Yehova Arakubabaye
“[Mukorere Imana] amaganya yanyu yose, kukw ibababara.”—1 PETERO 5:7.
1. Ni mu kintu gihambaye ikihe Yehova na Shetani ata ho bahuriye?
YEHOVA na Shetani ntibahuza na gato. Umuntu uwo ari we wese yumva akwegerewe kuri Yehova, ashobora guca yankwa urunuka na Mucokoranyi ari we Shetani. Iryo tandukaniro riravugwa mu gitabu abantu benshi bakunda kwisunga. Ku vyerekeye ibikorwa vya Shetani nk’uko vyerekanwa mu gitabu ca Yobu co muri Bibiliya, igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica [1970]) kivuga giti: ‘Igikorwa ca Shetani ni ugukwiragira mw’isi arondera ukuntu ibikorwa vy’abantu vyovugwa nabi canke ngo bo ubwabo bavugwe nabi; gutyo igikorwa ciwe kirahushanye n’ico “inyonga z’Umukama” zikora, kubera ko zo zinyurangana mw’isi zirondera gukomeza ikintu cose ciza (II Ngo. xvi, 9 [bisigura 2 Ngoma 16:9]). Shetani ntashaka ko abantu bagaragaza ukumera neza kutarimwo ubwikunzi, kandi Imana yaramurekuriye kukugerageza kuko ari yo yifitiye ibintu mu minwe, yamara akakugerageza atarenze imipaka Imana yamushingiye.’ Emwe, ese ukuntu bahushanye!—Yobu 1:6-12; 2:1-7.
2, 3. (a) Insobanuro y’ijambo ry’Ikigiriki rihindurwa ngo “Mucokoranyi” yagaragaye gute ko ibereye ufatiye ku vyashikiye Yobu? (b) Bibiliya yerekana gute yuko Shetani abandanya kwagiriza abasavyi ba Yehova bari kw’isi?
2 Ijambo ry’Ikigiriki rihindurwa ngo “Mucokoranyi” risobanura “uwagiriza abandi ibinyoma,” “uwucokora abandi.” Igitabu ca Yobu kirahishura yuko Shetani yagirije umusavyi wa Yehova w’umwizerwa Yobu yuko yariko asukurira Yehova abitumwe n’inyungu yiwe bwite mu kuvuga ati: “Mbeg’ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?” (Yobu 1:9) Inkuru iri mu gitabu ca Yobu irerekana yuko naho Yobu yari mu bigeragezo, yararushirije kwiyegereza Yehova. (Yobu 10:9, 12; 12:9, 10; 19:25; 27:5; 28:28) Amaze kugeragezwa bimwe bikaze, yabwiye Imana ati: “Nari narumvishije ivyawe ugutwi, ariko noneh’ijisho ryanje rirakwiboneye.”—Yobu 42:5.
3 Shetani yoba yarahagaritse kwagiriza abasavyi b’Imana b’abizerwa kuva muri ico gihe ca Yobu? Oya. Igitabu c’Ivyahishuriwe kirerekana yuko muri iki gihe c’iherezo, Shetani abandanya kwagiriza abavukanyi basizwe ba Kirisitu, kandi nta nkeka ko abigira no kuri bagenzi babo b’abizerwa. (2 Timoteyo 3:12; Ivyahishuriwe 12:10, 17) Kubera ico, ikintu gihambaye twese bwa Bakirisu nyakuri dukeneye kugira ni ukuyobokera Imana yacu itubabara, ari yo Yehova, tukayisukurira tubitumwe n’urukundo rugera ibwina, gutyo rero tukaba tugaragaje ko ibirego vya Shetani ari ibinyoma. Tubigize gutyo, tuzotuma umutima wa Yehova unezerwa.—Imigani 27:11.
Yehova Ararondera Uburyo bwo Kudufasha
4, 5. (a) Mu buryo buhushanye na Shetani, ni ibiki Yehova arondera kw’isi? (b) Nimba dushaka gutoneshwa na Yehova, ni igiki dukeneye kugira?
4 Shetani ayerera irya n’ino mw’isi, arondera umuntu yorega kandi ngo amurotse. (Yobu 1:7, 9; 1 Petero 5:8) Mu buryo buhushanye n’ubwo, Yehova arondera gufasha abakeneye ko abakomeza. Umuhanuzi Hanani yabwiye Umwami Asa ati: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.” (2 Ngoma 16:9) Ese ukuntu iryo ari itandukaniro riri hagati y’isuzuma riranga urwanko rigirwa na Shetani be n’ubwitwararitsi buranga urukundo bwa Yehova!
5 Yehova ntariko aturaba yinumiye mu gushaka gutora agakosa kose dukora. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3) Inyishu ikikirizwako ni iyi: nta n’umwe yohagarara adatsinzwe. (Umusiguzi 7:20) Mu gihe twiyegereje Yehova n’umutima utunganye, inyonga ziwe zizoguma kuri twebwe, atari kugira adutsindishe, ahubwo kugira yihweze utwigoro tugira yongere yishure amasengesho dutura dusaba imfashanyo n’uguharirwa. Intumwa Petero yanditse ati: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ari ku vyo basenga, arikw igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi.”—1 Petero 3:12.
6. Ivyashikiye Dawidi ni impumurizo n’imburizi kuri twebwe gute?
6 Dawidi yari umunyagasembwa kandi yaracumuye bimwe bikomeye. (2 Samweli 12:7-9) Mugabo yarasutse ibiri mu mutima wiwe abibwira Yehova kandi aramwiyegereza mw’isengesho yaturanye ubwira. (Zaburi 51:1-12, amajambo y’intangamarara) Yehova yarumvirije isengesho ryiwe hanyuma aramuharira, naho Dawidi yashikiwe n’inkurikizi zibabaje ziturutse ku caha yakoze. (2 Samweli 12:10-14) Ivyo bikwiye kutubera impumurizo n’imburizi. Birahumuriza kumenya yuko Yehova afise umutima ukunze wo kuduharira ivyaha vyacu mu gihe twigaye vy’ukuri, mugabo bisaba kuzirikana kugira ngo dutahure yuko ivyaha akenshi bigira inkurikizi zibabaje. (Ab’i Galatiya 6:7-9) Nimba dushaka kwiyegereza Yehova, dukwiye uko bishoboka kwose kuguma kure y’ikintu ico ari co cose kitamuhimbara.—Zaburi 97:10.
Yehova Arakwegera Abasavyi Biwe Kuri We
7. Ni abantu bwoko ki Yehova yitwararika, kandi abakwegera gute kuri we?
7 Dawidi yanditse muri imwe mu mazaburi yiwe ati: “Nah’Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku [“wicisha bugufi,” NW], arikw [uwibona] a[mu]menyera kure.” (Zaburi 138:6) Iyindi zaburi ivuga mu buryo busa n’ubwo iti: “Ni nde ahwanye n’Uhoraho Imana yacu, afise intebe yiwe hejuru cane, akicishiriza bugufi kurāba ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi? Akūra umugorwa mu mukungugu.” (Zaburi 113:5-7) Emwe, Umuremyi mushoboravyose w’ibiremwa vyose aricishiriza bugufi kuraba ivyo kw’isi, kandi inyonga ziwe zikabona “uwicisha bugufi,” “umugorwa,” abo bakaba ari abantu bariko “banihishwa n’ibizira vyose [bikorwa].” (Ezekiyeli 9:4) Arakwegera kuri we abantu nk’abo biciye ku Mwana wiwe. Igihe Yezu yari kw’isi, yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; . . . [N]ta wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.”—Yohana 6:44, 65.
8, 9. (a) Ni kubera iki twese dukeneye kuza kuri Yezu? (b) Ni igiki cibonekeje ku vyerekeye indinganizo y’incungu?
8 Abantu bose bakwiye kuza kuri Yezu kandi bakizera ya nkuka y’incungu kubera yuko bavutse ari abanyavyaha, bonkowe ku Mana. (Yohana 3:36) Bakeneye gusubiza hamwe n’Imana. (2 Ab’i Korinto 5:20) Imana ntiyarindiriye ko abacumuzi bayinginga kugira ngo ishireho intunganyo yinaka yotumye bashobora kugiranira amahoro na yo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha. . . . Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubu[zima] bgiwe buzorushiriza kudukiza.”—Abaroma 5:8, 10.
9 Intumwa Yohana yaremeje ukwo kuri kwibonekeje kw’uko Imana iriko yuzura n’abantu, mu kwandika ati: “Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we. Iki ni co kirimw’urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.” (1 Yohana 4:9, 10) Imana ni yo yibwirije, si abantu bibwirije. Ntiwumva none ukwegerewe ku Mana yagiriye urukundo rugeze iyo hose twebwe abantu twari “abanyavyaha” tukaba mbere n’“abansi”?—Yohana 3:16.
Turakeneye Kurondera Yehova
10, 11. (a) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo turondere Yehova? (b) Dukwiye kubona gute urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani?
10 Birumvikana ko Yehova ataduhatira kuza kuri we. Dutegerezwa kumurondera, ‘tugakabakaba maze tukamubona vy’ukuri, naho atari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.’ (Ivyakozwe 17:27) Dutegerezwa kwemera icese uburenganzira Yehova afise bwo gusaba ko tumugamburukira. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga. Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.” (Yakobo 4:7, 8) Ntidukwiye kugonanwa gufata impagararo ishikamye yo kurwanya Shetani maze tukaja ku ruhande rwa Yehova.
11 Ivyo bisobanura yuko duca kure urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa Shetani. Yakobo yanditse kandi ati: “Ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.” (Yakobo 4:4) Mu yindi mvugo, nimba dushaka kuba abakunzi ba Yehova, dutegerezwa kwitega ko isi ya Shetani itwanka.—Yohana 15:19; 1 Yohana 3:13.
12. (a) Ni amajambo ayahe ahumuriza Dawidi yanditse? (b) Ni imburizi iyihe Yehova yatanze biciye ku muhanuzi Azariya?
12 Igihe isi ya Shetani iturwanije mu buryo bunaka buboneka, turakenera canecane kwiyegereza Yehova mw’isengesho, tumusaba ko adufasha. Dawidi, uwarokowe na Yehova akatari gake, yaranditse kugira aduhumurize ati: “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vy’ukuri bose. Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kand’azokwumva ugutakamba kwabo, abakize. Uhoraho azigama abamukunda bose; arikw abanyakibi bose azobahonnya.” (Zaburi 145:18-20) Iyo zaburi irerekana yuko Yehova ashobora kuturokora igihe tugeragejwe umwumwe ukwiwe be n’uko azorokora abantu biwe icarimwe mu gihe ca “wa mubabaro mwinshi.” (Ivyahishuriwe 7:14) Yehova azoguma ari hafi yacu nitwaguma turi hafi yiwe. Umuhanuzi Azariya, arongowe n’“[im]pwemu [y]’Imana,” yaravuze ivyo dushobora gufata ko ari ukuri kwo muri rusangi ati: “Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.”—2 Ngoma 15:1, 2.
Yehova Ategerezwa Kutaba Umugani Kuri Twebwe
13. Dushobora kwerekana gute yuko Yehova atari umugani kuri twebwe?
13 Intumwa Paulo yaranditse ku vyerekeye Musa yuko “yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka.” (Abaheburayo 11:27) Ego ni ko, Musa ntiyigeze mu vy’ukuri abona Yehova. (Kuvayo 33:20) Mugabo Yehova ntiyari umugani kuri we ku buryo yasa nk’aho amubona. Nk’ukwo nyene, Yobu amaze kugeragezwa, amaso yiwe y’ukwizera yarabonye Yehova mu buryo burushirije kuba uburashe ko ari Imana ireka abasavyi bayo b’abizerwa bakaja mu bigeragezo mugabo itigera ibaheba. (Yobu 42:5) Henoki na Nowa baravuzwe ko ‘bagendana n’Imana.’ Ivyo babigize mu kurondera guhimbara Imana no kuyigamburukira. (Itanguriro 5:22-24; 6:9, 22; Abaheburayo 11:5, 7) Nimba Yehova atari umugani kuri twebwe nk’uko atari umugani kuri Henoki, Nowa, Yobu na Musa, ‘tuzomumenya’ mu ngendo zacu zose, kandi “azogorora inzira za[cu].—Imigani 3:5, 6.
14. Bisobanura iki ‘kwifatanya akaramata’ na Yehova?
14 Imbere gatoyi yuko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, Musa yabahanuye ati: “Ariko muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mumwubahe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.” (Gusubira mu Vyagezwe 13:4) Bategerezwa gukurikira Yehova, kumutinya, kumugamburukira no kwifatanya na we akaramata. Ku vyerekeye ijambo ryahinduwe hano ngo “mwifatanye na we akaramata,” incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga yuko “mu Giheburayo vyerekana ubucuti bwa hafi cane kandi bwa somambike.” Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Ukunywana na Yehova ni ukw’abamutinya.” (Zaburi 25:14, NW) Tuzogiriranira ubwo bucuti bw’agaciro kandi bwa hafi na Yehova nimba atari umugani kuri twebwe kandi nimba tumukunda cane ku buryo dutinya ko twohava tutamuhimbara mu buryo na bumwe.—Zaburi 19:9-14.
Woba Utahura ko Yehova Akubabara?
15, 16. (a) Zaburi ya 34 yerekana gute yuko Yehova atubabara? (b) Dukwiye gukora iki nimba bitugora kwibuka ibikorwa vy’ukugira neza Yehova atugirira?
15 Kimwe mu bikorwa vy’uruyeri vya Shetani ni ukugerageza gutuma twibagira ko Imana yacu Yehova yama nantaryo ibabara abasavyi bayo b’abizerwa. Umwami Dawidi wa Isirayeli yari azi neza ko ukuboko kwa Yehova kumukingira mbere n’igihe yahangana n’ibihe vy’akaga biruta ibindi vyose. Igihe vyasaba ko yigira nk’umusazi imbere y’Umwami Akishi w’i Gati, yaratunganije ururirimbo, rukaba rwari izaburi iryoshe cane, iyarimwo aya majambo aserura ukwizera agira ati: “Ni muhimbazanye nanje Uhoraho, dushirane hejuru izina ryiwe. Narondeye Uhoraho, aranyitaba, ankiza ubgoba nari mfise bgose. Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora. Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe: hahirwa ūmuhungirako. Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse. Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik’Uhoraho ayamukiza yose.”—Zaburi 34:3, 4, 7, 8, 18, 19; 1 Samweli 21:10-15.
16 Woba warajijutse ko Yehova afise ububasha bwo kukurokora? Woba utahura yuko agukingira akoresheje abamarayika biwe? Woba ubwawe warumvirijeko maze ukabona yuko Yehova aryoshe? Ni ryari uherukira neza na neza kujijuka yuko Yehova yamye aryoshe kuri wewe? Nugerageze kwibuka. Hoba hari ku nzu ya nyuma wagendeye mu busuku, kubera gusa wiyumvamwo ko ata kintu kinini wari gushobora gukora? Kumbure ico gihe waragiraniye ikiganiro kiryoshe n’uwo wasanze ku muhana. Woba waributse gushimira Yehova kuba yaraguhaye inkomezi zirushirije wari ukeneye be n’uko yaguhezagiye? (2 Ab’i Korinto 4:7) Ku rundi ruhande, bishobora kuba bikugora kwibuka igikorwa kinaka c’ukugira neza Yehova yagukoreye. Ushobora gusanga vyoba ngombwa ko usubira kwiyumvira ivyo yakugiriye mu ndwi, mu kwezi, mu mwaka canke urenga. Nimba ivyo ari ukwo biri, ni kubera iki utogira akigoro kavuye ku mutima kugira ngo wiyegereze Yehova maze ugerageze kuraba ukuntu akuyobora n’ukuntu akurongora? Intumwa Petero yahanuye Abakirisu ati: “Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, . . . Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.” (1 Petero 5:6, 7) Nkako, uzotangazwa n’ukuntu ikubabara!—Zaburi 73:28.
Guma Urondera Yehova
17. Ni igiki gikenewe nimba dushaka kuguma turondera Yehova?
17 Kuzigama ubucuti dufitaniye na Yehova bitegerezwa kuba ikintu kibandanya. Mw’isengesho Yezu yatuye Se yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova n’Umwana wiwe bisaba ko tugira akigoro kamizako. Turakeneye imfashanyo y’isengesho be n’iy’impwemu yera kugira ngo dutahure “ibintu [“vyimbitse,” NW] vy’Imana.” (1 Ab’i Korinto 2:10; Luka 11:13) Turakeneye kandi kuyoborwa n’“umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” kugira ngo tugaburire imizirikanyi yacu imfungurwa z’ivy’impwemu zitangwa “ku gihe kibereye.” (Matayo 24:45, NW) Biciye kuri uwo muhora, Yehova yama aduhanura gusoma Ijambo ryiwe ku musi ku musi, kwitaba amakoraniro yacu ya gikirisu ubudahorereza, no kugira uruhara ruboneka mu kwamamaza “ubutumwa bgiza bg’ubgami.” (Matayo 24:14) Tubigenjeje gutyo, tuzoguma turondera Imana yacu itubabara, Yehova.
18, 19. (a) Dukwiye kwiyemeza gukora iki? (b) Turamutse duhagaze dushikamye mu kurwanya Shetani no mu kuguma turondera Yehova, tuzohezagirwa gute?
18 Shetani ariko arakora uko ashoboye kwose kugira ngo ateze abasavyi ba Yehova uruhamo, ukurwanywa be n’imikazo bivuye mu mpande zose. Aragerageza guhungabanya amahoro yacu no gusenyura impagararo nziza dufise ku Mana. Ntashaka yuko tubandanya igikorwa cacu co kurondera abantu b’imitima nziraburyarya no kubasahiriza, kugira ngo baje ku ruhande rwa Yehova ku bijanye n’ikibazo cerekeye uwukwiye kuba segaba w’ibiremwa vyose. Mugabo dutegerezwa kwiyemeza kuguma turi intahemuka kuri Yehova, twizigiye ko adukiza wa mubi. Turetse Ijambo ry’Imana rikatuyobora kandi tukaguma turi abanyamwete mw’ishirahamwe ryiwe riboneka, turashobora kumenya tudakeka yuko azokwama ahari kugira ngo adushigikire.—Yesaya 41:8-13.
19 Nimuze rero twese duhagarare dushikamye mu kurwanya Shetani be n’ibikorwa vyiwe vy’uruyeri, twame turondera Imana yacu dukunda Yehova, we atazonanirwa no ‘kuturemesha no kuduha inkomezi.’ (1 Petero 5:8-11) Gutyo, ‘tuzokwizigamira mu rukundo rw’Imana, twiteze imbabazi z’Umwami wacu Yezu Kirisitu zidushitsa ku buzima budahera.’—Yuda 21.
Wokwishura Gute?
• Ijambo ry’Ikigiriki rihindurwa ngo “Mucokoranyi” risobanura iki, kandi Shetani ahuje gute n’iyo nsobanuro?
• Yehova atandukaniye hehe na Shetani mu buryo yihweza ababa kw’isi?
• Ni kubera iki umuntu ategerezwa kwemera incungu mu kwiyegereza Yehova?
• Bisobanura iki ‘kwifatanya akaramata’ na Yehova, kandi dushobora gute kuguma tumurondera?
[Ifoto ku rup. 15]
Naho yari mu bigeragezo, Yobu yarashitse ku gutahura yuko Yehova amubabara
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza no kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza biratwibutsa yuko Yehova atubabara