ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/12 rup. 19-23
  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akoba, Icubahiro n’Ugutinya
  • “Mwifatanye na We Akaramata”
  • Gukunda Imana Ni Kwo Kuyitinya
  • Twige Gutinya Yehova
  • Hahirwa Umuntu Wese Atinya Yehova
  • Nutinye Yehova Kandi Witondere Ivyagezwe Vyiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nube inkerebutsi mu gutinya Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nutinye Yehova Umusi Wose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Nunezererwe ubuzima mu kubaho utinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/12 rup. 19-23

Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova

“Icompa bagahorana ben’uwo mutima, ubatera kun[tinya] no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose.”​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 5:29.

1. Dushobora gute kwemera tudakeka yuko umusi uri izina abantu bazonezererwa kubaho batagira ubwoba?

ABANTU bamaze ibinjana n’ibindi bahagaritswe umutima n’ugutinya. Kubera ugutinya inzara, indwara, ubugizi bwa nabi canke intambara, abantu amamiliyoni bama nantaryo bari mu mwitwarariko. Ku bw’ivyo, amajambo y’intangamarara y’Itangazo Mpuzamakungu ry’Agateka ka Zina Muntu araserura icipfuzo co guhindura isi ikaba ahantu abantu bose bazonezererwa kuba batagira ubwoba.a Igihimbaye ni uko Imana ubwayo idukura amazinda yuko isi nk’iyo izoza​—naho itazoza bivuye ku twigoro tw’abantu. Biciye ku mumenyeshakazoza wiwe Mika, Yehova adusezeranira yuko mw’isi nshasha yiwe izoba isasagayemwo ubugororotsi, ‘ata wuzokanga abasavyi biwe.’​—Mika 4:4.

2. (a) Ivyanditswe biduhimiriza gute gutinya Imana? (b) Ni ibihe bibazo bivyuka igihe turimbura ivy’uko tubwirizwa gutinya Imana?

2 Ku rundi ruhande, gutinya kurashobora kuba inguvu idusunikira ku kugira ikintu ciza. Mu Vyanditswe, abasavyi b’Imana Yehova bama bahimirizwa kenshi kumutinya. Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Muze [mutinye] Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:13) Haciye ibinjana bitari bike, Salomo yanditse ati: “[Utinye] Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.” (Umusiguzi 12:13) Biciye ku gikorwa cacu co gushinga intahe, ikirangurwa gihagarikiwe n’abamarayika, na twe turahimiriza abantu bose ‘gutinya Imana, no kuyihimbaza.’ (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Turetse ugutinya Yehova, Abakirisu bategerezwa kumukunda n’umutima wabo wose. (Matayo 22:37, 38) Dushobora gute gukunda Imana muri ico gihe nyene tukayitinya? Ni kuki bikenewe ko dutinya Imana yuzuye urukundo? Ni ivyiza ibihe dukura ku gutsimbataza ugutinya Imana? Kugira ngo twishure ivyo bibazo, dutegerezwa kubanza gutahura ico ugutinya Imana bisobanura be n’ukuntu ubwo buryo bwo gutinya bugize umuce w’ishimikiro w’ubucuti dufitaniye na Yehova.

Akoba, Icubahiro n’Ugutinya

3. Gutinya Imana bisobanura iki?

3 Abakirisu barakwiye gutinya Imana yo Muremyi wabo. Insobanuro imwe y’ukwo gutinya, ni “kugira akoba n’icubahiro bigera ibwina ku biraba Umuremyi, be n’ugutinya kutamuhimbara.” Ni co gituma ugutinya Imana kugira ico gukoze ku mice ibiri ihambaye y’ubuzima bwacu: agatima tugaragaza ku biraba Imana n’ako tugaragaza ku biraba inyigenzo yanka. Biragaragara yuko iyo mice yompi ihambaye, kandi irakwiriye ko tuyirimbura twitonze. Nk’uko inyizamvugo imwe (Expository Dictionary of New Testament Words) y’uwitwa Vine ivyerekana, ku Bakirisu ukwo gutinya kuranga icubahiro ni ‘ikintu kiturinda mu buzima, haba mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu.’

4. Dushobora gute gutsimbataza akoba ku biraba Umuremyi wacu no kumwubaha?

4 Dushobora gute gutsimbataza akoba ku biraba Umuremyi wacu no kumwubaha? Turajorerwa igihe tubonye uturambi turyoheye ijisho, umushururuko w’amazi utangaje, ikirengazuba wohora uraraba. Iyo nyiyumvo irakura igihe dutahuye dukoresheje amaso y’ukwizera yuko ukuboko kw’Imana ari kwo kwakoze ibikorwa nk’ivyo vy’irema. Ikindi kandi, nka kurya kw’Umwami Dawidi, turabona ko turi ubusa twigereranije n’ivyo Yehova yaremye biteye akoba. “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka?” (Zaburi 8:3, 4) Ako koba kagera ibwina gatuma twubaha Yehova, ivyo na vyo bikadusunikira ku kumukengurukira no kumushemeza kubera ibintu vyose adukorera. Dawidi yanditse kandi ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza.”​—Zaburi 139:14.

5. Ni kuki dukwiye gutinya Yehova, kandi ni akarorero keza akahe dufise muri ivyo?

5 Inyiyumvo z’akoba n’icubahiro zivyara ugutinya kubereye kandi kuranga ukwubaha ububasha Imana yakoresheje mu kurema be n’ubukuru ifise bwo kuba ari yo Mutegetsi abikwiriye w’ibiriho vyose. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yabonye “abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco,” ni ukuvuga abayoboke ba Kirisitu basizwe mu kibanza barimwo co mw’ijuru, batangaza bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’atazohimbaza izina ryawe?” (Ivyahishuriwe 15:2-4) Ugutinya Imana, bivuye ku cubahiro kigera ibwina bafitiye ubukuru bwayo, gutuma abo basangirangingo ba Kirisitu bari mu Bwami bw’ijuru bayitera iteka ko ari yo Mukuru kaminuza. Igihe turimbuye ibintu vyose Yehova yaranguye be n’uburyo buranga ubugororotsi akoresha mu kuyobora ibiriho vyose, ntitwumva ga yemwe dufise imvo zumvikana zo kumutinya?​—Zaburi 2:11; Yeremiya 10:7.

6. Ni kuki dukwiye gutinya kudahimbara Yehova?

6 Ariko rero, turetse akoba n’icubahiro, gutinya Imana birakwiye kubamwo n’ugutinya kutayihimbara canke kuyigambararira. Kubera iki? Kubera yuko, naho Yehova “[a]teba gushavura kandi agwije ubuntu-mvarukundo,” dukwiye kwibuka yuko “[a]taho [a]zokura ku muntu igihano.” (Kuvayo 34:6, 7, NW) Naho Yehova yuzuye urukundo n’ikigongwe, ntarenza uruho rw’amazi ku bagabitanya no ku bakora nkana ibibi. (Zaburi 5:4, 5; Habakuki 1:13) Abamogorera n’ibigirankana ibibi mu nyonga za Yehova kandi ntibigaye, bakongera bakamurwanya, ntibareka guhanwa. Nk’uko intumwa Paulo yabivuze, “birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.” Dutinye kugwa mu bintu nk’ivyo ni uburinzi ntangere kuri twebwe.​—Abaheburayo 10:31.

“Mwifatanye na We Akaramata”

7. Ni imvo izihe dufise zo kwizigira ububasha bwa Yehova bwo kurokora?

7 Ugutinya Imana kuranga icubahiro no kumenya neza ububasha bwayo buteye akoba, ni yo ntango yo kwizigira no kwizera Yehova. Nka kurya nyene akana gato kumva gakingiwe igihe se ari iruhande yako, na twe nyene twumva dutekaniwe kandi dufise icizigiro igihe tuyoborwa n’ukuboko kwa Yehova. Raba ukuntu Abisirayeli bavyifashemwo igihe Yehova yabakura mu Misiri “Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera.” (Kuvayo 14:31) Ivyashikiye Elisa na vyo nyene biragaragaza yuko “umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose abamwubaha, akabarokora.” (Zaburi 34:7; 2 Abami 6:15-17) Kahise ko mu gihe ca none k’abasavyi ba Yehova, kumbure n’ivyatubayeko ubwacu, biremeza yuko Imana ikoresha ububasha bwayo ku neza y’abayikorera. (2 Ngoma 16:9) Gutyo, turashika ku gutahura yuko “[gutinya] Uhoraho [ari] icizigiro gikomeye.”​—Imigani 14:26.

8. (a) Ni kuki gutinya Imana bidusunikira ku kugendera mu nzira zayo? (b) Sigura ukuntu dukwiye “kwifatanya na [Yehova] akaramata.”

8 Ugutinya Imana kubereye ntigutuma gusa tuyizigira kandi tuyizera, mugabo kuranadusunikira ku kugendera mu nzira ziwe. Igihe Salomo yegurira Yehova urusengero, yamusenze agira ati: “[Abisirayeli] baze bahore bagutinya, bagendere mu nzira zawe imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.” (2 Ngoma 6:31) Imbere y’aho, Musa yahimirije Abisirayeli ati: “Muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mum[utinye], mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.” (Gusubira mu Vyagezwe 13:4) Nk’uko ivyo vyanditswe bivyerekana mu buryo butomoye, icipfuzo co kugendera mu nzira za Yehova no “kwifatanya na we akaramata” kiva ku kwizigira no kwizera Imana. Emwe, ugutinya Imana gutuma tuyigamburukira, tukayikorera kandi tukifatanya na yo akaramata, nka kurya nyene akana gato kumira nyakwumira kuri se kizera kandi kizigira ata gahigihigi.​—Zaburi 63:8; Yesaya 41:13.

Gukunda Imana Ni Kwo Kuyitinya

9. Isano riri hagati y’ugukunda Imana n’ukuyitinya ni irihe?

9 Turavye ukuntu Ivyanditswe bivuga, dusanga gutinya Imana kutigera kutubuza kuyikunda. Ahubwo riho, Abisirayeli babwirijwe “[gutinya Yehova], no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda.” (Gusubira mu Vyagezwe 10:12) Gutyo, gutinya Imana no kuyikunda birajanirana. Gutinya Imana bituma tugendera mu nzira zayo, ivyo na vyo bigaca biba ikimenyamenya c’uko tuyikunda. (1 Yohana 5:3) Ivyo birumvikana kubera yuko igihe dukunda umuntu, biba bikwiriye ko dutinya kumubabaza. Abisirayeli barababaje Yehova mu gukurikirana ingendo y’ubugarariji mu bugaragwa. Nta nkeka ko tutoshima gukora ikintu ico ari co cose cotuntuza gutyo Dawe wa twese wo mw’ijuru. (Zaburi 78:40, 41) Ku rundi ruhande, kubera yuko “Uhoraho anezererwa [abamutinya],” tugamburutse kandi tukaba abizigirwa birahimbara umutima wiwe. (Zaburi 147:11; Imigani 27:11) Urwo dukunda Imana rudusunikira ku kuyihimbara, maze gutinya Imana na kwo kukatubuza kuyibabaza. Ni kamere zunganirana, ntiziteye kubiri.

10. Yezu yerekanye gute ko yahimbarwa no gutinya Yehova?

10 Ubuzima bwa Yezu Kirisitu burerekana mu buryo butomoye ukuntu dushobora gukunda Imana, muri ico gihe nyene tukayitinya. Ku biraba Yezu, umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “[Im]pwemu [y]’Uhoraho [i]zoba kuri we, impwemu y’ubgenge n’iy’ugutahura, impwemu yo kuja inama n’iy’ubushobozi, impwemu y’ukumenya Uhoraho n’iy’ukum[utinya]. Ikizomuhimbara n’u[gutinya] Uhoraho.” (Yesaya 11:2, 3) Nk’uko ubwo buhanuzi bubivuga, impwemu y’Imana yasunikiye Yezu ku gutinya se wiwe wo mw’ijuru. Ikindi kandi, turabona ko ukwo gutinya aho kuba umuzigo kwari isoko ry’akanyamuneza. Yezu yarahimbawe no gukora ivyo Imana igomba be no kuyinezereza, n’igihe mbere yari mu bihe bigoye kuruta. Igihe yari araririye kwicirwa ku giti co kubabarizwako, yabwiye Yehova ati: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.” (Matayo 26:39) Kubera yuko Yezu yatinya Yehova Imana, na yo yarumvirije iremera ugutakamba kw’Umwana wayo, iramukomeza yongera iramuzura imukura mu bapfuye.​—Abaheburayo 5:7.

Twige Gutinya Yehova

11, 12. (a) Ni kuki dutegerezwa kwiga gutinya Imana? (b) Yezu atwigisha gute gutinya Yehova?

11 Ugutinya Imana ntikumeze nk’akoba gaca kizana igihe turi imbere y’ikintu co mu bidukikije kiri n’ububasha kandi gihambaye. Kwokwo ntikwizana kuraronderwa. Ni co gituma Dawidi Mukuru, ari we Yezu Kirisitu adushikiriza ubu butumire mu buryo menyeshakazoza ati: “Yemwe bana bato, ni muze, munyumve: ndabigishe [gutinya] Uhoraho.” (Zaburi 34:11) Dushobora gute kwigira kuri Yezu gutinya Yehova?

12 Yezu aratwigisha gutinya Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova mu kudufasha gutahura kamere ziwe z’akaroruhore. (Yohana 1:18) Akarorero ka Yezu ubwiwe karahishura uburyo Imana yiyumvira be n’ukuntu ifata abandi, kubera yuko Yezu agaragaza kamere za Se ata gahaze. (Yohana 14:9, 10) Ikindi kandi, biciye ku nkuka ya Yezu, turaronka uburyo bwo gushikira Yehova igihe dusenga dusaba guharirwa ivyaha. Ubwo buryo bwibonekeje Imana yakoresheje mu kugaragaza ikigongwe, ubwabwo ni imvo ikomeye yotuma tuyitinya. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Guharirwa kubonerwa kuri wewe, kugira ngo [utinywe].”​—Zaburi 130:4.

13. Ni izihe ntambwe zerekanwa mu gitabu c’Imigani zidufasha gutinya Yehova?

13 Igitabu c’Imigani kirerekana urukurikirane rw’intambwe zidushoboza gutsimbataza ugutinya Imana. “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ubgenge, ugashira umutima ku gutahura; mbere ni wahamagara ubgenge ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; . . . ni ho uzotahura [ugutinya] Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana.” (Imigani 2:1-5) Kugira ngo dutinye Imana rero, dutegerezwa kwiga Ijambo ryayo, tukihatira n’ubwira bwinshi gutahura amabwirizwa ava muri ryo, tukongera tugatega yompi impanuro ziva muri ryo.

14. Dushobora gute gukurikiza impanuro zahawe abami ba Isirayeli?

14 Umwami wese wa Isirayeli ya kera yahabwa ibwirizwa ryo kwigirira ikopi y’Ivyagezwe no ‘kuyisoma imisi yose y’ukubaho kwiwe: kugira ngo yige [gutinya] Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ivyagezwe.’ (Gusubira mu Vyagezwe 17:18, 19) Gusoma Bibiliya no kuyiga birahambaye cane kuri twebwe niba dushaka kwiga gutinya Yehova. Uko dushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwacu, buhorobuhoro turaronka ubukerebutsi n’ubumenyi biva ku Mana. Dushika ku ‘gutahura ugutinya Uhoraho’ kubera yuko tubona ivyiza bikuvamwo mu buzima bwacu; gutyo tugaca duha agaciro ubucuti dufitaniye n’Imana. Ikindi kandi, igihe abato n’abakuze badahengeshanya gukoranira hamwe n’abo basangiye ukwemera, barashobora kwumviriza inyigisho Imana itanga, bakiga gutinya Imana kandi bakagendera mu nzira zayo.​—Gusubira mu Vyagezwe 31:12.

Hahirwa Umuntu Wese Atinya Yehova

15. Ni mu buryo ki gutinya Imana gufitaniye isano n’ukuntu tuyisenga?

15 Dufatiye ku vyo duhejeje kuvuga, turashobora kubona yuko gutinya Imana ari inyifato ibereye twese dukwiye gutsimbataza, kubera yuko ari umuce nyamukuru wo kuyisenga kwacu. Gutuma tuyizigira ata gahigihigi, tukagendera mu nzira zayo tukongera tukifatanya na yo akaramata. Nk’uko vyagenze kuri Yezu Kirisitu, ugutinya Imana kurashobora kudusunikira kandi ku gushitsa indagano twagize igihe twiyegura, tukabigira muri iki gihe no mu bihe bitazohera.

16. Ni kuki Yehova aturemesha kumutinya?

16 Ugutinya Imana ntikwigera na rimwe kurya abantu umutima canke ngo kubazitire birenze. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Hahirwa uwu[tinya] Uhoraho wese, akagendera mu nzira ziwe.” (Zaburi 128:1) Yehova aturemesha kumutinya kubera azi yuko iyo kamere izodukingira. Amajambo yabwiye Musa aratwereka ukuntu atwitwararikana urukundo. Agira ati: “Icompa bagahorana ben’uwo mutima, ubatera kun[tinya] no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!”​—Gusubira mu Vyagezwe 5:29.

17. (a) Ni ivyiza ibihe dukura ku gutinya Imana? (b) Ni imice iyihe y’ugutinya Imana yihwezwa mu kiganiro gikurikira?

17 Na twebwe nyene turamutse dutsimbataje umutima wo gutinya Imana, bizotugendera neza. Mu buryo ki? Ubwa mbere, ako gatima kazohimbara Imana kongere gatume tuyiyegereza. Dawidi bivuye ku vyamushikiye ubwiwe, yari azi yuko Imana ‘izoshitsa ivyo abayitinya bagomba; kandi izokwumva ugutakamba kwabo, ibakize.’ (Zaburi 145:19) Ubwa kabiri, gutinya Imana kuzotugirira akamaro kubera yuko kuzogira ico gukoze ku kuntu tubona ikibi. (Imigani 3:7) Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ukuntu ukwo gutinya kuturinda ingeramizi zo mu vy’impwemu, congere cihweze uturorero tumwetumwe two mu Vyanditswe tw’abagabo batinya Imana bigatuma batera ibitugu ikibi.

[Akajambo k’epfo]

a Inama Nkuru ya ONU yemeje Itangazo Mpuzamakungu ry’Agateka ka Zina Muntu ku wa 10 Kigarama 1948.

Woba Ushobora Kwishura Ibi Bikurikira?

• Gutinya Imana gusobanura iki, kandi gukora iki kuri twebwe?

• Ni isano irihe riri hagati yo gutinya Imana no kugendana na yo?

• Akarorero ka Yezu katwereka gute yuko gutinya Imana bifitaniye isano n’ukuyikunda?

• Ni mu buhe buryo butandukanye dushobora gutsimbataza umutima wo gutinya Yehova?

[Ifoto ku rup. 22]

Abami ba Isirayeli bahawe ibwirizwa ryo kwigirira ikopi y’Ivyagezwe no kuyisoma ku musi ku musi

[Ifoto ku rup. 23]

Gutinya Yehova bituma tumwizigira nk’uko akana k’agahungu kizigira se

[Abo dukesha ifoto ku rup. 20]

Inyenyeri: Ifoto dukesha Malin, © IAC/RGO 1991

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika