ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/11 rup. 7-11
  • Ni Nde Azodutandukanya n’Urukundo rw’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Nde Azodutandukanya n’Urukundo rw’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwizigame mu Rukundo rw’Imana
  • Ibintu Bihinduka Ntaco Bihindura ku Rukundo rw’Imana
  • Nuhe Agaciro Ubuntu Mvarukundo bw’Imana Ibihe Bidahera
  • Data Arabakunda
  • Nukunde Imana igukunda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwubakwe n’Urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ntureke ngo urukundo rwawe rukanye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/11 rup. 7-11

Ni Nde Azodutandukanya n’Urukundo rw’Imana?

“Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.”​—1 YOHANA 4:19.

1, 2. (a) Ni kuki kumenya yuko dukundwa bihambaye kuri twebwe? (b) Ni urukundo rwa nde dukeneye cane kuruta?

KUMENYA yuko ukundwa bihambaye ukungana iki kuri wewe? Guhera mu bwana gushika mu bigero, urukundo ni rwo rutuma abantu basagamba. Woba umaze kwitegereza akayoya nyina akabumbatiye mu maboko yiwe mu buryo buranga urukundo? Kenshi, ntikitaho ibiriko biraba, kubera ako kayoya gashinga ijisho mu maso ha nyina wako ukuntu amwenyura, kakumva korohewe, kari mu mahoro mu maboko ya nyina agakunda. Canke woba wibuka ukuntu wari umeze rimwe na rimwe muri ya myaka itoroshe y’ubuyabaga? (1 Ab’i Tesalonike 2:7) Rimwe na rimwe, ushobora kuba utamenya ico washaka canke mbere ukuntu wiyumva, yamara ese ukuntu vyari bihambaye kumenya yuko so na nyoko bagukunda! None ntivyagufashije kumenya yuko woshobora kubegera ukabatura ingorane yose canke ikibazo cose ufise? Mu vy’ukuri, mu buzima bwose, ikintu kimwe dukenera kuruta ibindi vyose ni ugukundwa. Urukundo nk’urwo ruratwemeza yuko dufise agaciro.

2 Urukundo ruranga ukwihangana abavyeyi bagaragariza umwana nta nkeka ruratuma akura neza kandi akagira uburimbane. Yamara rero, kwizigira yuko Data wa twese wo mw’ijuru Yehova adukunda, birahambaye cane kugira ngo tumererwe neza mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera. Abasomyi bamwebamwe b’iki kinyamakuru bashobora kuba batagize abavyeyi babitwararika vy’ukuri. Nimba ari uko biri no kuri wewe, gumya umutima. Naho urukundo rwa kivyeyi rwabuze, urukundo rudahemuka rw’Imana rurarusubirira.

3. Yehova yasubirije umutima mu nda gute abasavyi biwe ku vyerekeye urukundo abakunda?

3 Biciye ku mumenyeshakazoza wiwe Yesaya, Yehova yarerekanye yuko inabibondo yoshobora “kwibagira” umwana wiwe akiri kw’ibere, mugabo ko we atokwibagira abasavyi biwe. (Yesaya 49:15) Muri ubwo buryo nyene, Dawidi yavuze adakekeranya ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.” (Zaburi 27:10) Ese ukuntu bidusubiriza umutima mu nda! Uko ivyawe vyifashe kwose, nimba waragiraniye ubucuti na Yehova Imana mu kumwiyegurira, ukwiye kwama wibuka yuko urukundo agukunda ruruta kure n’iyo urwo wokundwa n’umuntu uwo ari we wese!

Niwizigame mu Rukundo rw’Imana

4. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere basubirijwe umutima mu nda gute ku vyerekeye urukundo rw’Imana?

4 Ni ryari wamenye urukundo rwa Yehova ari bwo bwa mbere? Birashoboka ko ivyo wiboneye hari ukuntu vyari bifitaniye isano n’ivy’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Ikigabane ca gatanu c’ikete Paulo yandikiye Abaroma kiradondora neza ukuntu bari abacumuzi, ukuntu kera bari baratandukanye n’Imana, ukuntu bamenye urukundo rwa Yehova. Ku murongo wa 5, dusoma duti: “Urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu n’[im]pwemu [y]era twāhawe.” Ku murongo wa 8, Paulo yongerako ati: “Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.”

5. Vyagenze gute kugira ngo ushike ku gukenguruka agaciro k’urukundo rw’Imana?

5 Muri ubwo buryo nyene, igihe washikirizwa ukuri kuvuye mw’Ijambo ry’Imana maze ugatangura kugaragaza ukwizera, impwemu yera ya Yehova yaciye itangura gukora mu mutima wawe. Muri ubwo buryo, wari utanguye gukenguruka agaciro k’ivyo Yehova yakoze mu kurungika Umwana wiwe mukundwa kugira ngo agupfire. Gutyo Yehova yaragufashije kumenya vy’ukuri urukundo akunda umuryango w’abantu uko rungana. Naho wavutse uri umucumuzi yonkowe kuri Yehova, igihe watahura yuko yari yarugururiye inzira abantu yo gushobora kwitwa abagororotsi bafise icizigiro c’ubuzima budahera, ntiwumvise bigukoze ku mutima? Ntiwaciye wumva ukunze Yehova?​—Abaroma 5:10.

6. Ni kuki rimwe na rimwe twoshobora kwumva ko hari ukuntu turi kure ya Yehova?

6 Kubera wakwegerewe n’urukundo So wo mw’ijuru agukunda kandi kubera wahinduye ubuzima bwawe kugira ngo ushimwe na we, wareguriye Imana ubuzima bwawe. Ubu urinovora amahoro ufitaniye n’Imana. Yamara rero, woba rimwe na rimwe wumva hari ukuntu utari hafi ya Yehova? Ivyo birashobora gushikira uwo ari we wese muri twebwe. Mugabo wame wibuka yuko Imana idahinduka. Urukundo rwayo rwama ari rwa rundi nka kurya kw’izuba ritigera rihagarika kurasira imishwarara yaryo y’ubushuhe kw’isi. (Malaki 3:6; Yakobo 1:17) Ku rundi ruhande, twebwe turashobora guhinduka, naho hoba ari igihe gitoyi. Uko isi izunguruka, ni ko haba igihimba c’umubumbe gitwikirwa n’umwiza. Muri ubwo buryo nyene, mu gihe duteye ibitugu Imana, naho vyoba ari ku rugero rutoyi, twoshobora kwumva ubucuti dufitaniye na yo butimvye. Ni ibiki dushobora gukora kugira ngo dusubize ibintu mu buryo?

7. Ukwisuzuma gushobora gute kudufasha kuguma mu rukundo rw’Imana?

7 Nimba twumva hari ukuntu twatandukanye n’urukundo rw’Imana, dukwiye kwibaza duti: ‘Urukundo rw’Imana noba narufashe minenegwe? Noba hari ukuntu ntera ibitugu buhorobuhoro Imana nzima kandi y’inyarukundo, nkagaragaza mu buryo butandukanye ukugoyagoya mu kwizera? Umuzirikanyi wanje noba nawushize ku “vy’umubiri,” aho kuwushira ku “vy’impwemu”?’ (Abaroma 8:5-8; Abaheburayo 3:12) Nimba twaritandukanije na Yehova, turashobora gutera intambwe zo gukosora ibintu, zo gusubira kugiranira na we ubucuti bwa hafi burimwo igishika. Yakobo aduhimiriza ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.” (Yakobo 4:8) Nushire ku mutima amajambo ya Yuda agira ati: “Bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri [m]pwemu [y]era, mwizigamire mu rukundo rw’Imana.”​—Yuda 20, 21.

Ibintu Bihinduka Ntaco Bihindura ku Rukundo rw’Imana

8. Ni amahinduka ayahe ashobora gushika bukwi na bukwi mu buzima bwacu?

8 Ubuzima bwacu bwo muri uru runkwekwe rw’ibintu bushikirwa n’amahinduka menshi. Umwami Salomo yarabonye yuko “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa ku[tu]zako [twe]se.” (Umusiguzi 9:11) Ubuzima bwacu burashobora guhinduka rwose bukwi na bukwi. Uyu musi turi n’amagara meza, umusi ukurikira dushobora kuba turwaye bimwe bikomeye. Uyu musi dusa n’abatekaniwe mu kazi dukora, umusi ukurikira tuba dushomereye. Urupfu rurashobora guhitana uwo dukunda giturumbuka. Abakirisu bo mu gihugu kinaka barashobora kuba binovora amahoro igihe kinaka, maze ico gihe hakaduka uruhamo rukaze. Kumbure dushobora kuba twagirijwe ibinyoma, maze kubera ico, tugacumukuzwa n’akarenganyo. Yemwe, ubuzima ntibuguma ari bwa bundi kandi nta muntu abwishimira ngo aherezeko.​—Yakobo 4:13-15.

9. Ni kuki vyoba vyiza turimbuye igihimba c’⁠ikigabane c’⁠8 c’⁠Abaroma?

9 Igihe ibintu bibabaje bidushikiye bukwi na bukwi, twoshobora gutangura kwumva ko Imana yaduhevye, mbere tukiyumvira ko urukundo idukunda rwagabanutse. Kubera ko twese mwene ivyo bintu bidushikira, vyoba vyiza turimbuye twitonze amajambo ahumuriza cane y’intumwa Paulo yanditse mu Baroma ikigabane c’⁠8. Ayo majambo yabwirwa Abakirisu basizwe impwemu. Yamara rero, mu bisanzwe arerekeye kandi abo mu zindi ntama, biswe abagororotsi bakaba abakunzi b’Imana, nk’uko vyari biri kuri Aburahamu wo mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu.​—Abaroma 4:20-22; Yakobo 2:21-23.

10, 11. (a) Ni ibiki abansi rimwe na rimwe bagiriza abasavyi b’Imana? (b) Ni kuki ivyo babagiriza mu vy’ukuri bidahambaye ku Bakirisu?

10 Soma Abaroma 8:31-34. Paulo abaza ati: “[Nimba] Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?” Ni vyo, Shetani n’isi yiwe mbi biraturwanya. Abansi boshobora kutwagiriza ibinyoma, mbere no mu masentare y’igihugu. Abakirisu bamwebamwe b’abavyeyi baragirijwe yuko banka abana babo kubera batabaretse ngo bemere uburyo bwo kuvura buteye kubiri n’itegeko ry’Imana canke kubera batabareka ngo baje mu birori vya gipagani. (Ivyakozwe 15:28, 29; 2 Ab’i Korinto 6:14-16) Abandi Bakirisu b’abizerwa baradodoberejwe ngo ni abagumutsi kubera batoshobora kwica abantu bagenzi babo mu ntambara canke ngo baje mu vya politike. (Yohana 17:16) Bamwebamwe mu baturwanya barakwiragije ibinyoma bitwambika ibara mu bimenyeshamakuru, mbere bakagiriza ibinyoma Ivyabona vya Yehova ko ari idini riteye akaga.

11 Mugabo ntiwibagire yuko mu gihe c’intumwa, bavuga bati: “Ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.” (Ivyakozwe 28:22) Mu vy’ukuri ivyo batwagiriza vyoba bihambaye? Imana ni yo ivuga ko Abakirisu nyakuri bagororotse yishimikije ukwizera bafise mu nkuka ya Kirisitu. Ni kuki Yehova yohagarika gukunda abamusenga kandi amaze kubaha ingabirano y’agaciro ntangere ashoboye, ni ukuvuga Umwana wiwe bwite mukundwa? (1 Yohana 4:10) Ubu Kirisitu yazuwe mu bapfuye agashirwa i buryo bw’Imana, araburanira Abakirisu abigiranye ubwira. Ni nde yoshobora guharira ko Kirisitu ataburanira abayoboke biwe canke ni nde ashobora kwererwa mu kurwanya urubanza rwiza Imana icira abantu bayo b’abizerwa? Nta n’umwe!​—Yesaya 50:8, 9; Abaheburayo 4:15, 16.

12, 13. (a) Ni ibiki bidashobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana? (b) Shetani aduteza amagume afise intumbero iyihe? (c) Ni kuki Abakirisu batahukana intsinzi?

12 Soma Abaroma 8:35-37. Uretse umwe wese ku ruhande rwiwe, hoba hari umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’urukundo rwa Yehova be n’urw’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu? Shetani yoshobora gukoresha abakozi biwe bo kw’isi kugira ngo ateze ivyago vyinshi Abakirisu. Mu binjana n’ibindi vyagiye birarengana, benshi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’Abakirisu barashikiwe n’uruhamo rukaze mu bihugu vyinshi. Mu mihingo imwimwe muri iki gihe, abavukanyi bacu barahangana n’ingorane z’ivy’ubutunzi ku musi ku musi. Bamwebamwe baricwa n’inzara canke bakabura ivyambarwa bikwiye. Intumbero ya Shetani ni iyihe mu guteza ivyo bintu bibabaje? N’imiburiburi ku rugero runaka, umugambi wiwe ni uwo guca intege abasavyi nyakuri ba Yehova. Shetani ashaka ko twemera yuko urukundo Imana idukunda rwatimvye. Ariko none, ukwo ni ko biri?

13 Nka kumwe kwa Paulo, yasubiyemwo ivyo muri Zaburi 44:22, twarize Ijambo ry’Imana ryanditse. Twebwe “intama” zayo, turatahura yuko ivyo bidushikira biduhora izina ry’Imana. Harimwo ukwezwa kw’izina ry’Imana be n’ukwemeza ubusegaba bwayo. Ivyo bibazo bihambaye ni vyo vyatumye Imana ireka ivyo bigeragezo, si kubera ko itakidukunda. Vyaba ari ibintu bibabaza gute, biradusubiriza umutima mu nda kumenya yuko urukundo Imana ikunda abasavyi bayo, ushizemwo umwe wese muri twebwe, rutahindutse. Naho twosa n’abaneshejwe gute, ukwo kuneshwa kuzovamwo intsinzi nitwaguma turi intadohoka. Ukwizigira urukundo rw’Imana rudasenyuka biradukomeza kandi bikadushigikira.

14. Ni kuki Paulo yari yarajijutse ku vyerekeye urukundo rw’Imana naho Abakirisu bocumukuzwa n’amagume?

14 Soma Abaroma 8:38, 39. Ni igiki cajijuye Paulo yuko ata na kimwe coshobora gutandukanya Abakirisu n’urukundo rw’Imana? Nta nkeka, ivyo Paulo yiboneye igihe yari mu busuku vyarakomeje ukujijuka kwiwe yuko amagume atoshobora guhindura urukundo Imana idukunda. (2 Ab’i Korinto 11:23-27; Ab’i Filipi 4:13) Ikindi kandi, Paulo yari azi ivyerekeye umugambi w’ibihe bidahera wa Yehova be n’ivyo yagiranye n’abasavyi biwe ba kera. Urupfu ubwarwo rwoba rushobora kunesha urukundo Imana ikunda abayikoreye badahemuka? Namba! Abizerwa nk’abo bapfa bazoguma bibukwa n’Imana ata co yibagira, kandi izobazura mu gihe kibereye.​—Luka 20:37, 38; 1 Ab’i Korinto 15:22-26.

15, 16. Niwigane ibintu bimwebimwe bidashobora kwigera bituma Imana ireka gukunda abasavyi bayo b’abizerwa.

15 Umubabaro uwo ari wo wose ubuzima bwo muri iki gihe bwoduteza, ryaba ari isanganya rimugaza, indwara idakira canke ingorane zo mu vy’ubutunzi, nta na kimwe gishobora gusenyura urukundo Imana ikunda abasavyi bayo. Abamarayika b’abanyabubasha, nka wa mumarayika w’umugambarazi yacitse Shetani, ntashobora kwosha Yehova kugira ngo ahagarike gukunda abasavyi biwe bamwihebeye. (Yobu 2:3) Intwaro zoshobora kubuza abasavyi b’Imana, kubapfunga no kubafata nabi kandi zikanabambika “ibara.” (1 Ab’i Korinto 4:13) Urwanko nk’urwo rutagira ishingiro amahanga atwanka rurashobora gushira umukazo ku bantu kugira ngo batwanke, mugabo ntirutuma Segaba w’ijuru n’isi aduheba.

16 Kubera turi Abakirisu, ntibikenewe ko dutinya ikintu na kimwe mu vyo Paulo yise “ibiriho,” ni ukuvuga ibishika, uko ibintu bimeze muri uru runkwekwe rw’ibintu, eka n’“ibizoba” muri kazoza ntibishobora gusenyura urukundo Imana ifitiye abasavyi bayo. Naho ibiremwa vy’ububasha vyo mw’isi n’ivyo mw’ijuru biduteza intambara, urukundo rudahemuka rw’Imana ruriho kugira ngo rudushigikire. Nk’uko Paulo yabishimitseko, bwaba “uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo” ntibitangira urukundo rw’Imana. Egome, nta na kimwe coshobora kuduca intege, eka nta na kimwe coshobora kutugirako akosho katurengeye, gishobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana; eka nta kindi caremwe na kimwe gishobora guhagarika ubucuti Umuremyi afitaniye n’abasavyi biwe b’abizerwa. Urukundo rw’Imana ntirwigera runanirwa; rwamaho ibihe bidahera.​—1 Ab’i Korinto 13:8.

Nuhe Agaciro Ubuntu Mvarukundo bw’Imana Ibihe Bidahera

17. (a) Ni kuki kugira urukundo rw’Imana ari vyiza ‘kuruta ubuzima’? (b) Twerekana gute yuko duha agaciro ubuntu mvarukundo bw’Imana?

17 Urukundo Imana igukunda ruhambaye ukungana iki kuri wewe? Woba wiyumva nk’uko Dawidi yiyumva, we yanditse ati: “Kukw imbabazi zawe zindutira ubu[zima], iminwa yanje izogushima. Uko ni ko nzoguhimbaza, nkiriho: nzotarika amaboko mw izina ryawe.” (Zaburi 63:3, 4) Mu vy’ukuri, ubuzima bwo muri iyi si hoba hari ikintu na kimwe ciza bufise bushobora gutanga kiruta ukwinovora urukundo rw’Imana be n’ukugiranira na yo ubugenzi buranga ukudahemuka? Nk’akarorero, ugukurikirana akazi karimwo amahera menshi ko muri iyi si vyoba ari vyo vyiza kuruta kugira amahoro yo mu muzirikanyi be n’ubuhirwe biva ku kugiranira ubucuti bwa hafi n’Imana? (Luka 12:15) Abakirisu bamwebamwe barahanganye n’ihitamwo ryo guheba Yehova canke kwemera kuhasiga ubuzima. Ivyo vyarashikiye Ivyabona vya Yehova benshi muri ya makambi y’itunatuniro y’Abanazi mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose. Havuyemwo bakeyi cane, abavukanyi bacu b’Abakirisu bahisemwo kuguma mu rukundo rw’Imana, bagize umutima ukunze wo guhangana n’urupfu mu gihe bibaye ngombwa. Abaguma mu rukundo rwayo badahemuka barashobora kwizigira ko Imana izobaha ubuzima budahera muri kazoza, ikintu isi idashobora kuduha. (Mariko 8:34-36) Mugabo harimwo n’ibindi uretse ubuzima budahera.

18. Ni kuki ubuzima budahera ari ubwo kwipfuzwa cane?

18 Naho bidashoboka ko tubaho ibihe bidahera Yehova atabigiyemwo, nugerageze kwiha ishusho imyaka ubuzima bwomara, ukuntu bwoba bumeze Umuremyi wacu atabigiyemwo. Bwoba ari ubusa, ata ntumbero nyakuri bufise. Yehova yarahaye abasavyi biwe igikorwa kimara akanyota co gukora muri iyi misi y’iherezo. Ni co gituma dushobora kwizigira yuko Yehova, we Mushingamigambi Mukuru, igihe azoduha ubuzima budahera buzoba bwuzuyemwo ibintu bihimbaye cane, bikwiriye ko twiga kandi dukora. (Umusiguzi 3:11) Ukwihweza ibintu muri ya myaka ibihumbi iri imbere, ntikuzokwigera gutuma dutahura bimwe bishitse “uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana.”​—Abaroma 11:33.

Data Arabakunda

19. Ni amajambo ayahe asubiriza umutima mu nda Yezu Kirisitu yabwiye abigishwa biwe?

19 Ku wa 14 Nisani, mu 33 G.C., mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’abatumwa biwe 11 b’abizerwa, yaravuze ibintu vyinshi kugira ngo abakomeze kubera ivyari biraririye gushika. Bose bari bumiye kuri Yezu mu bigeragezo vyiwe vyose, kandi bari bariyumvisemwo urukundo yabakunda. (Luka 22:28, 30; Yohana 1:16; 13:1) Maze Yezu yarabasubirije umutima mu nda ati: “Data na we ubgiwe a[ra]bakunda.” (Yohana 16:27) Ese ukuntu ayo majambo ashobora kuba yarafashije abigishwa gutahura inyiyumvo ziranga ikibabarwe Se wabo wo mw’ijuru yari abafitiye!

20. Wiyemeje gukora iki, kandi ushobora kwizigira iki?

20 Hari abantu benshi ubu bakiri bazima bakoreye Yehova mu myaka mirongo ari abizigirwa. Nta nkeka ko imbere y’uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu uza, tuzohangana n’ibigeragezo vyinshi kuruta. Ntiwigere ureka ngo ibigeragezo nk’ivyo canke ivyago nk’ivyo bitume ukekeranya urukundo rudahemuka Imana igukunda. Vyotugora kwirirwa turashimika cane kuri iki kintu: Yehova aragukunda. (Yakobo 5:11) Nimuze twese tubandanye gukora uko dushoboye kwose, twitondere amabwirizwa y’Imana tudahemuka. (Yohana 15:8-10) Ese twokoresha akaryo kose kabonetse kugira ngo dushemeze izina ryayo. Dukwiye gukomeza umwiyemezo wacu wo kubandanya kwiyegereza Yehova mw’isengesho no kwiga Ijambo ryiwe. Ico bucana cose, nimba turiko turakora uko dushoboye kwose kugira ngo duhimbare Yehova, tuzoguma dufise amahoro, twizigiye bimwe bishitse urukundo rwiwe rutananirwa.​—2 Petero 3:14.

Wokwishura Gute?

• Kugira ngo tugumane uburimbane mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera, dukeneye canecane urukundo rwa nde?

• Ni ibintu ibihe bitazokwigera bituma Yehova areka gukunda abasavyi biwe?

• Ni kuki kugira urukundo rwa Yehova ari vyiza ‘kuruta ubuzima’?

[Amafoto ku rup. 8]

Nimba twumva dutandukanye n’urukundo rw’Imana, turashobora gukora kugira ngo dusubize ibintu mu buryo

[Ifoto ku rup. 9]

Paulo yaratahuye igituma yahamwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika