vyasamye, bino bigaca bimira nya bifungurwa, kandi akenshi bigaca bijwiragira birondera ibindi bifungurwa. Vyinshi mu vyo Yehova yaremye usanga “bifise ubgenge bginshi” canke itima bivukana mu kuntu bironsa ivyana vyavyo ivyo bikenera.​—Imigani 30:24.

9 Mu buryo nk’ubwo, abavyeyi bakirisu hirya no hino kw’isi bariko barerekana agatima ko kwitanga kabereye gushimwa. Mupfuma mwemera kumererwa nabi mwebwe ubwanyu aho kureka ngo hagire ikintu na kimwe kigirira nabi abana banyu. Vyongeye, muremera n’umutima ukunze kugira ivyo muhevye ku musi ku musi, kugira ngo muronse abanyu ivyo bakeneye. Benshi muri mwebwe murazinduka kare mukaja gukora ubuzi buruhisha canke bugoye. Murita ku rutare kugira ngo murondere ibifungurwa birimwo ivyangombwa umubiri ukeneye. Nta ko mutagira ngo abana banyu baronke ivyambarwa bisukuye, uburaro bubereye, bongere bige amashure abereye. Kandi ivyo bintu muguma mubikora umusi ku musi, umwaka ku wundi. Ukwitanga nk’ukwo be n’ukwihangana nk’ukwo ntibibura guhimbara Yehova (Abaheburayo 13:16)! Ariko rero, naho ivyo vyose mubikora, muribuka kandi yuko hariho uburyo buhambaye kuruta bwo kuronsa abanyu ivyo bakeneye.

Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu

10, 11. Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose abantu bakenera ni ikihe, kandi abavyeyi bakirisu babwirizwa kubanza gukora iki kugira ngo babone kuronsa abana babo ico kintu?

10 Ikintu kinahambaye kuruta kuronsa abo mu rugo ivyo bakeneye mu vy’umubiri, ni ukubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4:4; 5:3). Mwebwe abavyeyi mwokora iki kugira ngo muronse abo mu ngo zanyu ivyo bakeneye mu vy’impwemu?

11 Kuri ico kibazo, ushobora gusanga ata canditswe co muri Bibiliya gikunze gusubirwamwo nk’ico mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7. Turabinginze muzingurure Bibiliya zanyu maze dusome iyo mirongo. Murabona yuko abavyeyi bakwiye kubanza kwiyubaka mu vy’impwemu, mu gukomeza urukundo bakunda Yehova no mu gushira ku mutima amajambo yiwe. Erega ni vyo, murakeneye gutohoza Ijambo ry’Imana mubigiranye umwete, mu gusoma Bibiliya mudahorereza no mu kuyizirikanako kugira ngo murushirize gutegera neza no gukunda inzira za Yehova, ingingo ngenderwako ziwe be n’amategeko yiwe. Ico bizovamwo ni uko umutima wanyu uzokwuzura ukuri kuryoshe kwo muri Bibiliya kuzotuma mugira umunezero, mugatinya Yehova mukongera mukamukunda. Muzoronka ibintu vyiza umuyoro muzokwinjiza mu bana banyu.​—Luka 6:45.

12. Abavyeyi boshobora gute kwigana akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kwinjiza mu bana babo ukuri kwo muri Bibiliya?

12 Abavyeyi bakomeye mu vy’impwemu ni bo baba bashoboye gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 6:7, yo ‘kwinjiza’ (NW) amajambo ya Yehova mu bana babo igihe cose akaryo kabonetse. Mu rurimi rw’intango, ‘kwinjiza’ bisobanura kwigisha umuntu no kumufasha gutahura mu kuguma umusubiriramwo. Yehova arazi neza ko twese, na canecane abana, dukeneye gusubirirwamwo kugira ngo tumenye ibintu. Ni co gituma Yezu yaza arasubiramwo ibintu mu busuku bwiwe. Nk’akarorero, igihe yariko yigisha abigishwa biwe kuba abantu bicisha bugufi aho kuba abibone n’abarondera kurushanya, yararondeye uburyo butandukanye bwo gusubiramwo ingingo ngenderwako imwimwe. Yarigishije mu gufasha abantu kuzirikana, arigisha akoresheje ibigereranyo, eka mbere arigisha mu kugira ico yeretse abamwumviriza (Matayo 18:1-4; 20:25-27; Yohana 13:12-15). Ariko rero, birahambaye kubona Yezu atigeze abura ukwihangana. N’abavyeyi nyene bakeneye kurondera uburyo butandukanye bwo kwigisha abana babo ukuri kw’ishimikiro, bakaza barasubiramwo ingingo ngenderwako za Yehova bihanganye, gushika abana zibinjiyemwo bakongera bakazishira mu ngiro.

13, 14. Ni ryari na ryari abavyeyi bashobora kwinjiza mu bana babo ukuri kwa Bibiliya, kandi bakoresheje ibihe bikoresho?

13 Ibiringo vy’inyigisho y’umuryango ni uturyo tubereye two kubigisha muri mwene ubwo buryo. Nkako, inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza, yubaka kandi ihimbaye ni kimwe mu bintu nyamukuru bikomeza umuryango mu vy’impwemu. Imiryango y’abakirisu hirya no hino kw’isi irahimbarwa na mwene izo nyigisho, igakoresha ibitabu bitangwa biciye kw’ishirahamwe rya Yehova ikongera igahuza izo nyigisho n’ivyo abana bakeneye. Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye carafashije cane muri ivyo, cokimwe n’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazib. Ariko rero, inyigisho y’umuryango si co gihe conyene co kwigisha abana.

14 Nk’uko mu Gusubira mu vyagezwe 6:7 havyerekana, mwebwe abavyeyi murafise uturyo twinshi two kuganira n’abana banyu ibintu vy’impwemu. Mwaba mujanye ahantu, mwaba muriko mukorera hamwe udukorwa tw’i muhira, canke muriko murisamaza muri kumwe, mwoshobora kuronka uturyo two kuronsa abana banyu ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Birumvikana yuko atari ngombwa ngo mwame mucucagira abana banyu amajambo yerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Nimugerageze riho gutuma ibiyago vyo mu muryango biguma ari ivyubaka mu vy’impwemu. Nk’akarorero, ikinyamakuru Réveillez-vous! usanga kirimwo ibiganiro vyinshi bivuga ibintu bitari bimwe. Mwene ivyo biganiro vyoshobora gucira inzira ibiyago vyerekeye ibikoko Yehova yaremye, ivyerekeye ahantu hezaheza hirya no hino kw’isi, be n’ivyerekeye ukuntu imico kama y’abantu be n’uburyo babayeho usanga biri mu buryo bunyuranye bimwe vy’akaroruhore. Mwene ivyo biyago vyoshobora gutuma abakiri bato basoma ibindi bitabu vyinshi bitangwa n’umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge.​—Matayo 24:45-47.

15. Abavyeyi boshobora gute gufasha abana babo kubona yuko ubusuku bwa gikirisu bushimishije be n’uko bumara akanyota?

15 Kuyaga n’abana bawe mu buryo bwubaka bizogufasha kubaronsa ikindi kintu bakeneye mu vy’impwemu. Abana b’abakirisu barakeneye kwiga kubwira abandi ivyo bemera, bakabibabwira mu buryo buri n’ico buvamwo. Mu gihe muriko muraganira ku vyiyumviro bimwebimwe bishimishije vyo mu Munara w’Inderetsi canke muri Réveillez-vous!, woshobora kuraba ingene wohuza ayo mayagwa n’ubusuku. Nk’akarorero, woshobora kubaza uti: “Wumva none bitoba vyiza abantu benshi bamenye ico kintu ku vyerekeye Yehova? Ubona twokora iki kugira ngo dutume umuntu ashimishwa n’iki kintu?”. Mwene ivyo biyago vyoshobora gutuma abakiri bato barushiriza kuryoherwa no kuyagira abandi ivyo bariko bariga. Hanyuma, abana bawe nibaguherekeza mu busuku, bazokwibonera n’amaso yabo akarorero k’ingene boshira mu ngiro ivyo mwayaze. Boshobora kandi kubona yuko ubusuku ari igikorwa gishimishije kandi gihimbaye, gituma umuntu ahera akanyota cane akongera akaronka umunezero mwinshi.​—Ivyakozwe 20:35.

16. Abana bashobora kwiga iki mu kwumviriza amasengesho abavyeyi babo batura?

16 Abavyeyi bararonsa kandi abana babo ivyo bakeneye mu vy’impwemu igihe batura isengesho. Yezu yarigishije abigishwa biwe gusenga, kandi incuro nyinshi yarasenga ari kumwe na bo (Luka 11:1-13). Iyumvire ingene ibintu bamenye bingana mu kuba barasengera hamwe n’Umwana wa Yehova ubwiwe! Abana bawe na bo nyene barashobora kwigira vyinshi mu masengesho utura. Nk’akarorero, boshobora kumenya yuko Yehova ashaka ko tumuserurira akari ku mutima ata kidutangira, tukamubwira ikintu cose gishobora kuba kituraje ishinga. Ego cane, amasengesho utura arashobora gufasha abana bawe kumenya uku kuri kwo mu vy’impwemu guhambaye: Barashobora kugiranira ubucuti na Se wabo wo mw’ijuru.​—1 Petero 5:7.

Kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’akanyengetera

17, 18. (a) Bibiliya yerekana gute akamaro ko kugaragariza abana urukundo? (b) Ba sebibondo bakwiye kwigana gute Yehova mu vyo kugaragariza abana babo urukundo?

17 Birumvikana yuko abana bari n’ivyo bakeneye cane no mu vy’akanyengetera. Ijambo ry’Imana rirabwira abavyeyi ingene bihambaye kubaronsa ivyo bintu. Nk’akarorero abagore bakiri bato bahimirizwa ‘gukunda abana babo’. Kugira ivyo, birafitaniye isano n’ugutoza ubwenge abagore bakiri bato (Tito 2:4). Nkako, kugaragariza urukundo umwana ni ikintu kiranga ubwenge. Ivyo birigisha umwana gukunda bikongera bikazana ivyiza biramba. Ariko rero, kureka kugaragariza umwana urukundo ni ikintu kiranga ubupfu. Biratera umubabaro mwinshi kandi birerekana ko umuntu atigana Yehova, we atugaragariza urukundo rutagira uko rungana naho turi abanyagasembwa.​—Zaburi 103:8-14.

18 Yehova mbere aribwiriza mu gukunda abana biwe bo kw’isi. Muri 1 Yohana 4:19 havuga yuko “ari [we] yabanje kudukunda”. Canecane mwebwe ba sebibondo mukwiye kwigana akarorero Yehova yatanze, mukibwiriza kugiranira n’abana banyu ubucuti burangwa urukundo. Bibiliya ihimiriza ba sebibondo kwirinda kuratsa abana babo, kugira “ngo ntibaranduke imitima” (Ab’i Kolosayi 3:21). Ni ibintu bikeya biratsa abana kuruta kubona yuko umuvyeyi atabakunda canke atabaha agaciro. Abavyeyi bagonanwa guserura inyiyumvo zabo vyoba vyiza bibutse akarorero Yehova yatanze. Yehova mbere yaravuze ari mw’ijuru kugira ngo yerekane yuko ashima Umwana wiwe be n’uko amukunda (Matayo 3:17; 17:5). Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyararemesheje Yezu! N’abana nyene barakomezwa cane bakongera bakaremeshwa cane n’amajambo atarimwo uburyarya abavyeyi babo bababwira babereka ko babakunda be n’uko babashima.

19. Ni kubera iki igihano gihambaye, kandi ni uburimbane ubuhe abavyeyi bakirisu bihatira kugira?

19 Ariko ntiwumve, urukundo rwa kivyeyi ntirugaragarira mu majambo gusa. Urukundo rugaragarira ahanini mu bikorwa. Kuronsa abana ivyo bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu birashobora kubereka ko abavyeyi babakunda, na canecane igihe abavyeyi babibaronsa mu buryo bwerekana yuko urukundo ari co kintu nyamukuru gituma babigira. Ikigeretseko, ugutanga igihano ni uburyo buhambaye abavyeyi berekanamwo ko bakunda abana babo. Kanatsinda, ‘uwo Yehova akunda ni we akangira’ canke ahana (Abaheburayo 12:6). Ukudatanga igihano kwokwo ni uburyo abavyeyi baba berekaniyemwo ko banka abana babo (Imigani 13:24)! Yehova yama afise uburimbane muri ivyo; ahana “ibigeze” (Yeremiya 46:28). Kugira mwene ubwo burimbane ntivyama vyorohera abavyeyi b’abanyagasembwa. Naho biri ukwo, urakwiye kugira akigoro kose gashoboka kugira ngo ubishikeko. Iyo umwana atojwe indero ata gufyina kandi mu buryo buranga urukundo, biratuma akura akagira agahimbare mu buzima akongera akagira ico yimariye (Imigani 22:6). None ivyo si vyo umuvyeyi mukirisu wese yipfuriza umwana wiwe?

20. Abavyeyi bashobora gute guha abana babo akaryo keza kuruta utundi ko ‘guhitamwo ubuzima’?

20 Igihe mwebwe abavyeyi mukora igikorwa gihambaye Yehova yabashinze co kuronsa abana banyu ivyo bakeneye mu vy’umubiri, mu vy’impwemu, no mu vy’akanyengetera, muraronka imihezagiro myinshi. Muba mubaronkeje akaryo keza kuruta utundi ko ‘guhitamwo ubuzima’, bagaheza bakabandanya “kubaho” (Gusubira mu vyagezwe 30:19). Abana bahitamwo gukorera Yehova no kuguma mu nzira ijana mu buzima uko bakura, barazanira abavyeyi babo umunezero utagira uko ungana (Zaburi 127:3-5). Umunezero nk’uwo ntuzokwigera uhera! Ariko none, abakiri bato bashobora gute gushemeza Yehova muri iki gihe? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.

[Utujambo tw’epfo]

a Muri iki kiganiro, muri rusangi uwuza kuvugwa nka nyene kuronsa umuryango ivyo ukeneye aza kuba ari umugabo. Ariko rero, ingingo ngenderwako zivugwamwo ziraraba n’abagore bakirisu bajejwe kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye.

b Ivyo bitabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wokwishura gute?

Abavyeyi bokora iki kugira baronse abana babo ivyo bakeneye

• mu vy’umubiri?

• mu vy’impwemu?

• mu vy’akanyengetera?

[Ifoto ku rup. 18]

Inyoni nyinshi zirakora zigatama kugira ngo zigaburire ivyana vyazo

[Amafoto ku rup. 20, 21]

Abavyeyi bakwiye kubanza kwiyubaka mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 21]

Abavyeyi barashobora kurondera uturyo twinshi two kwigisha abana babo ivyerekeye Umuremyi

[Ifoto ku rup. 22]

Gushimwa n’abavyeyi birakomeza abana bikongera bikabaremesha

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika