ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/7 rup. 4-7
  • Ingorane Abantu Bafise Zigiye Guhera!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingorane Abantu Bafise Zigiye Guhera!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Gukoraniriza Vyose Muri Kristo”
  • Ukureka Ikibi mu Gihe Kinaka
  • “Itanguriro ry’Isi Ritarashirwaho”
  • Ni Nde Azobaruhurira?
  • “Gucungurwa”
  • ‘Ibanga Ryeranda’ ry’Imana
  • Umugambi wa Yehova Uzororanirwa Bimwe Biteye Igomwe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Woba ‘ushinze imizi kandi uhamangiwe ku mushinge’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ukuyobora ibintu kugira umugambi w’Imana uranguke
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/7 rup. 4-7

Ingorane Abantu Bafise Zigiye Guhera!

“IGIKORWA c’abagiraneza kigira agaciro gato mu gihe kitari mu bigize umugambi werekeye ibintu vyinshi kandi ntigishigikirwe n’inzego za politike, gifise intumbero yo kurandurana n’imizi ibitera indyane. Ivyabaye vyarerekanye kenshi yuko ibikorwa vy’abagiraneza vyonyene bidashobora gutorera umuti ingorane usanga ahanini zishingiye kuri politike.”​—The State of the World’s Refugees 2000.

Naho igikorwa abagiraneza bakora gihambaye, ingorane abantu bafise ziguma zigwira. Hoba hariho uburyo bushoboka bwo gutorera umuti uramba ingorane za politike? Mu vy’ukuri, ni buke cane. Mugabo, ni hehe handi dushobora guhanga amaso? Mu majambo ari n’ico avuze ari mu ntango y’ikete intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’i Efeso, arasigura ukuntu Imana izorangiza ingorane zose abantu bafise. Arerekana mbere igikoresho Imana izokoresha mu kubigira, ni ukuvuga ikizorandurana n’imizi ibitera ingorane zose zidusinzikaje muri iki gihe. Ni kuki utorimbura ivyo Paulo avuga? Ayo majambo tuyasanga mu Banyefeso 1:3-10.

“Gukoraniriza Vyose Muri Kristo”

Iyo ntumwa ivuga yuko umugambi w’Imana werekeye ico yita “Ingene [a]genza vyose [canke ingene atunganya ibintu], igihe gikwiye gishitse.” Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko Imana yashinze igihe izohagurukirako ngo “[isubire] gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.” (Abanyefeso 1:10) Emwe, Imana yaratanguje indinganizo yo gusubiza ku rutonde ikintu cose co mw’ijuru n’ico mw’isi, ikavyiyoborera. Igishimishije, ku biraba imvugo yahinduwe ngaha ngo ‘gusubira gukoraniriza hamwe,’ incabwenge imwe mu vya Bibiliya J. H. Thayer ivuga iti: “Gusubira gukoraniriza hamwe ku bwayo . . . ibintu vyose n’ibiremwa vyose (gushika ubu bigitandukanijwe n’icaha), bihurikire hamwe mu bucuti muri Kirisitu.”

Ivyo bidoma urutoke ku vy’uko bikenewe ko Imana ibikora, kubera amacakubiri yadutse mu ntango. Mu ntangotango y’ukubaho kw’umuntu, abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, barakurikiye Shetani wa Mucokoranyi mu kugarariza Imana. Bashatse ubwigenge mu buryo bw’ukugira uburenganzira bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi. (Itanguriro 3:1-5) Mu buryo bujanye n’ubutungane bw’Imana, barirukanywe mu muryango w’Imana, gutyo batakaza ubucuti bari bafitaniye na yo. Bacokeje umuryango w’abantu mu gasembwa, uzi n’ingaruka z’agahomerabunwa bitugirako muri iki gihe.​—Abaroma 5:12.

Ukureka Ikibi mu Gihe Kinaka

Hari bamwe bobaza bati: ‘Ni kuki Imana yabaretse bakabikora? Ni kuki itakoresheje gusa ububasha ntangere bwayo maze igashimangira ukugomba kwayo, gutyo ikaturinda imibabaro yose n’ubucumukure bwose tugira?’ Umuntu yohava yiyumvira gutyo. Mugabo, ikoreshwa ry’ububasha ntangere nk’ubwo ryokwerekanye iki vy’ukuri? Woba ushima canke wemera umuntu habaye akantu kose k’ukutemeranya n’ivyiwe, ico aca akora ari uguhasha abamurwanya bose ngo ni uko afise ububasha bwo kubigira? Eka data ntawomushima.

Abo bagarariji mu vy’ukuri ntibahigishije ububasha ntangere bw’Imana. Ahanini bahigishije niba uburyo bwiwe bwo gutegeka abufitiye uburenganzira be n’uko bubereye. Kugira ngo ico kibazo nyamukuru cavyuwe gitorerwe umuti rimwe rizima, Yehova yararetse ibiremwa vyiwe biritegeka mu kiringo kinaka, we atavyiyoborera. (Umusiguzi 3:1; Luka 21:24) Ico kiringo nicahera, azobijamwo kugira ngo yifatire mu minwe ivyo kw’isi yose. Gushika ico gihe, bizoba bimaze gutomoka neza yuko uburyo bwiwe bwo gutegeka ari bwo buryo rudende buzana amahoro aramba, ubuhirwe buramba n’ugusagamba kuramba kw’ababa kw’isi. Maze, abo kw’isi yose bacinyiza abandi bazokurwaho ubutakigaruka.​—Zaburi 72:12-14; Daniyeli 2:44.

“Itanguriro ry’Isi Ritarashirwaho”

Yehova yagabiye gukora ivyo vyose kuva kera na rindi. Paulo avuga ngo “itanguriro ry’isi ritarashirwaho.” (Abanyefeso 1:4) Aho ntihari imbere y’iremwa ry’isi canke rya Adamu na Eva. Iyo si yari “[nz]iza cane,” kandi ubugarariji ntibwari bwaduke. (Itanguriro 1:31) None, intumwa Paulo yashaka kuvuga iyihe “si”? Yashaka kuvuga isi y’abana ba Adamu na Eva, ni ukuvuga isi y’abantu b’abanyavyaha kandi b’abanyagasembwa, bafise icizigiro co gucungurwa. Ata mwana n’umwe aravuka, Yehova yari amaze kumenya ukuntu azovyifatamwo kugira ngo aruhurire abokwamutse kuri Adamu bashobora gucungurwa.​—Abaroma 8:20.

Birumvikana ko ivyo bidashaka kuvuga yuko Segaba w’isi n’ijuru ategerezwa kuvyifatamwo nk’uko abantu bavyifatamwo. Kubera baba bazi ko ibintu vyihutirwa vyoshobora kwaduka, barategekanya ido n’ido ry’uburyo butandukanye bokoresha mu kubitorera umuti. Imana mushoboravyose yoyo ico igira gusa, irashinga umugambi wayo maze ikawurangura. Ariko rero, Paulo arasigura ukuntu Yehova yafashe ingingo yo gutunganya ibintu kugira ngo aruhurire umuryango w’abantu rimwe rizima. Izo ngingo zari izihe?

Ni Nde Azobaruhurira?

Paulo asigura yuko abigishwa basizwe impwemu ba Kirisitu bafise uruhara rudasanzwe mu vy’ukuzimanganya ikibi cakwezwe n’icaha ca Adamu. Paulo avuga yuko Yehova “ya[ba]toranirije muri [Kirisitu],” kugira ngo bategeke hamwe na Yezu mu Bwami bw’ijuru. Paulo arongera kubisigura, avuga yuko Yehova “yagabiye kera ko [ba]heshwa na Yesu Kristo gucika abana b[iwe].” (Abanyefeso 1:4, 5) Ego ni ko, umwe wese muri bo Yehova ntiyamuhisemwo ku giti ciwe, canke ngo amugene imbere y’igihe. Ariko rero, yaragenye imbere y’igihe umugwi w’abantu b’abizigirwa kandi bitanga bofatanije na Kirisitu mu kuzimanganya ikibi Shetani wa Murwanizi, kumwe na Adamu na Eva bakwegeye umuryango w’abantu.​—Luka 12:32; Abaheburayo 2:14-18.

Ese ukuntu ari ikintu gitangaje! Nkako, igihe mu ntango Shetani yahigisha ubusegaba bw’Imana, yashatse kwerekana yuko abantu Imana yaremye b’abanyakanenge bashizweko umukazo munini canke bakaryosharyoshwa, bose bogararije ubutegetsi bw’Imana. (Yobu 1:7-12; 2:2-5) Mu kugaragaza mu buryo bukomeye “ubgiza bg’ubuntu bg[iwe],” Yehova Imana haheze igihe yarerekanye ko yizigiye ibiremwa vyiwe vyo kw’isi mu gufata bamwebamwe bo mu muryango munyacaha wa Adamu akabahindura abana biwe bo mu buryo bw’impwemu. Abari muri uwo mugwi muto bazojanwa gusukurira Imana mw’ijuru. Kubw’iyihe ntumbero?​—Abanyefeso 1:3-6; Yohana 14:2, 3; 1 Ab’i Tesalonike 4:15-17; 1 Petero 1:3, 4.

Intumwa Paulo avuga yuko abo bagizwe abana b’Imana, bacika “abaraganwa na Kristo” mu Bwami bwiwe bw’ijuru. (Abaroma 8:14-17) Bwa bami n’abaherezi, bazogira uruhara mu vy’ukubohora umuryango w’abantu umubabaro n’ubucumukure biwushikira muri iki gihe. (Ivyahishuriwe 5:10) Ni vyo, “ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu.” Ariko rero, abo bana b’Imana batoranijwe mu buryo budasanzwe vuba bagiye gukurikira Yezu Kirisitu mu gikorwa ciwe, maze abantu bose bagamburuka basubire “[gu]habga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.”​—Abaroma 8:18-22.

“Gucungurwa”

Ivyo vyose vyashobotse biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. Bwari uburyo burushirije kuba ubukomeye kandi buhambaye Imana yakoresheje mu kugaragariza ubuntu badakwiriye, abantu bashobora gucungurwa. Paulo yandika ati: “Muri [Yezu Kirisitu] ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri.”​—Abanyefeso 1:7.

Yezu Kirisitu ni we muntu nyamukuru mu vy’iranguka ry’umugambi w’Imana. (Abaheburayo 2:10) Inkuka y’incungu yiwe itanga ishimikiro ryemewe Yehova afatirako mu guhindura bamwebamwe mu bakomoka kuri Adamu, akabagira abo mu muryango wiwe wo mw’ijuru, be n’iryo kuruhurira abantu ingaruka z’icaha ca Adamu, atarinze gutuma icizigiro abantu bafitiye ivyagezwe vyiwe n’ingingo ngenderwako ziwe kigabanuka. (Matayo 20:28; 1 Timoteyo 2:6) Yehova yakoze ibintu ku buryo ashigikira ubugororotsi bwiwe akongera agashitsa ivyo ubutungane butagira agahaze busaba.​—Abaroma 3:22-26.

‘Ibanga Ryeranda’ ry’Imana

Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, Imana ntiyahishuye neza na neza ukuntu yoranguye umugambi wayo werekeye isi. Mu kinjana ca mbere G.C., ‘yaramenyesheje Abakirisu ibanga [“ryeranda,” “NW”] ry’ivyo ishaka.’ (Abanyaefezi 1:9, UB) Paulo n’Abakirisu bagenziwe basizwe baratahuye mu buryo butomoye uruhara ruhambaye rwashinzwe Yezu Kirisitu mu vy’iranguka ry’umugambi w’Imana. Baratanguye kandi gutahura uruhara rudasanzwe bafise rwo kuba abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bwiwe bw’ijuru. (Abanyefeso 3:5, 6, 8-11) Emwe, intwaro y’Ubwami iri mu minwe ya Yezu Kirisitu be n’abo basangiye gutegeka ni igikoresho Imana izokoresha kugira izane amahoro aramba, atari mw’ijuru gusa, mugabo no kw’isi. (Matayo 6:9, 10) Biciye kuri yo, Yehova azotuma iyi si isubira kumera nk’uko mu ntango yari yaragabiye ko yomera.​—Yesaya 45:18; 65:21-23; Ivyakozwe 3:21.

Igihe yashinze co guhagurukira ivyo gukura kw’isi agacinyizo kose n’akarenganyo kose, kiri hafi. Mugabo, ku bwa ngingo Yehova yatanguye igikorwa co gusubiza ibintu mu buryo kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Gute? Mu gutangura gutororokanya ico gihe “ibiri mw ijuru,” ni ukuvuga abazotegeka hamwe na Kirisitu mw’ijuru. Abo barimwo n’Abakirisu b’Abanyefeso. (Abanyefeso 2:4-7) Guhera ejo bundi, mu gihe ca none, Yehova ariko aratororokanya “ibiri mw isi.” (Abanyefeso 1:10) Biciye kw’isekeza ryo kwamamaza ku mubumbe wose, ariko aramenyesha amahanga yose inkuru nziza yerekeye intwaro yiwe y’Ubwami iri mu minwe ya Yezu Kirisitu. Abavyakira neza, n’ubu bariko baratororokanirizwa mu kibanza c’uburinzi bwo mu vy’impwemu n’ico gukirizwamwo mu vy’impwemu. (Yohana 10:16) Vuba, kw’isi y’iparadizo yahumanuwe, bazokurwako mu buryo bushitse akarenganyo kose n’ugucumukura kwose.​—2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 11:18.

Utwigoro tw’abagiraneza mu vyo gufasha abantu bacinyizwa, “twarateye imbere bimwe bitangaje.” (The State of the World’s Children 2000) Yamara rero, intambwe ihambaye kuruta izoba ari igihe Kirisitu Yezu n’abo basangiye ubutegetsi mu ntwaro y’Ubwami yo mw’ijuru bazobijamwo. Bazorandurana n’imizi ibitera indyane vyose, be n’ibindi bibi vyose bidusinzikaje. Bazokuraho ingorane zose abantu bafise.​—Ivyahishuriwe 21:1-4.

[Amafoto ku rup. 4]

Ibikorwa vy’abagiraneza ntivyatoreye umuti ingorane abantu bafise

[Ifoto ku rup. 6]

Inkuka y’incungu ya Kirisitu yarahaye abantu akaryo ko kuruhurirwa icaha ca Adamu

[Ifoto ku rup. 7]

Birashoboka ko muri iki gihe umuntu akingirwa mu vy’impwemu akongera agakizwa mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 7]

Ubu bwa vuba, biciye ku Bwami bwa Mesiya, tugiye kuruhurirwa ingorane bimwe bishitse

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika