Ni Igiki Gishobora Kudufasha Kuramiriza Neza mw’Ijambo ry’Ukuri?
UMUNTU umwe yihweza ibintu n’ibindi ku bijanye n’ibikino akaba akorera ikinyamakuru kimwe, umusi umwe hariho igikino yagiye kuraba. Caramusesemye maze yandika ati: “Nimba bishika ugashaka kuraba ibintu ataco bimaze, emwe, uragenda wirabire ico gikino.” Mu nyuma, bene gutegura ico gikino barasohoye itangazo ririmwo amajambo bakuye mu vyo wa muntu yihweza ibintu n’ibindi yanditse. Ayo majambo basubiyemwo yari aya: “Emwe, uragenda wirabire ico gikino”! Iryo tangazo ryasubiyemwo amajambo ya nya muntu nk’uko nyene yayavuze, mugabo kubera yuko yakuwe mu makikizo yari yashikirijwemwo, iryo tangazo ryatumye iciyumviro ciwe gishikirizwa ukutari kwo.
Ako karorero karerekana ukuntu amakikizo ibintu vyavuzwemwo ashobora kuba ari ngirakamaro. Gufata amajambo ukayakura mu makikizo yashikirijwemwo birashobora kugoreka insobanuro yayo, nk’uko nyene Shetani yagoretse insobanuro y’Ivyanditswe igihe yagerageza kuzimiza Yezu. (Matayo 4:1-11) Ku rundi ruhande, kurimbura amakikizo y’ijambo biradufasha kurushiriza gutahura neza insobanuro yaryo. Ku bw’ivyo, igihe twiga umurongo kanaka wa Bibiliya, vyama nantaryo biranga ubukerebutsi kuraba amakikizo y’uwo murongo kugira ngo turushirize gutahura ico umwanditsi yariko aravuga.
Nuramirize mw’Ijambo ry’Imana Uvyitondeye
Hari inyizamvugo isigura amakikizo ko ari amajambo yo mu bintu vyanditswe canke vyavuzwe aza imbere canke inyuma y’ijambo kanaka canke y’ingingo kanaka, akaba mu bisanzwe agira ico akoze ku nsobanuro yaryo canke ku co rishaka kuvuga. Amakikizo arashobora kandi kuba ari ibintu vyose bijanye n’ikintu kinaka cabaye, ukuntu ibintu kanaka vyari vyifashe be n’ibindi. Muri iyo nsobanuro ya kabiri bariha, icitiranwa c’amakikizo gishobora kuba ari amakuru yerekeye ikintu agufasha kugitahura. Kurimbura amakikizo icanditswe cashikirijwemwo birahambaye canecane uravye ivyo intumwa Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:15) Kugira ngo turamirize neza mw’Ijambo ry’Imana, turakeneye kuritahura mu buryo bubereye, tugaheza rero tukarisigurira abandi neza kandi mu buryo butagira agakosa. Kwubaha Yehova, we Mwanditsi wa Bibiliya, bizodusunikira ku kugerageza kubigenza gutyo, kandi kurimbura amakikizo bizoba imfashanyo ihambaye.
Amakuru Yerekeye Igibatu ca Timoteyo wa Kabiri
Nk’akarorero, nimuze dusuzume igitabu ca Bibiliya ca Timoteyo wa Kabiri.a Mu gutangura umwihwezo wacu, twoshobora kwibaza ku vyerekeye amamuko y’ico gitabu. Ni nde yanditse igitabu ca Timoteyo wa Kabiri? Yacanditse ryari? Yacanditse ibintu vyifashe gute? Maze twoshobora kwibaza duti: Uwo “Timoteyo” yitirirwa ico gitabu, ivyiwe vyari vyifashe gute? Ni kubera iki yari akeneye amakuru ari muri ico gitabu? Inyishu z’ivyo bibazo ziraza kudufasha cane guha agaciro ico gitabu zongere zidufashe kubona ukuntu muri iki gihe dushobora kucungukirako.
Imirongo itangura igitabu ca Timoteyo wa Kabiri irerekana yuko ico gitabu ari ikete intumwa Paulo yandikiye Timoteyo. Iyindi mirongo irerekana yuko igihe Paulo yaryandika, yari mu munyororo ahorwa inkuru nziza. Kubera yuko benshi bari bamutaye, Paulo yiyumvisemwo yuko iherezo ry’ubuzima bwiwe ryari rigira rishike. (2 Timoteyo 1:15, 16; 2:8-10; 4:6-8) Ku bw’ivyo, ategerezwa kuba yanditse ico gitabu igihe yari apfungiwe i Roma ubugira kabiri, kumbure nko mu 65 G.C. Bidatevye inyuma y’aho, biboneka ko Nero yamuciriye urubanza rwo gupfa.
Ayo ni yo makuru yerekeye igitabu ca Timoteyo wa Kabiri. Yamara rero, ni ikintu kiri n’ico kivuze kubona Paulo atandikiye Timoteyo kugira ngo amuserurire umubabaro yari afise ku bw’ingorane ubwiwe yarimwo. Ahubwo, yaburiye Timoteyo ku vyerekeye ibihe bigoye vyari biraririye kumushikira yongera aremesha uwo mugenzi wiwe kwirinda ibisamaza, kuguma “[aronka] ubushobozi,” no gushikiriza abandi amacishabwenge yiwe. Abo na bo boronse ivyagombwa bituma bafasha n’abandi. (2 Timoteyo 2:1-7) Ese ukuntu ari akarorero keza ntangere ko kwitwararika abandi mu buryo buzira ubwikunzi mbere no mu bihe bigoye! Kandi ese ukuntu ari impanuro nziza kuri twebwe muri iki gihe!
Paulo yita Timoteyo “umwana w[iwe a]kunda.” (2 Timoteyo 1:2) Uwo musore avugwa kenshi mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu ko yari umugenzi w’umwizerwa wa Paulo. (Ivyakozwe 16:1-5; Abaroma 16:21; 1 Ab’i Korinto 4:17) Igihe Paulo yamwandikira iryo kete, bisa n’uko Timoteyo yarageze mu myaka 30, akaba yari akibonwa nk’uwukiri muto. (1 Timoteyo 4:12) Yamara, yari asanzwe avugwa neza cane ko ari umwizerwa, ‘yakoranye na Paulo’ nko mu myaka 14. (Ab’i Filipi 2:19-22) Naho bisa n’uko Timoteyo yari akiri muto, Paulo yaramushinze ibanga ryo guhanura abandi bakurambere “[ntib]arwanir[e] amajambo” ariko bitunire ku bintu bihambaye, nk’akarorero ukwizera be n’ukwihangana. (2 Timoteyo 2:14) Timoteyo kandi yari yararonse uburenganzira bwo kugena abacungenzi be n’abakozi b’ishengero. (1 Timoteyo 5:22) Ariko rero, ashobora kuba atiyizigira ku bijanye n’ugukoresha ubukuru yari afise.—2 Timoteyo 1:6, 7.
Uwo mukurambere akiri muto yarahanganye n’ingorane zimwezimwe zikomeye. Kimwe coco ni uko abantu babiri, ari bo Humenayo be na Fileto bariko “ba[ra]henura ukwizera kwa bamwe,” bakigisha yuko “ukuzuka [kwari] kwarahejeje kubaho.” (2 Timoteyo 2:17, 18) Biboneka yuko bemera ko izuka ryonyene ryari rihari ryari iryo mu buryo bw’impwemu kandi yuko ryari ryaramaze kuba ku Bakirisu. Kumbure bariko barasubiramwo amajambo yo mu vyo Paulo yavuze batisunze amakikizo yavyo, akaba yavuze ko Abakirisu bari barapfiriye mu vyaha vyabo mugabo yuko bagizwe bazima biciye ku mpwemu y’Imana. (Abanyefeso 2:1-6) Paulo yarabuye yuko akosho nk’ako k’ubuhakanyi kogwiriye. Yandika ati: “Igihe kizoza [aho] batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; . . . kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma.” (2 Timoteyo 4:3, 4) Iyo mburizi Paulo yatanze imbere y’igihe yarerekanye yuko vyari ivyihutirwa ko Timoteyo yumvira impanuro z’iyo ntumwa.
Agaciro ico Gitabu Gifise Muri Iki Gihe
Dufatiye ku bihejeje kuvugwa, turabona yuko Paulo yanditse igitabu ca Timoteyo wa Kabiri n’imiburiburi kubera izi mvo zikurikira: (1) Yari azi yuko urupfu rwiwe rwari rwimirije maze arondera gutegura Timoteyo ku bw’igihe atobaye akiriho kugira ngo amushigikire. (2) Yipfuza kuronsa Timoteyo ivyangombwa kugira ngo akingire amashengero yari ajejwe gucungera ubuhakanyi be n’utundi twosho twonona. (3) Yashaka kuremesha Timoteyo kugira ngo agume afise vyinshi akora mu murimo wa Yehova no kugira yiheke ku bumenyi ntagakosa bwo mu Vyanditswe vyahumetswe mu kwiyamiriza inyigisho z’ikinyoma.
Gutahura ayo makuru bituma igitabu ca Timoteyo wa Kabiri kirushiriza kugira ico kivuze kuri twebwe. Muri iki gihe na ho nyene, hariho abahakanyi bameze nka Humenayo be na Fileto bashira imbere ivyiyumviro vyabo bwite kandi bipfuza gusenyura ukwizera kwacu. Vyongeye, “ibihe bigoye” Paulo yabuye ni vyo tubayemwo. Abenshi bariboneye ko imburizi ya Paulo ari iy’ukuri, igira iti: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.” (2 Timoteyo 3:1, 12) Dushobora gute guhagarara dushikamye? Nka kumwe kwa Timoteyo, turakeneye kwumvira impanuro z’abantu bamaze imyaka myinshi basukurira Yehova. Kandi biciye ku kwiyigisha, kw’isengesho no ku kwifatanya n’abandi Bakirisu, turashobora ‘kuguma tugira ubushobozi’ biciye ku buntu bwa Yehova tutabereye. Ikindi kandi, twizigiye tudakeka ububasha bw’ubumenyi ntagakosa, turashobora kwumvira inkeburo ya Paulo igira iti: “Gumya icitegererezo c’amajambo mazima.”—2 Timoteyo 1:13.
“Icitegererezo c’Amajambo Mazima”
“Amajambo mazima” Paulo yavuga ni ayahe? Akoresha iyo mvugo kugira yerekeze ku nyigisho y’ukuri ya gikirisu. Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Timoteyo, yasiguye ko “amajambo mazima” ahanini ari “amajambo y’Umwami wacu Yesu Kristo.” (1 Timoteyo 6:3) Kwigana icitegererezo c’amajambo mazima bituma umuntu agira umuzirikanyi uroranye, aba umunyarukundo, akaba n’uwitwararika abandi. Kubera ko ubusuku bwa Yezu be n’inyigisho ziwe bihuje n’izindi nyigisho zose dusanga muri Bibiliya yose nzima, imvugo ngo “amajambo mazima” ishobora kwerekeza ku nyigisho zose zo muri Bibiliya.
Kuri Timoteyo, cokimwe no ku bakurambere bakirisu bose, icitegererezo c’amajambo mazima cari “ikibītsanyo ciza” categerezwa kuzigamwa. (2 Timoteyo 1:13, 14) Timoteyo yategerezwa ‘kuvuga ijambo ry’Imana, agahora agavye mu gihe gikwiye no mu gihe kidurumbanye, agahana, akihaniza, agahanura, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.’ (2 Timoteyo 4:2) Tubonye ukuntu inyigisho z’ubuhakanyi zariko zirakwiragira mu gihe ca Timoteyo, duca dutahura igituma Paulo yashimitse ku vy’uko amajambo mazima y’inyigisho yihutirwa. Turabona kandi yuko Timoteyo yotegerejwe gukingira umukuku mu ‘guhana, mu kwihaniza, mu guhanura’ abigiranye ukwihangana, akoresheje ubushobozi bwiza bwo kwigisha.
Ni bande Timoteyo yategerezwa kwigisha iryo jambo? Amakikizo yerekana yuko Timoteyo, bwa mukurambere, yokwigishije iryo jambo mw’ishengero rya gikirisu. Turavye imikazo yagirwa n’abamurwanya, Timoteyo yategerezwa kuguma afise uburimbane mu vy’impwemu no kuvuga ashize amanga ijambo ry’Imana, atari filozofiya y’abantu, ivyiyumviro vy’abantu canke ibintu vyo gukekeranya bitagira akamaro. Ego ni ko, ivyo hari aho vyari gutuma arwanywa na bamwebamwe bashobora kuba bari bafise impengamiro mbi. (2 Timoteyo 1:6-8; 2:1-3, 23-26; 3:14, 15) Ariko rero, akurikije impanuro za Paulo, Timoteyo yobandanije gutangira ubuhakanyi, nk’uko na Paulo ubwiwe yahora abigira.—Ivyakozwe 20:25-32.
Amajambo ya Paulo yerekeye kwigisha iryo jambo yoba akora kandi ku vyo kwigisha ahatari mw’ishengero? Egome, arakora n’ahandi nk’uko amakikizo avyerekana. Paulo abandanya avuga ati: “Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.” (2 Timoteyo 4:5) Kwamamaza, ari kwo kubwira inkuru nziza y’ubukiriro abatizera, ni ikintu ntahara mu busuku bwa gikirisu. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ikindi kandi, nka kurya nyene ijambo ry’Imana ryigishwa mw’ishengero mbere no mu “gihe kidurumbanye” (NW), ni ko dushishikara kwigisha iryo jambo abatari abo mw’ishengero mbere no mu bihe bigoye.—1 Ab’i Tesalonike 1:6.
Ikintu dushingirako mu gikorwa cacu cose c’ukwamamaza n’ukwigisha ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Turizigira Bibiliya tugaherezako. Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.” (2 Timoteyo 3:16) Ayo majambo kenshi arasubirwamwo kugira ngo yerekane neza yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Mugabo Paulo yari afise intumbero iyihe igihe yayandika?
Paulo yariko abwira umukurambere, uwari afise mw’ishengero ibanga ryo ‘guhana, kugorora ibintu no gutoza indero mu kugororoka.’ Ku bw’ivyo, yariko aributsa Timoteyo kwizigira ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ryahumetswe, iryo Timoteyo yari yarigishijwe kuva mu buyoya. Abakurambere bameze nka Timoteyo, bategerezwa rimwe na rimwe gukangira inkozi z’ikibi. Igihe babigira, bakwiye kwama nantaryo bizigira Bibiliya. Ikigeretseko, kubera yuko Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana, igikangiro cose gishingiye kuri vyo mu vy’ukuri kiba ari igikangiro kivuye ku Mana. Umuntu wese atera akagere ibikangiro bishingiye kuri Bibiliya, ntaba ariko aratera akagere ivyiyumviro kanaka vy’umuntu, ahubwo aba ariko aratera akagere impanuro zahumetswe ziva kuri Yehova ubwiwe.
Ese ukuntu igitabu ca Timoteyo wa Kabiri cuzuye ubukerebutsi bwinshi buva ku Mana! Vyongeye ese ukuntu kiri n’ico kivuze igihe turimbuye impanuro ziri muri ico tuzifatiye mu makikizo zirimwo! Muri iki kiganiro, twaciye gusa ku mayange amakuru meza igitangaza, yahumetswe ari muri ico gitabu, mugabo arahagije kugira ngo yerekane ukuntu kurimbura amakikizo y’ivyo dusoma muri Bibiliya bifasha. Ivyo bizodufasha kwiyemeza yuko mu vy’ukuri turiko “[tura]ramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.”
[Akajambo k’epfo]
a Kugira ngo umenye ibindi, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, Imbumbe ya 2, urupapuro rw’1077-1080.
[Ifoto ku rup. 27]
Paulo yipfuza kuronsa Timoteyo ivyangombwa kugira ngo akingire amashengero
[Ifoto ku rup. 30]
Paulo yibukije Timoteyo kwizigira ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ryahumetswe