ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/2 rup. 3-4
  • Isuku Rihambaye Ukungana Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isuku Rihambaye Ukungana Iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Isuku, ni kubera iki rihambaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yehova akunda abantu basukuye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Imana ikunda abantu badahumanye
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/2 rup. 3-4

Isuku Rihambaye Ukungana Iki?

ABANTU batandukanye usanga babona isuku mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, igihe agahungu gato nyina akabwiye gukaraba iminwe no mu maso, gashobora kwibaza yuko gukoza udutoke mu mazi no gukaraba ku munwa bihagije. Mugabo nyina we arabona ko bidahagije. Aca agasubiza mu bwogero, maze akakanyukura iminwe no mu maso akoresheje amazi n’isabuni, naho ko kaguma gakoma induru kavyanka!

Ego ni ko, ivy’isuku ntibibonwa kumwe hirya no hino kw’isi, kandi abantu bakura bafise ivyiyumviro bitandukanye ku biraba isuku. Aho hambere hahise, mu bihugu vyinshi wasanga ku mashure harangwa isuku n’urutonde bigafasha abanyeshure gutsimbataza utumenyero twiza two kugira isuku. Muri iki gihe, imbuga z’amashure amwamwe usanga zandagayemwo umwanda ku buryo wogira ngo ni nyabarega aho kuba ikibuga c’ikiniro. Tuvuge iki ku masomero na yo? Darren, uwujejwe kubungabunga ishure rimwe ryisumbuye ryo muri Ostraliya, yavuze ati: “Ubu umwanda usigaye udusanga no mw’isomero.” Abanyeshure bamwebamwe igihe babategetse ngo “Toragura utu tuntu” canke ngo “Sukura aha hantu” babona ko ari igihano baba babahaye. Ingorane ni uko abigisha bamwebamwe bakoresha igikorwa co gusukura nk’uburyo bwo gutanga igihano.

Ku rundi ruhande, abakuze ntibama nantaryo batanga akarorero keza mu vy’isuku, haba mu buzima bwa misi yose canke ku kazi. Nk’akarorero, ibibanza vyinshi abantu benshi bahuriramwo usanga babisiga ari nko ku nyabarega. Amahinguriro amwamwe aratosekaza ibidukikije. Ariko rero, amahinguriro canke ubuzi bitagira ubwenge si vyo bitosekaza ibidukikije, ahubwo ni abantu babitosekaza. Naho umwina ari yo nkwezi nyamukuru y’iyo ngorane ikwiye kw’isi yose y’ugutosekara kw’ibidukikije gufise ingaruka mbi nyinshi, mu bikwega iyo ngorane harimwo n’ingeso abantu baba bafise y’ukutaba abanyesuku. Hari uwahoze ari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Commonwealth ryo muri Ostraliya yashigikiye ico ciyumviro avuga ati: “Ibibazo vyose bijanye n’amagara y’abanyagihugu bihagaze ku kuntu umugabo wese, umugore wese n’umwana wese bitwararika isuku.

Naho ari ukwo, usanga hari bamwe bibaza ko isuku ari ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe, be n’uko ata wundi akwiye kuvyisukamwo. Vyoba ari ukwo bimeze koko?

Ntitwokwirirwa turashimika ku kamaro k’isuku ku bijanye n’ibifungurwa dufungura, vyaba ari ivyo tugura mu kaguriro, ivyo dufungurira muri resitora canke ivyo dufungura ku mugenzi. Abategura canke abagabura ivyo bifungurwa, vyitegwa ko bagira isuku ryinshi. Iminwe yabo canke yacu yanduye irashobora gutera indwara nyinshi. Tuvuge iki ku vyerekeye ibitaro, ho twitega gusanga hari isuku riruta iryo dusanga ahandi hose? Ikinyamakuru kimwe (The New England Journal of Medicine) cavuze yuko abaganga n’abaforoma boba bakoresha iminwe badakaravye ari vyo vyoshobora gufasha gusobanura igituma abarwaye mu bitaro baziranirwa, mu gukira bigatwara amahera amamiliyaridi n’amamiliyaridi ku mwaka. Turi n’imvo yumvikana yo kwitega ko ata n’umwe yoshira mu kaga amagara yacu bivuye ku ngeso afise yo kutagira isuku.

Ikindi tutofata minenegwe, ni igihe umuntu atwononeye amazi, yaba abigize nkana canke vyashitse atabigabiye. Vyongeye, vyoba ata kaga birimwo igihe umuntu yogendagenda ku nkengera y’ikiyaga ata birato yambaye, mu gihe hoba handagaye inshinge zatawe n’abantu bazikoresheje mu kwiteramwo ibiyayuramutwe canke zatawe n’abandi bantu? Kumbure hari ikindi kibazo kinahambaye kuruta umuntu wese yokwibaza. Na co ni iki: Ubwo i muhira iwacu twoba tugira isuku?

Suellen Hoy, mu gitabu kimwe yanditse (Chasing Dirt) abaza ati: “Twoba turi abanyesuku nk’uko twahora?” Yishura ati: “Ushobora gusanga atari ukwo biri.” Avuga yuko ikintu nyamukuru kibitera ari uko abantu bahinduye ivyo baha agaciro mu kibano. Kubera abantu bagenda barushiriza kumara umwanya muto i muhira, basigaye gusa bihembera uwundi muntu akabakorera isuku. Bituma abantu batagishira imbere ivyo kuguma basukura ahantu baba. Umugabo umwe yagize ati: “Sinsukura ubwogero, ndisukura. Naho inzu yanje yoba yanduye, kizima jewe mba nsukuye.”

Ariko rero, isuku ntirisobanura gusa kuba umuntu asukuye ku mubiri. Ni inyifato ijanye n’imice yose y’ukubaho neza. Ni n’uburyo umuzirikanyi n’umutima biba bimeze, bikaba birimwo inyifato yacu n’ugusenga kwacu. Nimuze turabe ukuntu ivyo ari ukwo biri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika