ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/2 rup. 4-7
  • Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Imana Ibona ivy’Isuku
  • Imice Ine y’Isuku
  • Kugumana Uburimbane
  • Isuku Rihambaye Ukungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Imana ikunda abantu badahumanye
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Isuku, ni kubera iki rihambaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yehova akunda abantu basukuye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/2 rup. 4-7

Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?

KUBERA yuko mu kinjana ca 18 no mu ca 19, i Buraya no muri Leta Zunze Ubumwe isuku ryari rike bimwe vy’agahomerabunwa, abamenyeshamana b’ico gihe baramamaza ico twokwita “inyigisho y’isuku.” Iyo nyigisho yerekana yuko umwanda ungana icaha, mu gihe vyavugwa ko isuku ryoryo rituma umuntu arushiriza kwegera Imana. Kumbure ico ni co catumye abantu benshi bakunda gukoresha icivugo ngo “Kugira isuku ni muvyara wo kuyobokera Imana.”

Ico ciyumviro carakurikijwe n’umuhari witwa Armée du Salut washinzwe na William Booth ari kumwe na Catherine Booth. Nk’uko igitabu kimwe (Health and Medicine in the Evangelical Tradition) kibivuga, kimwe mu vyivugo vyabo vyo mu ntango cari: “Isabuni, Ibifungurwa n’Ubukiriro.” Maze, igihe Louis Pasteur be n’abandi batanga ikimenyamenya ntaharirwa c’uko indwara zifitaniye isano n’imigera y’indwara, vyaje gukomeza umwiyemezo bari bafise wo kubungabunga amagara y’abanyagihugu vyongeye birerekana yuko na siyansi ivyemeza.

Mu ngingo zimwezimwe zaciye zifatwa harimwo kudasaba ko muri sentare icabona kirinda gushira Bibiliya ku munwa ngo kiyisome, be no kubuza ivyo gukoresha igikombe kimwe mu mashure no mu bituro vya garimoshi. Haragizwe mbere utwigoro kugira ngo mu misa abantu ntibabe bagisangira ikalisi, ahubwo umwe wese agire igikombe ciwe. Emwe, abo batanguje ivyo vyiyumviro basa n’aberewe cane mu vy’uguhindura inyifato z’abantu ku biraba isuku. Vyarahinduye cane inyifato z’abantu ku buryo umwanditsi umwe yise ingaruka yavyo “ugukunda isuku.”

Ariko rero, bigaragara yuko “ukwo gukunda isuku” kutashika ibwina. Hadaciye na kabiri, abadandaza b’inkerebutsi bahinduye isabuni isanzwe ikintu co kwigira mwiza. Abarata ibidandazwa b’abanyabwenge batumye abaguzi bemera yuko gukoresha ibintu binaka vyo kwisukuza vyotuma ababikoresha babonwa ko bari mu rwego rwo hejuru mu kibano ku buryo abandi bavyipfuza ntibabishikeko. Televiziyo irakorereza ivyo vyiyumviro vy’uruhendo. Abantu berewe kandi bakomakomeye berekanwa mw’iratwa ry’ibidandazwa no mu dukino tw’urukurikirane duca kuri radiyo canke kuri televiziyo, ni gake abantu bababona bariko basukura inzu, bakubura imbuga, batoragura umwavu, canke bakura ahononywe n’utuyabu twabo canke imbwa zabo.

Hari kandi abiyumvira yuko, kuja ku kazi vyinjiza amahera, yamara udukorwa tw’i muhira canke utundi dukorwa tw’isuku ata mahera twinjiza. Ikindi, umuntu yokwitaho aho aba gute ata n’imeya ahakura? Imwe mu ngaruka y’ivyo yabaye iy’uko abantu bamwebamwe muri iki gihe biyumvira yuko kugira isuku bigarukira ku kwiryohora.

Ukuntu Imana Ibona ivy’Isuku

Nta nkeka ko utwo twigoro twagizwe mu ntango two kwigisha ivy’isuku twafashije abantu bararyohora uburyo babaho. Kandi ivyo ntibitangaje, kubera yuko isuku ari kamere ifiswe na ya Mana nyeranda kandi idahumanye Yehova, kandi akaba ari na we rikomokako. Iratwigisha kugira ngo ubwacu tuvyungukireko mu gucika aberanda n’abasukuye mu nzira zacu zose.​—Yesaya 48:17; 1 Petero 1:15.

Yehova Imana ni we karorero muri ivyo. Isuku, kumwe n’izindi kamere z’Imana zitibonekeza, bigaragarira mu buryo butomoye mu bintu biboneka yaremye. (Abaroma 1:20) Turibonera yuko ivyaremwe ubwavyo bidatosekaza buhere ibidukikije. Isi, iyiriko ibintu vyinshi mu bidukikije usanga ari magiriranire bigakora mu buryo bw’inzinguzingu, ni ikintu c’igitangaza cisukura, kandi igenewe kubako ibintu bisukuye bimeze neza. Ico gikorwa gisukuye nta wundi covako atari Umuremyi asukuye mu muzirikanyi. Dushobora rero kugobotora muri ivyo ko abasenga Imana bakwiye kuba basukuye mu mice yose y’ubuzima bwabo.

Imice Ine y’Isuku

Bibiliya irerekana imice ine y’isuku, iyo abasenga Imana bakwiye kwihatira gushitsa. Nimuze turimbure umwe wose muri iyo mice.

Mu buryo bw’impwemu. Uwo muce woshobora kubonwa ko ari wo muce uhambaye kuruta yose kubera yuko werekeye icizigiro umuntu agira c’ubuzima budahera. Ariko rero, mu mice yose y’ukudahumana, uwo ni wo kenshi usanga ufatwa minenegwe kuruta iyindi. Tubivuze mu buryo butomoye, kuba umuntu adahumanye mu buryo bw’impwemu bisobanura kutigera arenga akarimbi Imana yashizeho gatandukanya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma, kubera yuko Imana ibona ko ubwoko bwose bw’ugusenga kw’ikinyoma buhumanye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobākira.” (2 Ab’i Korinto 6:17) Umwigishwa Yakobo na we nyene ivyo arabitomora. Agira ati: “Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n[i] . . . kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi.”​—Yakobo 1:27.

Imana yaragaragaje mu buryo butomoye ukuntu yanka ivyo gusukiranya ugusenga kw’ikinyoma n’ugusenga kw’ukuri agirirwa. Ugusenga kw’ikinyoma kenshi usanga kurimwo ingeso zihumanye hamwe n’ibigirwamana be n’ibimana biyisesema. (Yeremiya 32:35) Ni co gituma Abakirisu b’ukuri bahimirizwa guhunga ivyo kugira uruhara na rumwe mu gusenga guhumanye.​—1 Ab’i Korinto 10:20, 21; Ivyahishuriwe 18:4.

Inyifato runtu. No muri ibi, Imana irashiraho akarimbi gatandukanya ikintu kidahumanye n’igihumanye. Isi yose muri rusangi, yacitse nk’uko bidondorwa mu Banyefeso 4:17-19, ahagira hati: “Ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubu[zima] buva ku Mana . . . bābaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza.” Ivyiyumviro vy’ubuhumbu nk’ivyo vyiserura mu buryo bwinshi, mu bugaragara no mu bwinyegeje, ari co gituma Abakirisu bakeneye kwiyubara.

Abakunda Imana barazi yuko ubumaraya, ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, guhuza ibitsina imbere y’ukwabirana, be n’ukuraba amashusho y’ubushegabo ari ukurenga ku ngingo mfatirwako za Yehova zerekeye ukudahumana mu vy’inyifato runtu. Ariko rero, izo ngeso zisigaye zikunda guserurwa mu nzego z’ivy’ukwinezereza no mu vyerekeye imideri. Abakirisu bategerezwa rero kwiyubara kuri izo mpengamiro. Kwambara ku makoraniro ya gikirisu canke mu mitororokano uduhuzu tugufi tubonerana birakwegera bidakenewe ivyiyumviro ku mubiri w’umuntu bikongera bikagaragaza ko umuntu yataye urupfasoni. Turetse ko kwambara gutyo bizana ivyiyumviro bihumanye vyo mw’isi mu Bakirisu bakoraniye hamwe, birashobora kuvyura ivyiyumviro bihumanye mu bandi. Aho ni ahantu Abakirisu bakwiye kwihata kugira ngo bagaragaze “ubgenge buva mw ijuru.”​—Yakobo 3:17.

Mu bwenge. Mu muzirikanyi w’umuntu ntihakwiye kuba aho kubika ivyiyumviro bihumanye. Yezu yaratanze imburizi zo kwirinda ivyiyumviro bihumanye igihe yavuga ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.” (Matayo 5:28; Mariko 7:20-23) Ayo majambo arerekeye ku rugero rungana n’ivyo kuraba amasanamu canke amasenema yerekana ivy’ubushegabo, gusoma inkuru zivuga ivy’ibitsina mu buryo butisoneye be no kwumviriza amajambo atabereye yo mu ndirimbo. Ku bw’ivyo, Abakirisu bategerezwa kwirinda kwiyanduza mu guha icumbi ivyiyumviro bihumanye vyoshobora kubashikana ku kuvuga imvugo zihumanye canke ku gukora ibihumanye.​—Matayo 12:34; 15:18.

Ku mubiri. Muri Bibiliya, ubweranda burafitaniye isano rinini n’isuku ry’umubiri. Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Bakundwa . . . twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.” (2 Ab’i Korinto 7:1) Abakirisu b’ukuri bakwiye rero kwihata kugira ngo uko bishoboka kwose bagume bafise isuku n’urutonde ku mubiri wabo, mu nzu yabo no mu micungararo y’aho baba. N’ahantu mbere amazi yo gukaraba no kwoga atoroshe kuronka, Abakirisu bakwiye kugerageza bagakora uko bashoboye kwose kugira ngo bagume basukuye kandi baryohoye.

Isuku ry’umubiri ryotuma kandi twirinda kunywa itabi mu buryo ubwo ari bwo bwose, kwisuka mu kaborerwe be n’ibiyayura umutwe vy’uburyo ubwo ari bwo bwose, ivyo bikaba vyanduza bikongera bikonona umubiri. Wa mwungere adondorwa mu Ndirimbo ya Salomo yarashimye cane ugutamirana kw’impuzu za wa mwigeme w’Umushulamu. (Indirimbo ya Salomo 4:11) Kugira isuku ry’umubiri ni ikintu kiranga urukundo dukwiye gukora, kubera yuko dushaka kwirinda kumotera nabi abadukikije. Utumoga twoshobora kumota neza, ariko ntidutuma umuntu aca areka kwama yiyuhagira kandi yambara ivyambarwa bisukuye.

Kugumana Uburimbane

Ku biraba isuku ry’umubiri, abantu barashobora kuza bararenza urugero. Ku ruhande rumwe, kuba indenzarugero mu bijanye n’isuku birashobora gutuma dutakaza umunezero wo kubaho. Birashobora kandi kudutwara umwanya mwinshi. Ku rundi ruhande, inzu zicafuye kandi zitarimwo urutonde, kuzisanura birashobora kutuzimba. Mu kwirinda kurenza urugero muri ubwo buryo uko ari bubiri, hariho uburyo ngirakamaro kandi bubereye bwo gutuma inzu yacu iguma isukuye kandi iryoheye ijisho.

Ntitwandagaze ibintu. Usanga bigoye gusukura inzu canke ivyumba vyandagayemwo ibintu bidakenewe; kandi ahantu nk’aho biragoye kubona aho umwanda uri. Amazu aciye bugufi, atandagayemwo ibintu bidakenewe usanga afata umwanya muto wo kuyasukura. Ubuzima bworoheje ni bwo Bibiliya itugira inama kugira. Ivuga iti: “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.”​—1 Timoteyo 6:8.

Nimutume haguma hari urutonde. Umuntu wese aba mu nzu arafise uruhara rwo kuyisukura. Kugira ngo inzu iburemwo urutonde, kenshi bihera mu vyumba. Urutonde rusobanura yuko ikintu cose kiri mu kibanza caco. Nk’akarorero, impuzu zicafuye ntizigenewe gushirwa hasi mu cumba c’uburyamo. Ikindi kinahambaye kuruta, udukinisho n’ibikoresho vyandagajwe hose birashobora gukwega isanganya. Amasanganya menshi abera muhira usanga aterwa n’ingeso yo kwandagaza ibintu.

Biratomoye yuko isuku n’ubuzima bwa gikirisu bijana. Ku biraba kubaho mu buryo buhimbara Imana, umuhanuzi Yesaya aravuga ivy’“Inzira Yera.” Maze aca yongerako iciyumviro gituma tuzirikana c’uko “abanduye imitima [bat]azoyicamwo.” (Yesaya 35:8) Emwe, gutsimbataza utumenyero twiza mu vy’isuku muri iki gihe, birerekana mu buryo bukomeye ko dufise ukwizera mu muhango w’Imana w’uko ubu bwa vuba igiye gushinga iparadizo kw’isi isukuye. Maze, mu mihingo yose y’uwo mubumbe uteye igomwe, abantu bose bazoninahaza Yehova Imana mu gukurikiza mu buryo bushitse ingingo mfatirwako ziwe zitagira akanenge z’ivy’isuku.​—Ivyahishuriwe 7:9.

[Ifoto ku rup. 6]

Abantu bose baba mu nzu bari n’uruhara rwo kuyisukura

[Ifoto ku rup. 7]

Isi irisukura mu buryo butangaje

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika