Ubukiriro ku bw’Abahitamwo Umuco
“Uhoraho ni we muco wanje n’[ubukiriro bw]anje: nzotinya nde?”—ZABURI 27:1.
1. Ni intunganyo ntangabuzima izihe Yehova agira?
YEHOVA ni we Soko ry’umuco w’izuba utuma ubuzima bushoboka kw’isi. (Itanguriro 1:2, 14) Ni we kandi Muremyi w’umuco wo mu buryo bw’impwemu, ukuraho umwiza utera urupfu w’isi ya Shetani. (Yesaya 60:2; 2 Ab’i Korinto 4:6; Abanyefeso 5:8-11; 6:12) Abahitamwo umuco barashobora kuvuga cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi bati: “Uhoraho ni we muco wanje n’[ubukiriro bw]anje: nzotinya nde?” (Zaburi 27:1a) Ariko rero, nk’uko vyabaye mu gihe ca Yezu, abahitamwo umwiza bashobora kwitega gusa gukubitwa intahe mu gahanga.—Yohana 1:9-11; 3:19-21, 36.
2. Mu bihe vya kera, ni ibiki vyashikiye abateye akagere umuco wa Yehova hamwe n’abumviye ijambo ryiwe?
2 Mu misi ya Yesaya, abantu benshi ba Yehova bo mw’isezerano barateye akagere umuco. Ico vyavuyemwo, Yesaya yarabonye isangangurwa ry’ubwami bwo mu buraruko bwa Isirayeli uko ari ihanga. Vyongeye mu 607 B.G.C., Yeruzalemu n’urusengero rwaho vyarasanganguwe maze ababa i Buyuda batwarwa mu buhabisho. Ariko rero, abumviye ijambo rya Yehova barakomejwe kugira ngo bananire ubuhakanyi bwari buhari muri iyo misi. Ku vyerekeye 607 B.G.C., Yehova yasezeranye ko abomwumviye borokotse. (Yeremiya 21:8, 9) Muri iki gihe, twebwe dukunda umuco turashobora kwigira vyinshi ku vyabaye muri ico gihe.—Abanyefeso 5:5.
Ubuhirwe bw’Abari mu Muco
3. Muri iki gihe, ni ukwizigira ukuhe dushobora kugira, ni “ihanga rigororoka” irihe dukunda, kandi ni “igisagara gikomeye” ikihe iryo “hanga” rifise?
3 “Dufise igisagara gikomeye; Imana izoshirah[o ubukiriro bu]be inzitiro n’ibihome bidukīngīra. Ni mwugurure amarembo, kugira ngw ihanga rigororoka rikitondera ivy’ukuri rishike.” (Yesaya 26:1, 2) Ayo ni amajambo ateye umunezero y’abantu bizigira Yehova. Abayuda b’abizerwa bo mu misi ya Yesaya bari bahanze amaso Yehova, bwa Soko rimwe rudende nyakuri ry’umutekano, ntibari bahanze amaso imana z’ikinyoma z’abavukagihugu bagenzi babo. Muri iki gihe, dufise ukwizigira nk’ukwo nyene. Vyongeye, turakunda “ihanga rigororoka” rya Yehova—ari ryo “Isiraeli y’Imana.” (Abagalati 6:16, UB; Matayo 21:43) Na Yehova arakunda iryo hanga kubera ryigenza mu buryo buranga ubwizerwe. Bivuye ku muhezagiro wiwe, Isirayeli y’Imana irafise “igisagara gikomeye,” igisagara kimeze nk’ishirahamwe kiyishigikira kikongera kikayikingira.
4. Vyoba vyiza dutsimbataje iyihe nyifato yo mu mutima?
4 Abari muri ico “gisagara” barazi neza yuko “impengamiro ishigikiwe neza [Yehova a]zoyirinda mu mahoro abandanya kuko [umuntu] yizigiye [Yehova].” (NW) Yehova arashigikira abafise impengamiro yo kumwizigira no kwisunga ingingo ziwe zigororotse. Abizerwa rero bo mu Buyuda barashize ku mutima inkeburo ya Yesaya igira iti: “Ni mwizigire Uhoraho ibihe vyose: kuko [“Ya,” NW] Yehova ari we gitandara camah’ibihe bidashira.” (Yesaya 26:3, 4; Zaburi 9:10; 37:3; Imigani 3:5) Abafise iyo nyifato yo mu mutima barahanga amaso “Ya Yehova” bwa Gitandara rudende kirangwa umutekano. Barinovora kumwe na we “[a]mahoro abandanya.”—Ab’i Filipi 1:2; 4:6, 7.
Ukumaramazwa kw’Abansi b’Imana
5, 6. (a) Babuloni ya kera yamaramajwe gute? (b) Ni mu buryo ki “Babuloni Hahambaye” hamaramajwe?
5 Tuvuge iki igihe abizigira Yehova bacumukuzwa n’amarushwa? Ntibakwiye gutinya. Yehova arareka ibintu nk’ivyo igihe kinaka, ariko amaherezo aratabara, kandi abatera amarushwa barahanganye n’urubanza rwiwe. (2 Ab’i Tesalonike 1:4-7; 2 Timoteyo 1:8-10) Rimbura ivy’“igisagara [kimwe] cishira hejuru.” Yesaya avuga ati: “[Yehova] yashubije hasi ababa ahantu ho hejuru mu gisagara cishira hejuru; agitsinda hasi, agitsinda hasi akagishitsa mw ivu, mber’agishitsa no mu mukungugu. Ibirenge bizogisiribanga, ni vyo birenge vy’impahazwa, hahonyangwe n’abakene.” (Yesaya 26:5, 6) Igisagara cishira hejuru cavuzwe ngaha gishobora kuba ari Babuloni. Nta nkeka ico gisagara carakanagije abasavyi b’Imana. Ariko ni ibiki vyashikiye Babuloni? Mu 539 B.G.C., yaguye mu maboko y’Abamedi n’Abaperesi. Ese ukuntu yasubijwe hasi!
6 Muri iki gihe cacu, amajambo y’ubuhanuzi ya Yesaya aradondora neza ivyashikiye “Babuloni Hahambaye” kuva mu 1919. Ico gisagara cishira hejuru carashikiwe n’ukugwa kw’akamaramaza muri uwo mwaka igihe cabwirizwa kurekura abasavyi ba Yehova bakava mu bunyagano bwo mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 14:8) Ivyabaye hanyuma vyari bimaramaje kuruta. Ako kagwi gatoyi k’Abakirisu karahindukiye ‘karasiribanga’ uwari yahoze akaboshe. Mu 1922 batanguye gutangaza iherezo ryariko riraza ry’Abitwa Abakirisu, bamamaza ivya ya majwi y’inzamba y’abamarayika bane bo mu Vyahishuriwe 8:7-12 be na vya vyago bitatu vyabuwe mu Vyahishuriwe 9:1–11:15.
“Inzira y’Umugororotsi Iratunganye”
7. Ni ubuyobozi ubuhe abahindukirira umuco wa Yehova baronka, ni nde bizigiye kandi ni igiki bakunda?
7 Yehova araha ubukiriro abahindukirira umuco wiwe, kandi ararongora inzira zabo, nk’uko Yesaya avyerekana ubukurikira mu kugira ati: “Inzira y’umugororotsi iratunganye: ni wewe usena inzira y’umugororotsi. Mbere mu nzira y’imanza zawe ziroranye, Uhoraho, ni ho twamye tukwitegeye; izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe ni vyo imitima yacu ihahamiye.” (Yesaya 26:7, 8) Yehova ni Imana igororotse, kandi abamusenga bategerezwa kwitondera ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Igihe babigize, Yehova arabarongora, agasena inzira yabo. Mu gushira ku mutima uburongozi bwiwe, abo bagwaneza barerekana yuko bizigiye Yehova kandi bakunda n’umutima wabo wose izina ryiwe, ni ukuvuga “icibutso” ciwe.—Kuvayo 3:15.
8. Ni inyifato iyihe y’akarorero Yesaya yagaragaje?
8 Yesaya yarakunda izina rya Yehova. Ivyo bibonekera mu majambo yiwe akurikira, agira ati: “Nakwifurishije umutima wanje mw ijoro; mbere nzokurondeza umushaha wanje wose ubudahumeka; kukw iy’imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.” (Yesaya 26:9) Yesaya yipfuje Yehova ‘n’umutima wiwe’—n’ubuzima bwiwe bwose. Niwihe ishusho uwo muhanuzi ariko arakoresha ibihe bitekanye vyo mw’ijoro mu gusenga Yehova, aserura ivyiyumviro vyiwe bigera ibwina kuruta kandi aronderana ishaka ubuyobozi bwa Yehova. Ese ukuntu ari akarorero keza! Vyongeye, Yesaya yarigiye ubugororotsi ku bikorwa vy’imanza vya Yehova. Muri ivyo, aratwibutsa yuko dukeneye kwama nantaryo tugavye, tukaguma turi maso kugira ngo dutahure ukugomba kwa Yehova.
Bamwebamwe Bahitamwo Umwiza
9, 10. Ni ibikorwa ibihe biranga ubuntu Yehova yakoreye ihanga ryiwe ryahemutse, ariko bavyakiriye gute?
9 Yehova yareretse ubuntu mvarukundo bwinshi Ubuyuda, ariko ikibabaje si bose babwitabiriye. Kenshi na kenshi, benshi bahitamwo ubugarariji n’ubuhakanyi aho guhitamwo umuco w’ukuri kwa Yehova. Yesaya yavuze ati: “Umunyavyaha naho yogirirwa neza nta ho yokwiga kugororoka; mu gihugu c’ubugororotsi azohakorera ibigabitanyo, kandi ntazoruha yitegereza ubgiza bg’Uhoraho.”—Yesaya 26:10.
10 Mu misi ya Yesaya, igihe ukuboko kwa Yehova kwakingira Ubuyuda abansi babwo, abenshi baranse kuvyemera icese. Igihe yabahezagira akabaronsa amahoro, iryo hanga ntiryagaragaje ugukenguruka. Kubera ico, Yehova yarabahevye kugira ngo bakorere “abandi bami,” amaherezo arareka Abayuda batwarwa mu bunyagano i Babuloni mu 607 B.G.C. (Yesaya 26:11-13) Ariko rero, impera n’imperuka amasigarira y’iryo hanga yaragarutse, atyoroye, mu gihugu cabo c’amavukiro.
11, 12. (a) Abahabishije Ubuyuda bari bafise kazoza akahe? (b) Mu 1919, uwahora ahabishije abasavyi ba Yehova basizwe yagize kazoza akahe?
11 Tuvuge iki ku vyerekeye abahabishije Ubuyuda? Mu buryo menyeshakazoza, Yesaya yishura ati: “Bo barapfuye, ntibazokwongera kubaho; barahwereye, ntibazozuka: ni co catumye ubahana, ubarandura, ukazimanganya ukwibukwa kwabo kwose.” (Yesaya 26:14) Egome, Babuloni imaze kugwa mu 539 B.G.C., nta kazoza yari igifise. Mu nyuma, ico gisagara nticosubiye kubaho. Cobaye “carahwereye,” n’inganji yayo amahero isigaye ibarizwa gusa mu bitabo vy’inkuru za kahise. Ese ukuntu ari imburizi ku bashira icizigiro mu bantu b’abanyabubasha b’iyi si!
12 Imice y’ubwo buhanuzi yarangutse igihe Imana yareka abasavyi bayo basizwe bakaja mu bunyagano bwo mu buryo bw’impwemu mu 1918 hanyuma akababohora mu 1919. Guhera ico gihe kubandanya, kazoza k’umwe yabahabisha, canecane Abitwa Abakirisu, kagiye mu mwiza. Ariko imihezagiro yari ibikiwe abasavyi ba Yehova yari myinshi koko.
“Wagwije Ihanga”
13, 14. Ni imihezagiro myinshi iyihe abasavyi ba Yehova basizwe binovora guhera mu 1919?
13 Imana yarahezagiye agatima ko kwigaya k’abasavyi bayo basizwe mu 1919 maze ituma bongerekana. Ubwa mbere, hitwararitswe itororokanywa ry’amasigarira ya Isirayeli y’Imana, maze mu nyuma “ishengero ryinshi” ryo mu “zindi ntama” ritangura gutororokanywa. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Iyo mihezagiro yari yarabuwe mu buhanuzi bwa Yesaya bugira buti: “Wagwije ihanga, Uhoraho we, wagwije ihanga; urashemagizwa: wunguye imbibe zose z’igihugu. Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.”—Yesaya 26:15, 16.
14 Muri iki gihe, imbibe za Isirayeli y’Imana zaraguwe hirya no hino kw’isi, kandi ishengero ryinshi ryarongerejwe, ubu rikaba rigizwe n’abantu nk’imiliyoni zitandatu bagira uruhara n’ubushwashwanutsi mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. (Matayo 24:14) Ese ukuntu ari umuhezagiro uva kuri Yehova! Kandi ese ukuntu ivyo bituma izina ryiwe rininahazwa! Iryo zina muri iki gihe ryumvikana mu bihugu 235—rikaba ari iranguka ry’akaroruhore ry’umuhango wiwe.
15. Ni izuka ry’ikigereranyo irihe ryabaye mu 1919?
15 Ubuyuda bwari bukeneye imfashanyo ya Yehova kugira ngo buve mu bunyagano i Babuloni. Ntibwovyishoboje. (Yesaya 26:17, 18) Muri ubwo buryo nyene, ukubohorwa kwa Isirayeli y’Imana mu 1919 kwabaye ikimenyamenya c’ugufatwa mu mugongo na Yehova. Ntivyari gushobora kuba atabigiyemwo. Kandi gutyo icari gitangaje ryari ihinduka ry’ukuntu ivyabo vyari vyifashe, Yesaya asanisha n’izuka agira ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ivu rizogarura abapfuye.” (Yesaya 26:19; Ivyahishuriwe 11:7-11) Egome, ni nk’aho abo ataco bashoboye bari mu rupfu boba basubiye kuvukira umurimo utanguwe busha!
Uburinzi mu Bihe vy’Ingeramizi
16, 17. (a) Mu 539 B.G.C., Abayuda bari bakeneye gukora iki kugira ngo barokoke itemba rya Babuloni? (b) Vya ‘vyumba’ vyoba ari iki muri iki gihe, kandi bitugirira akamaro gute?
16 Abasavyi ba Yehova bama nantaryo bakeneye ko abarinda. Naho ari ukwo, vuba agiye kubangurira ukuboko kwiwe ari bwo bwa nyuma kw’isi ya Shetani, kandi abasavyi biwe bazokenera imfashanyo yiwe kuruta uko bigeze kuyikenera. (1 Yohana 5:19) Ku vyerekeye ico gihe c’ingeramizi, Yehova atuburira ati: “Wa bgoko bganje, ngwino winjire mu [vyumba v]yawe, wiyugarane, ube urihishije akanya gato, gushitsa ah’ubushangashirwe buzoshirira. Kuk’Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.” (Yesaya 26:20, 21; Zefaniya 1:14) Iyo mburizi yareretse Abayuda ukuntu borokotse itemba rya Babuloni mu 539 B.G.C. Abayishizeko umutima bagumye mu mazu yabo, ata n’urwara baribwa n’abasoda batsinze bari mu mabarabara.
17 Muri iki gihe, ‘ivyumba’ vyo muri ubwo buhanuzi bisa n’uko bigereranya amashengero ibihumbi mirongo y’abasavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi. Mwene ayo mashengero ni uburinzi no muri iki gihe nyene, ahantu Abakirisu baba ata nkomanzi mu bavukanyi babo, bitwararikwa n’abakurambere mu buryo buranga urukundo. (Yesaya 32:1, 2; Abaheburayo 10:24, 25) Ivyo ni ko biri na canecane uravye ukuntu iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu ryegereje cane aho ukurokoka kuzoba guhagaze ku kugamburuka.—Zefaniya 2:3.
18. Ni gute Yehova vuba “[agiye kwica] ca gisato c’amahēro co mu kiyaga”?
18 Ku vyerekeye ico gihe, Yesaya abura ati: “Kur’uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe ikarishe nini ikomeye Lewiyatani ca kiyoka kinyaruka, ni co Lewiyatani ca kiyoka cigonyonzora, kand’azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.” (Yesaya 27:1) “Lewiyatani” yo mu gihe ca none ni iki? Biboneka ko ari ya “nzoka ya mbere,” Shetani ubwiwe, kumwe n’uru runkwekwe rw’ibintu rubi rwiwe, urwo akoresha kugira ngo arwane intambara na Isirayeli y’Imana. (Ivyahishuriwe 12:9, 10, 17; 13:14, 16, 17) Mu 1919, Lewiyatani ntiyabaye acifatira abasavyi b’Imana. Mu nyuma, azonyika amazimayongo. (Ivyahishuriwe 19:19-21; 20:1-3, 10) Gutyo, Yehova “azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.” Mu kurindira, nta na kimwe Lewiyatani ishobora kugerageza irwanya abasavyi ba Yehova kizogira ico kivamwo kiramba. (Yesaya 54:17) Ese ukuntu bihumuriza kuba dukurwa amazinda kuri ivyo!
“Uruzabibu rwa Vino [Ibira]”
19. Ivy’amasigarira vyifashe gute muri iki gihe?
19 Turavye uwo muco wose uva kuri Yehova, ntidufise none impamvu zikwiye zo kunezerwa? Egome vy’ukuri! Yesaya aradondora mu buryo buteye igomwe umunezero w’abasavyi ba Yehova, igihe yandika ati: “Kur’uwo musi bazovuga, bati ni muririmbire uruzabibu rwa vino [ibira]. Jewe Uhoraho, ni jewe ndaruzigama; nzohora ndaruvomera akanya kose: nzoruzigama ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntihagire ikirwona.” (Yesaya 27:2, 3) Yehova yaritwararitse “uruzabibu” rwiwe, ari rwo masigarira ya Isirayeli y’Imana, hamwe n’abo bafatanije bakora bagatama. (Yohana 15:1-8) Vyavuyemwo ivyamwa bituma izina ryiwe rininahazwa kandi bitera umunezero mwinshi mu basavyi biwe bo kw’isi.
20. Yehova akingira gute ishengero rya gikirisu?
20 Turashobora kugira akamwemwe kubona uburake Yehova yagiriye aho hambere abasavyi biwe basizwe bwarahagaze, ubwari bwatumye abareka bakaja mu bunyagano bwo mu buryo bw’impwemu mu 1918. Yehova ubwiwe avuga ati: “Nta burake mfise. Iyaba imikere n’amahwa vyari bimpagurukiye kuntera, nobirwanije nkabiyigiriza hamwe: shiti bokwisunga inkomezi zanje, bakuzura nanje, mbere ni buzure nanje.” (Yesaya 27:4, 5) Kugira ngo duhere amazinda yuko uruzabibu rwiwe rubandanya kuvamwo “vino [ibira]” y’umusesekara, Yehova arakuraho akongera agaherengeteza akosho ako ari ko kose kameze nk’urwamfu koshobora kurwonona. Kubera ico, ntureke ngo hagire n’umwe ashira mu kaga ineza y’ishengero rya gikirisu! Nimuze twese ‘twisunge inkomezi za Yehova,’ mu kurondera ubutoni n’uburinzi vyiwe. Tubigenjeje gutyo, turuzura n’Imana—akaba ari ikintu gihambaye ku buryo Yesaya akivuga incuro zibiri.—Zaburi 85:1, 2, 8; Abaroma 5:1.
21. Ni mu buryo ki isi ndimwa yuzuye ‘ivyamwa’?
21 Imihezagiro irabandanya: “Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.” (Yesaya 27:6) Uwo murongo warangutse guhera mu 1919, hatanga ikimenyamenya c’akaroruhore c’ububasha bwa Yehova. Abakirisu basizwe barujuje isi ‘ivyamwa,’ ari zo mfungurwa nzanamagara zo mu buryo bw’impwemu. Hagati muri iyi si yononekaye, barazigama ingingo ngenderwako ziri hejuru z’Imana bafise umunezero. Kandi Yehova abandanya kubahezagira mu gutuma haba iyongerekana. Ico bivamwo ni uko bagenzi babo amamiliyoni bo mu zindi ntama bariko ‘barakorera Imana ku murango no mw’ijoro.’ (Ivyahishuriwe 7:15) Nimuze ntitwigere twibagira agateka gahambaye ko kwihereza kuri ivyo ‘vyamwa’ no kubisangira n’abandi!
22. Ni imihezagiro iyihe iza ku bemera umuco?
22 Muri ibi bihe bigoye, aho umwiza utwikiriye isi be n’umwiza w’umuzitanya utwikiriye imigwi y’amahanga, ntidukura ubwatsi none kubona Yehova ashungururira umuco wo mu buryo bw’impwemu ku basavyi biwe? (Yesaya 60:2; Abaroma 2:19; 13:12) Ku bantu bose bawakira, mwene uwo muco usobanura amahoro yo mu muzirikanyi be n’umunezero muri iki gihe hamwe mbere n’ubuzima budahera muri kazoza. Tubitumwe n’imvo yumvikana rero, twebwe abakunda umuco turaduza imitima yacu mu gushemeza Yehova maze tukavuga cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi duti: “Uhoraho ni we gihome gikīngira ubu[zima] bganje, ni nde azonca ivutu? Ni witege Uhoraho: rema, umutima wawe uhūmure: nuko ni witege Uhoraho.”—Zaburi 27:1b, 14.
Woba Uvyibuka?
• Abahahaza abasavyi ba Yehova bafise kazoza akahe?
• Ni iyongerekana irihe riburwa muri Yesaya?
• Ni ibihe ‘vyumba’ dukwiye kugumamwo, kandi kubera iki?
• Ni kuki uko ivy’abasavyi ba Yehova vyifashe bituma ashemezwa?
[Uruzitiro ku rup. 30]
Igisohokayandikiro Gishasha
Amayagwa menshi yarimbuwe muri ibi biganiro bibiri yarashikirijwe bwa nsiguro kuri porogarama y’ihwaniro ry’intara ryo 2000-2001. Ku mpera y’iyo nsiguro, harasohowe igisohokayandikiro gishasha, gifise umutwe uvuga ngo: La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains I (Ubuhanuzi bwa Yesaya—Umuco ku Bantu Bose I). Ico gitabu c’impapuro 416 kirimwo umwihwezo w’umurongo ku wundi w’ibigabane 40 vya mbere vy’ico gitabu ca Yesaya.
[Ifoto ku rup. 26]
Abagororotsi bonyene ni bo bemerwa kwinjira mu “gisagara gikomeye” ca Yehova, ari ryo shirahamwe ryiwe
[Ifoto ku rup. 27]
Yesaya yarondeye Yehova “mw ijoro”
[Ifoto ku rup. 29]
Yehova arakingira “uruzabibu” rwiwe agatako agatuma rwama ivyamwa