Ubwiza bwa Yehova Burakayangana ku Basavyi Biwe
“Uhoraho [a]zokubera umuco utazoshira.”—YESAYA 60:20.
1. Yehova ahezagira gute abasavyi biwe b’abizerwa?
“UHORAHO [ar]ahimbarwa n’abantu biwe: azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.” (Zaburi 149:4) Ukwo ni ko umwanditsi wa Zaburi wo mu gihe ca kera yavuze, kandi kahise karemeje ko ayo majambo yiwe ari ay’ukuri. Igihe abasavyi ba Yehova ari abizerwa, arabitwararika, agatuma basagamba kandi akabakingira. Mu bihe vya kera, yarabahaye gutsinda abansi babo. Muri iki gihe, aratuma baguma bakomeye mu buryo bw’impwemu kandi akabemerera ubukiriro yishimikije inkuka ya Yezu. (Abaroma 5:9) Ivyo abigira kubera bashajije mu nyonga ziwe.
2. Naho bahura n’ukurwanywa, ni igiki abasavyi b’Imana bizigiye?
2 Birumvikana, mw’isi yarokeye mu mwiza, “[aba]genda bubaha Imana” bazorwanywa. (2 Timoteyo 3:12) Ariko rero, Yehova arabona ababarwanya, kandi abagabisha ati: “Ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.” (Yesaya 60:12) Muri iki gihe, ukurwanywa kuboneka mu buryo bwinshi. Mu bihugu bimwe, abaturwanya bagerageza gutangira canke kubuza Abakirisu b’inziraburyarya gusenga Yehova. Mu bindi naho, abafise ishaka ndezarugero baratera butere abasenga Yehova kandi bagaturira n’ibintu vyabo. Ariko rero, niwibuke yuko Yehova yamaze gushinga ukuntu vyogenze igihe ico ari co cose hagize abarwanya iranguka ry’ukugomba kwiwe. Abaturwanya bizobata ku w’amazi. Abarwanya Siyoni, iserukirwa n’abana bayo kw’isi, ntibashobora kuroranirwa. None, aho Imana yacu ihambaye Yehova ntidukuye amazinda mu buryo buremesha?
Barahezagiwe Bimwe Birenze Uko Bari Bavyiteze
3. Ubwiza bw’abambaji ba Yehova be n’ukwimbuka kwabo bigereranywa n’iki?
3 Ico tutoharira co ni uko mu gihe c’iherezo c’uru runkwekwe rw’ibintu, Yehova yahezagiye abasavyi biwe bimwe birenze uko bari bavyiteze. Ahanini yarasharije intambwe ku yindi ikibanza ciwe co gusengeramwo be n’abagisengeramwo bitirirwa izina ryiwe. Nk’uko ubuhanuzi bwa Yesaya bubivuga, abwira Siyoni ati: “Ubgiza bg’i Lebanoni buzokuzako, ibiti vy’amasederi n’ivy’imitidari n’ivy’imiteyashuri bizozira hamwe, kugira ngo bisharize ahēra hanje, kand’aho nshira ibirenge vyanje nzohubahiriza.” (Yesaya 60:13) Imisozi iriko amashamba atotahaye iraryoheye ijisho. Ibiti bitotahaye gutyo ni ibimenyetso bibereye vy’ubwiza bw’abambaji ba Yehova be n’ukwimbuka kwabo.—Yesaya 41:19; 55:13.
4. “Ahēra” n’‘aho Yehova ashira ibirenge’ hashaka kuvuga iki, kandi aho hasharijwe gute?
4 “Ahēra” be n’‘aho Yehova ashira ibirenge’ havugwa muri Yesaya 60:13 hashaka kuvuga iki? Ayo majambo yerekeza ku bigo vy’urusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu vy’impwemu, na rwo akaba ari indinganizo yerekeye ukumwegera mu kumusaba biciye kuri Yezu Kirisitu. (Abaheburayo 8:1-5; 9:2-10, 23) Yehova yaramenyesheje umugambi wiwe wo kuninahaza urwo rusengero rwo mu vy’impwemu mu kuzana abantu bavuye mu mahanga yose kugira ngo bamusengereho. (Hagayi 2:7) Yesaya ubwiwe yari yabonye imbere y’igihe amasinzi n’amasinzi avuye mu mahanga yose asendanisha aja ku musozi ukirurutse wo gusengerako Yehova. (Yesaya 2:1-4) Haciye imyaka amajana n’amajana, intumwa Yohani yarabonye mw’iyerekwa “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Abo bari bahagaze “imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro.” (Ivyahishuriwe 7:9, 15) Kubera ko ubwo buhanuzi bwarangutse mu gihe cacu, inzu ya Yehova yarasharijwe tuvyibonera n’amaso yacu bwite.
5. Abana ba Siyoni baryohowe gute mu buryo buhambaye?
5 Ese ukuntu ivyo vyose vyabaye iryohorwa rihambaye rya Siyoni! Yehova avuga ati: “Naho wahebge, ukankwa, ntihabe hakigira ūhita muri wewe, nzoguhindura [“ikintu co kwishimirwa ibihe bidahera,” NW], ube umunezero uk’urunganwe rwawe ruzogenda rukurikirana.” (Yesaya 60:15) Amaja mu mpera z’intambara ya mbere y’isi yose, “Israeli y’Imana” vy’ukuri yarashikiwe n’ikiringo giteye umubabaro. (Abagalati 6:16, UB) Yumvise ko “[ya]hebge,” kubera ko abana biwe bo kw’isi batatahura mu buryo butomoye ivyo Imana igomba ku biberekeye. Maze, mu 1919, Yehova yarahembuye abasavyi biwe basizwe, kandi guhera ico gihe yarabahezagiye mu gutuma basagamba mu vy’impwemu bimwe bitangaje. Vyongeye, umuhango utangwa muri uwo murongo ntiweza umutima? Yehova azobona ko Siyoni ari “ikintu co kwishimirwa.” Emwe, abana ba Siyoni na Yehova ubwiwe bazonezererwa Siyoni. Azoba “umunezero,” ni ukuvuga isoko ry’umunezero ntangere. Kandi ivyo ntibizoba ari ivy’igihe gito gusa. Siyoni aserukirwa n’abana biwe bo kw’isi, azobandanya gutoneshwa “uk’urunganwe . . . ruzogenda rukurikirana.” Ntazokwigera areka gutoneshwa.
6. Abakirisu b’ukuri bakoresha gute ubutunzi bw’amahanga?
6 Ubu naho niwumvirize uwundi muhango Imana itanga. Yehova abwira Siyoni ati: “Uzokwonka amaberebere y’amahanga, uzokwonka amabere y’abami, kand’uzomenya yuko jewe, Uhoraho, nd’Umukiza wawe n’Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.” (Yesaya 60:16) Siyoni yonka gute “amaberebere y’amahanga” kandi yonka gute “amabere y’abami”? Mu buryo bw’uko Abakirisu basizwe be n’abagenzi babo bo mu “zindi ntama” bakoresha ubutunzi bw’agaciro bakuye mu mahanga kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye. (Yohana 10:16) Intererano z’amahera zitangwa ku gushaka zirafasha mu gutuma igikorwa gihambaye co kwamamaza mu mahanga yose no kwigisha gishoboka. Ugukoresha ubuhinga bwa none babigiranye ubukerebutsi birorohereza isohorwa ry’Amabibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi amajana n’amajana. Muri iki gihe, ukuri kwa Bibiliya kurashikira abantu benshi kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Abanyagihugu bo mu mahanga menshi bariko bariga yuko Yehova, we yacunguye abasavyi biwe basizwe abakuye mu bunyagano bwo mu vy’impwemu, ari Umukiza koko.
Iterambere ryo mu vy’Ukwungunganya Ibintu
7. Ni iterambere ryibonekeje irihe abana ba Siyoni bagize?
7 Yehova yarasharije abasavyi biwe mu bundi buryo. Yarabahezagiye baratera imbere mu vy’ukwungunganya ibintu. Dusoma muri Yesaya 60:17 duti: “Mu gishingo c’imiringa nzozana izahabu, no mu gishingo c’ivyuma nzozana ifeza; nzane imiringa mu gishingo c’ibiti, n’ivyuma mu gishingo c’amabuye; nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.” Imiringa kuyisubiriza izahabu ni iterambere, kandi ivyo ni na kwo biri no ku bindi bikoresho vyavuzwe. Mu buryo buhuje n’ivyo, Isirayeli y’Imana yaragize amaterambere abandanya mu vy’ukwungunganya ibintu muri iyi misi y’iherezo. Rimbura uturorero dukeyi.
8-10. Dondora amaterambere amwamwe mu vy’ukwungunganya ibintu yashitsweko guhera mu 1919.
8 Imbere yo mu 1919, amashengero y’abasavyi b’Imana yayoborwa n’abakurambere hamwe n’abadiyakoni, bose bagatorwa mu buryo bwa demokarasi n’abagize ishengero. Guhera muri uyo mwaka, “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yaragenye umuyobozi w’umurimo mw’ishengero rimwerimwe ryose kugira ngo acungere ibikorwa vyo mu murimo wo mu ndimiro. (Matayo 24:45-47) Ariko rero, mu mashengero menshi, iyo ndinganizo ntiyagenze neza kubera abakurambere bamwebamwe bagenwa biciye ku matora batashigikira bimwe bishitse igikorwa co kwamamaza. Kubera ico, mu 1932, amashengero yarabwirijwe guhagarika ivyo gutora abakurambere n’abadiyakoni. Ahubwo yari kuza aratora abagabo ngo bakore bagize komite y’umurimo ikorana n’umuyobozi w’umurimo. Ivyo vyari bimeze nk’“imiringa” mu gishingo c’“ibiti,” ryari iterambere rikomeye!
9 Mu 1938, amashengero yo hirya no hino kw’isi yariyemeje kwemera indinganizo iryohoye kuruta, iyari irushirije kuba iyihuje n’akarorero ko mu Vyanditswe. Ubuyobozi bw’ishengero bwahawe umusuku w’umugwi be n’abandi basuku, bose bakagenwa hisunzwe ubuyobozi bwa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Nta matora yari akigirwa! Gutyo, amagena yose yo mw’ishengero yagirwa mu buryo bwa gitewokarasi. Ivyo vyari nk’“ivyuma” mu gishingo c’“amabuye” canke “izahabu” mu gishingo c’“imiringa.”
10 Kuva ico gihe, iterambere ryarabandanije. Nk’akarorero, mu 1972 vyaragaragaye yuko kuba amashengero acungerwa n’inama y’abakurambere bagenywe mu buryo bwa gitewokarasi basenyera ku mugozi umwe, ntihabe umukurambere umwe agira ubukuru ku basigaye, bwari uburyo burushirije mbere kwegereza uburyo amashengero y’Abakirisu yo mu kinjana ca mbere yarongorwa. Kandi, nko mu myaka ibiri iheze, haratewe iyindi ntambwe. Harabaye ihinduka mu vy’ubuyobozi bwa zimwezimwe mu nzego zigengwa n’amategeko, bituma Inama Nyobozi ishobora kurushiriza kwitunira bimwe bishitse ku vyungura abasavyi b’Imana mu vy’impwemu, aho gusamazwa n’ibibazo bivyuka ku musi ku musi bijanye n’amategeko.
11. Ni nde yari inyuma y’amahinduka yo mu vy’ukwungunganya ibintu yabaye mu basavyi ba Yehova, kandi ayo mahinduka yavuyemwo iki?
11 Ni nde ari inyuma y’ayo mahinduka agenda araba intambwe ku yindi? Nta wundi atari Yehova Imana. Ni we avuga ati: “Nzozana izahabu.” (Ni twe tubihiritse.) Kandi ni we abandanya kuvuga ati: “Nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.” (Ni twe tubihiritse.) Egome, Yehova ni we ajejwe ivy’ukuntu abasavyi biwe bahagarikirwa. Iterambere ryo mu vy’ukwungunganya ibintu ryari ryarabuwe ni ubundi buryo akoresha mu gushariza abasavyi biwe. Kandi ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova bahezagirwa mu buryo bwinshi. Muri Yesaya 60:18, dusoma duti: “Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.” Ese ukuntu ayo majambo aryoheye ugutwi! Ariko yarangutse gute?
12. Amahoro yahavuye aganza gute mu Bakirisu nyakuri?
12 Abakirisu nyakuri bahanga amaso Yehova kugira ngo abahe amabwirizwa n’ubuyobozi, kandi ico bivamwo ni icari carabuwe na Yesaya. Yavuze ati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” (Yesaya 54:13) Ikigeretseko, Impwemu ya Yehova irakorera ku basavyi biwe, kandi kimwe mu vyamwa vy’iyo mpwemu ni amahoro. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ukuba abasavyi ba Yehova ari indemeshamahoro bituma baba ubwugamo buruhura mw’isi irangwamwo ubukazi. Ukuba abanyamahoro kwabo gushingiye ku rukundo Abakirisu nyakuri bakundana, ni icerekana ukuntu ubuzima mw’isi nshasha buzoba bumeze. (Yohana 15:17; Ab’i Kolosayi 3:14) Nta nkeka umwe wese muri twebwe aranezerezwa no kwinovora ayo mahoro be no kugira uruhara mu kuyatsimbataza, ayatuma Imana yacu ishemezwa ikongera igaterwa iteka kandi akaba ari na yo kintu nyamukuru kigize iparadizo yacu y’ivy’impwemu!—Yesaya 11:9.
Umuco wa Yehova Uzobandanya Gukayangana
13. Ni kuki dushobora kudakeka yuko umuco wa Yehova utazokwigera ureka gukayangana ku basavyi biwe?
13 Umuco wa Yehova woba uzobandanya gukayangana ku basavyi biwe? Egome! Muri Yesaya 60:19, 20, tuhasoma duti: “Izuba si ryo rizoba rikikubera umuco ku murango, cank’ukwezi ngo kukuboneshereze: ariko jewe Uhoraho ni jewe nzokubera umuco utazoshira, kandi jewe Imana yawe ni jewe nzokubera icubahiro. Izuba ryawe ntirizoba rikirenga, kand’ukwezi kwawe ntikuzoba kugikeha, kuko jewe Uhoraho nzokubera umuco utazoshira, kand’imisi y’ikigandaro cawe izoba ishize.” Aho “ikigandaro” c’abari mu bunyagano bwo mu vy’impwemu kirangiriye mu 1919, umuco wa Yehova waciye utangura gukayangana kuri bo. N’ubu hashize imyaka irenga 80, baracatoneshwa na Yehova uko umuco wiwe ubandanya gukayangana. Kandi ntuzoreka. Ku biraba abambaji biwe, Imana yacu ‘ntizorenga’ nk’izuba canke ngo ‘ikehe’ nk’ukwezi. Ahubwo, izorasira umuco kuri bo ibihe bidahera. Ese ukuntu bidusubiriza umutima mu nda bimwe vy’akaroruhore twebwe tubayeho mu misi y’iherezo y’iyi si iri mu mwiza!
14, 15. (a) Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana bose ari “abagororotsi”? (b) Dufatiye kuri Yesaya 60:21, ni iranguka rihambaye irihe izindi ntama ziteganye umushasharo?
14 Ubu naho, niwumve uwundi muhango Yehova atanga ku biraba abaserukira Siyoni bari kw’isi, ni ukuvuga Isirayeli y’Imana. Muri Yesaya 60:21 havuga hati: “Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.” Mu 1919, igihe Abakirisu basizwe basubira ku gikorwa, bari umugwi w’abantu udasanzwe. Muri iyi si yanyomoje mu gukora ivyaha, biswe “abagororotsi” hishimikijwe ukwizera kwabo kutanyiganyiga mu nkuka y’incungu ya Kirisitu Yezu. (Abaroma 3:24; 5:1) Maze, nka kumwe vyagenda Abisirayeli babohowe mu bunyagano bwa Babiloni, barigaruriye “igihugu,” ni ukuvuga igihugu co mu buryo bw’impwemu, canke akarere ko gukoreramwo, muri ico bakaba bokwinovoye iparadizo yo mu vy’impwemu. (Yesaya 66:8) Ubwiza bumeze nk’iparadizo bw’ico gihugu ntibuzokwigera bukabirana kubera yuko Isirayeli y’Imana uko ari ihanga, itazohemuka nka Isirayeli ya kera. Ukwizera kwayo, ukwihangana kwayo n’umwete wayo ntibizokwigera bireka guteza iteka izina ry’Imana.
15 Abantu bose bagize iryo hanga ryo mu vy’impwemu baraje mw’isezerano rishasha. Bose icagezwe ca Yehova canditse ku mitima yabo, kandi Yehova yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu yarabahariye ivyaha vyabo. (Yeremiya 31:31-34) Abita abagororotsi bwa “bana” kandi abafata nk’aho batagira agasembwa. (Abaroma 8:15, 16, 29, 30) Bagenzi babo b’izindi ntama na bo nyene ivyaha vyabo barabihariwe hishimikijwe inkuka ya Yezu, kandi nka kumwe kwa Aburahamu bariswe abagororotsi baba abakunzi b’Imana biciye ku kwizera. “Bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.” Vyongeye abo bagenzi babo b’izindi ntama biteganye umushasharo uwundi muhezagiro uhambaye. Bamaze kurokoka “wa mubabaro mwinshi” canke bamaze kuzuka, bazobona iranguka ritari iryo mu buryo bw’ikigereranyo ry’amajambo ya Yesaya 60:21 igihe isi yose izoba iparadizo. (Ivyahishuriwe 7:14; Abaroma 4:1-3) Ico gihe, “abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—Zaburi 37:11, 29.
Iyongerekana Rirabandanya
16. Ni umuhango udasanzwe uwuhe Yehova yatanze, kandi warangutse gute?
16 Ku murongo wa nyuma wo muri Yesaya 60, dusoma umuhango wa nyuma Yehova atanga muri ico kigabane. Abwira Siyoni ati: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.” (Yesaya 60:22) Muri iki gihe cacu, Yehova yarashikije ijambo ryiwe. Igihe Abakirisu basizwe basubira ku gikorwa mu 1919, bari bake, mu vy’ukuri bari “inkēngērwa.” Igitigiri cabo cariyongereye uko abandi Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu baza barinjizwamwo. Hanyuma maze izindi ntama zatanguye kuguma zirushiriza gusegenyuka ziza kuri bo. Amahoro y’abasavyi b’Imana, ni ukuvuga iparadizo yo mu vy’impwemu iri mu “gihugu” cabo, yarakwegereye abantu b’imitima nziraburyarya, ku buryo vy’ukuri “inkēngērwa” yacitse “ihanga rikomeye.” Muri iki gihe, iryo “hanga,” ni ukuvuga Isirayeli y’Imana hamwe n’“abanyamahanga” biyeguye barenga imiliyoni zitandatu, rigizwe n’abantu benshi kuruta ibihugu vyinshi vyikukiye vyo muri iyi si. (Yesaya 60:10) Abanyagihugu bose baryo baragira uruhara mu gukayanganisha umuco wa Yehova, kandi ivyo bituma bose baba abasharije mu nyonga ziwe.
17. Iki kiyago cerekeye Yesaya ikigabane ca 60 cagize akosho akahe kuri wewe?
17 Emwe, kurimbura ivyo vyiyumviro nyamukuru vyo muri Yesaya ikigabane ca 60 birakomeza ukwizera. Birahumuriza kubona ko Yehova yari azi imbere y’igihe cane yuko abasavyi biwe bogiye mu bunyagano bwo mu vy’impwemu maze bakazosubizwa umutamana. Biradutangaza kubona Yehova yari yarabonye imbere y’igihe cane iyongerekana rihambaye ry’abamwambaza b’ukuri muri iki gihe cacu. Ikigeretseko, ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kwibuka yuko Yehova atazoduta! Ese ukuntu biranga urukundo kubona dukurwa amazinda ko amarembo y’“igisagara” azoguma yuguruye kugira ngo yakire neza “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”! (Ivyakozwe 13:48, NW) Yehova azobandanya gukayangana ku basavyi biwe. Siyoni hazobandanya kuba ikintu co kwishimirwa uko abana biwe bareka umuco wabo ukarushiriza gukayangana. (Matayo 5:16) Nta nkeka turiyemeje kuruta ikindi gihe cose kuguma twiyegereje Isirayeli y’Imana no gukunda agateka twatewe ko guca ibibatsi bivuye ku muco wa Yehova!
Woba Ushobora Kubisigura?
• Ku vyerekeye ukurwanywa, ni ibiki twizigiye?
• Ni gute abana ba Siyoni ‘bonse amaberebere y’amahanga’?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova ‘yazanye imiringa mu gishingo c’ibiti’?
• Ni kamere zibiri izihe zishirwa ahabona muri Yesaya 60:17, 21?
• “Inkēngērwa” yacitse gute “ihanga rikomeye”?
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28]
UBUHANUZI BWA YESAYA—Umuco ku Bantu Bose
Amayagwa ari muri ibi biganiro yashikirijwe mu nsiguro imwe yo ku Mahwaniro y’Intara yo mu 2001/2002 yataziriwe ngo: “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.” Ku mpera y’iyo nsiguro, ahatari hake umushikirizansiguro yarasohoye igisohokayandikiro gishasha gifise umutwe uvuga ngo: La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Volume II. (Ubuhanuzi bwa Yesaya—Umuco ku Bantu Bose, Imbumbe ya Kabiri) Mu mwaka w’imbere y’aho, hari hasohotse La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Volume I. (Ubuhanuzi bwa Yesaya—Umuco ku Bantu Bose, Imbumbe ya Mbere) Kubera ico gisohokayandikiro gishasha casohotse, ubu hariho amayagwa ajanye n’igihe yihweza umurongo ku wundi ico gitabu ca Yesaya. Izo mbumbe biragaragara ko ari imfashanyo nziza ituma dutahura mu buryo bwimbitse igitabu c’ubuhanuzi ca Yesaya kivyura ukwizera igatuma kandi tugikenguruka.
[Amafoto ku rup. 25]
Naho haba hari ukurwanywa gukaze, ‘Yehova arashariza abantu biwe akabambika agakiza’
[Amafoto ku rup. 26]
Abasavyi b’Imana bakoresha ubutunzi bw’agaciro buvuye mu mahanga kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye
[Ifoto ku rup. 27]
Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu gutuma bagira iterambere ryo mu vy’ukwungunganya ibintu n’amahoro