Nutinye Yehova Kandi Witondere Ivyagezwe Vyiwe
“[Utinye] Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.”—UMUSIGUZI 12:13.
1, 2. (a) Ugutinya gushobora gute kuturinda ku mubiri? (b) Ni kuki abavyeyi b’inkerebutsi bihatira kwinjiza mu bana babo ugutinya kubereye?
LEONARDO DA VINCI yavuze ati: “Nka kurya nyene uburindutsi bushira mu kaga ubuzima, ni ko n’ugutinya kubukingira.” Umuntu yiyerekana ko ari intwari canke yigira umurindutsi birenze, biramuhuma amaso ntabe akibona ingeramizi, mu gihe ugutinya kwo kumwibutsa kwiyubara. Nk’akarorero, igihe twegereye inkombe y’imanga maze tukabona ukuntu iyo manga twokorokeramwo ari ndende, benshi muri twebwe bica bituzamwo tugasubira inyuma. Muri ubwo buryo nyene, ugutinya kubereye ntigutuma gusa tugiranira ubucuti bwiza n’Imana nk’uko twavyize mu kiganiro giheze, ariko kandi kuradufasha kwirinda ikibi.
2 Ariko rero, bisaba ko umuntu yiga gutinya ingeramizi nyinshi zama zishika muri iki gihe. Kubera yuko abana bakiri bato baba batazi ingeramizi z’umuyagankuba canke z’uruja n’uruza ku mabarabara yo mu bisagara, biroroshe cane ko bashikirwa n’isanganya rikomeye.a Abavyeyi b’inkerebutsi baragerageza kwinjiza mu bana babo ugutinya kubereye, bakama nantaryo babagabisha ku ngeramizi zibakikije. Abavyeyi barazi yuko ukwo gutinya gushobora kurokora ubuzima bw’abana babo.
3. Ni kuki Yehova atuburira ku biraba ingeramizi zo mu vy’impwemu, kandi abigira gute?
3 Yehova aritwararika ineza yacu muri ubwo buryo nyene. Kubera ari umuvyeyi munyarukundo, aratwigisha biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, kugira ngo tuvyungukireko. (Yesaya 48:17) Muri iyo porogarama yiwe yo kwigisha, harimwo kutugabisha “uko bukeye” ku vyerekeye imitego yo mu vy’impwemu kugira ngo dushobore gutsimbataza ugutinya ingeramizi nk’iyo. (2 Ngoma 36:15; 2 Petero 3:1) Muri kahise kose, abantu bari gushobora kwirinda ivyago vyinshi vyo mu vy’impwemu bigatuma birinda ibintu vyinshi bibacumukuza ‘iyo bahorana ben’uwo mutima ubatera gutinya Imana no kwama bitondera ivyagezwe vyayo.’ (Gusubira mu Vyagezwe 5:29) Muri ibi “bihe bigoye,” dushobora gute gutsimbataza umutima wo gutinya Imana no kwirinda ingeramizi zo mu vy’impwemu?—2 Timoteyo 3:1.
Nuve mu Kibi
4. (a) Abakirisu bakwiye gutsimbataza urwanko bwoko ki? (b) Yehova abona gute ivyerekeye inyigenzo y’icaha? (Raba akajambo k’epfo.)
4 Bibiliya isigura yuko “[gutinya] Uhoraho [ar]i kwo kwanka ikibi.” (Imigani 8:13) Hari intohozamajambo yerekeye Bibiliya idondora urwo rwanko ko ari “inyifato yo mu mutima umuntu agira ku biraba abantu canke ibintu arwanya, yanka urunuka, agaya kandi atipfuza kwifatanya canke kugiranira ubucuti.” Rero, gutinya Imana kurimwo n’ukwanka urunuka ikintu cose kibi mu nyonga za Yehova, kikagushisha.b (Zaburi 97:10) Kudusunikira ku guca kure ikibi, nk’uko nyene igihe tubonye tugeze ku nkombe y’imanga ubwoba tugira buca butuma dusubira inyuma. Bibiliya ivuga iti: “Abantu bakūrwa mu bibi no [gutinya] Uhoraho.”—Imigani 16:6.
5. (a) Dushobora gute gukomeza ugutinya Imana no kwanka ikibi? (b) Kahise k’ihanga rya Isirayeli katwigisha iki muri ivyo?
5 Dushobora gukomeza ukwo gutinya ikibi no kucanka, mu kurimbura ingaruka mbi icaha gikwega vyanka vyakunda. Bibiliya iratubwira ko ata gukeka yuko tuzokwimbura ico tubiba, twaba twabivye mu mubiri canke mu mpwemu. (Ab’i Galatiya 6:7, 8) Ku bw’ivyo rero, Yehova yaradondoye mu buryo butomoye ingaruka zitegerezwa kuba igihe umuntu afashe minenegwe amabwirizwa yiwe canke ataye ugusenga kw’ukuri. Igihe rya hanga rito rya Isirayeli ritaba rikingiwe n’Imana, nta cabuza ko ryigarurirwa n’ibihugu bibanyi vyifata runyamaswa kandi bikomeye. (Gusubira mu Vyagezwe 28:15, 45-48) Ingaruka z’agahomerabunwa zashikiye Isirayeli bivuye ku kugambarara kwayo zaranditswe ido n’ido muri Bibiliya kugira ngo bitubere ‘imburizi,’ dushobore kuhakura icigwa gutyo dutsimbataze ugutinya Imana kubereye.—1 Ab’i Korinto 10:11.
6. Ni uturorero two mu Vyanditswe tumwetumwe utuhe dushobora kurimbura igihe twiga gutinya Imana? (Raba akajambo k’epfo.)
6 Turetse ivyashikiye ihanga rya Isirayeli turifatiye hamwe, Bibiliya irimwo ivyashitse mu buzima bw’abantu bafashwe mpiri n’ishari, ubushegabo, umwina n’ubwibone.c Bamwebamwe muri abo bantu baba bamaze imyaka myinshi basukurira Yehova, mugabo mu gihe kinaka c’akamarampaka mu buzima bwabo, ugasanga ugutinya Imana kwabo ntigukomeye bihagije, maze bikagira ingaruka zibabaje. Tuzirikanye kuri utwo turorero two mu Vyanditswe birashobora gukomeza umwiyemezo dufise wo kutagwa mu makosa nk’ayo. Ese ukuntu vyoba bibabaje turindiriye gushika aho ubwacu dushikirwa n’akaga, akaba ari ho tubona gushira ku mutima impanuro y’Imana! Mu buryo butandukanye n’ivyo abantu bakunda kuvuga, ukumara kabiri si kwo gutera kubona, canecane igihe ushaka kwigira ku mabi ubwawe wikwegera.—Zaburi 19:7.
7. Ni nde Yehova aha ikaze mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo?
7 Iyindi mvo ikomeye yotuma dutsimbataza ugutinya Imana ni icipfuzo dufise co gukingira ubucuti dufitaniye n’Imana. Turatinya kudahimbara Yehova kubera yuko duha agaciro ubucuti dufitaniye na we. Ni nde Imana ibona ko ari umukunzi wayo, umuntu yoha ikaze mw’ihema ryayo ry’ikigereranyo? Nta wundi atari gusa “ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe.” (Zaburi 15:1, 2) Nimba duha agaciro ako gateka ko kugiranira ubucuti n’Umuremyi wacu, tuzokwiyubara kugira ngo tugende ata mahinyu mu nyonga ziwe.
8. Abisirayeli bamwebamwe bo mu misi ya Malaki bafashe gute minenegwe ubucuti bari bafitaniye n’Imana?
8 Ikibabaje ni uko Abisirayeli bamwebamwe bo mu misi ya Malaki bafata minenegwe ubucuti bari bafitaniye n’Imana. Aho gutinya Yehova no kumutera iteka, bashikana ku gicaniro ciwe ibitungwa birwaye canke bimugaye. Ikindi na co cagaragaza ko badatinya Imana ni ukuntu babona umubano w’ababiranye. Kugira ngo birongorere utugore tukiri duto, barahukana n’abakenyezi babo bo mu buto ku mpamvu zidafashe. Malaki yababwiye yuko Yehova yanka “ivyo kwahukana” kandi ko agatima kabo k’ukuryarukana kari katumye bitandukanya n’Imana yabo. Imana yari gushobora gute kuraba ryiza ibimazi bashikana, mu gihe igicaniro cari cuzuye mu buryo bw’ikigereranyo amarira y’intuntu yasukwa n’abo bagore b’intabwa? Ukwo kutubaha kweruye ingingo mfatirwako za Yehova kwatumye abaza ati: “[Kuntinya] kwanyu kuri hehe?”—Malaki 1:6-8; 2:13-16.
9, 10. Dushobora gute kwerekana yuko duha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova?
9 No muri iki gihe nyene, Yehova arabona imitima imenetse y’abubatse benshi b’abagumyabanga n’abana benshi b’umutima bishwe n’intuntu bivuye ku bagabo canke kuri ba sebibondo b’ibishegabo, canke mbere bikava ku bakenyezi no kuri ba inabibondo bafise iyo ngeso. Nta nkeka biramutuntuza. Umukunzi w’Imana azobona ibintu nk’uko ibibona maze yihatire gukomeza umubano wiwe, yamirire kure ivyiyumviro vy’isi bishira hasi agaciro k’ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye, yongere “[a]hunge ubushakanyi.”—1 Ab’i Korinto 6:18.
10 Mu mubano w’ababiranye, cokimwe no mu yindi mice y’ubuzima bwacu, twanse icitwa ikibi mu nyonga za Yehova tukongera tugakenguruka cane ubucuti dufitaniye na we, bizotuma adutonesha kandi adushima. Intumwa Petero yavuze ashimitse ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Turafise uturorero twinshi two mu Vyanditswe twerekana ukuntu gutinya Imana kwasunikiye abantu kanaka ku gukora ibigororotse igihe bari mu bintu bitandukanye bibagerageza.
Abantu Batatu Batinya Imana
11. Ni ryari Aburahamu yavuzwe ko ‘atinya Imana’?
11 Hariho umugabo umwe avugwa muri Bibiliya, Yehova ubwiwe yavuze ko ari umukunzi wiwe. Uwo ni wa wundi sekuruza w’imiryango Aburahamu. (Yesaya 41:8) Imana yagejeje Aburahamu ngo irabe niba ayitinya, igihe yamusaba gutangako ikimazi umuhungu wiwe w’ikinege Isaka, we Imana yocishijeko mu kurangura umuhango yatanze w’uko uruvyaro rwa Aburahamu rwocitse ihanga rikomeye. (Itanguriro 12:2, 3; 17:19) Uwo “mukunzi w’Imana” yoba yotsinze ico kigeragezo kibabaza? (Yakobo 2:23) Mu kanya nyene Aburahamu yari abanguye imbugita ngo yice isaka, umumarayika wa Yehova yaciye avuga ati: “Ntukoze ukuboko kur’uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko [utinya] Imana, kuk’utanyimye umwana wawe, kand’ar’ikinege.”—Itanguriro 22:10-12.
12. Ni igiki catumye Aburahamu atinya Imana, kandi dushobora dute kugaragaza agatima nk’ako nyene?
12 Naho butari bwo bwa mbere Aburahamu agaragaza ko atinya Yehova, muri ico gihe yari abigaragaje mu buryo bwibonekeje. Mu kwemera n’umutima ukunze gutangako inkuka Isaka, ntikwari ukwerekana gusa ko agamburuka abitumwe n’ukwubaha. Aburahamu yabitumwe n’ukwizigira ata gahigihigi ko Se wiwe wo mw’ijuru yoranguye umuhango yatanze, mu kuzura Isaka mu gihe vyoba bikenewe. Nk’uko Paulo yavyanditse, Aburahamu, “[yaramenye] neza adakekeranya yuk[o Imana] ico yasezeranye ishobora no kugikora.” (Abaroma 4:16-21) Twoba twiteguriye gukora ivyo Imana igomba n’igihe nyene vyoba bisaba ko tugira utwigoro dukomeye? Twoba twizigira ata gahaze yuko ukugamburuka mwene ukwo kuzovamwo ivyiza biramba, tuzi yuko Yehova ari we “[a]ha impēra aba[mu]rondera”? (Abaheburayo 11:6) Ukwo ni ko gutinya Imana koko.—Zaburi 115:11.
13. Ni kuki Yozefu yashoboye kwidondora mu buryo bukwiriye ko yari umugabo ‘atinya Imana y’ukuri’?
13 Reka twihweze akandi karorero k’ukuntu ugutinya Imana kwagaragajwe mu bikorwa. Ni akarorero ka Yozefu. Igihe yari umushumba mu rugo kwa Potifari, Yozefu yama ku musi ku musi ahatirwa gusambana. Bisa n’uko ata buryo na bumwe bwari buhari bwo gushobora kwirinda guhura n’umugore wa shebuja, uwama amusaba adatezura ngo bashurashure. Amaherezo, igihe ‘yamusūmira,’ Yozefu ‘yarahunze arasohoka.’ Ni igiki catumye ahunga ikibi mu maguru masha? Nta nkeka ko ikintu nyamukuru cabimutumye kwari ugutinya Imana, icipfuzo co kwirinda gukora “icaha kingana girtyo, [a]gacumura ku Mana.” (Itanguriro 39:7-12) Yozefu yarashoboye kwidondora mu buryo bukwiriye ko yari umugabo ‘atinya Imana y’ukuri.’—Itanguriro 42:18.
14. Ikigongwe ca Yozefu kigaragaza gute ugutinya Imana nyakuri?
14 Haciye imyaka, Yozefu yarabonanye amaso mu yandi na benewabo, abari baramugurishije mu buja ata n’akagongwe. Yari gushobora kubonera akaryo ku kuntu bari bakenye cane imfungurwa, akabasubiriza mu ndumane. Mugabo, gutwaza abantu umukazo ntibigaragaza ugutinya Imana. (Abalewi 25:43) Ni co gituma igihe Yozefu yabona ikimenyamenya gihagije c’uko benewabo bahinduye umutima, yabahariye n’ikigongwe cinshi. Nka kurya kwa Yozefu, ugutinya Imana kwacu kuzodusunikira ku gutsindisha ikibi iciza, kwongere kuturinde kugwa mu nyosha mbi.—Itanguriro 45:1-11; Zaburi 130:3, 4; Abaroma 12:17-21.
15. Ni kuki ukuntu Yobu yigenza vyanezereje umutima wa Yehova?
15 Yobu yabaye akandi karorero kibonekeje k’umuntu yatinya Imana. Yehova yabajije Shetani ati: “Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’umuntu atunganye w’umugororotsi, an[tinya], akitandukanya n’ikibi?” (Yobu 1:8) Mu kiringo c’imyaka myinshi, Yobu yaranezereje umutima wa Se wiwe wo mw’ijuru kubera yigenza mu buryo buzira umugayo. Yobu yatinya Imana kubera yuko yari azi ko ari co kintu ciza umuntu yogira n’uko ari bwo buryo bwiza kuruta bwo kubaho. Yobu yavuze ati: “Rāba, [gutinya] Uhoraho ni bgo bgenge, kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.” (Yobu 28:28) Yobu yari umugabo yubatse, ntiyashinga ijisho mu buryo butabereye inkumi, eka ntiyanagira mu mutima wiwe imigambi y’ukurenga ibigo. Naho yari umugabo w’umutunzi, yaranse gushira ivyizigiro vyiwe ku matungo, kandi yarahunze ubwoko bwose bw’ugusenga ibigirwamana.—Yobu 31:1, 9-11, 24-28.
16. (a) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yobu yagaragaje ubuntu mvarukundo? (b) Yobu yagaragaje gute ko ataretse guharira?
16 Ariko rero, gutinya Imana ntibisobanura gusa guca kure ikibi, ariko kandi bisobanura no gukora ivyiza. Ni co gituma Yobu yitwararikanye ubuntu impumyi, ibimuga na ba ntahonikora. (Abalewi 19:14; Yobu 29:15, 16) Yobu yaratahuye yuko “uwuretse kugirira ubuntu-mvarukundo mugenziwe, azoreka no gutinya Mushoboravyose.” (Yobu 6:14, NW) Kureka kugira ubuntu-mvarukundo vyoshobora kuba birimwo kureka guharira canke kubika inzika. Ayobowe n’Imana, Yobu yarasenze asabira ba bagenzi biwe batatu bari bamutuntuje cane. (Yobu 42:7-10) Twoba dushobora kugaragaza agatima nk’ako ko kurekurira uwo dusangiye ukwemera yoba yatubabaje mu buryo bunaka? Isengesho rivuye ku mutima twotura dusabira uwaducumuyeko, rirashobora kudufasha cane gutsinda inzika. Imihezagiro Yobu yaronse kubera atinya Imana, iratwereka intangamarara y’‘ukugira neza kwa Yehova kwinshi, ukwo yabikiye abamutinya.’—Zaburi 31:19; Yakobo 5:11.
Ugutinya Imana Kuratandukanye n’Ugutinya Abantu
17. Ugutinya abantu gushobora gukora iki kuri twebwe, mugabo ni kuki umuntu atinya gutyo aba atabona kure?
17 Mu gihe gutinya Imana gushobora kudusunikira ku gukora ibigororotse, gutinya abantu kwokwo kurashobora kwonona ukwizera kwacu. Ku bw’ivyo, igihe Yezu yariko araremesha intumwa kuba abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete, yababwiye ati: “Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu.” (Matayo 10:28) Yezu yasiguye yuko umuntu atinya abantu atabona kure, kubera yuko abantu badashobora gukuraho ivyizigiro vyacu vy’ubuzima bwa kazoza. Ikindi kandi, dutinya Imana kubera yuko tuzi ububasha bwayo buteye akoba, ububasha bw’amahanga yose bukaba ari ubusa tubugereranije na bwo. (Yesaya 40:15) Nka kumwe kwa Aburahamu, turizigira ata gahigihigi ububasha Yehova afise bwo kuzura abasavyi biwe b’abizerwa. (Ivyahishuriwe 2:10) Ni co gituma tuvuga tudakeka duti: “[Nimba] Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?”—Abaroma 8:31.
18. Ni mu buryo ki Yehova aha impera abamutinya?
18 Uwuturwanya yaba ari uwo mu bagize umuryango, uwudusindira kw’ishure, tuzosanga ‘gutinya Yehova ari icizigiro gikomeye.’ (Imigani 14:26) Turashobora gusenga Imana tuyisaba ingoga, tuzi yuko izotwumva. (Zaburi 145:19) Yehova ntiyigera yibagira abamutinya. Biciye ku mumenyeshakazoza wiwe Malaki, adukura amazinda ati: “[Abatinya] Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’[abatinya] Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.”—Malaki 3:16.
19. Ni ugutinya nde kuzorangira, mugabo ni nde tuzokwama dutinya ibihe vyose?
19 Hasigaye igihe gito aho abantu bose bari kw’isi bazoba ari abasenga Yehova, maze ugutinya abantu bakabaza. (Yesaya 11:9) Gutinya inzara, indwara, ubugizi bwa nabi n’intambara na vyo nyene bizoba vyaragiye akagirire. Mugabo, gutinya Imana bizokwamaho ibihe vyose, uko abasavyi bayo b’abizerwa bo mw’ijuru n’abo kw’isi bazobandanya kuyubaha, kuyigamburukira no kuyitera iteka. (Ivyahishuriwe 15:4) Mu kurindira, nimuze twese dushire ku mutima iyi mpanuro yahumetswe ya Salomo. Igira iti: “Umutima wawe woye kugirira ishari abanyavyaha, arik’ugire ishaka ryo [gutinya] Uhoraho burinde bgira. Kuko vy’ukuri har’ukuziga ibizoba, kand’ivyo wizigiye ntibizokūrwaho.”—Imigani 23:17, 18.
[Utujambo tw’epfo]
a Haragera aho abakuze bamwebamwe bataba bagitinya ingeramizi, nk’igihe akazi bakora gatuma bama bari mu bintu vyobatera isanganya. Igihe babaza umunyamyuga umwe yakanongoreye igituma ababaji benshi usanga baracitse intoke, yiyishuriye ati: “Haragera igihe ntibabe bagitinya vya bisumenu bikoresha umuyagankuba bikora vyihuta cane.”
b Yehova ubwiwe ivyo biramusesema. Nk’akarorero, mu Banyefeso 4:29 havuga yuko imvugo mbi ari “ibiyago [“biboze,” NW].” Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “iboze,” ijambo ku rindi risigura icamwa kiboze, ifi iboze canke inyama ziboze. Imvugo nk’iyo iragaragaza mu buryo butomoye ukuntu dukwiye kwanka urunuka imvugo zitaranga urupfasoni canke z’ubushegabo. Muri ubwo buryo nyene, ibigirwamana kenshi bidondorwa mu Vyanditswe ko ari ‘umwanda.’ (Gusubira mu Vyagezwe 29:17; Ezekiyeli 6:9) Ukuntu mu bisanzwe dushishwa n’umwanda mukuru, biradufasha gutahura ukuntu Imana isesemwa n’uburyo ubwo ari bwo bwose bw’ugusenga ibigirwamana.
c Nk’akarorero, rimbura inkuru zo mu Vyanditswe zerekeye Kayini (Itanguriro 4:3-12); Dawidi (2 Samweli 11:2–12:14); Gehazi (2 Abami 5:20-27); na Uziya (2 Ngoma 26:16-21).
Woba Uvyibuka?
• Twiga gute kwanka ikibi?
• Abisirayeli bamwebamwe bo mu misi ya Malaki bafashe minenegwe gute ubucuti bari bafitaniye na Yehova?
• Dushobora kwigira iki kuri Aburahamu, Yozefu na Yobu ku vyerekeye gutinya Imana?
• Ni nde tuzokwama dutinya ibihe vyose, kandi kuki?
[Ifoto ku rup. 25]
Abavyeyi b’inkerebutsi barinjiza mu bana babo ugutinya kubereye
[Ifoto ku rup. 26]
Nka kurya nyene ugutinya gutuma dusuha igihe tugeze imbere y’ingeramizi, ni ko n’ugutinya Imana gutuma dusuha tugeze imbere y’ikintu kibi
[Ifoto ku rup. 28]
Yobu yagumye atinya Imana n’igihe nyene yari ahanganye na ba bantu batatu bigira ngo ni abagenzi
[Abo dukesha ifoto]
Ikuwe mu mpinduro y’Ikilatini ya Bibiliya yitwa Vulgate yo mu 1795